Wokwungukira gute ku kuba Yehova yiteguriye kubabarira?
“Yehova [ni] Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura . . . , ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro.” —KUV. 34:6, 7.
1, 2. (a) Yehova yagaragaje ko ari Imana imeze gute kw’ihanga rya Isirayeli? (b) Ni ikibazo ikihe iki kiganiro gica irya n’ino?
MU MISI ya Nehemiya, hari umugwi w’Abalewi wemeye icese mw’isengesho yuko ba sekuruza babo baguma “banka kwumviriza” amabwirizwa ya Yehova. Ariko rero, Yehova yaguma agaragaza ko ari “Imana ikunda kubabarira, y’inyempuhwe kandi y’inyembabazi, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo.” Yehova yarabandanije kugaragariza ubuntu ata wari abukwiriye abo bantu bo mu gihe ca Nehemiya bari bahungutse bavuye mu bunyagano.—Neh. 9:16, 17.
2 Umwe wese ku giti ciwe akwiye kwibaza ati: ‘Nokwungukira gute ku kuba Yehova yiteguriye kubabarira?’ Kugira ngo dufashwe kwishura ico kibazo gihambaye, reka dusuzume ukuntu Imana yafashe abagabo babiri bungukiye ku kigongwe ca Yehova, abo na bo bakaba bari abami babiri ari bo Dawidi na Manase.
IBICUMURO BIKOMEYE DAWIDI YAKOZE
3-5. Dawidi yagiriwe gute n’igicumuro gikomeye?
3 Naho Dawidi yari umuntu atinya Imana, yarakoze ibicumuro bikomeye. Bibiri muri vyo vyerekeye abubakanye Uriya na Bati-sheba. Ingaruka z’ivyo bicumuro zarateye imibabaro abo vyari vyerekeye. Ariko rero, ukuntu Imana yakosoye Dawidi kurahishura vyinshi ku vyerekeye ikigongwe ca Yehova. Rimbura ivyabaye.
4 Dawidi yarungitse ingabo za Isirayeli kwugariza umurwa mukuru w’Abamoni ari wo Raba. Wari nko ku bilometero 80 mu buseruko bwa Yeruzalemu, hakurya y’Uruzi Yorodani. Muri ico gihe nyene, Dawidi ari ku gisenge co ku kirimba ciwe i Yeruzalemu, yarabonye Bati-sheba, umugore yubatse, ariko ariyuhagira. Umugabo wiwe si ho yari. Dawidi yaragize inambu y’umubiri ikomeye mu kwihweza Bati-sheba ku buryo yatumye kumuzana ku kirimba ciwe, aho yarenze ibigo mu kuryamana na we.—2 Sam. 11:1-4.
5 Igihe Dawidi yamenya ko Bati-sheba yibungenze, yarasavye ko umugabo wiwe Uriya azanwa i Yeruzalemu yizigiye ko uno yoryamanye na we. Mugabo Uriya ntiyanahonyoje ikirenge mu nzu iwe, naho Dawidi yagerageje kumuremesha kubigira. Uwo mwami yaciye rero yandikira mu mpisho umukuru w’ingabo ziwe ngo ashire Uriya “imbere y’ibitero bikomeye kurusha ibindi” maze asabe abasoda bagenzi biwe kumuva inyuma. Kubera ko vyari vyoroshe kumwica, Uriya yapfiriye ku rugamba, nk’uko Dawidi yari yabiteguye. (2 Sam. 11:12-17) Gutyo igicumuro uwo mwami yari yakoze co kurenga ibigo cariyongereyeko ikindi mu kwicisha umuntu w’intungane.
DAWIDI AHINDURA UKUNTU YABONA IBINTU
6. Imana yavyifashemwo gute igihe Dawidi yacumura, kandi ivyo bihishura iki ku vyerekeye Yehova?
6 Ariko ntiwumve, Yehova yarabona ibintu vyose vyariko biraba. Nta kintu na kimwe kimucika. (Imig. 15:3) Naho uwo mwami yahavuye yabira Bati-sheba, “ico kintu Dawidi yari yakoze [cabonetse] nabi mu maso ya Yehova.” (2 Sam. 11:27) None Imana yavyifashemwo gute igihe Dawidi yakora ivyo bicumuro bikomeye? Yarungitse umuhanuzi wiwe Natani kuri Dawidi. Kubera ko Yehova ari Imana ibabarira, biboneka ko yari yitwararitse kurondera imvo zotuma agira imbabazi. Ntubona none ko ukwo kuntu Yehova yavyifashemwo vyeza umutima? Ntiyahatiye Dawidi kwatura ibicumuro vyiwe ahubwo yatumye gusa Natani ashikiriza uwo mwami inkuru ishira ahabona ububi bw’ibicumuro vyiwe. (Soma 2 Samweli 12:1-4.) Ese ukuntu ubwo buryo yatoreye umuti ico kibazo c’inkoramutima bwavuyemwo ivyiza!
7. Dawidi yakiriye gute ikigereranyo Natani yamuhaye?
7 Ico kigereranyo ca Natani carakabuye agatima uwo mwami yari afise ko gukunda ubutungane. Dawidi yarashavuriye uwo mugabo w’umutunzi avugwa muri iyo nkuru maze abwira Natani ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova, umugabo yakoze ico kintu akwiriye gupfa!” Vyongeye, Dawidi yavuze ko uwo muntu yari yarenganijwe yari akwiriye gushumbushwa. Mugabo haciye haba ikintu gica inkokora. Natani yatangaje ati: “Uwo mugabo ni wewe!” Dawidi yaciye abwirwa ko mu gushikirwa n’ingaruka z’ivyo yakoze, “inkota” itovuye mu nzu yiwe be n’uko ivyago vyoshikiye umuryango wiwe. Vyongeye, yoteterejwe izuba riva kubera amakosa yiwe. Dawidi yaratahuye uburemere bw’ivyo yari yakoze maze ariyemerera mu buryo buranga ko yicuza, ati: “Nacumuye kuri Yehova.”—2 Sam. 12:5-14.
ISENGESHO RYA DAWIDI BE N’IKIGONGWE C’IMANA
8, 9. Zaburi ya 51 ihishura gute ivyiyumviro vy’ibwina vya Dawidi, kandi itwigisha iki ku vyerekeye Yehova?
8 Amajambo yo mu ruririmbo rumwe Umwami Dawidi yatunganije inyuma y’aho, arahishura ukwicuza kwiwe kuvuye ku mutima. Zaburi ya 51 irerekana ukuntu Dawidi yatakambiye Yehova mu buryo bukora ku mutima ikongera ikerekana neza yuko yakoze n’ibindi uretse kwiyemerera amakosa yiwe. Yaranigaye ibicumuro vyiwe. Dawidi ahanini yari arajwe ishinga n’ubucuti afitaniye n’Imana. Yatuye ati: “Ni wewe nacumuyeko, wewe wenyene.” Yatakambiye Yehova ati: “Nureme muri jewe umutima utyoroye, ewe Mana, ushire muri jewe impwemu nshasha, ihamye. . . . Nunsubize umwigino w’ubukiriro bwawe, kandi unshigikize umutima ukunze.” (Zab. 51:1-4, 7-12) Igihe ubwira Yehova ivyerekeye amakosa yawe woba ubigirana ubwira kandi udahisha?
9 Yehova ntiyakuyeho ingaruka zibabaje z’ibicumuro vya Dawidi. Izo ngaruka zategerezwa kubandanya kumushikira mu buzima bwiwe bwose. Ariko rero, Yehova amaze gutahura ko Dawidi afise agatima ko kwigaya, ko “umutima [wiwe] umenaguritse kandi ujanjaguritse,” yaramubabariye. (Soma Zaburi 32:5; Zab. 51:17) Imana Mushoboravyose iratahura agatima nyakuri abantu baba bafise igihe bacumura be n’imvo ziba zabibatumye. Aho kureka ngo bene kurenga ibigo bacirwe urwo gupfa n’abacamanza b’abantu hisunzwe Itegeko rya Musa, Yehova yarahaserutse abigiranye imbabazi, aritunganiriza ico kibazo kijanye na Dawidi na Bati-sheba. (Lew. 20:10) Imana mbere yaragize umuhungu wabo Salomo umwami wa Isirayeli akurikira.—1 Ngo. 22:9, 10.
10. (a) Ni igiki Yehova ashobora kuba yarishimikije kugira ngo ababarire Dawidi? (b) Ni ibintu ibihe bituma Yehova ababarira umuntu?
10 Ikindi kintu gishobora kuba caratumye Yehova ababarira Dawidi ni ukuntu uno ubwiwe yari yaragaragarije imbabazi Sauli. (1 Sam. 24:4-7) Nk’uko Yezu yabisiguye, Yehova adufata nk’uko dufata abandi. Yezu yavuze ati: “Nimureke guca urubanza kugira ntimuzocirwe urubanza; kuko urubanza muca ari rwo namwe muzocirwa; kandi ingero mugeresha ni yo namwe bazobagererako.” (Mat. 7:1, 2) Ese ukuntu biduhumuriza kumenya ko Yehova azotubabarira ibicumuro vyacu, mbere n’ibicumuro bikomeye nk’ukurenga ibigo canke ubwicanyi! Ivyo azobigira nitwagaragaza agatima ko kubabarira abandi, tukamwaturira ibicumuro vyacu tukongera tugahindura ukuntu twabona ibintu bibi twakoze. Mu gihe abacumuzi bigaye babikuye ku mutima, Yehova arabaha “ibiringo vy’ukuruhurirwa.”—Soma Ivyakozwe 3:19.
MANASE ACUMURA BIKOMEYE MUGABO AKIGAYA
11. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Umwami Manase yakoze ivyari bibi mu maso y’Imana?
11 Rimbura iyindi nkuru yo mu Vyanditswe yerekana urugero Yehova ashikanako mu kugira umutima ukunze wo kubabarira. Haciye imyaka nka 360 uhereye igihe Dawidi yaja ku ngoma, Manase yarabaye umwami wa Yuda. Ingoma yiwe yamaze imyaka 55 yaranzwe n’ububisha, kandi ibikorwa vyiwe biteye ishishi vyatumye Yehova amucira rubi. Mu vyo Manase yakoze, harimwo gushingira ibicaniro Bayali, gusenga “ingabo zose zo mu majuru,” gucisha abahungu biwe mu muriro, no gukora ivy’ubupfumu. Egome, “[yakoze] ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova.”—2 Ngo. 33:1-6.
12. Manase yagarutse gute kuri Yehova?
12 Amaherezo, Manase yarakuwe mu gihugu ciwe c’amavukiro maze atabwa mw’ibohero ry’Abanyababiloni. Ari ng’aho ashobora kuba yaributse aya majambo Musa yabwiye Abisirayeli ati: “Igihe uzoba ugeze habi kandi aya majambo yose akaba yagushitseko ku mpera y’imisi, uzobwirizwa rero kugaruka kuri Yehova Imana yawe no kwumviriza ijwi ryiwe.” (Gus. 4:30) Manase yaragarutse koko kuri Yehova. Uti gute? “[Yagumye] yicisha bugufi cane” kandi ‘yagumye asenga’ Imana (nk’uko biboneka kw’ishusho iri ku rupapuro rwa 21). (2 Ngo. 33:12, 13) Naho ata na hamwe dusanga amajambo Manase yavuze muri ayo masengesho, turashobora kwiyumvira ko hari ukuntu yoba yari afitaniye isano n’ayo Umwami Dawidi yavuze, yanditswe muri Zaburi ya 51. Uko biri kwose, Manase yarahinduye umutima bimwe bikomeye.
13. Ni igiki catumye Yehova ababarira Manase?
13 Yehova yakiriye gute amasengesho ya Manase? “[Yaremeye] ko [Manase amw]inginga maze yumva ugusaba ubutoni kwiwe.” Cokimwe na Dawidi yari yarabayeho imbere yiwe, Manase yaratahuye uburemere bw’ibicumuro vyiwe maze arigaya vy’ukuri. Ni co catumye Imana ibabarira Manase maze imusubiza ku ngoma i Yeruzalemu. Ivyo vyatumye “Manase amenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri.” (2 Ngo. 33:13) Ese ukuntu vyeza umutima kuronka ico kindi kimenyamenya c’uko Imana yacu y’inyembabazi ibabarira abigaya vy’ukuri!
IKIGONGWE CA YEHOVA COBA KITAGIRA AHO KIGARUKIRA?
14. Yehova afatira ku ki kugira ngo ababarire abacumuzi?
14 Bake mu basavyi b’Imana muri iki gihe ni bo vyoba ngombwa ko barondera kubabarirwa ibicumuro bikomeye nk’ivya Dawidi na Manase. Yamara, kuba Yehova yarababariye abo bami babiri biradufasha gutahura ko Imana yacu ifise umutima ukunze wo kubabarira mbere n’ibicumuro bikomeye mu gihe umucumuzi yigaye vy’ukuri.
