ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/12 rup. 26-29
  • Imana ‘Irakora Ibintu Bikomeye’—Ivyo Naravyiboneye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana ‘Irakora Ibintu Bikomeye’—Ivyo Naravyiboneye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyago vyanshikanye ku kuri
  • Ntsinda intambamyi
  • “Yehova azogufasha”
  • Ihwaniro twagize mu Buraruko
  • Imihezagiro nironkeye
  • Baritanze babikunze​—Muri Birmaniya
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Kwegurira Imana ibiro vy’amashami
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Kubumbwa n’ivyo Imana itanga vyaramfashije
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/12 rup. 26-29

Imana ‘Irakora Ibintu Bikomeye’​—Ivyo Naravyiboneye

NK’UKO VYAVUZWE NA MAURICE RAJ

Umuryango wacu, hamwe n’abandi bantu ibihumbi n’ibihumbi b’abimukira nkatwe, twarirutse duhunga kimwe mu bitero bikaze gusumba ibindi vyose vyo mu Ntambara ya kabiri y’isi yose. Twamaze imisi duca mw’ishamba rya manyenye ryo muri Birimaniya, tukaza turarara munsi y’ibiti. Nari mfise imyaka icenda. Akazigo nari mpetse ni ko kari gatekeye utwanje twose. Ariko rero, akari kari inyuma karahinda.

HARI mu mwaka wa 1942. Isi yari mu ntambara, natwe tukaba twariko turahunga igisoda c’Ubuyapani cariko gitera cegereza. Ico gisoda cari camaze gutera igihugu ca Birimaniya, icitwa ubu Myanmar, kikaba cari camaze kwigarurira ibibanza bacukuriramwo igitoro vy’i Yenangyaung. Imbere y’uko dushika ku rubibe rw’Ubuhindi, abasoda b’Abayapani baradushikiriye maze badusubiza inyuma ku nguvu.

Nkiri umwana, twaba i Yenangyaung, aho dawe yakorera ishirahamwe rya Birimaniya ridandaza igitoro. Aho Abayapani bamariye kwigarurira igihugu, vya bibanza vyuzuyemwo igitoro vy’i Yenangyaung vyasigaye ari ikirimbiro ry’amabombe y’urutavanako yaraswa n’indege z’indwano z’Abongereza. Igihe kimwe, umuryango wacu waramaze imisi itatu unyegeye mu kinogo kimeze nk’umufurege mu gihe ibibombe vyariko biraturagurikira hirya no hino yacu. Mu nyuma twarafashe ubwato duhungira i Sale, kakaba ari agasagara kari ku nkengera y’Uruzi rwitwa Ayeyarwady canke Irrawaddy. Twariruhukije kubona tutapfuye, duca tuguma ng’aho gushika intambara irangiye.

Ivyago vyanshikanye ku kuri

Mutoyi wanje yavutse mu 1945, ukaba ari wo mwaka Intambara ya kabiri y’isi yose yarangiriyeko. Dawe yarahimbawe no kuronka akana mu busaza bwiwe. Ariko umunezero wiwe wamaze umwanya urume rumara. Inyuma y’amezi atatu, ako kene wacu kaciye gahwera. Dawe na we ntiyatevye gukurikira, arapfa yishwe n’agahinda.

Abagenzi bashaka kumpoza bambwiye yuko Imana yahamagaye dawe na mwene wacu kugira ngo baje kubana na yo mw’ijuru. Ese ukuntu nipfuza cane kuba kumwe na bo! Umuryango wacu wari mw’idini rya Gatolika, akaba ari ho natanguye kwigira ivy’Imana. Banyigishije ko iyo abapadiri n’ababikira bapfuye baca ubwo nyene baja mw’ijuru, mu gihe abandi baca babwirizwa kuja mw’ipurugatori, kino ngo kikaba ari ikibanza bamaramwo igihe kanaka bababazwa kugira ngo bozwe ibicumuro vyabo. Kubera ko nari niyemeje gusubira kubonana na dawe be na mwene wacu, narafashe umugambi wo kuja kwiga muri seminari y’abagatolika i Maymyo, ahasigaye hitwa Pyin Oo Lwin, hakaba hari ku bilometero nka 210 uvuye aho twaba.

Kugira ngo winjire muri seminari, vyasaba ko uba warize amashure akwiye. Kubera ko nari umwimukira, nari nimariye imyaka ibiri gusa ku ntebe y’ishure. Mu nyuma amashure yose yarugawe mu kiringo c’intambara. N’igihe nyene amashure yasubira kwugururwa, umuryango wacu wari ugeze habi mu vy’ubutunzi. Mawe ntiyari atunze gusa jewe na bene wacu babiri, ariko kandi yari atunze utundi twana dutatu dusigwa na mwene wabo. Ntiyari agishoboye kubandanya arihira amashure abahungu biwe.

Mukuru wanje yaratanguye akazi, ariko jewe nari mfise imyaka 13 gusa, nkaba ata kintu kinini nari nshoboye gukora. Datawacu Manuel Nathan yaba i Chauk, kikaba ari igisagara cari hafi ya Sale. Nibwiye nti: ‘Nk’ubu nova ng’aha nkaja iwe, mu nda mawe abwirizwa kugaburira hoba havuyemwo imwe.’ Naciye rero ngenda i Chauk kubana n’uwo datawacu.

Sinari nzi yuko uwo datawacu yari amaze imisi atanguye kuyaga n’Ivyabona vya Yehova, akaba yari ashashaye kubwira abandi ivyo yari aherutse kumenya bishingiye kuri Bibiliya. Bukebuke yagiye arabimbwira, ahereye ku kunsigurira insobanuro ya ca gisabisho bita Dawe wa twese. Ico gisabisho gitangura giti: “Dawe wa twese, uri mw’ijuru, izina ryawe rininahazwe.”​—Matayo 6:9, 10, Ubwuzure Bushasha.

Datawacu yansiguriye ati: “Imana rero irafise izina. Iryo zina na ryo ni Yehova.” Yaciye anyereka iryo zina ry’Imana muri Bibiliya. Naripfuza kumenya n’ibindi. Mugabo nasoma nabinabi, mbere no mu rurimi nonse rw’igitamili. Vyongeye, Bibiliya hamwe n’ibitabu bishingiye kuri yo datawacu yari afise vyari mu congereza, na co nkaba ntari ndakizi neza. Naho ata mashure menshi nari mfise, buhorobuhoro naratahuye inyigisho zo muri Bibiliya. (Matayo 11:25, 26) Narahumutse ndabona ko nyinshi mu nyigisho nari narigishijwe zitari zishingiye kuri Bibiliya. Mu nyuma nabariye datawacu nti: “Emwe, uku ni ukuri!”

Igihe nari mfise imyaka 16, naratanguye kubwira abandi ivyo nize. Ico gihe, i Myanmar hari Ivyabona vya Yehova 77 gusa. Gatoyi inyuma yaho, umumisiyonari w’Icabona ca Yehova yitwa Robert Kirk ava ku mugwa mukuru ari wo Rangoon, uwusigaye witwa Yangon, yaragendeye datawacu i Chauk. Nabwiye Robert yuko nari nareguriye ubuzima bwanje Yehova. Ku wa 24 Kigarama 1949, naciye rero mbatizwa mu Ruzi Ayeyarwady, mba ngaragaje ko niyeguriye Imana.

Ntsinda intambamyi

Gatoyi inyuma y’aho, narimukiye i Mandalay kugira ndondere akazi kanyorohereza. Nari mfise umugambi wo kuba umutsimvyi, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bamara umwanya munini bavuga ubutumwa bitwa. Umusi umwe, nariko ndarorera urukino rw’umupira w’amaguru nca ngwa hasi ntangura gusambagirika. Nari nafashwe n’intandara, nkaba naciye mbwirizwa gusubira mu muryango iwacu kugira ngo banyitwararike.

Izo ntandara zamaze imyaka umunani ziza ziramfata. Igihe nasubira kuronka utugara, narashoboye gusubira gukora akazi. Naho mawe yampanuye kureka uwo mugambi wo kuba umutsimvyi ngo kubera ukuntu nari merewe, namubwiye nti: “Aho vyabereye ni kera. Nipfuza kuba umutsimvyi. Yehova arambona!”

Mu 1957, narimukiye i Yangon maze ntangura gukora ubutsimvyi. Igitangaje, za ntandara ntizasubiye kugaruka gushika imyaka 50 iheze, mu 2007. Muri iki gihe, imiti iratuma zitangira uko zigomvye. Mu 1958, naragenywe kugira ngo mbe umutsimvyi adasanzwe, nkaza ndamara amasaha 150 ku kwezi namamaza inkuru nziza.

Natanguye kurungikwa i Kyonsha, akaba ari ikigwati kiri ku bilometero nka 110 mu Buraruko bushira Uburengero bwa Yangon. Muri ico kigwati, umugwi mutoyi w’abantu bari bamaze gusoma ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya kandi baripfuza kumenya n’ibindi. Igihe twe na Robert twashika, isinzi rinini ry’abantu ryaciye rikorana. Twarishuye ibibazo vyabo vyinshi bishingiye kuri Bibiliya twongera turabereka ingene bayobora amakoraniro yo kwiga Bibiliya. Bamwebamwe muri bo ntibatevye kwifatanya natwe mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Naciye nsabwa kuguma muri ico kigwati. Inyuma y’amezi makeyi, wa mugwi mutoyi waracitse ishengero ryifashe. Ubu muri ako karere hari Ivyabona vya Yehova barenga 150.

Mu nyuma, naragenywe ngo nkore igikorwa co kugendera amashengero be n’imigwi iri ukwa yonyene hirya no hino mu gihugu ca Myanmar. Naragenze ibilometero bidaharurwa mu mabarabara y’ibivu ndi hejuru ku makamyo apakiye imizigo, ndafata ingendo nca mu kibira, ndaca mu nzuzi, nongera ndaduga imisozi n’iyindi. Naho ata nguvu nyinshi z’umubiri nari mfise, narumva ko Yehova ampa inkomezi kugira ngo nkomere kw’ibanga.​—Abafilipi 4:13.

“Yehova azogufasha”

Mu 1962, nararungitswe gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova i Yangon, Robert akaba ari we yaciye amenyereza. Budakeye na kabiri, abategetsi barashinze ko abamisiyonari mvamakungu bose batekera bakava muri Myanmar, kandi mu ndwi nka zingahe bari bamaze kugenda. Icantangaje, ni je nagenywe ngo mpagarikire ibiro vy’ishami.

Naribajije nti: ‘Ico gikorwa nogishobora gute ga yemwe? Jewe nta mashure mfise kandi sindamenya utuntu n’utundi.’ Abavukanyi bamwebamwe bahumuye babonye ingene mpagaritse umutima, bambariye bati: “Mori, ntuhagarike umutima. Yehova azogufasha, kandi twese turi kumwe nawe.” Ntiworaba ukuntu ayo majambo bambwiye yansubirije umutima mu nda! Inyuma y’amezi makeyi, nabwirizwa kwegeranya raporo y’umwaka y’igikorwa co kwamamaza twaranguye muri Myanmar yoshizwe mu gitabu c’umwaka (Annuaire) c’Ivyabona vya Yehova co mu 1967. No mu myaka 38 yakurikiye, nagiye ndegeranya iyo raporo y’umwaka y’igihugu. Mu bihe n’ibindi, hagiye haraba ibintu binyereka ko Yehova vy’ukuri ariko arayobora ibikorwa vyacu.

Nk’akarorero, nari narigeze gusaba ubwenegihugu bwo muri Myanmar. Ico gihe sinaronse amahera 450 yo muri Myanmara nari nkeneye kugira ngo ngure agatabu kanje k’ubwenegihugu, nca mba ndavyihojeje. Umusi umwe rero, nariko ndaca imbere y’ibiro vy’ishirahamwe nari nahoze nkorera imyaka itari mike imbere y’aho, maze uwahoze ari umukoresha wanje arambona. Yaciye asemerera ati: “Yewe Raj, ubwo ntiwoza ugatora amahera yawe? Erega igihe wagenda waribagiye gutora amahera yawe y’abakukuruke.” Ayo mahera yari 450.

Igihe nasohoka ivyo biro, nariyumviriye ibintu vyose noshoboye gukoresha ayo mahera. Ariko rero, kubera ko yangana neza na neza n’amwe nari nkeneye kugira ngo ndonke ka gatabu k’ubwenegihugu, nabonye ko Yehova yashaka yuko ndayakoresha ku bw’iyo ntumbero. Kandi kuyakoresha ku bw’iyo ntumbero vyaragize akamaro kanini. Kubera yuko nari mbaye umwenegihugu, nari nshoboye kuguma muri ico gihugu, nkagira ingendo ata nkomanzi, ngatumako ibitabu hanze, nkongera nkarangura iyindi mirimo ihambaye mu bijanye n’igikorwa cacu co kwamamaza muri Myanmar.

Ihwaniro twagize mu Buraruko

Mu 1969, igikorwa cacu cariko kiratera imbere ningoga mu gisagara ca Myitkyina mu Buraruko bwa Myanmar, duca rero dufata ingingo yo kuhagirira ihwaniro. Ariko rero, ikibazo gikomeye kuruta ibindi twagize, kwari ukuronsa uburyo bwo kwiyunguruza Ivyabona vya Yehova bose bava mu Bumanuko. Twarasenze maze duca turasaba ishirahamwe ryo muri Myanmar rikoresha amagariyamoshi ngo ritubikire ibihimba bitandatu vy’igariyamoshi. Twaratangaye cane kubona ivyo twasavye babitwemereye.

Haciye igihe, ibijanye n’ihwaniro ryacu vyose vyari vyatunganye. Umusi twari twiteze ko abaza bava ahandi bashika, twaragiye ku gituro c’amagariyamoshi nko kw’isaha zitandatu, twiteze ko igariyamoshi ishika isaha umunani n’inusu. Tukirindiriye, uwujejwe ico gituro yaraduhereje ubutumwa babarungikiye bwavuga buti: “Vya bihimba bitandatu vy’igariyamoshi ishirahamwe Watch Tower ryasavye twabitandukanije n’ibindi.” Yavuze yuko igariyamoshi itari gushobora kudugana umusozi ivyo bihimba birengako.

None twari gukora iki? Ikintu ca mbere twabanje kwiyumvira, kwari kwungururiza ihwaniro ku yandi matariki. Mugabo ivyo vyosavye kurondera izindi mpusha, na vyo bikaba vyotwaye amayinga! Tukiriko turasenga Yehova twakobeje, ya gariyamoshi twagiye tubona iduturako amaguru. Wamengo turiko turarota: twagiye tubona vya bihimba vy’igariyamoshi bitandatu vyose bishika vyuzuye Ivyabona vya Yehova! Bariko baraturamutsa bazungagiza ibiganza, akamwemwe kabasya. Tubabajije ingene vyagenze, umwe muri bo yadusiguriye ati: “Emwe ni vyo, bakuyeko ibihimba bitandatu, ivyacu bitandatu barabireka!”

Hagati yo mu 1967 no mu 1971, Ivyabona vya Yehova muri Myanmar barigwije na kabiri bashika hafi 600. Mu 1978 na ho, ibiro vy’ishami vyarimuriwe mu yindi nyubakwa y’igorofa imwe. Inyuma y’imyaka 20, Ivyabona vya Yehova baragwiriye bararenga 2.500. Inyubakwa z’ishami zarasubiye kwagurwa, maze ku wa 22 Nzero 2000, umuvukanyi John E. Barr, umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, araza avuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika aradushikiriza insiguro yo kwegurira Imana ibiro vy’ishami biri mu nyubakwa y’igorofa zibiri be n’inyubakwa y’uburaro dukoresha muri iki gihe.

Imihezagiro nironkeye

Muri iki gihe, hari abitanze bashika 52 baba ng’aha ku biro vy’ishami i Yangon bakongera bakahakorera. Vyongeye, hari Ivyabona vya Yehova hafi 3.500 bakorera mu mashengero 74 be n’imigwi biri hirya no hino mu gihugu. Ndahimbawe kubona mu 1969 mawe nikundira na we nyene yarabaye Icabona ca Yehova, gatoyi imbere y’uko apfa.

Uwitwa Doris Ba Aye, akaba yari umutsimvyi wo ng’aha iwacu, yarabaye umuhinduzi ku biro vyacu vy’ishami amaja hagati y’imyaka ya 1960. Imbere y’aho, mu 1959, yari yaritavye ivyigwa mu mugwi ugira 32 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower, rikaba ari ishure rimenyereza abamisiyonari b’Ivyabona vya Yehova. Akaranga kiwe, urweze rwiwe, n’ukuntu yitaho cane ivy’Imana, vyaranyuze umutima. Twubakanye mu 1970. Gushika uyu musi, ntiturahemukira Yehova canke ngo duhemukiranire.

Ubu ndamaze imyaka irenga 60 nibonera ukuntu Imana iyobora igikorwa co kwamamaza kirangurirwa muri iki gihugu. Vy’ukuri, irahambaye kandi irabereye koko gushemezwa. Ni Imana ‘ikora ibintu bikomeye,’ nk’uko navyiboneye mu buzima bwanje bwose.​—Zaburi 106:21.

[Akajambo k’epfo]

a Ico gihe, ayo mahera yangana n’amadolari y’Abanyamerika 95 (nk’amarundi y’ubu 117.000), akaba ari amahera akwiye umutamiro.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 27]

Aha nariko ndamamaza i Rangoon muri Birimaniya, nko mu 1957

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 28]

Ndi ku rugendo ngiye kwitaba ihwaniro i Kalemyo muri Birimaniya, mu mpera z’imyaka ya 1970

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 29]

Inyubakwa yacu nshasha iteye igomwe y’ibiro vy’ishami yeguriwe Imana mu 2000

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 29]

Twe na Doris muri kino gihe

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 29]

Turi kumwe na we mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika