ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/10 rup. 24-25
  • Ubwami bozohindura isi yose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bozohindura isi yose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyo Yezu yigishije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/10 rup. 24-25

Niwigishe abana bawe

Ubwami bozohindura isi yose

NDAGUPFINZE, ubwo Bwami turiko turavuga ni ubuhe?​—a Ni bumwe Yezu yatwigisha gusaba mw’isengesho. Yatwigishije gusaba Imana duti: “Ubwami bwawe nibuze.” (Matayo 6:9, 10) Abayoboke ba Yezu baramaze imyaka hafi 2.000 basaba Imana ngo Ubwami bwayo buze. Woba umaze gusaba ico kintu mw’isengesho?​—

Kugira ngo utahure ico ari co ubwami, urakeneye kumenya ico ari co umwami. Umwami ni umuntu aganza. Akarere aganza kitwa inganji yiwe. Inganji y’Ubwami bw’Imana igizwe n’isi yose. Ubwami bw’Imana nibwaza, umuntu wese ari kw’isi amaherezo azokwironkera imihezagiro ukuganza kwayo kuzozanira abantu.

Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru. Muri Yesaya 9:6, Bibiliya iravuga ibijanye n’Umutware w’iyo ntwaro. Raba ivyo imuvugako. Igira iti: “Hari umwana atuvukiye, . . . ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe. Kandi izina azokwitwa ni . . . Umuganwa w’amahoro.”

Woba uzi umuganwa ico ari co?​— Egome, ni umwana w’umwami. None Umwami asumba bose wo mw’ijuru ni nde?​— Nimba uvuze ko ari Yehova, ntiwihenze. Bibiliya imwita “Musumbavyose kw’isi yose.” (Zaburi 83:18) Muri Bibiliya, Yezu akunze kwitwa “Umwana w’Imana.” Impamvu imwe ituma yitwa gutyo ni uko Yehova ari we yamuhaye ubuzima. Mu vy’ukuri, Yehova ni we Se wa Yezu.​—Luka 1:34, 35; Yohani 1:34, 49; 3:17; 11:27; 20:31; Ivyakozwe 9:20.

Ubwami bw’Imana Yezu yatwigishije gusaba mw’isengesho ni intwaro idasanzwe. Ni “ubutware bwa kiganwa” kubera yuko Yehova atuma Umwana wiwe Yezu aba Umutware canke Umwami w’ubwo Bwami. Ariko none, wari uzi ko hariho n’abandi bazotorwa kugira ngo bafadikanye na Yezu kuganza ari abami mu Bwami bwa Se?​— Reka tuvuge ibijanye na bo.

Imbere y’uko Yezu apfa, yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka yuko yagira aje ku “nzu” ya Se mw’ijuru. Yavuze ati: “Ngiye kubategurira ikibanza,” yongerako ati: “Kugira ngo aho ndi abe ari ho namwe muba.” (Yohani 14:1-3) Woba uzi ico izo ntumwa hamwe n’abandi bazoba bacaguwe bazokora mw’ijuru bari kumwe na Yezu?​— “Bazoganzanya na we.” Mbere Bibiliya iratubwira igitigiri c’abazoganza bari kumwe na Yezu. Bazoba ari 144.000.​—Ivyahishuwe 14:1, 3; 20:6.

Wibaza ko ibintu bizomera gute kw’isi uwo Muganwa w’amahoro be n’abo bantu biwe 144.000 batowe nibatangura kuganza?​— Emwe, bizoba ari agahore! Nta ntambara izoba iriho. Ibikoko bizobana amahoro, vyongere bibane amahoro natwe. Nta n’umwe azorwara canke ngo apfe. Amaso y’impumyi azobona, amatwi y’abatumva yumve, ikimuga na co ciruke congere gisimbe nk’impongo. Isi izomera ibifungurwa vyiza bigenewe abantu bose. Kandi abantu bose bazoba bakundana nk’uko Yezu yavyigishije abigishwa biwe. (Yohani 13:34, 35) Reka tuje muri iyo mirongo yo mu gitabu ca Yesaya yatondetswe ng’aho, maze dusome ibintu vyiza igitangaza bizoba.​—Yesaya 2:4; 11:6-11; 25:8; 33:24; 35:5, 6; 65:21-24.

Kuva Yezu yigishije abantu gusenga basaba ngo “ubwami bwawe nibuze,” abantu amamiliyoni barize ivyerekeye ubwo Bwami. Ivyo bintu bize vyarahinduye ubuzima bwabo. Vuba, ubwo Bwami nibwaza bugasubirira intwaro zose zo kw’isi, uwo wese akorera Yehova Imana n’Umutware yatoye, ari we Yezu Kristu, azokwironkera amahoro, amagara meza n’agahimbare.​—Yohani 17:3.

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.

IBIBAZO:

  • Ni kubera iki Ubwami bw’Imana bwitwa “ubutware bwa kiganwa”?

  • Ni bande bazofadikanya na Yezu kuganza mu Bwami bwa Se?

  • Ibintu bizoba bimeze gute mu gihe c’ubutware bwa kiganwa bwa Yezu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika