Niwiyegereze Imana
Irazi “umutima w’abana b’abantu”
NI NDE muri twebwe ga yemwe atarumva arengewe n’ibibazo be n’ingorane vyo mu buzima? Vyoshika tukabona umengo nta n’umwe ashobora vy’ukuri gutahura intambara tuba turimwo canke umubabaro ukomeye tuba twumva. Ariko rero, hariho uwutahura neza ukuntu twumva tumerewe, na we akaba ari Yehova Imana. Turashobora guhumurizwa n’amajambo ya Salomo dusanga mu 2 Ngoma 6:29, 30.
Salomo ariko aratura isengesho mu gihe co kwegurira Imana urusengero rw’i Yeruzalemu mu 1026 B.G.C. (bisobanura imbere y’igihe cacu). Muri iryo sengesho Salomo atura ryoba kumbure rimara iminuta cumi, araninahaza Yehova avuga ko ari Imana idahemuka, ishitsa ivyo yasezeranye ikongera ikumva amasengesho.—1 Abami 8:23-53; 2 Ngoma 6:14-42.
Salomo aringinga Imana ngo yumve intakambo y’abasavyi bayo. (Umurongo wa 29) Naho Salomo avuga ibijanye n’ivyago vyinshi (umurongo wa 28), arerekana ko umusavyi w’Imana uwo ari we wese azi “icago ciwe” kandi yumva “ububabare bwiwe.” Umuntu umwe arashobora kuba atuntujwe n’ikintu kanaka, uwundi ugasanga aremerewe ku mutima n’ingorane itandukanye cane n’iy’uwo wundi.
Uko vyoba biri kwose, abatinya Imana si ngombwa ngo banyinyane n’ingorane zibaremereye batagira gifasha. Mw’isengesho Salomo atura, arazirikana uwusenga wese yoshobora kwumva ashatse ‘gutarika ibiganza,’ akiyegereza Yehova mw’isengesho rivuye ku mutima.a Kumbure Salomo aribuka yuko igihe se wiwe Dawidi yari mu mubabaro ukomeye yavuze ati: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe.”—Zaburi 55:4, 22.
None Yehova aca yishura gute abamutakambira ata buryarya barondera gufashwa? Salomo arazambira Yehova ati: “Wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, ahantu uba, maze ubabarire kandi uhe umwumwe wese nk’uko inzira ziwe zose ziri.” (Umurongo wa 30) Salomo arazi ko Umwe “[y]umva amasengesho” yitwararika abasavyi biwe, atari gusa uko bagize umugwi, ariko kandi umwumwe wese ukwiwe. (Zaburi 65:2) Yehova araronsa umuntu imfashanyo aba akeneye, ushizemwo n’ukubabarira umucumuzi agarutse kuri we n’umutima wiwe wose.—2 Ngoma 6:36-39.
Ni kubera iki Salomo yemera adakeka ko Yehova azokwishura intakambo y’uwumusenga yigaya? Salomo abandanya isengesho ryiwe ati: “Kuko [wewe Yehova] uzi umutima wiwe (kubera ko ari wewe wenyene uzi umutima w’abana b’abantu bose).” Yehova arazi ingorane canke umubabaro umwe wese mu bamusenga b’abizigirwa ashobora kuba afise mu mutima, kandi intuntu yiwe iramuraza ishinga.—Zaburi 37:4.
Turashobora guhumurizwa n’iryo sengesho Salomo yatuye. Abantu nkatwe boshobora kudatahura neza ukuntu twiyumva mu mutima, ni ukuvuga ‘icago cacu’ be n’‘umubabaro wacu.’ (Imigani 14:10) Ariko Yehova we arazi umutima wacu kandi aratwitwararika cane. Gusuka imbere yiwe ibiri mu mutima tubicishije mw’isengesho birashobora gutuma imizigo yacu yoroha kwikorera. Bibiliya ivuga iti: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”—1 Petero 5:7.
[Akajambo k’epfo]
a Mu bihe vya Bibiliya, ‘gutarika ibiganza,’ ukagorora amaboko ibiganza wabirabishije hejuru, cari ikimenyetso c’uko uriko urasenga.—2 Ngoma 6:13.