ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/5 rup. 18-21
  • Abantu b’abanyamahoro baburanira izina ryabo ryiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu b’abanyamahoro baburanira izina ryabo ryiza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bihutira kugira ico bakoze ku bw’izina ryabo rirushiriza kugeramirwa
  • Isekeza ryakirwa neza
  • Kazoza katubikiye iki mu Burusiya?
  • Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Uburusiya
    Bapfunzwe bazira ukwizera kwabo
  • Baritanze babikunze​—Mu Burusiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Dutahukana intsinzi mu mburano zamaze igihe kirekire!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/5 rup. 18-21

Abantu b’abanyamahoro baburanira izina ryabo ryiza

KU BANYAGIHUGU BO MU BURUSIYA: Iyi nkuru niyamara gusohorwa, abantu imiliyoni mirongo bo mu bihugu birenga 230 bazomenya ukuntu mu Burusiya habaye iburabuzwa ridakenewe ry’umwidegemvyo wo gusenga. Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi ni co kinyamakuru gihindurwa mu ndimi nyinshi kandi kigakwiragizwa cane kuruta ibindi vyose mw’isi. Iki kiganiro kizosohorwa mu ndimi 188. Amakopi yaco arenga imiliyoni 40 azosohorwa. Abategetsi bamwebamwe bashobora kuba batipfuza ko amakungu amenya ibiriko birashikira Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya. Ariko amajambo Yezu yavuze azogaragara ko ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Nta kintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe kitazohishurwa, kandi nta cagizwe ibanga kitazomenyekana.”​—LUKA 12:2.

MURI Kigarama 2009 no muri Nzero 2010, zibiri muri sentare nkurunkuru zo mu Burusiya zaratangaje ko ivyo Ivyabona vya Yehova bemera mu vy’idini ari ivyiyumviro nk’ivy’intagondwa. Vyasa n’uko hasubiye kuba ivyari vyarabaye muri kahise. Igihe Uburusiya bwatwarwa n’Abasoviyeti, Ivyabona vya Yehova ibihumbi n’ibihumbi baragirijwe ibinyoma vy’uko ngo ari abansi b’igihugu. Barangajwe, baratabwa mu mabohero bongera barashirwa ku gahato mu makambi akorerwamwo ibikorwa vy’umuruho. Inyuma y’aho iyo ntwaro isenyuriwe, Ivyabona vya Yehova barambitswe izera. Intwaro nshasha yarabasubije icese izina ryiza bari bafise.a Muri iki gihe, abantu bamwebamwe basa n’abiyemeje gusubira gusiga iceyi Ivyabona vya Yehova.

Mu ntango z’umwaka wa 2009, abategetsi baragavye igitero ku mwidegemvyo wo gusenga Ivyabona vya Yehova bafise. Mu kwezi kwa Ruhuhuma kwonyene, abatuburanya baragize amatohoza arenga 500 mu gihugu cose. Kubera iki ivyo vyose vyagizwe? Kugira ngo bamenye neza ivyitwa ngo ni ukurenga amategeko kwagizwe n’Ivyabona vya Yehova. Mu mezi yakurikiye, igipolisi carateye aho Ivyabona vya Yehova bariko bagirira amakoraniro ajanye n’ivy’idini mu mahoro mu Ngoro z’Ubwami no mu mazu y’abantu. Carafashe ibitabu be n’ibindi bintu bari batunze. Abategetsi barirukanye abashingwamanza b’abanyamahanga bariko barafasha mu kuburanira Ivyabona vya Yehova, barababuza no gusubira kwinjira mu gihugu.

Kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu 2009, abakora ku mupaka uri hafi y’i Saint-Pétersbourg barafashe ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Ivyo bitabu vyari vyacapuriwe mu Budagi, bikaba vyari bigenewe amashengero menshi yo mu Burusiya. Urwego rudasanzwe rw’abakora ku mipaka rwo mu Burusiya rusuzuma ibintu bitemewe n’amategeko biteye akaga vyinjira canke bisohoka, ni rwo rwasuzumye ivyo bitabu. Uti ni kubera iki babisuzumye? Urwandiko ruvuye muri Leta rwavuze ngo ivyo bitabu “bishobora kuba birimwo ibintu bigenewe kuremesha amacakubiri y’amadini.”

Ukwo kwama baburabuzwa ntikwatevye gukomera. Sentare Nkuru zo mu Burusiya no muri Repubulika ya Altaï (ino ikaba ikukira Uburusiya) zavuze ko ibitabu bitari bike bikoreshwa n’Ivyabona vya Yehova, harimwo n’iki kinyamakuru uriko urasoma, birimwo ivyiyumviro nk’ivy’intagondwa. Ivyabona vya Yehova barasavye kwunguruza kandi n’amakungu yarerekanye ko arajwe ishinga n’ico kibazo, ariko nta cavuyemwo! Ingingo yafashwe na sentare ntirahinduka, ikaba ituma ukwinjiza n’ugukwiragiza ivyo bitabu bishingiye kuri Bibiliya biba ibitemewe n’amategeko mu Burusiya.

None Ivyabona vya Yehova bakiriye gute ivyo bintu vyakozwe mu ntumbero yo kubasiga iceyi no kuburabuza igikorwa cabo? Kandi ingingo z’izo Sentare zagize ico zikoze gute ku mwidegemvyo w’ivy’idini w’abanyagihugu bose bo mu Burusiya?

Bihutira kugira ico bakoze ku bw’izina ryabo rirushiriza kugeramirwa

Ku wa gatanu igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2010, Ivyabona vya Yehova nka 160.000 bo hirya no hino mu Burusiya baratanguye gukwiragiza amakopi imiliyoni 12 y’agapapuro kadasanzwe kari gafise umutwe uvuga ngo Vyoba vyosubira gushika? Ikibazo kibajijwe abanyagihugu bo mu Burusiya. Nk’akarorero, mu gisagara kimwe co mu karere ka Siberiya ca Usol’ye-Sibirskoye, Ivyabona vya Yehova amajana barahuriye ku mabarabara isaha 11 n’iminota 30 zo mu gitondo. Muri bo harimwo abari barangarijwe muri Siberiya mu 1951 bahowe ukwizera kwabo. Kugira ngo bakwiragize udupapuro 20.000 bari bahawe, bararinze imbeho y’amadogere 40 munsi y’ubusa.

Mu gutangaza iryo sekeza ry’imisi itatu, Ivyabona vya Yehova barahaye ikiganiro abamenyeshamakuru i Moscou, umugwa mukuru w’Uburusiya. Mu bari batumiwe kugira ico bashikirije, harimwo umushingantahe Lev Levinson, umuhinga wo mu Kigo kiraba ivy’agateka ka zina muntu. Yaravuze mu ncamake ivyerekeye ukuburabuzwa be n’uruhamo bitagira ishingiro vyashikiye Ivyabona vya Yehova mu Budagi bw’Abanazi no muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, aravuga n’ukuntu mu nyuma bambitswe izera n’ubutegetsi. Yavuze kandi ati: “Amadini yose yahamwe mu gihe c’Abasoviyeti yarasubijwe umutamana n’itegeko ry’Umukuru w’igihugu Yeltsin. Kandi ibintu vyose yari yaratakaje yabwirizwa kuba yamaze kubisubizwa. Ivyabona vya Yehova bobo nta matongo canke amatungo abegukira bari bafise mu gihe c’intwaro ya Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, mugabo barasubijwe izina ryiza bari bafise.”

Iryo zina ryiza ry’Ivyabona vya Yehova ubu ryasubiye kugeramirwa. Umushingantahe Levinson yavuze ati: “Muri ca gihugu nyene cari cavuze ko kibabajwe n’ivyabaye, abo bantu bariko barashikirwa n’uruhamo rutagira ishingiro na ritoyi.”

Isekeza ryakirwa neza

Rya sekeza ryo gukwiragiza ka gapapuro ryoba ryarashitse ku ntumbero yaryo? Umushingantahe Levinson yavuze ati: “Igihe nariko ndaza kuri iki kiganiro [gihawe abamenyeshamakuru] nabonye abantu bari bicaye iruhande y’amabarabara y’indarayi aca mu kuzimu bariko barasoma udupapuro Ivyabona vya Yehova bariko baratanga hirya no hino mu Burusiya uno musi. . . . Abantu baricara bakadusoma, kandi badusoma bitonze.”b Nk’akarorero, raba ibi bintu vyabaye.

Umutamakazi umwe wo mu karere kabamwo abisilamu ko hagati mu Burusiya yarakiriye ako gapapuro maze arabaza ivyo kavuga. Abwiwe ko kavuga ivy’agateka ka zina muntu n’umwidegemvyo mu Burusiya, yavuze atangaye ati: “Emwe, hagiye haboneka abantu bavyitaho! Kuri ico kibazo, Uburusiya bwarasubiye muri ya misi y’intwaro ya Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Murakoze cane. Igikorwa ciza!”

Umukenyezi umwe w’i Chelyabinsk bari bahaye ako gapapuro yavuze ati: “Namaze kuronka ako gapapuro kandi nagasomye. Ndabashigikiye cane. Nta rindi dini nzi ryoburanira ukwizera kwaryo mu buryo butunganije neza nk’ubu. Ndakunda ukuntu mwambara, kandi mwama muvugana ubugenge. Biraboneka neza ko mwajijutse cane ku vyo mwemera. Mbona ko Imana iri kumwe namwe.”

I Saint-Pétersbourg, umugabo umwe yavuze ko yari amaze kuronka ako gapapuro, baramubajije nimba yarashimye ivyo yasomye. Yishuye ati: “Egome. Igihe nariko ndagasoma, naramerereje ndakorora n’amosozi. Nyokuru yaraburabujwe [mu gihe c’intwaro y’Abasoviyeti] kandi yarambariye vyinshi ku bijanye n’abantu bari bapfunganywe na we. Hariyo inkozi z’ikibi nyinshi, ariko hariyo n’abantu ata co bazira bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo. Nibaza ko bose bakwiye kumenya ivyabaye. Muriko rero mukora igikorwa ciza.”

Kazoza katubikiye iki mu Burusiya?

Ivyabona vya Yehova baraha agaciro umwidegemvyo bari bafise mu Burusiya mu myaka 20 iheze. Naho ari ukwo, barazi neza ukuntu vyoroshe ko bakwa umwidegemvyo. Isekeza riherutse kuba ryo kubasiga iceyi ryoba ryerekana ko Uburusiya buriko busubira inyuma buja mu kindi kiringo kibi c’ukuburabuza abantu? Nta wubizi, reka tubirorere.

Ariko Ivyabona vya Yehova biyemeje bashikamye kubandanya gukora igikorwa cabo co kwamamaza ubutumwa bw’amahoro kandi butanga icizigiro bwo muri Bibiliya, naho hoza iki. Ka gapapuro kadasanzwe karavuga mu ncamake umwiyemezo wabo gati: “Ukuburabuzwa nta co kuzokwigera gushikako. Ntituzoreka kuvuga tubigiranye ubugenge n’icubahiro ivyerekeye Yehova Imana n’Ijambo ryiwe Bibiliya. (1 Petero 3:15) Ntitwahagaritse mu gihe ca ya mabi y’agahomerabunwa twakorerwa mu Budagi bw’Abanazi, ntitwahagaritse muri ya misi mibi y’ukuburabuzwa muri iki gihugu cacu, kandi n’ubu ntituzohagarika.​—Ivyakozwe 4:18-20.”

a Raba uruzitiro ruvuga ngo “Barahawe ivyemeza ko basubijwe iteka.”

b Amasaha makeyi imbere y’uko ico kiganiro cahawe abamenyeshamakuru gitangura, amashengero y’Ivyabona vya Yehova y’i Moscou yari yatanguye gukwiragiza ako gapapuro.

Wibaza ko ibi bitabu birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa?

Mu bitabu vy’Ivyabona vya Yehova Sentare Nkuru yo mu Burusiya yavuze ko birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa, harimwo:

  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliyac (kiri aho haruguru)

  • Niwiyegereze Yehova

  • La vie : comment est-elle apparue ? Évolution ou création ?

  • L’humanité à la recherche de Dieud

  • Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1e

  • Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?f

Ivyo bitabu biremesha kwubaha Imana n’Ijambo ryayo Bibiliya. Biremesha abasomyi gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira no gusuzuma bitonze inyigisho n’amafilozofiya bigishwa. Woba wibaza none ko ibitabu nk’ivyo bikwiye kubuzwa?

c Urashobora gusoma ivyo bitabu mu ndimi zitari nke ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org.

d Urashobora gusoma ivyo bitabu mu ndimi zitari nke ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org.

e Urashobora gusoma ivyo bitabu mu ndimi zitari nke ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org.

f Urashobora gusoma ivyo bitabu mu ndimi zitari nke ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org.

Barahawe ivyemeza ko basubijwe iteka

Aba nyuma mu Vyabona vya Yehova bari bapfunzwe mu gihe c’Abasoviyeti barekuwe mu 1990. Ivyabona vya Yehova ibihumbi n’ibihumbi baranezerejwe no kuba izina ryabo ryarakuweko iceyi, bararonka inzandiko bahawe na Leta zivuga ko atari “abansi b’igihugu,” ahubwo ko ari abantu ata co bazira. Izo nzandiko zaremeje ko basubijwe iteka.

Ubutumwa bukomeye

Agapapuro Vyoba vyosubira gushika? Ikibazo kibajijwe abanyagihugu bo mu Burusiya karereka abantu mu buryo butomoye ko Ivyabona vya Yehova badafise ivyiyumviro vy’intagondwa. Karashira ahabona amasano ari hagati y’ibintu biriko biragirwa mu ntumbero yo gutyoza igikorwa c’Ivyabona vya Yehova n’ibintu vyagiye biraba vyashikanye ku ruhamo rubabaje rutagira ishingiro Ivyabona vya Yehova baciyemwo mu gihe c’intwaro y’Abasoviyeti. Ako gapapuro karemesha abasomyi ngo baje ku muhora wa Internet wo mu kirusiya udasanzwe, kuri www.jw-russia.org, aho bashobora gusanga amakuru menshi ku bijanye na kahise k’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya be n’igikorwa cabo. Ako gapapuro karimwo kandi amwe mu majambo Umukuru w’igihugu w’Uburusiya Dmitri Medvedev yavuze mw’ijambo yashikirije ryerekanwa mu masanamu ari kuri Internet, akaba yarishikirije ku musi bibukirako muri ico gihugu ababurabujwe n’intwaro.g Naho mu gihe c’intwaro ya Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti Ivyabona vya Yehova bari umugwi mutoyi w’ivy’idini, bari mu baburabujwe bimwe bikomeye n’iyo ntwaro.

g Raba uruzitiro ruvuga ngo “Umusi wo kwibuka abahohotewe.”

Umusi wo kwibuka abahohotewe

Mu gihe c’ihimbaza riheruka ry’u-musi Abarusiya bibuka abahohotewe mu gihe c’intwaro y’Abasoviyeti, Umukuru w’igihugu Dmitri Medvedev yavuze ati:

“Uno musi ni Umusi wo kwibuka ababurabujwe n’intwaro. . . . Ntibishoboka ko umuntu atahura neza ukuntu iterabwoba ryabiciye biracika mu gihugu ryangana . . . Imigwi mizima y’abantu yo mu gihugu cacu yarahonejwe. . . . Abayoboke bo mu madini yose barahamwe. [Ni umusi wo kwibuka] abantu amamiliyoni bahasize ubuzima, bakicwa bataburanye canke bakicwa ntihagire n’uwumenya irengero ryabo; abantu bangajwe bakarungikwa mu makambi y’itunatuniro, bakakwa agateka ka zina munyagihugu bahowe ko bakora igikorwa ngo kitabereye canke bahowe ngo bakomoka mu bwoko bubi. “Imiryango uko yakabaye bayise ngo ni ‘abansi b’igihugu’ be n’‘ababosha.’ Ibaze nawe: Abantu amamiliyoni barapfuye kubera iterabwoba n’ukwagirizwa ibinyoma. Baratswe uburenganzira bwose, mbere n’ubwo guhambanwa iteka. Bamaze imyaka myinshi baribagiranywe.

“Nta citwazo na kimwe cotuma haba ukuburabuzwa.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika