ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/12 rup. 29-30
  • Ibibazo vy’Abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’Abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ivyo bijanye
  • Yaroroheje umutima wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Woba waracumuye ku mpwemu nyeranda?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Wokwungukira gute ku kuba Yehova yiteguriye kubabarira?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Buri musi woba ubaza uti: “Yehova ari hehe?”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/12 rup. 29-30

Ibibazo vy’Abasomyi

Ubuyobozi bw’Imana bwanditse muri Yeremiya 7:16 bwoba busobanura yuko Abakirisu batosengera umuntu yirukanywe mw’ishengero rya gikirisu ahorwa kuba ari umucumuzi atigaya?

Yehova amaze gushira ku mugaragaro urubanza yaciriye Ubuyuda bwahemutse, yabwiye Yeremiya ati: “Nta co usengera ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ubasengere, kandi ntubanyingingire: kuko ntazokwumva.”​—Yeremiya 7:16.

Ni kuki Yehova yabujije Yeremiya gusengera Abisirayeli? Biboneka ko kwari kubera barenga ku Vyagezwe vyiwe bimwe vyeruye. ‘Bariba, bakica, bagasambana, bakarahira ibinyoma, bakosereza Bayali imibavu, bakagendanira izindi mana.’ Ivyo vyose bakabigira icese kandi ata n’udusoni. Kubera ico, Yehova yabwiye abo Bayuda b’intizera ati: “Nzobahinda mbirukane mu nyonga zanje, nk’uko nahinze bene wanyu bose, ni bo ruvyaro rwose rwa Efurayimu.” Nta nkeka ko bitobaye bibereye ko Yeremiya canke uwundi uwo ari we wese asenga asaba Yehova ngo yisubireko ku rubanza yari yaciye.​—Yeremiya 7:9, 15.

Mu buryo bujanye n’ivyo, intumwa Yohani yaranditse ku vyerekeye isengesho ribereye guturwa Imana. Yabanje gukura amazinda Abakirisu ati: “Iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’igomba, i[ra]twumva.” (1 Yohana 5:14) Maze ku vyerekeye ugusengera abandi, Yohani yabandanije ati: “Umuntu ni yabona mwene Data wundi akora icaha kitar’ico kumwicisha, asenge, azohesha ubu[zima] abakoze ivyaha bitar’ivyo kubicisha. Har’icaha co kwicisha: ico si co mvuze kw asengera.” (1 Yohana 5:16) Yezu yaravuze kandi ivy’icaha “kitazoharirwa,” na co akaba ari ugucumura ku mpwemu yera.​—Matayo 12:31, 32.

Ivyo vyoba bisobanura yuko abirukanwa mw’ishengero rya gikirisu bose kubera bacumura ntibigaye baba bakoze ivyaha vyo ‘kubicisha,’ ku bw’ivyo bakaba badakwiye gusengerwa? Ivyo si ngombwa ngo bibe ari ukwo bimeze kubera yuko mu bihe bimwebimwe usanga ibigabitanyo nk’ivyo atari ivyaha vyo kubicisha. Kukaba nkako, biragoye kumenya nimba aba ari ivyaha vyo kubicisha. Akarorero kamwe gafadika ni ak’Umwami Manase w’i Buyuda. Yarubakiye ibicaniro imana z’ikinyoma, aratangako ibimazi abahungu biwe bwite, arisuka mu bupfumu yongera ashira igishushanyo kibajwe mu rusengero rwa Yehova. Nkako, Bibiliya ivuga yuko Manase be n’abanyagihugu bakoze “ibibi kuruta ivyo amahanga yakora, ayo Uhoraho yaranduye imbere y’Abisirayeli.” Kubera ivyo vyose, Yehova yarahanye Manase mu kumurungika i Babiloni ari inyagano aboshwe.​—2 Abami 21:1-9; 2 Ngoma 33:1-11.

Naho ivyaha vya Manase vyari bikomakomeye gutyo, vyoba vyari ivyo kumwicisha? Biboneka ko bitari ivyo kumwicisha, kubera ko iyo nkuru ibandanya ivuga ibimwerekeye iti: “Abonye kw ashitse mu magorwa, yinginga Uhoraho Imana yiwe, yicisha bugufi ashika hasi imbere y’Imana ya ba sekuruza. Maz’ayisenze, iramwemerera, yumva ukwinginga kwiwe, imusubiza i Yerusalemu mu bgami bgiwe. Nuko Manase aca amenya yuk’Uhoraho ari we Mana.”​—2 Ngoma 33:12, 13.

Ni co gituma tudakwiye guca dusimbira ku ciyumviro c’uko umuntu kanaka ategerezwa kuba yagirwa n’icaha co kumwicisha, kubera gusa yirukanywe mw’ishengero. Birashobora gufata igihe kugira ngo umenye uko umutima w’uwo muntu umeze vy’ukuri. Kukaba nkako, kenshi bivugwa yuko imwe mu ntumbero z’uguca umucumuzi ari ukugira ngo yisubireko kumbure akigaya maze agahindukira.

Kubera uwo muntu ataba akiri mw’ishengero, abamuri hafi ni bo botangura kubona niba hari ukuntu ahindura umutima n’inyifato, nk’akarorero uwo bubakanye canke abo mu bagize umuryango. Ababona mwene ayo mahinduka barashobora gushika ku ciyumviro c’uko uwo mucumuzi atakoze icaha co kumwicisha. Barashobora kuvyurirwa umutima wo kumusabira kugira ngo ashobore gukura inkomezi mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe kandi kugira ngo Imana izomukorere ibihuye n’ukugomba kwayo.​—Zaburi 44:21; Umusiguzi 12:14.

Naho hari bamwebamwe boba bashoboye kubona ikimenyamenya gihagije kibemeza yuko uwo mucumuzi yigaye, ishengero muri rusangi rishobora kuba ritobibona. Mu gihe abagize ishengero bokwumva umuntu asengera uwaciwe ku mugaragaro, vyoshobora gutuma babura ico bafata n’ico bareka, bikabavuruga umutwe mbere bikanabatsitaza. Kubera iyo mvo, abumva ko bavyuriwe umutima wo gusengera uwo mucumuzi bakwiye kubigira gusa mu mwiherero, ibindi bintu vyose bizoba bakabirekera mu minwe y’abakurambere bo mw’ishengero babijejwe.

[Ifoto ku rup. 30]

Ivyaha bikomakomeye Manase yakoze yarabihariwe igihe yicisha bugufi imbere ya Yehova

[Abo dukesha ifoto ku rup. 29]

Reproduced from Illustrierte Pracht - Bibel/Heilige Schrift des Alten und Neuen Testaments, nach der deutschen Uebersetzung D. Martin Luther’s

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika