Niwiyegereze Imana
Igihe “umutima umenetse, ujanjaguwe” urondeye guharirwa
TWESE turacumura akatari gake. Naho twoba twicuza gute icaha twakoze, twoshobora kwibaza duti: ‘Imana yoba yumviriza amasengesho avuye ku mutima ntura yo kwigaya? Ubwo izomparira?’ Bibiliya irigisha ikintu c’ukuri gihumuriza, na co akaba ari iki: Naho Yehova atigera arenza uruho rw’amazi ku caha, ari n’umutima ukunze wo guharira umucumuzi yigaya. Ico kintu c’ukuri caribonekeje neza mu vyashikiye Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera, nk’uko vyerekanwa muri 2 Samweli ikigabane ca 12.
Iyumvire ingene vyagenze. Dawidi aragirwa n’ivyaha bikomeye. Yararenze ibigo mu kuryamana na Batisheba, hanyuma amaze kugerageza guhishahisha ico caha bikanka, aca atunganya uburyo bwo kwicisha umugabo wiwe. Dawidi rero ivyaha vyiwe yaciye abigira akamizwe n’ingoma, amara amezi atari make agerageza kwiyerekana ko yera. Ariko Yehova yariko aravyitegereza. Yarabonye ivyaha vya Dawidi. Mugabo kandi yarabonye ko umutima wa Dawidi wari ushoboye kwigaya. (Imigani 17:3) None Yehova yociye akora iki?
Yehova ararungika umuhanuzi Natani kwa Dawidi. (Umurongo wa 1) Natani ayobowe n’impwemu nyeranda, aregera Dawidi abigiranye ubugenge, azi neza ko ategerezwa guhitamwo yitonze amajambo akoresha. None aza kubigenza gute kugira ahumure amaso Dawidi ngo areke kwihenda maze abone ko ivyaha yakoze ari agahomerabunwa?
Natani aritanga amajambo yo kwisigura Dawidi yohava avuga, akamutera inkuru itaza kubura gushikira umutima w’uwo muntu yigeze kuba umwungere. Iyo nkuru yerekeye abagabo babiri, umwe akaba yari umutunzi uwundi na we umukene. Uwo mutunzi yari afise “amasinzi y’intama n’inka,” ariko nya mworo nta co yari afise “atar’ akāgazi k’intama kamwe.” Wa mutunzi yaragendewe n’umushitsi aca yipfuza kumuzimana. Aho kwikora kuri imwe mu ntama ziwe, yaciye arengera kuri ka kagazi k’intama wa mukene yari atunze ari kamwe. Biboneka ko Dawidi yiyumviriye ko iyo nkuru ari iy’ukuri, aca arashangashirwa, araduka ati: “Uwakoze ivyo yar’ akwiye gupfa.” Kubera iki? Dawidi asigura ati: “Kuko . . . [yabaye] imburakigongwe.”a—Umurongo wa 2-6.
Umugani wa Natani wamaze gushika ku ntumbero yawo. Mu vy’ukuri, Dawidi yamaze kwiyagiriza. Natani rero aca amumenera inda ku rwara ati: “Ereg’ uwo muntu ni wewe nyene.” (Umurongo wa 7) Kubera yuko Natani avuga aserukiye Imana, bica vyumvikana yuko Yehova abona ko ivyo Dawidi yakoze ari we ubwiwe yabikoreye. Mu guhonyanga amategeko y’Imana, Dawidi yerekanye ko atubashe uwo Mutanzi w’amategeko. Imana ivuga iti: “Wankēngereye.” (Umurongo wa 10) Umutima wa Dawidi umaze gusogotwa n’ukwo guhambarirwa gukomeye, ariyemerera ikosa, ati: “Nacumuye k’Uhoraho.” Natani arasubiriza umutima mu nda Dawidi amubwira yuko Yehova amuhariye, mugabo Dawidi akaba azobwirizwa kwibonera mu buzima bwiwe ingaruka z’ivyo yakoze.—Umurongo wa 13, 14.
Icaha ca Dawidi kimaze gushirwa ku kabarore, yaranditse amajambo ubu agize Zaburi ya 51. Muri iyo zaburi, Dawidi yarasutse ibiri mu mutima wiwe, arerekana ukuntu ukwigaya kwiwe kwangana. Mu gukora ivyo vyaha, Dawidi yarakengereye Yehova. Mugabo uwo mwami yari yigaye, amaze kwibonera ukuntu imbabazi z’Imana ari agahore, yabariye Yehova ati: “Umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukēngēra.” (Zaburi 51:17) Ni amajambo make yoza arusha ayo gusubiriza umutima mu nda umucumuzi yigaye arondera ikigongwe ca Yehova.
[Akajambo k’epfo]
a Gutegurira umushitsi umwagazi w’intama cari ikintu kiranga ubwakiranyi. Ariko rero kwiba umwagazi w’intama cari icaha, uwivye intama akaba yabwirizwa kuyishumbusha zine. (Kuvayo 22:1) Dawidi yabona ko uwo mutunzi yabaye ruburakigongwe mu gutwara ako kagazi k’intama. Mu gukora ico kintu, yari anyaze uwo mukene igitungwa coshoboye kuronsa umuryango wiwe amata n’ubwoya, kikanarondoka kikavamwo umukuku w’intama.