ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/12 rup. 20-24
  • Ririmbira Yehova!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ririmbira Yehova!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikibanza giteye iteka umuziki ufise mu gusenga kw’ukuri
  • Uruhara umuziki wagize inyuma y’igihe ca Dawidi
  • Uko igihe kirengana, ni ko ivyo dukenera bihinduka
  • Urashobora kugaragaza ko ukenguruka
  • Ririmbana umunezero!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Umwami Dawidi be n’ibijanye n’umuziki
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Indirimbo nshasha zo gushemeza Imana!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Umuziki Uhimbara Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/12 rup. 20-24

Ririmbira Yehova!

“Nzohibongoreza Imana yanje igihe cose nzoba nkiriho.”​—ZAB. 146:2.

1. Ni igiki catumye uwari akiri muto Dawidi atunganya amwamwe mu mazaburi yiwe?

IGIHE Dawidi yari akiri muto, yaramara amasaha menshi mu gahinga hafi y’i Betelehemu ariko araragira imikuku ya se wiwe. Igihe yaba ateramiye intama, yarashobora kwihweza ibintu vyiza igitangaza Yehova yaremye: amajuru yuzuye inyenyeri, “ibikoko vyo mu gahinga” be n’“inyoni zo mu kirere.” Yarakozwe ku mutima cane rwose n’ivyo yabona ku buryo vyatumye atunganya indirimbo zikora ku mutima zo gushemeza Uwaremye ivyo bintu vy’akaroruhore. Nyinshi muri izo ndirimbo Dawidi yatunganije turashobora kuzisanga mu gitabu c’Amazaburi.a​—Soma Zaburi 8:3, 4, 7-9.

2. (a) Umuziki ushobora kugira ico ukoze gute ku muntu? Tanga akarorero. (b) Ni igiki dushobora kwigira ku bucuti Dawidi yari afitaniye na Yehova dusomye Zaburi 34:7, 8 na Zaburi 139:2-8?

2 Birashoboka rwose yuko muri ico gihe c’ubuzima bwa Dawidi ari ho yaryohoye ubuhanga yari afise mu bijanye no gucuraranga. Nkako, yarabaye umuhanga cane muri ivyo ku buryo yasabwe kuza gucurarangira Umwami Sauli. (Imig. 22:29) Umuziki wa Dawidi waratuma uwo mwami yari yarandutse umutima aturura, nk’uko no muri iki gihe akaziki karyoshe gakunze gutuma abantu baturura. Igihe cose Dawidi yaba atoye igicurarangisho ciwe, “vyatuma Sauli aruhurirwa, bikamugendera neza.” (1 Sam. 16:23) Indirimbo zatunganijwe n’uwo mucuraranzi yatinya Imana akaba n’umwanditsi w’indirimbo, zarabaye ngirakamaro gushika n’ubu. Zirikana kuri iki kintu! Muri iki gihe, hakaba haciye imyaka irenga 3.000 Dawidi avutse, abantu amamiliyoni bo mu mice yose y’ubuzima kandi baba mu mihingo yose y’isi bama basoma amazaburi ya Dawidi kugira ngo abahumurize yongere abaronse icizigiro.​—2 Ngo. 7:6; soma Zaburi 34:7, 8; 139:2-8; Am. 6:5.

Ikibanza giteye iteka umuziki ufise mu gusenga kw’ukuri

3, 4. Ni indinganizo izihe zijanye no gushira umuziki mu gusenga kw’ukuri zashizweho mu gihe ca Dawidi?

3 Dawidi yari afise ubuhanga, kandi yarakoresheje ubwo buhanga bwiwe mu buryo bwiza bushoboka, ni ukuvuga mu kuninahaza Yehova. Dawidi amaze kuba umwami wa Isirayeli, yaratunganije ibikorwa vyo kw’itaberenakulo, arashiramwo n’ivy’umuziki uryoheye ugutwi. Abarenga ic’icumi c’Abalewi bose bakora ibikorwa vyo ku rusengero, ni ukuvuga abashika ku 4.000, bari barashinzwe igikorwa co ‘gushemeza’ Imana bari kumwe n’abantu 288 “bamenyerejwe mu vy’ukuririmbira Yehova, [bakaba bari] abahanga bose.”​—1 Ngo. 23:3, 5; 25:7.

4 Dawidi ubwiwe yaratunganije nyinshi mu ndirimbo Abalewi baririmba. Abisirayeli abo ari bo bose bari bafise agateka ko kuba ari ho bari igihe amazaburi ya Dawidi yaba ariko araririmbwa, bategerezwa kuba barakorwa ku mutima cane n’ivyo bumva. Mu nyuma, igihe isandugu y’isezerano yazanwa i Yeruzalemu, “Dawidi [yabwiye] abakuru b’Abalewi ngo bashireho bene wabo b’abaririmvyi, bafise ibicurarangisho vy’ururirimbo, ibicurarangisho vy’imirya n’inanga n’ivyuma bisāma, kugira bacurarange n’ijwi ryumvikana ngo batume humvikana ijwi riteye umunezero.”​—1 Ngo. 15:16.

5, 6. (a) Ni kubera iki umuziki wari witaweho cane ku ngoma ya Dawidi? (b) Tumenya gute ko umuziki wabonwa ko ufise ikibanza gihambaye mu gusenga kwagirwa muri Isirayeli ya kera?

5 Ni kubera iki umuziki wari witaweho cane gutyo mu gihe ca Dawidi? Kwoba kwari ukubera ko gusa uwo mwami yari umucuraranzi? Oya, hariho n’iyindi mvo, iyo na yo ikaba yarahishuwe haciye imyaka amajana, igihe wa Mwami agororotse Hezekiya yasubira gutunganya ibikorwa vyo ku rusengero. Mu 2 Ngoma 29:25 dusoma duti: “[Hezekiya] ashira Abalewi mu nzu ya Yehova, bafise ivyuma bisāma n’ibicurarangisho vy’imirya n’inanga, nk’uko vyategetswe na Dawidi na Gadi umubonyi w’umwami be na Natani umuhanuzi, kuko iryo bwirizwa ryari ryatanzwe n’ukuboko kwa Yehova biciye ku bahanuzi biwe.”

6 Ego cane, Yehova abicishije ku bahanuzi biwe yarategetse yuko abasavyi biwe boza baramushemeza bakoresheje indirimbo. Abaririmvyi bo mu muryango w’Abaherezi bari barakuweko mbere ibikorwa abandi Balewi basabwa gukora kugira ngo bashobore kumara umwanya uhagije batunganya indirimbo, bikaba kandi bishoboka rwose ko bawumara bariko barazisubiramwo.​—1 Ngo. 9:33.

7, 8. Mu bijanye no kuririmba indirimbo zacu z’Ubwami, ni igiki gihambaye kuruta ubuhanga?

7 Woshobora kuvuga uti: “Mu bijanye no kuririmba, ndazi neza ko ntari kwigera mparurwa mu bahinga baririmbira kw’ihema ry’ibonaniro!” Ariko rero, Abalewi bose b’abacuraranzi ntibari abahinga. Nk’uko mu 1 Ngoma 25:8 havyerekana, hariho n’‘abiga.’ Birahambaye kandi ko tumenya yuko mu yindi miryango ya Isirayeli hashobora kuba harimwo abantu bari bazi gucuraranga cane no kuririmba, mugabo Yehova yagenye Abalewi ngo abe ari bo bitwararika ivy’umuziki. Twoshobora kwemera tudakeka yuko, baba ‘abahanga’ canke ‘abiga,’ Abalewi bose b’abizigirwa bashira umutima wabo kuri ico gikorwa!

8 Dawidi yarakunda ivy’umuziki kandi yari umuhanga muri vyo. Ariko none ubuhanga coba ari co kintu conyene gihambaye ku Mana? Muri Zaburi 33:3, Dawidi yanditse ati: “Nimubashe imirya mujanisha n’akaruru k’umunezero.” Ubutumwa burimwo buratomoye: Igihambaye ni uko ‘tubasha,’ ni ukuvuga dukora uko dushoboye kwose mu bijanye no gushemeza Yehova.

Uruhara umuziki wagize inyuma y’igihe ca Dawidi

9. Nuvuge ivyo wari gushobora kubona no kwumva iyo uba ari ho uri mu gihe co kwinjira urusengero ku ngoma ya Salomo.

9 Ku ngoma ya Salomo, umuziki wari ufise ikibanza gihambaye cane mu gusenga gutyoroye. Mu gihe co kwinjira urusengero, hariho umugwi munini cane w’abacuraranzi, hakaba harimwo umuce w’abavuza ibicurarangisho bashira ku munwa wari ugizwe n’abavuza inzumbete 120. (Soma 2 Ngoma 5:12.) Bibiliya itubwira yuko “abavuza inzumbete [bose bakaba bari abaherezi] n’abaririmvyi, [bari] nk’umuntu umwe, mu gutuma humvikana ijwi rimwe mu gushemeza no gukengurukira Yehova, . . . ‘kuko ari mwiza, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero.’” Bakimara kuvuza ijwi rirengera, “nya nzu [yaciye] yuzura igicu,” ivyo bikaba vyarerekana ko Yehova abishimye. Ese ukuntu kwumva ijwi ry’izo nzumbete zose hamwe n’abaririmvyi ibihumbi n’ibihumbi bariko barahuza amajwi nk’umuntu umwe bitegerezwa kuba vyarakora ku mutima kandi biteye akoba!​—2 Ngoma. 5:13.

10, 11. Ni igiki cerekana ko abakirisu bo mu ntango bakoresha umuziki mu vy’ugusenga?

10 N’abakirisu bo mu ntango barakoresha umuziki mu vyo gusenga. Ego ni ko, abasavyi b’Imana bo mu kinjana ca mbere ntibikoraniriza mu mataberenakulo canke mu nsengero, mugabo bikoraniriza mu mazu y’abantu. Kubera uruhamo be n’izindi mvo, akenshi wasanga bikoranya ibintu bitifashe neza. Naho vyari ukwo, abo bakirisu barashemeza Imana koko mu kuririmba.

11 Intumwa Paulo yahimirije abavukanyi biwe bakirisu b’i Kolosayi ati: “Mugume . . . mukeburana mukoresheje amazaburi, amashemezo aturwa Imana, indirimbo z’ivy’impwemu zijana n’igikundiro.” (Kol. 3:16) Paulo na Silasi bamaze gutabwa mw’ibohero, baciye batangura ‘gusenga no gushemeza Imana mu kuririmba,’ naho nyene ata gitabu c’indirimbo bari bafise. (Ivyak. 16:25) Hamwe wotabwa mw’ibohero, ni indirimbo zingahe z’Ubwami woshobora kuririmba ku mutwe?

12. Twokwerekana gute yuko duha agaciro indirimbo zacu z’Ubwami?

12 Kubera ko umuziki ufise ikibanza gihambaye mu gusenga kwacu, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba ndawuha agaciro mu buryo bubereye? Noba nkora uko nshoboye kwose kugira ngo nshike ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro hakiri kare kugira ngo nifatanye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi banje mu kuririmba ururirimbo rutangura? Noba nca ndirimbana inyiyumvo? Noba ndemesha abana banje kutabona yuko ururirimbo ruca hagati y’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi n’Ikoraniro ry’umurimo canke uruca hagati y’insiguro y’icese n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ari akanya ko kuruhuka, ni ukuvuga akaryo baba baronse ko kuva mu bibanza vyabo bidakenewe, kumbure kugira gusa ngo babe baragorora imitsi?’ Kuririmba biri mu bigize ugusenga kwacu. Ego cane, twaba turi ‘abahanga’ canke ‘abiga,’ twese turashobora guhuza amajwi yacu mu gushemeza Yehova, kandi turakwiye kubigira.​—Gereranya na 2 Abakorinto 8:12.

Uko igihe kirengana, ni ko ivyo dukenera bihinduka

13, 14. Kuririmba bivuye ku mutima mu gihe c’amakoraniro y’ishengero bifise agaciro akahe? Bitangire akarorero.

13 Mu myaka irenga 100 iheze, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni (mu congereza) warasiguye imwe mu mvo zituma indirimbo zacu z’Ubwami ziba izihambaye cane. Wavuze uti: “Ukuririmba ukuri ni uburyo bwiza bwo kugushira mu bwenge bw’abasavyi b’Imana no mu muzirikanyi wabo.” Menshi mu majambo yo mu ndirimbo zacu usanga ashingiye ku mirongo yo mu Vyanditswe, akaba ari co gituma kumenya n’imiburiburi indirimbo zimwezimwe bushobora kuba uburyo bwiza cane bwo kwinjiza ukuri mu mitima yacu. Akenshi iyo umuntu aje ku makoraniro yacu ari bwo bwa mbere, arakorwa ku mutima cane n’ukuntu ishengero riririmba ribikuye ku mutima.