15. Tuzi dute yuko Yehova adapfa kubabarira ibicumuro?
15 Ariko ntiwumve, ntidukwiye gushika ku ciyumviro c’uko Yehova apfa kubabarira abantu bose ibicumuro vyabo. Ku bijanye n’ivyo, nimuze tugereranye agatima ka Dawidi na Manase be n’ak’abantu bigira ibiro biteze bo muri Isirayeli na Yuda. Imana yarungitse Natani kwagiriza Dawidi no kumuha akaryo ko guhindura ukuntu abona ibintu. Dawidi abigiranye ugukenguruka yaremeye ico kintu. Igihe Manase yari ageze habi, yaravyuriwe umutima wo kwigaya vy’ukuri. Ariko rero, akenshi ababa muri Isirayeli no muri Yuda ntibigaya. Yehova rero ntiyabababariye. Ahubwo nyabuna, yaguma atuma abahanuzi biwe gutangaza ingene yabona ingendo yabo y’ukugambarara. (Soma Nehemiya 9:30.) N’igihe nyene abari baragizwe inyagano i Babiloni bagaruka mu gihugu cabo c’amavukiro, Yehova yarabandanije gutuma abantu b’abizigirwa, nka wa muherezi Ezira na wa muhanuzi Malaki. Igihe abantu baba bakoze bisunga ukugomba kwa Yehova, barironkera akanyamuneza kenshi.—Neh. 12:43-47.
16. (a) Ni ingaruka izihe zashikiye ihanga rya Isirayeli uko ryakabaye bitumwe n’uko ritigaye? (b) Ni akaryo akahe abakomotse ku Bisirayeli ba kera umwumwe ku giti ciwe bashobora kuronka?
16 Aho Yezu amariye kurungikwa kw’isi maze ya nkuka y’incungu itagira akanenge igatangwa, Yehova ntiyasubiye kwemera ibimazi vy’ibitungwa Abisirayeli batanga. (1 Yoh. 4:9, 10) Igihe Yezu yari umuntu nkatwe, yarerekanye ukuntu Se wiwe abona ibintu igihe yavuga aya majambo akora ku mutima ati: “Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi ugatera amabuye abagutumweko,—ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe, nka kurya inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo! Ariko ntimwabishatse.” Yezu yatangaje rero ati: “Ehe inzu yanyu murayitanywe.” (Mat. 23:37, 38) Gutyo, iryo hanga ry’iricumuzi kandi ritigaya ryasubiriwe na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. (Mat. 21:43; Gal. 6:16) Bite ho ku bijanye n’abagize Isirayeli y’umubiri umwumwe ku giti ciwe? Barafise akaryo ko kwungukira ku kigongwe ca Yehova no ku mbabazi ziwe mu kwizera Imana n’inkuka ya Yezu Kristu. Ako karyo kazohabwa kandi abantu bapfuye batarigaya ibicumuro vyabo mugabo bakaba bazozukira kuba mw’isi yahumanuwe.—Yoh. 5:28, 29; Ivyak. 24:15.
TWUNGUKIRE KU KIGONGWE CA YEHOVA
17, 18. Dushobora gute kubabarirwa na Yehova?
17 Kuba Yehova afise umutima ukunze wo kubabarira, dukwiye kuvyakira gute? Nta gukeka ko dukwiye kubigenza nka Dawidi na Manase. Dukwiye kwemera ko turi abacumuzi, tukigaya amakosa yacu, tukaronderana ubwira kubabarirwa na Yehova tukongera tukamusaba ngo areme muri twebwe umutima utyoroye. (Zab. 51:10) Nimba twakoze igicumuro gikomeye, dukwiye kandi kurondera gufashwa n’abakurambere. (Yak. 5:14, 15) Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, birahumuriza kuguma twibuka yuko Yehova ameze nk’uko yidondoye Musa, ko ari “Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro.” Yehova ntiyahindutse.—Kuv. 34:6, 7.
18 Yehova akoresheje ikigereranyo gikomeye, yasezeraniye Abisirayeli bigaya ko azozimanganya buhere ikirabagu c’ibicumuro vyabo, ibimeze nk’“agahama” akabigira ivyera “derere.” (Soma Yesaya 1:18.) None twungukira gute ku kuba Yehova ababarira? Turaharirwa rwose ibicumuro vyacu n’amakosa yacu, dukire gusa kugaragaza agatima ko gukenguruka no kwigaya.
19. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?
19 Ko Yehova atubabarira, twomwigana gute mu vyo tugiranira n’abandi? Twokwirinda gute kugira agatima ko kutababarira abakoze igicumuro gikomeye mugabo bakaba bagaragaza ukwigaya nyakuri? Ikiganiro gikurikira kizodufasha gusuzuma imitima yacu kugira ngo turushirize kumera nka Data wa twese Yehova we ari “mwiza kandi [y]iteguriye kubabarira.”—Zab. 86:5.