ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 20
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Abami: ibirimwo

      • Hezekiya arwara hanyuma agakira (1-11)

      • Intumwa zaje ziva i Babiloni (12-19)

      • Urupfu rwa Hezekiya (20, 21)

2 Abami 20:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nuhe amategeko urugo rwawe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:24
  • +Yes 38:1-3

2 Abami 20:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nagendeye imbere yawe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 31:20, 21; Zb 25:7; 119:49

2 Abami 20:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 38:4-6

2 Abami 20:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku musi ugira gatatu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 39:12
  • +Gus 32:39; Zb 41:3; 103:3; 147:3
  • +Zb 66:13; 116:12-14

2 Abami 20:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:22; Yes 10:24
  • +2Bm 19:34; Yes 37:35

2 Abami 20:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 38:21, 22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2003, rup. 25

2 Abami 20:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku musi ugira gatatu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 6:17; Yes 7:11

2 Abami 20:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Izo ngazi bashobora kuba barazirabirako aho amasaha ageze, bafatiye ku gitutu.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 38:7, 8

2 Abami 20:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 10:12; 2Ng 32:31

2 Abami 20:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 39:1, 2

2 Abami 20:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yumviriza.»

  • *

    Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

  • *

    Canke «ku kirimba iwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:27

2 Abami 20:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 39:3, 4

2 Abami 20:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 39:5-7

2 Abami 20:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:12, 13; 25:13; 2Ng 36:7, 18; Yr 27:21, 22; Dn 1:2

2 Abami 20:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:12; Dn 1:19; 2:49

2 Abami 20:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ukuri.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yanje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 141:5
  • +Yes 39:8

2 Abami 20:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 9:11
  • +2Ng 32:30

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/2009, rup. 27

2 Abami 20:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 2:10
  • +2Bm 21:16; 23:26; 2Ng 33:11-13
  • +2Ng 32:33

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Abm. 20:12Ng 32:24
2 Abm. 20:1Yes 38:1-3
2 Abm. 20:32Ng 31:20, 21; Zb 25:7; 119:49
2 Abm. 20:4Yes 38:4-6
2 Abm. 20:5Zb 39:12
2 Abm. 20:5Gus 32:39; Zb 41:3; 103:3; 147:3
2 Abm. 20:5Zb 66:13; 116:12-14
2 Abm. 20:62Ng 32:22; Yes 10:24
2 Abm. 20:62Bm 19:34; Yes 37:35
2 Abm. 20:7Yes 38:21, 22
2 Abm. 20:8Abc 6:17; Yes 7:11
2 Abm. 20:9Yes 38:7, 8
2 Abm. 20:11Yos 10:12; 2Ng 32:31
2 Abm. 20:12Yes 39:1, 2
2 Abm. 20:132Ng 32:27
2 Abm. 20:14Yes 39:3, 4
2 Abm. 20:16Yes 39:5-7
2 Abm. 20:172Bm 24:12, 13; 25:13; 2Ng 36:7, 18; Yr 27:21, 22; Dn 1:2
2 Abm. 20:182Bm 24:12; Dn 1:19; 2:49
2 Abm. 20:19Zb 141:5
2 Abm. 20:19Yes 39:8
2 Abm. 20:20Yoh 9:11
2 Abm. 20:202Ng 32:30
2 Abm. 20:211Bm 2:10
2 Abm. 20:212Bm 21:16; 23:26; 2Ng 33:11-13
2 Abm. 20:212Ng 32:33
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Abami 20:1-21

Abami ba kabiri

20 Muri iyo misi, Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+. Nuko umuhanuzi Yesaya mwene Amozi aza kumuraba, amubwira ati: «Yehova avuze ati: “Tunganya ivyo mu rugo rwawe* kuko ugiye gupfa. Ntuzokira+.”» 2 Hezekiya aca arahindukira arabana n’uruhome, asenga Yehova ati: 3 «Ndagusavye Yehova, ni ukuri ndakwinginze, wibuke ingene nagukoreye* ntahemuka kandi n’umutima wanje wose, nkakora ivyo ubona ko ari vyiza+.» Maze Hezekiya atangura kurira cane.

4 Yesaya ataranashika ku mbuga yo hagati ku kirimba, Yehova amubwira+ ati: 5 «Subira inyuma ubwire Hezekiya indongozi y’abantu banje uti: “Yehova Imana ya sogokuruza Dawidi avuze ati: ‘Numvise isengesho ryawe, ndabona n’amosozi yawe+. Ngira ndagukize+. Hirya y’ejo* uzoduga uje ku nzu ya Yehova+. 6 Nzokwongera imyaka 15 yo kubaho, kandi wewe n’iki gisagara nzobakiza umwami wa Ashuri+. Nzorwanira iki gisagara ku bwanje no ku bw’umusavyi wanje Dawidi+.’”»

7 Yesaya aca avuga ati: «Nimuzane insukoni zumye zibumbabumvye.» Nuko barazizana bazishira ku gihute, maze Hezekiya atangura gutora mitende+.

8 Hezekiya yari yabajije Yesaya ati: «Ikimenyetso+ kinyereka yuko Yehova azonkiza be n’uko hirya y’ejo* nzoduga nkaja ku nzu ya Yehova ni ikihe?» 9 Yesaya yaciye amwishura ati: «Ikimenyetso kivuye kuri Yehova kikwereka ko Yehova azoshitsa ivyo avuze ni iki: ushaka ko igitutu co ku ngazi* kija imbere intambuko cumi canke ko gisubira inyuma intambuko cumi+?» 10 Hezekiya na we amubwira ati: «Biroroshe ko igitutu kija imbere intambuko cumi, mugabo ntivyoroshe ko gisubira inyuma intambuko cumi.» 11 Umuhanuzi Yesaya yaciye rero atakambira Yehova, na we atuma igitutu co ku ngazi za Ahazi gisubira inyuma intambuko cumi+.

12 Ico gihe umwami wa Babiloni Berodaki-Baladani mwene Baladani arungikira Hezekiya amakete n’ingabire, kuko yari yumvise ko Hezekiya yarwaye+. 13 Nuko Hezekiya yakira* abantu uwo mwami yatumye, maze abereka ububiko bw’itunga ryiwe ryose+: uri ifeza, inzahabu, amavuta amota neza* n’ayandi mavuta y’agaciro, ibirwanisho vyiwe n’ibindi bintu vyose yari atunze. Nta na kimwe Hezekiya ataberetse mu nzu yiwe* no mu bwami bwiwe bwose.

14 Inyuma y’ivyo, umuhanuzi Yesaya aja kuraba umwami Hezekiya, amubaza ati: «Abo bantu bavuze iki? Mbe hoho baje bava he?» Hezekiya yishura ati: «Baje bavuye mu gihugu ca kure, i Babiloni+.» 15 Yesaya aca amubaza ati: «Ni ibiki babonye mu nzu yawe?» Hezekiya yishura ati: «Babonye ibintu vyose biri mu nzu yanje. Nta na kimwe ntaberetse mu vyo ntuze.»

16 Nuko Yesaya abwira Hezekiya ati: «Niwumve ivyo Yehova avuze+: 17 “Mu misi iri imbere, ibiri mu nzu yawe vyose n’ibintu vyose ba sogokuruza bawe barundanije gushika n’uyu musi, bizotwarwa i Babiloni+. Nta na kimwe kizosigara. Ni jewe Yehova ndabivuze. 18 Kandi bamwe mu bahungu uzovyara, bazotwarwa babe abakozi bo ku kirimba c’umwami wa Babiloni+.”»

19 Hezekiya yishura Yesaya ati: «Ijambo rya Yehova umbwiye ni ryiza+.» Yongerako ati: «Kazima hazoba hari amahoro n’umutekano* igihe nzoba nkiriho*+.»

20 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Hezekiya, ni ukuvuga ububasha bwose yerekanye n’ingene yubatse ikidengeri+ n’umugende akazana amazi mu gisagara+, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 21 Nuko Hezekiya arapfa+, maze umuhungu wiwe Manase+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika