ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/12 rup. 12-14
  • Abavugwa muri Bibiliya boba vy’ukuri bararamvye ukuraho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abavugwa muri Bibiliya boba vy’ukuri bararamvye ukuraho?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abantu baramvye cane
  • Ni imigani canke ni inkuru zo kwizigirwa?
  • Umwanya woba waharurwa ukundi?
  • Urashobora kuramba kuruta uko uvyibaza!
  • Twaremwe kugira tubeho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Icokwitwa “igitabu” ca Nowa hoba hari akamaro kidufitiye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Igituma dukwiye kwitwararika icatumye Imana itonesha Nowa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Dushobora Kubaho Igihe Kingana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/12 rup. 12-14

Abavugwa muri Bibiliya boba vy’ukuri bararamvye ukuraho?

JEANNE LOUISE CALMENT yapfuye ku wa 4 Myandagaro 1997, apfira mu gisagara ciwe c’amavukiro co mu Bumanuko bushira Ubuseruko bw’Ubufaransa. Yari afise imyaka 122 y’amavuka!

Amaterambere mu vya siyansi, mu vyo kwitwararika amagara y’abantu no mu bindi abantu bagerageza gushikako arafasha muri kino gihe abantu kuramba. Yamara rero, si abantu benshi bashikana imyaka ijana canke ngo bayirenze. Ni co gishobora kuba gituma abaramba rimwe na rimwe bavugangwa mu bimenyeshamakuru, nk’uko vyagenze kuri uwo mupfasoni Calment.

Bibiliya iravuga ko mu bihe vya kera abantu baramba cane, rimwe na rimwe bagashikana hafi imyaka igihumbi. Ivyo vyoba vyokwemerwa ko ari ivy’ukuri? Abantu bavugwa muri Bibiliya boba vy’ukuri bararamvye ukuraho? Vyongeye, hoba hari ico vyotumarira muri iki gihe kubimenya?

Abantu baramvye cane

Igitabu ca Bibiliya c’Itanguriro kiravuga ibijanye n’abantu indwi bamaze imyaka irenga 900, bose bakaba bavutse imbere ya rya Segenya ryo mu misi ya Nowa. Abo bantu ni Adamu, Seti, Enoshi, Kenani, Yaredi, Metusela na Nowa. (Itanguriro 5:5-27; 9:29) Benshi muri bo bashobora kuba batazwi na benshi, ariko bose ni abo mu mayaruka cumi ya mbere yabayeho muri kahise k’abantu. Metusela birazwi cane ko ari we yaramvye kuruta abandi bose, akaba yamaze imyaka 969!

Bibiliya iravuga n’imiburiburi abandi bantu 25 na bo nyene bashikanye imyaka isumba iyo tumenyereye muri iki gihe. Bamwebamwe muri bo baramaze imyaka 300, 400, 700 canke n’iyirenga. (Itanguriro 5:28-31; 11:10-25) Ariko rero, inkuru zo muri Bibiliya zigana ivy’abantu baramvye gutyo, abantu benshi usanga babona ko ari imigani gusa. Kwoba none ari ukwo biri?

Ni imigani canke ni inkuru zo kwizigirwa?

Twisunze ivyasohowe n’ikigo kimwe co mu Budagi kigira ubushakashatsi ku bijane n’igwirirana ry’abantu (Max Planck Institute for Demographic Research), abashakashatsi baremeje imyaka ya wa mupfasoni Calment twavuga mu ntango, bisunze “amajambo [amwamwe] asanzwe kandi ashobora kwemezwa” yegeranijwe uwo mupfasoni yavuze. Ayo majambo yari ajanye n’ingene ivy’uwo mupfasoni canke incuti ziwe vyari vyifashe igihe ibintu bimwebimwe vyaba. Ivyo yavuze barabigereranije n’ivyanditswe muri Leta, kwa noteri (ni ukuvuga uwujejwe kwemeza ko impapuro zemewe n’amategeko) no mw’idini, tutibagiye ivyavuzwe mu binyamakuru be n’ivyavuye muri za rusansuma z’abanyagihugu. Naho bitashobotse ko bemeza akantu ako ari ko kose, igishimishije ni uko ibimenyamenya biriho bidomako n’ibitadomako vyabashoboje kwemeza imyaka yabayeho.

Tuvuge iki none ku bijanye n’inkuru zo muri Bibiliya? Zoba zaragaragaye ko ari izo kwizigirwa? Cane nyene! Naho atari akantu kose kavugwa muri zo kemejwe n’amasôko adashingiye kuri Bibiliya ariho, ibimenyamenya vyarerekanye incuro n’izindi ko ibivugwa muri Bibiliya ari ivyo kwizigirwa dufatiye ku bijanye n’ivya kahise, ivya siyansi be n’ukuntu ibintu vyagiye birakurikirana.a Ivyo nta we bikwiye gutangaza kubera ko Bibiliya ubwayo ivuga iti: “Imana ivuga ukuri, naho uwundi wese ari umubeshi.” (Abaroma 3:4, Contemporary English Version) Ego cane, kubera ko Bibiliya ari igitabu “cahumetswe n’Imana,” nta makuru atari yo ayirangwamwo.​—2 Timoteyo 3:16.

Musa, uwayobowe na Yehova Imana kugira ngo yandike Pentateki, ni ukuvuga vya bitabu bitanu bitangura muri Bibiliya, arabereye guharurwa mu bantu bakomeye kandi bubahwa mu babayeho bose. Abayahudi babona ko ari we mwigisha ahambaye bafise mu bigisha babo bose. Abisilamu babona ko ari umwe mu bahanuzi bemera bahambaye kuruta abandi bose. Ku bakirisu na ho, Musa yabaye integuza ya Yezu Kristu. Vyoba vyumvikana none umuntu ashitse ku ciyumviro c’uko ivyanditswe n’umuntu avugwa mu nkuru za kahise ahambaye nk’uyo atari ivyo kwizigirwa?

Umwanya woba waharurwa ukundi?

Hari abavuze ngo umwanya waharurwa ukundi muri ico gihe, bakavuga kandi ngo ico bita umwaka mu vy’ukuri kwari ukwezi. Ariko rero twihweje neza inkuru yo mw’⁠Itanguriro, turakurwa amazinda yuko abantu b’ico gihe babona umwanya nk’uko tuwubona muri iki gihe. Rimbura uturorero tubiri. Mu nkuru ivuga ivya rya Segenya, dusoma ko ryatanguye Nowa amaze imyaka 600, “mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira cumi n’indwi w’ukwo kwezi.” Iyo nkuru ica ibandanya ivuga ko amazi yarengeye isi mu kiringo c’imisi 150 be n’uko “mu kwezi kugira indwi, ku musi ugira cumi n’indwi w’ukwo kwezi, nya bwato [bwaciye] buhagarara ku misozi ya Ararati.” (Itanguriro 7:11, 24; 8:4) Ku bw’ivyo, ico kiringo c’amezi atanu, ni ukuvuga guhera ku musi ugira 17 w’ukwezi kwa kabiri gushika ku musi ugira 17 w’ukwezi kugira indwi muri uwo mwaka, kivugwa ko ari imisi 150. Iciyumviro c’uko ico bita umwaka mu vy’ukuri kwari ukwezi, biragaragara rero ko ata shingiro gifise.

Ubu na ho rimbura akarorero kagira kabiri. Twisunze ibivugwa mw’⁠Itanguriro 5:15-18, Mahalaleli yavyaye umuhungu afise imyaka 65, abaho yindi myaka 830 maze apfa afise imyaka 895. Umwuzukuru wiwe Henoki na we nyene yavyaye umuhungu afise imyaka 65. (Itanguriro 5:21) Nimba umwaka vy’ukuri kwari ukwezi, abo bagabo babiri rero boba bavyaye bagifise imyaka itanu gusa! Ivyo wumva none vyumvikana?

Ubucukuzi bw’ivya kera na bwo nyene buratanga ibimenyamenya, kubera ko buhuza n’ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’abantu bagiye bararamba. Ku bijanye na sekuruza w’imiryango Aburahamu, Bibiliya ivuga ko yaturuka mu gisagara ca Uri, ko yahavuye aba mu gisagara ca Harani, mu nyuma akaba mu karere ka Kanani, be n’uko yarwanye agatsinda Kedorilawomeri umwami wa Elamu. (Itanguriro 11:31; 12:5; 14:13-17) Ivyubuwe vyaremeje ko ivyo bibanza bibaho be n’uko abo bantu babayeho. Ubucukuzi bw’ivya kera bwaradufashije kandi gutahura ibiranga ibihugu abantu bavugwa mu nkuru za Aburahamu babamwo be n’imigenzo yabo. Asangwa ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye Aburahamu ari ivy’ukuri, ni kubera iki none umuntu yovyura ibibazo ku vy’uko yamaze imyaka 175?​—Itanguriro 25:7.

Nta mvo n’imwe rero iriho yo gukekeranya ku bijanye n’ivyo Bibiliya ivuga vyerekeye ukuramba kudasanzwe kw’abantu bamwebamwe bo mu bihe vya kera. Ariko rero woshobora kwibaza uti: ‘Vyomarira iki none kumenya niba abo bantu bararamvye canke bataramvye ukuraho?’

Urashobora kuramba kuruta uko uvyibaza!

Ukwo kuramba kudasanzwe kw’abantu babayeho imbere ya rya Segenya kurerekana yuko umubiri w’umuntu ufise ubushobozi budasanzwe bwo kuramba. Ubuhinga bwa none bwarashoboje abanyasiyansi kwihweza neza umubiri w’umuntu be n’ukuntu uremye mu buryo butangaje, ushizemwo n’ubushobozi ufise bwo kwiyubura no kwivura. Uti bashitse ku ciyumviro ikihe? Bashitse ku ciyumviro c’uko umubiri ushoboye kubaho ibihe bidahera. Umuhinga Tom Kirkwood yigisha ivy’ubuvuzi, avuga ati: “[Ivy’ugusaza] biracari kimwe mu bintu bikomeye vyayobeye ubuhinga bujanye n’ubuvuzi.”

Ariko rero kuri Yehova Imana ivy’ugusaza si amayobera, eka kandi si ingorane itagira umuti. Imana yaremye umuntu wa mbere Adamu atunganye, ifise umugambi w’uko abantu babaho ibihe bidahera. Ikibabaje ni uko Adamu yahisemwo kuyitera ibitugu. Ivyo vyatumye agwa mu gicumuro aca aba uwudatunganye. Ya nsobanuro abanyasiyansi barondeye ng’iyi: Ni uko “igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo rukazanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rugakwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Abaroma 5:12) Igicumuro be n’ukudatungana ni vyo bituma turwara, tugasaza maze tugapfa.

Ariko rero, umugambi w’Umuremyi wacu yuzuye urukundo ntiwigeze uhinduka. Ikimenyamenya kidasanzwe kivyerekena, ni uko yatanze inkuka y’incungu y’Umwana wiwe Yezu Kristu, bikaba vyaratumye bishoboka ko tuba abatunganye tukaronka n’ubuzima budahera. Bibiliya ivuga iti: “Nk’uko muri Adamu bose bapfa, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima.” (1 Abakorinto 15:22) Abantu babayeho imbere ya rya Segenya bobo bari bakiri hafi y’ugutungana, akaba ari co gituma baramba cane kuturusha. Mugabo natwe muri iki gihe turi hafi y’igihe umugambi w’Imana uzoranguka. Vuba igicumuro n’ukudatungana vyose uko vyakabaye bizoba vyagiye, kandi abantu ntibazoba bagisaza maze ngo bapfe.​—Yesaya 33:24; Tito 1:2.

None iyo mihezagiro woyironka gute? Ntiwibaze ngo ivyo Imana yasezeranye ni indoto nsa. Yezu yavuze ati: “Uwumva ijambo ryanje kandi akemera uwandungitse arafise ubuzima budahera.” (Yohani 5:24) Niwironse rero ubumenyi bwo muri Bibiliya kandi ubushire mu ngiro. Niwabigira uzoba uriko wigana abo intumwa Paulo yavuze yuko “bibikir[a] nk’ubutunzi ahatagira inkomanzi umushinge mwiza ku bwa kazoza, kugira bacakire ubuzima nyakuri.” (1 Timoteyo 6:19) Urashobora guhera amazinda ko ya Mana yatuma abantu bavugwa muri Bibiliya baramba ukuraho, ishobora gutuma na wewe wiberaho ibihe bidahera!

[Akajambo k’epfo]

a Nimba wipfuza kumenya ayandi makuru y’ido n’ido, raba igitabu La Bible : Parole de Dieu ou des hommes ?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Igicapo ku rup. 12]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

1000*

969* METUSELA

950* NOWA

930* ADAMU

900*

800*

700*

600*

500*

400*

300*

200*

100* UMUNTU WO MURI IKI GIHE

*IMYAKA

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika