Niwigishe abana bawe
Vyoba birashika ukumva umengo abandi barakwinuba?
UMUNTU yinubwa ni umuntu abandi batemera ko yifatanya na bo. Ashobora kuba atandukaniye na bo kw’ibara ry’urukoba, ku bwenegihugu canke akaba avuga kibure akora ibintu mu buryo butandukanye n’ubwabo. Vyoba bishika ukumva umengo abandi barakwinuba?—a
Reka tuvuge ibijanye n’umuntu yiyumva gutyo. Uwo muntu yitwa Mefibosheti. None Mefibosheti yari nde kandi ni kubera iki yiyumva gutyo? Reka tubirabe. Nimba bishika ukumva umengo abandi barakwinuba, hari ibintu vyinshi ushobora kwigira kuri Mefibosheti.
Mefibosheti yari umuhungu wa Yonatani umugenzi somambike wa Dawidi. Yonatani atarapfira ku rugamba, yabwiye Dawidi ati: ‘Uze ugirire neza abana banje.’ Dawidi yahavuye aba umwami. Haciye imyaka, yaributse amajambo Yonatani yamubwiye, kandi Mefibosheti yari akiriho. Igihe yari akiri akana, yaragize isanganya rikomeye ryatumye mu buzima bwiwe bwose aba atagishoboye gutambuka neza. Woba utahuye igituma ashobora kuba yarumva umengo abandi baramwinuba?—
Dawidi yaripfuza kugirira neza uwo muhungu wa Yonatani. Dawidi yaciye rero araba ukuntu Mefibosheti yoronka inzu abamwo hafi y’iyo ubwiwe yabamwo i Yeruzalemu, yongera amutunganiriza ikibanza ku meza yafungurirako. Umugabo yitwa Ziba hamwe n’abahungu biwe be n’abasuku biwe bagizwe abasuku ba Mefibosheti. Emwe, Dawidi yarateye iteka vy’ukuri uwo muhungu wa Yonatani! Woba none uzi ivyaciye bishika?—
Dawidi yahavuye agira ivyago mu rugo rwiwe. Abusalomu, umwe mu bahungu biwe, yaramurwanije agerageza kuba umwami. Dawidi yabwirijwe kuyanyaga. Mefibosheti yaripfuje kujana na Dawidi igihe abandi benshi bajana na we. Abo bagenzi ba Dawidi bari bazi yuko ari we mwami abikwiriye. Ariko ntivyakunze ko Mefibosheti ajana na we kubera ko vyamugora gutambuka.
Umwe Ziba rero yabwiye Dawidi yuko ngo Mefibosheti yasigaye muhira kubera yuko yipfuza kuba umwami. Erega ntuze Dawidi yaremeye ico kinyoma! Yaciye agabira Ziba ivyo Mefibosheti yari afise vyose. Haciye igihe gito, Dawidi yaranesheje Abusalomu mu ntambara araheza agaruka i Yeruzalemu. Dawidi yaciye atega ugutwi na Mefibosheti, aramwiganira ukuntu vyagenze. Dawidi yafashe ingingo y’uko Mefibosheti na Ziba basangira ivyo Mefibosheti yari afise. Wibaza ko Mefibosheti yaciye akora iki?—
Ntiyidoze ngo avuge yuko ingingo Dawidi afashe irimwo akarenganyo. Mefibosheti yari azi ko umwami akeneye amahoro kugira ngo ashobore kurangura neza umurimo wiwe. Ni co gituma yaciye avuga ko Ziba ashatse yotwara vyose. Icari gihambaye vy’ukuri kuri Mefibosheti ni uko Dawidi umusavyi wa Yehova yari agarutse i Yeruzalemu akiri umwami.
Mefibosheti yaragize imibabaro myinshi. Akenshi vyarashika akumva umengo abandi baramwinuba. Ariko Yehova yaramukunda, akamwitwararika. Ivyo bitwigisha iki?— N’igihe twoba dukora iciza, abantu bamwebamwe boshobora kutubeshera. Yezu yavuze ati: “Isi niyabanka, mumenye ko yanyanse imbere y’uko ibanka.” Yezu no kumwica baramwishe! Ico twomenya tudakeka ni uko dukoze ibigororotse, Imana y’ukuri Yehova izodukunda, kandi n’Umwana wayo Yezu azodukunda.
Soma muri Bibiliya yawe
a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.