UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nushemeze Yehova mu kuririmba unezerewe
Igihe Paulo na Silasi bari mw’ibohero barashemeje Yehova mu kuririmba. (Ivk 16:25) Nta gukeka ko kuririmba vyabaronkeje inkomezi zo kwihangana. Bite ho muri iki gihe? Indirimbo dukoresha mu makoraniro be na za zindi zisanzwe zirashobora kuturemesha, zikanadufasha kuguma turi intahemuka mu bigeragezo. N’ikiruta vyose, zirashemeza Yehova. (Zb 28:7) Twararemeshejwe kugira n’imiburiburi indirimbo zimwezimwe dufata ku mutwe. Woba warabigerageje? Turashobora kwiga kuziririmba no kuzifata ku mutwe mu gusenga kwo mu muryango.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABANA BARASHEMEZA YEHOVA MU KURIRIMBA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Kuririmba indirimbo z’Ubwami bituma twiyumva gute?
Urwego rujejwe amajwi n’amasanamu rwitegurira gute gufata amajwi?
Abana be n’imiryango yabo bitegurira gute ibijanye no gufatwa amajwi?
Indirimbo z’Ubwami ukunda ni izihe, kandi kubera iki?