14 Umusi umwe ku mugoroba wo mu 1869, C. T. Russell yari atashe avuye ku kazi maze yumva abantu bariko bararirimbira mu nzu imwe yo mu kuzimu. Muri ico gihe c’ubuzima bwiwe, yari yarihebuye kuko yabona yuko atokwigeze yubura ukuri kwerekeye Imana. Ni co gituma yari yaciye afata ingingo yo kwihebera ivyo guteza imbere urudandazwa rwiwe, yiyumvira yuko aramutse aronse amahera, yoshoboye n’imiburiburi kuronsa abantu ivyo bakeneye mu vy’umubiri naho atari gushobora kubafasha mu buryo bw’impwemu. Umuvukanyi Russell yarinjiye muri iyo nzu yarimwo inkungugu n’umwiza maze asanga bariko barahasengera. Yaricaye hanyuma arumviriza. Mu nyuma yanditse ko ivyo yumvise kuri uwo mugoroba “vyari bihagije, biciye ku bubasha bw’Imana, kugira ngo akomeze ukwizera [yari afise] mu bijanye n’uko Bibiliya yahumetswe n’Imana, kuno kukaba kwariko kurahungabana.” Urabona yuko ukuririmba ari kwo kwatanguye gukwegera umuvukanyi Russel kugira ngo aje kuri iryo koraniro.

15. Ni ibintu ibihe vyaryohowe mu bijanye no gutahura vyatumye biba ibibereye ko igitabu c’indirimbo gisubirwamwo?

15 Uko igihe kirengana, hariho ibintu bigenda biraryohorwa mu bijanye n’ukuntu dutahura Ivyanditswe. Mu Migani 4:18 havuga hati: “Umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose.” Kubera umuco ugenda urongerekana biraba ngombwa ko hagira ibihinduka mu kuntu ‘turirimba ukuri.’ Mu myaka 25 iheze, Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu vyinshi barahimbawe no gukoresha igitabu c’indirimbo gifise umutwe uvuga ngo Ririmbira Yehova amashemezo.b Mu myaka yahaciye kuva ico gitabu gitanguye gusohorwa, umuco wagiye urarushiriza gukayangana ku vyiyumviro bitari bike, kandi imvugo zimwezimwe zakoreshejwe muri ico gitabu ntizigikoreshwa. Nk’akarorero, mu gitabu ca kera c’icongereza hakoreshejwe imvugo ngo “urutonde rushasha,” aho gukoresha imvugo ngo “isi nshasha.” Vyongeye, indirimbo zimwezimwe zivuga yuko izina rya Yehova “rizokwemezwa,” aho kuvuga ko “rizokwezwa.” Biratomoye yuko dufatiye ku kuntu inyigisho zagiye ziraryohorwa, vyabaye ngombwa ko igitabu cacu c’indirimbo tugihuza n’igihe.

16. Igitabu c’indirimbo cacu gishasha kizodufasha gute gukurikiza impanuro Paulo yatanze dusanga mu Banyefeso 5:19?

16 Kubera iyo mvo hamwe n’izindi, Inama Nyobozi yaremeye ko hasohorwa igitabu c’indirimbo gishasha gifise umutwe uvuga ngo Ririmbira Yehova. Indirimbo zo muri ico gitabu cacu gishasha zaragabanijwe zishika ku 135. Kubera yuko indirimbo zo kwiga ari nkeyi, bizoshoboka ko dufata ku mutwe n’imiburiburi zimwezimwe muri izo ndirimbo nshasha. Ivyo birahuye n’impanuro Paulo yatanze dusanga mu Banyefeso 5:19.​—Soma.

Urashobora kugaragaza ko ukenguruka

17. Ni ivyiyumviro ibihe vyodufasha gutsinda ivyo gutinya yuko twohava tumaramara mu bijanye no kuririmba mw’ishengero?

17 Twoba dukwiye kureka ivyo gutinya ko twohava tumaramara bikatubuza kuririmba ku makoraniro ya gikirisu? Birabe muri ubu buryo: Ku bijanye n’ijambo umuntu avuga, si ivy’ukuri none ko “twese dutsitara kenshi”? (Yak. 3:2) Yamara, ntitureka ngo imvugo yacu idatunganye itubuze gushemeza Yehova ku nzu n’inzu. Ni kubera iki none tworeka amajwi adatunganye dukoresha mu kuririmba ngo atubuze gushemeza Yehova mu ndirimbo? Yehova, we “yaremeye umuntu umunwa,” arahimbarwa no kwumviriza igihe dukoresha amajwi yacu mu kuririmba tumushemeza.​—Kuv. 4:11.

18. Tanga ivyiyumviro vyogufasha kumenya izo ndirimbo nshasha.

18 Utudisiki CD (twitwa Chantons à Jéhovah ​— Version chantée) turaboneka mu ndimi zitari nke. Turiko indirimbo ziryoheye ugutwi ziririmbwa n’umugwi w’abacuraranzi n’abaririmvyi zakuwe muri izo ndirimbo nshasha. Kwumviriza ukuntu umuziki w’izo ndirimbo watunganijwe usanga biryoshe cane. Nimba izo ndirimbo ziboneka mu rurimi wumva, nuzumvirize kenshi. Muri ubwo buryo ntuzoteba kumenya n’imiburiburi zimwezimwe muri izo ndirimbo zacu nshasha. Nyinshi muri izo ndirimbo zatunganijwe ku buryo uririmvye akarongo kamwe, bica bisa n’ibikworoheye kuririmba akarongo gakurikira. Igihe uriko uravuza utwo tudisiki, ubona gute none ugerageje kujana n’uwo mugwi w’abaririmvyi? Niwamenya neza amajambo be n’umuziki vy’izo ndirimbo uri i muhira, nta gukeka ko uzoshobora kurushiriza kuririmba umutima uri mu nda igihe uzoba uri ku Ngoro y’Ubwami.

19. Ni ibintu bitandukanye ibihe bigirwa mu gutegura umuziki w’indirimbo zacu z’Ubwami?

19 Biroroshe ko dufata minenerwe wa muziki udufasha kuririmba igihe turi ku materaniro adasanzwe y’umusi umwe, ku materaniro y’umuzunguruko, no ku mahwaniro y’intara. Haragirwa utwigoro twinshi mu kuwutegura. Uwo muziki umaze kurobanurwa, utegerezwa kwandikwa mu buryo bwitondewe ugahabwa umugwi w’abacuraranzi w’ishirahamwe Watchtower ugizwe n’abantu 64 kugira ngo bawucurarange. Abo bacuraranzi baca bamara amasaha menshi bariko barihweza ayo mayagwa, ano na yo bakaza barayakoresha mu kwimenyereza gucuraranga uwo muziki, amaherezo bakawufata amajwi mu vyumba vyacu bafatiramwo amajwi i Patterson muri New York. Cumi muri abo bavukanyi na bashiki bacu ntibaba muri Leta Zunze Ubumwe. Bose babona yuko ari agateka kugira uruhara mu bijanye no kuturonsa umuziki uryoheye ugutwi wo gukoresha mu maporogarama yacu ya gitewokarasi. Turashobora kwerekana yuko dukenguruka utwigoro twabo turanga urukundo. Igihe turi ku materaniro no ku mahwaniro maze umuhagarikizi akadusaba kwicara mu bibanza vyacu no kwumviriza twitonze uwo muziki wateguwe mu buryo buranga urukundo gutyo, turakwiye kubigira.

20. Wiyemeje gukora iki?

20 Yehova aritwararika indirimbo zacu zo kumushemeza. Zirahambaye kuri we. Turashobora kunezereza umutima wiwe mu kuririmba n’umutima wacu wose igihe cose dukoraniye hamwe kugira ngo dusenge. Ego cane, twaba turi abahanga canke abiga, nimuze ‘turirimbire Yehova’!​—Zab. 104:33.

[Utujambo tw’epfo]

a Birashimishije kubona inyuma y’ibinjana cumi Dawidi apfuye, abamarayika indiri baramenyesheje ivuka rya Mesiya abungere bari bateramiye imikuku yabo mu gahinga hafi y’i Betelehemu.​—Luka 2:4, 8, 13, 14.

b Ico gitabu c’indirimbo 225 caboneka mu ndimi zirenga 100.

Uvyibazako iki?

• Ni uburorero ubuhe bwo mu bihe vya Bibiliya bwerekana yuko umuziki ugira uruhara ruhambaye mu gusenga kwacu?

• Ni isano irihe ubona hagati yo kugamburuka itegeko Yezu yatanze riri muri Matayo 22:37 no kwifatanya n’abandi mu kuririmba n’umutima wacu wose indirimbo z’Ubwami?

• Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe twokwerekana yuko dukenguruka bimwe bibereye indirimbo zacu z’Ubwami?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 23]

Woba ubuza abana bawe kuva mu kibanza cabo bidakenewe mu gihe co kuririmba?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 24]

Woba wiga indirimbo zacu nshasha uri i muhira?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika