ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 43 rup. 104
  • Igicumuro c’umwami Dawidi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igicumuro c’umwami Dawidi
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ingorane mu Ngoro Ibwami
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Igihe “umutima umenetse, ujanjaguwe” urondeye guharirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nathani—Yaraburaniye ugusenga gutyoroye adahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 43 rup. 104
Umuhanuzi Natani ariko arahanura umwami Dawidi

ICIGWA CA 43

Igicumuro c’umwami Dawidi

Sawuli amaze gupfa, Dawidi yaciye aba umwami. Yari afise imyaka 30. Umusi umwe ku mugoroba, Dawidi ari hejuru y’inzu yiwe, yarabonye umugore mwiza. Dawidi yaramenye ko uwo mugore yitwa Batisheba be n’uko umugabo wiwe yari umusoda yitwa Uriya. Dawidi yaratumyeko Batisheba. Bararyamanye kandi Batisheba yaciye atwara inda. Dawidi yaragerageje kunyegeza ivyo yari yakoze. Yabwiye umukuru w’abasoda biwe ngo ashire Uriya imbere mu ntambara, abandi basoda bace bamusiga ari wenyene. Uriya amaze gupfira mu ntambara, Dawidi yaciye atwara Batisheba aba umugore wiwe.

Umwami Dawidi ariko arasenga asaba ikigongwe

Ariko Yehova yari yabonye ivyo bintu vyose. None urazi ico yakoze? Yaciye arungika umuhanuzi Natani kwa Dawidi. Natani yamubwiye ati: ‘Umugabo umwe w’umutunzi yari afise intama nyinshi. Uwundi na we w’umukene yari afise akagazi k’intama kamwe gusa kandi yaragakunda cane. Ariko uwo mugabo w’umutunzi yaciye akamutwara.’ Dawidi yarashavuye cane, aca avuga ati: ‘Uwo mutunzi akwiye gupfa!’ Natani yaciye abwira Dawidi ati: ‘Uwo mutunzi ni wewe!’ Dawidi yarababaye cane, aca abwira Natani ati: ‘Naracumuye kuri Yehova.’ Ico gicumuro catumye Dawidi n’umuryango wiwe bagira ingorane nyinshi. Yehova yarahanye Dawidi, ariko yaramuretse arabandanya kubaho kubera ko yavugisha ukuri kandi akicisha bugufi.

Dawidi yarashatse kwubakira urusengero Yehova, ariko Yehova amubwira ko umuhungu wiwe Salomo ari we azorwubaka. Dawidi yaciye atangura gutegura ibintu Salomo azokoresha, avuga ati: ‘Urusengero rwa Yehova rutegerezwa kuba rwiza cane, ariko Salomo aracari muto. Reka ndamutegurire ibintu azokoresha.’ Dawidi yaratanze amahera menshi yari gukoreshwa mu kwubaka urwo rusengero. Yararondeye abakozi bazi kwubaka neza. Yaregeranije inzahabu n’ifeza be n’ibiti vy’isederi abikuye i Tiro n’i Sidoni. Dawidi ari mu gupfa, yarahaye Salomo igicapo c’ingene azokwubaka urwo rusengero. Yamubwiye ati: ‘Yehova yaransavye ngo ndakwandikire ibi bintu. Azogufasha. Ntugire ubwoba. Nukomere utangure igikorwa.’

Dawidi ariko arereka Salomo ingene urusengero ruzokwubakwa

«Uwunyegeza ibicumuro vyiwe ntazororanirwa, ariko uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa ikigongwe.»​—Imigani 28:13

Ibibazo: Ni igicumuro ikihe Dawidi yakoze? Dawidi yafashije gute umuhungu wiwe Salomo?

2 Samweli 5:3, 4, 10; 7:1-16; 8:1-14; 11:1–12:14; 1 Ngoma 22:1-19; 28:11-21; Zaburi 51:1-19

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika