Ni nde twovugana mu karere k’impwemu?
IMANA MUSHOBORAVYOSE yarajeje amabanga amwamwe ibiremwa vy’impwemu. Nk’akarorero, yarashinze Yezu Kristu kuganza isi, kandi yaragenye abamarayika b’abizigirwa ngo bafashe kuyobora igikorwa co gutangaza inkuru nziza. (Ivyahishuwe 14:6) Ariko ku bijanye n’amasengesho hoho si ukwo. Nta we yajeje ibanga ryo kwumva amasengesho. Amasengesho yacu akwiye guturwa Imana yonyene.
Yehova ni we “[y]umva amasengesho.” (Zaburi 65:2) Arumviriza amasengesho yacu, agaheza akayishura. Ku bijanye n’isengesho, intumwa Yohani yandikiye abasavyi b’Imana bagenziwe ati: “Ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, i[ra]twumva. Vyongeye, nimba tuzi yuko itwumva ku bijanye n’ico dusaba cose, turazi ko turonka ibintu twasavye kuko ari yo twabisavye.”—1 Yohani 5:14, 15.
Abamarayika b’abizigirwa ntibipfuza ko tubitura canke ngo tubasenge. Baratahura intunganyo y’Imana ijanye n’isengesho kandi bakayishigikira. Iyo ntunganyo rimwe na rimwe isaba ko ubwabo bagira ico bakoze. Uti gute? Igihe umuhanuzi Daniyeli yasenga Yehova Imana ku bijanye na Yeruzalemu yari yarabaye umusaka, Imana yarishuye iryo sengesho rya Daniyeli mu kurungikana umumarayika Gaburiyeli ubutumwa buremesha.—Daniyeli 9:3, 20-22.
Hoba hariho ubutumwa buva ku bapfuye?
Twoba dukwiye kugerageza kuvugana n’abapfuye? Hari inkuru nyinshi zivuga ibijanye n’ibiyago abantu bavuga ngo baragiranye n’imizimu y’abapfuye. Nk’akarorero, hari umugore umwe wo muri Irilande yabwiwe n’umupfumu yuko yari yaraye avuganye na Fred umugabo wa nya mugore. Ariko rero hari haciye indwi nka zingahe Fred apfuye. Uwo mupfumu yaciye abwira nya mugore ivyo uwo yitwa ngo ni Fred yari yavuze. Uwo mugore yibaza ko ari we wenyene yari azi ivyo bintu. Emwe, vyari vyoroshe rwose ko uwo mugore aca yibwira yuko Fred yari akiriho yibereye mu karere k’impwemu, akaba yariko agerageza kuvugana na we biciye kuri uwo muntu. Yamara ico ciyumviro cari kuba kinyuranye n’ivyo Bibiliya ivuga itomora ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe.—Raba uruzitiro ruri aho hepfo.
None inkuru mwene izo umuntu yozisigura gute? Uburyo bumwe amadayimoni akoresha ni ukwihindura akigira nk’umuntu kanaka yapfuye, nk’ukwo kuntu vyagenze kuri Fred. Uti none aba ashaka gushika ku ki? Ayo madayimoni aba ashaka gutuma abantu batemera ivyo Bibiliya yigisha no gutuma ukwizera Yehova n’ukumwizigira bigoyagoya. Si agaseseshwarumuri, Shetani n’amadayimoni barazimiza abantu biciye ku “bikorwa vy’ububasha vyose n’ibimenyetso be n’ibitangaza vy’ububeshi be n’uruhendo rwose rujana n’ibitagororotse ku bariko baratikira.”—2 Abatesalonika 2:9, 10.
Nta gukeka yuko hariho abapfumu hamwe n’abakorana na bo babona koko yuko bavugana n’abapfuye. Ariko mu vy’ukuri, nimba hari abo boba bavugana, si abandi atari ibiremwa vy’impwemu birwanya Yehova. Hariho n’abandi bibwira yuko basenga Imana kandi ari ukwihenda. Intumwa Paulo yanditse ahumekewe n’Imana aya majambo akomeye yo kutugabisha agira ati: “Ibintu amahanga ashikana abishikanira amadayimoni, ntabishikanira Imana.”—1 Abakorinto 10:20, 21.
Ko tuzi yuko dushobora gusenga Umwe Musumbavyose adukunda akatwitaho, kubera iki none twokwirirwa turasenga uwundi? Nakare Bibiliya iradukura amazinda iti: “Yehova amaso yiwe anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.”—2 Ngoma 16:9.
[Iciyumviro nyamukuru gasigura ifoto ku rup. 9]
Ko tuzi yuko dushobora gusenga Umwe Musumbavyose adukunda akatwitaho, kubera iki none twokwirirwa turasenga uwundi?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 8, 9]
Ivyiyumviro vy’ukuri n’ivy’ukwihenda
NI UKURI: SHETANI SI UMUGANI
“Shetani ubwiwe aguma yihindura umumarayika w’umuco.”—2 Abakorinto 11:14.
“Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso. Umwansi wanyu Shetani agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa.”—1 Petero 5:8.
“Uwushishikara igicumuro akomoka kuri Shetani, kuko uwo Shetani yamye acumura guhera mu ntango.”—1 Yohani 3:8.
“Muyobokere Imana rero; mugabo murwanye Shetani, na we azobahunga.”—Yakobo 4:7.
“Shetani . . . yari umwicanyi kuva mu ntango, kandi ntiyashikamye mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo avuga ikinyoma, avuga nk’uko agatima kiwe bwite kari, kuko ari umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma.”—Yohani 8:44.
NI UKWIHENDA: UWUPFUYE WESE ACA AJA MU KARERE K’IMPWEMU
“Uzorya umukate ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.”—Itanguriro 3:19.
“Abazima ba[ra]zi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba.”—Umusiguzi 9:5.
“Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe, kuko ata gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi mu kuzimu, aho uriko uraja.”—Umusiguzi 9:10.
“Impwemu yiwe irasohoka, agasubira mu butaka bwiwe; uwo musi ivyiyumviro vyiwe bigahera.”—Zaburi 146:4.
NI UKURI: ABAMARAYIKA B’ABIZIGIRWA BARATWITAHO
“Umumarayika wa Yehova akambitse irya n’ino y’abatinya Imana, kandi arabakiza.”—Zaburi 34:7; 91:11.
“Mbega [abamarayika] bose si impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu, zatumwe gukorera abagiye kuzotorana ubukiriro?”—Abaheburayo 1:14.
“Mbona uwundi mumarayika aguruka hagati mu kirere, kandi yari afise inkuru nziza y’ibihe bidahera yo gutangaza nk’amakuru y’akamwemwe ku baba kw’isi, no kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose, avuga n’ijwi rirenga ati: ‘Nimutinye Imana kandi muyihe ubuninahazwa.’”—Ivyahishuwe 14:6, 7.
NI UKWIHENDA: YEZU ARANGANA N’IMANA
“Nshaka ko mumenya yuko umutwe w’umugabo wese ari Kristu; umutwe w’umugore na wo ni umugabo; umutwe wa Kristu na wo ni Imana.”—1 Abakorinto 11:3.
“Igihe ibintu vyose azoba yabihawe ngo abiganze, ni ho Umwana ubwiwe na we azoyoboka akaganzwa n’Uwamuhaye kuganza ibintu vyose, ngo Imana ibe vyose ku muntu wese.”—1 Abakorinto 15:28.
“Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Umwana ntashobora gukora ikintu na kimwe avyigeneye, mugabo akora gusa ico abonye Se akora.”—Yohani 5:19.