ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/5 rup. 7
  • Ubuhanuzi bwa 4. Abatiyumvamwo ababo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhanuzi bwa 4. Abatiyumvamwo ababo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Icofasha abakorerwa amabi mu ngo
    Ibindi biganiro
  • Murashobora Gutsinda Ingorane Zonona Urugo
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Icohagarika amabi akorerwa mu ngo
    Be maso!—2013
  • Vyoba bishoboka ko ubukozi bw’ikibi buhera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/5 rup. 7

Ubuhanuzi bwa 4. Abatiyumvamwo ababo

“Abantu bazoba . . . batiyumvamwo ababo.”​—2 TIMOTEYO 3:1-3.

● Chris akora mu mugwi uri mu buraruko bw’igihugu ca Galles ufasha abagiriwe amabi akorerwa mu ngo. Avuga ati: “Ndibuka umugore umwe yaje yakubiswe bimwe bibi ku buryo ntamumenye naho naheruka kumubona. Abandi bagore baragirirwa nabi ku mutima ku buryo usanga badashobora no kwunamura amaso ngo bakurabe.”

IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Mu gihugu kimwe co muri Afrika, hafi umugore 1 kuri 3 usanga yaragiriwe nabi mu vy’igitsina akiri umwana. Itohoza ryagizwe muri ico gihugu nyene ryerekanye ko abarenga ica gatatu c’abagabo babona ko gukubita abagore babo ari ikintu cumvikana. Ariko rero, abagore si bo bonyene bashikirwa n’amabi akorerwa mu ngo. Nk’akarorero muri Kanada, hafi abagabo 3 kuri 10 usanga barakubiswe canke na ho bakagirirwa nabi mu bundi buryo n’abo bubakanye.

ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Amabi akorerwa mu ngo yamyeho. Gusa ubu abantu barayitaho cane gusumba uko vyari kera.

ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Mu myaka mirongo iheze, abantu bararushirije kwitwararika ikibazo c’amabi akorerwa mu ngo. Ariko none, ukwo kwitwararika cane ico kibazo kwoba kwaragabanije incuro ayo mabi akorwa? Oya si ukwo vyagenze. Ubu kuruta ikindi gihe cose, abantu usanga batiyumvamwo ababo.

UVYIYUMVIRAKO IKI? Ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:1-3 vyoba biriko biraranguka? Abantu benshi boba batiyumvamwo ababo, batabafitiye rwa rukundo rwabwirizwa kwizana?

Ubuhanuzi bugira gatanu uriko urabona buranguka ni ubujanye n’isi tubako. Raba ico ubwo buhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]

“Amabi akorerwa mu ngo birazwi ko ari amwe mu mabi aba mu kibano wama usanga abayagirirwa bavuga gake cane gusumba ayandi. Tugize incahagati, umugore usanga agirirwa nabi incuro 35 n’uwo bubakanye imbere y’uko abimenyesha inyamiramabi.”​—VYAVUZWE N’UMUVUGIZI W’IKIGO CO MU GIHUGU CA GALLES ABAKOREWE AMABI MU NGO BITURA BICIYE KURI TELEFONE.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika