ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/14 rup. 7
  • Indirimbo nshasha zo gushemeza Imana!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Indirimbo nshasha zo gushemeza Imana!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Nushemeze Yehova mu kuririmba unezerewe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Woba witeguriye kuririmbira Yehova ku makoraniro yacu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ririmbira Yehova!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ingene wokwiyigisha
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 12/14 rup. 7

Indirimbo nshasha zo gushemeza Imana!

1 Kw’ikoraniro rigirwa buri mwaka ry’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania ryabaye kw’igenekerezo rya 4 Gitugutu 2014, haratangajwe umugambi wo gusubiramwo igitabu cacu c’indirimbo. Emwe, ako kari agakuru gashimishije cane! Abari bitavye iryo koraniro bose baribukijwe ikibanza gihambaye indirimbo zacu z’Ubwami zibwirizwa kugira mu gusenga kwacu.​—Zab. 96:2.

2 Woshobora kwibaza uti: ‘Kubera iki ari ngombwa ko igitabu c’indirimbo gisubirwamwo?’ Hariho imvo nka zingahe. Ubwa mbere, ukuntu dutahura Ivyanditswe kurabandanya kuryohorwa, ivyo bikaba bishobora gutuma amajambo yo mu ndirimbo zacu abwirizwa guhinduka. (Imig. 4:18) Ng’iyi iyindi mvo izotuma ico gitabu gisubirwamwo: Mu ndimi nyinshi, imvugo nyinshi n’amajambo menshi vyakoreshejwe mu gitabu c’indirimbo kihasanzwe vyakuwe mu nteguro ya Bibiliya y’isi nshasha yasubiriwe n’iyiriko irakoreshwa ubu. Ayo majambo ubu ategerezwa guhindurwa kugira ngo ahuze n’imvugo zikoreshwa mu nteguro yasubiwemwo. Kubera ko kuryohora amajambo ari mu ndirimbo zahahora ubwavyo bizosaba igikorwa kinini, harafashwe ingingo yo kwongera izindi ndirimbo nkeyi mu gitabu cahahora.

3 Twoba tuzobwirizwa kurindira gushika habonetse igitabu c’indirimbo gishasha imbere y’uko dutangura gukoresha izo ndirimbo nshasha? Oya. Turahimbawe no kubamenyesha yuko mu mezi nk’angahe ari imbere, hariho indirimbo nshasha nka zingahe zizosohorwa ku muhora wacu jw.org. Nimba utoshobora gushika kuri jw.org, nusabe umwe mu bakurambere banyu abigufashemwo. Nihasohoka ururirimbo rushasha, ruzoshirwa ku rutonde ku mpera y’Ikoraniro ry’umurimo, hakazoba handitse ngo “ururirimbo rushasha.”

4 Ukuntu twokwiga izo ndirimbo nshasha: Kwiga ururirimbo rushasha birashobora kugora. Naho ari ukwo, mu kwigana umwanditsi w’amazaburi, twipfuza kuririmba ku makoraniro y’ishengero, ‘ntitugume ducereje.’ (Zab. 30:12) Kugira ngo wige ururirimbo rushasha, nukore ibi bintu:

  • Niwumvirize akatari gake umuziki w’urwo ruririmbo uzoba washizwe ku muhora wacu. Nimba utoshobora gushika kuri jw.org, nusabe umwe mu bakurambere banyu abigufashemwo. Uko uzorushiriza kwumviriza uwo muziki, ni ko bizorushiriza kukworohera kuwibuka.

  • Nurondere gutahura amajambo y’urwo ruririmbo, kandi ugerageze kuyafata ku mutwe.

  • Nuririmbe nya ruririmbo ujanisha n’umuziki. Nubigenze gutyo gushika urumenye.

  • Nimwumvirize izo ndirimbo nshasha incuro nka zingahe mu gihe c’Ugusenga kwo mu muryango gushika muzimenyereye.

5 Mu mezi ari imbere, ruririmbo rushasha nirwashirwa ku rutonde ngo rusozere Ikoraniro ry’umurimo, abagize ishengero bazobanza bumvirize umuziki warwo incuro imwe. Bazoca baririmba urwo ruririmbo bajanisha n’umuziki, nk’uko tubigenza ku zindi ndirimbo.

6 Ubizirikanye, usanga kuririmba ku makoraniro yacu bituronsa umunezero uva ku gushira hamwe amajwi yacu twunze ubumwe mu gushemeza Yehova. Ku bw’ivyo, dukwiye kwirinda akamenyero ko kuva mu bibanza vyacu bidakenewe igihe tugira turirimbe ku makoraniro yacu.

7 Hariho ubundi buryo twokwerekana ko duha agaciro umuziki dukoresha mu vy’ugusenga. Ku materaniro n’amahwaniro, haravuzwa umuziki imbere y’uko ikiringo kimwekimwe cose gitangura. Kabiri mu mwaka, abavukanyi na bashiki bacu bihebeye Imana bo mu mihingo itandukanye y’isi barafata urugendo ku mahera yabo bwite, bakaja i Patterson muri New York, kugira ngo bategure umuziki uryoheye ugutwi uzokoreshwa mu gusenga kwacu. Ku bw’ivyo, igihe umuhagarikizi adusavye kwicara maze tukumviriza umuziki uwo mugwi w’abaririmvyi wateguye, turakwiye kubigira. Ivyo biradufasha gutegura imitima yacu ku bw’ibiba bigiye gukurikira.​—Ezr. 7:10.

8 Tuza gusozera ikoraniro ry’uno musi n’ururirimbo rushasha rufise umutwe uvuga ngo “Ubwami bw’Imana buraganza​—Nibuze!” Urwo ruririmbo, urwaririmbwe kuri rya koraniro rigirwa buri mwaka riheruka kuba, rwateguwe canecane ku bw’imyaka 100 ihaciye Ubwami bushinzwe.

9 Mu vy’ukuri izo ndirimbo nshasha ni “ibintu vyiza” biva kuri Yehova. (Mat. 12:35a) Nimuze twiyemeze kwiga izo ndirimbo nshasha no kuziririmba tubikuye ku mutima, dushemeze Imana yacu kandi tuyininahaze nk’uko ibikwiriye!​—Zab. 147:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika