ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/1 rup. 18
  • Yaroroheje umutima wa Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yaroroheje umutima wa Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Wokwungukira gute ku kuba Yehova yiteguriye kubabarira?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ukwigaya nyakuri ni iki?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ibibazo vy’Abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Woba warigeze gusukura? Woba ushobora kwongera gusukura?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/1 rup. 18

Niwiyegereze Imana

Yaroroheje umutima wa Yehova

UMUGABO umwe yari yarataye indero yo mu vy’Imana yahawe akiri umwana, avuga ati: “Narumva ntabereye na gato imbere y’Imana.” Igihe yatangura gutera intambwe kugira ahindure ingendo, yari afise ubwoba bw’uko Imana itopfuye imuhariye. Ariko uwo mucumuzi yigaya yarahumurijwe n’inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Manase iri mu 2 Ngoma 33:1-17. Nimba bimaze gushika ukumva ko utabereye imbere y’Imana kubera ibicumuro wakoze kera, na wewe urashobora guhumurizwa n’akarorero ka Manase.

Manase yarerewe mu muryango utinya Imana. Se Hezekiya, yari umwe mu bami badasanzwe ba Yuda. Manase yavutse haheze nk’imyaka itatu Imana yongereje ku gitangaro imisi yo kubaho ya se wiwe. (2 Abami 20:1-11) Nta gukeka ko Hezekiya yabona uwo mwana wiwe nk’ingabire ivuye ku mbabazi za Yehova kandi ko yagerageje kumukundisha ugusenga gutyoroye. Ariko rero abana barezwe n’abavyeyi batinya Imana ntibama bakurikira akarorero k’abavyeyi babo. Ukwo ni ko vyagendeye Manase.

Manase atararenza imyaka 12, yarabuze se. Ikibabaje, Manase yaciye “atangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova.” (Umurongo wa 1, 2) Uwo mwami akiri muto yoba yabigize yohejwe n’abajenama batubaha ugusenga kw’ukuri? Bibiliya nta vyo ivuga. Ico ivuga ni uko Manase yaciye aja mu vyo gusenga ibigirwamana no gukora ibintu vy’ubunyamaswa, araheba arimonogoza. Yarashingiye ibicaniro imana z’ikinyoma, abana biwe bwite abatangako ikimazi, akora ivy’ubupfumu, yongera ashira igishusho c’ikibazano mu rusengero rwa Yehova i Yeruzalemu. N’akagagazo n’akantu, Manase yaranse kwumvira imburi yaguma ahabwa zivuye kuri Yehova, ya Mana yari yarakoze igitangaro catumye bishoboka ko avuka.​—Umurongo wa 3-10.

Amaherezo Yehova yararetse Manase arafatwa, bamujana i Babiloni bamubohesheje amapingu. Manase ari ng’aho mu bunyagano, yararonse akaryo ko kuzirikana ku kuntu yigenjeje. Yoba none ico gihe yarabonye ko vya bigirwamana vyiwe ata co bishoboye kandi bitagira ubuzima vyari vyananiwe kumukingira? Yoba yarakubitije agatima mpembero ku vyo se atinya Imana yari yaramwigishije akiri umwana? Uko biri kwose, Manase yarahinduye umutima. Iyo nkuru ivuga iti: “Atakambira Yehova Imana yiwe kandi aguma yicisha bugufi cane . . . Aguma ayisenga.” (Umurongo wa 12, 13) Twisunze igisomwa ca Bibiliya mu rurimi yanditswemwo mu ntango, iryo jambo ryahinduwe ngo “gutakamba,” urudome ku rundi ni “kworosha mu maso,” ari kwo kworosha umutima. Ariko none, umuntu yari yarakoze ibicumuro vy’agaterasoni nka Manase, Imana yoba vy’ukuri yari kumuharira?

Yehova yarakozwe ku mutima n’ukwigaya kutarimwo uburyarya kwa Manase. Imana yarumvise ugutakamba kwiwe asaba imbabazi, iraheza “imusubiza i Yeruzalemu ku ngoma yiwe.” (Umurongo wa 13) Mu kwerekana ko yigaye, Manase yaciye akora uko ashoboye kwose arakosora ibibi yakoze, mu gukuraho ibigirwamana aho yatwara hose no mu guhimiriza abo yatwara “gukorera Yehova.”​—Umurongo wa 15-17.

Nimba wumva ko utabereye guharirwa n’Imana kubera ibicumuro wakoze kera, nuremeshwe n’akarorero ka Manase. Iyo nkuru iri mu bigize Ijambo ry’Imana ryahumetswe. (Abaroma 15:4) Biragaragara yuko Yehova ashaka ko tumenya yuko “[y]iteguriye kubabarira.” (Zaburi 86:5) Igihambaye kuri we si igicumuro ahubwo ni ukuntu umutima w’uwacumuye umeze. Umucumuzi asenganye umutima w’ukwigaya, agaheba ingendo yiwe mbi akongera akihatira gukora ibigororotse, yoshobora kworosha umutima wa Yehova nk’uko Manase yabigize.​—Yesaya 1:18; 55:6, 7.

Aho turemeshejwe gusoma muri Nzero:

◼ 2 Ngoma 29-36–Ezira 1-10

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika