ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/7 rup. 28-32
  • Woba warinjiye mu karuhuko k’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba warinjiye mu karuhuko k’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe bibaye ngomba ko duhanurwa
  • Nugume ujana n’ishirahamwe rya Yehova
  • Igihe incuti ihevye Yehova
  • ‘Ijambo ry’Imana ni rizima’
  • Igihe uwawe ahevye Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ingene twofata uwaciwe mw’ishengero
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Tugaragaze Ukudahemuka Kuranga Abakirisu Igihe Hari Incuti Yaciwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Akaruhuko k’Imana ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/7 rup. 28-32

Woba warinjiye mu karuhuko k’Imana?

“Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.”​​—⁠HEB. 4:​12.

1. Ni mu buryo bumwe ubuhe dushobora kwinjira mu karuhuko k’Imana muri iki gihe, mugabo ni kubera iki ivyo vyoshobora kuba vyoroshe kuvuga kuruta gukora?

MU KIGANIRO c’imbere y’iki, twarabonye ko dushobora kwinjira mu karuhuko k’Imana mu kuyigamburukira no mu gukora duhuza n’imigambi yayo. Ivyo vyoshobora kuba vyoroshe kuvuga kuruta gukora. Nk’akarorero, igihe tumenye ko Yehova yanka ikintu twikundira, ikintu ca mbere twosanga duciye dukora ni ukugarariza. Ivyo birerekana ko dukeneye kugira ivyo turyohoye mu bijanye no kuba ‘abagabirije kugamburuka.’ (Yak. 3:​17) Muri iki kiganiro, tugira twihweze ibintu bimwebimwe biduha akaryo ko kwerekana nimba vy’ukuri twiteguriye kugamburuka igihe cose.

2, 3. Dutegerezwa kubandanya kugira utwigoro utuhe kugira ngo tugume duhimbaye imbere ya Yehova?

2 Wakira gute impanuro zishingiye kuri Bibiliya? Ivyanditswe bitubwira yuko Imana igomba kwiyegeranirizako “ibintu bihimbaye vyo mu mahanga yose.” (Hag. 2:7) Ego ni ko, benshi muri twebwe ntitwari duhimbaye na gato igihe twamenya ukuri ari bwo bwa mbere. Ariko rero, urukundo dukunda Imana n’Umwana wayo mukundwa rwaratuvyuriye umutima wo guhindura ibintu bikomeye mu nyifato yacu kugira ngo duhimbare Imana bimwe bishitse. Amaherezo, aho tumariye gusenga cane no kugira utwigoro twinshi, wa musi uhimbaye warashitse igihe twashobora kwishikana kugira ngo tubatizwe.​​—⁠Soma Abakolosayi 1:9, 10.

3 Ariko rero, urugamba rwo kurwanya agasembwa ntirwaciye ruhera ngo n’uko tubatijwe. Urwo rugamba rwarabandanije kandi ruzobandanya magingo tukiri abanyagasembwa. Mugabo turakurwa amazinda ko nitwaguma turwana urwo rugamba tukongera tukiyemeza kurushiriza kuba abahimbaye imbere y’Imana, Yehova azohezagira utwigoro tugira.

Igihe bibaye ngomba ko duhanurwa

4. Ni mu buryo butatu ubuhe twoshobora kuronka impanuro zishingiye ku Vyanditswe?

4 Imbere y’uko dutangura gukosora utunenge twacu, dutegerezwa kubanza kumenya utwo ari two. Insiguro ikora ku mutima ishikirijwe ku Ngoro y’Ubwami canke ikiganiro gituma tuzirikana co muri kimwe mu bisohokayandikiro vyacu vyoshobora gushira ahabona akanenge gakomeye dufise. Ku rundi ruhande, mu gihe tudatahuye ko dukeneye kugira ivyo duhinduye igihe hashikirijwe insiguro canke ntidushobore kubona ukuntu twoshira mu ngiro impanuro dusomye mu gisohokayandikiro, Yehova yoshobora gukoresha umukirisu mugenzi wacu kugira ngo atwereke ubugoyagoye bwacu.​​—⁠Soma Abagalatiya 6:1.

5. Vuga ukuntu twoshobora kuvyakira mu buryo butandukanye budashimishije igihe duhawe impanuro, wongere usigure igituma abungere bakirisu bategerezwa kubandanya kugerageza kudufasha.

5 Ntivyoroshe kwemera impanuro duhawe n’umuntu w’umunyagasembwa, naho yoba ayitanganye ubugenge n’urukundo. Yamara nk’uko mu Bagalatiya 6:1 havyerekana, Yehova ategeka abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu ‘kugerageza’ kutubogora, ivyo bakabigira “n’umutima w’ubwitonzi.” Iyo tuvyakiriye neza, turarushiriza mbere kuba abahimbaye imbere y’Imana. Igitangaje, iyo dusenze turiyemerera ko turi abanyagasembwa. Ariko rero, igihe hari uwutweretse ikosa rinaka tuba twakoze, usanga duca turondera kwisigura, gufatira mu rwara iyo ngorane, gukekeranya ku mvo yatumye uwo muntu aduhanura, canke kurwanya ukuntu iyo mpanuro yatanzwe. (2 Abm. 5:​11) Vyongeye, mu gihe iyo mpanuro iba yerekeye ikintu kinaka c’inkoramutima, nk’akarorero ivyo uwo mu muryango wacu yakoze, ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya, isuku ryo ku mubiri, canke uburyo bwo kwiruhura twikundira mugabo Yehova akaba abwanka, twoshobora guca dushavura, ivyo bigatuma na nyene kuduhanura ababara! Mugabo tumaze guturura, akenshi turiyemerera yuko impanuro yaduhaye yari ibereye.

6. Ijambo ry’Imana rihishura gute “ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima”?

6 Icanditswe c’ishimikiro c’iki kiganiro kiratwibutsa ko ijambo ry’Imana “rigira ububasha.” Egome, ijambo ry’Imana riragira ububasha bwo guhindura ubuzima. Riradufasha guhindura ibikenewe tumaze kubatizwa nka kurya nyene ryadufashije kubigira tutaratera iyo ntambwe. Mw’ikete Paulo yandikiye Abaheburayo, aravuga kandi yuko ijambo ry’Imana “[ryinjira] gushika no ku gutandukanya ubuzima n’impwemu, ingingo n’umusokoro wazo, kandi rigashobora gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima.” (Heb. 4:​12) Mu yandi majambo, igihe dutahuye neza umugambi Imana idufitiye, ukuntu tuvyakira kurahishura ico turi imbere muri twebwe. Hoba rimwe na rimwe hariho itandukaniro hagati y’ico tuboneka ko turi (ni ukuvuga “ubuzima”) be n’ico turi koko (ni ukuvuga “impwemu”)? (Soma Matayo 23:27, 28.) Rimbura ukuntu wovyifatamwo mu bintu bikurikira.

Nugume ujana n’ishirahamwe rya Yehova

7, 8. (a) Ni ibiki bishobora kuba vyaratumye abakirisu bamwebamwe b’Abayuda babandanya gukurikiza imigenzo imwimwe yo mw’Itegeko rya Musa? (b) Utwigoro twabo twari duhushanye gute n’umugambi wa Yehova wariko uratera imbere?

7 Benshi muri twebwe barashobora gusubiramwo ku mutwe amajambo ari mu Migani 4:​18 agira ati: “Umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose.” Ivyo bisobanura yuko uko igihe kihaca tugenda turaryohora ukuntu twigenza be n’ukuntu dutahura imigambi y’Imana.

8 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, inyuma y’urupfu rwa Yezu, abakirisu benshi b’Abayuda vyarabagoye kuvavanura n’Itegeko rya Musa. (Ivyak. 21:​20) Naho Paulo yerekanye abigiranye ubuhanga yuko abakirisu batari bakigabwa n’Itegeko, bamwebamwe barateye akagere ukwo kuntu yabafashije kuzirikana ahumekewe n’Imana. (Kol. 2:​13-​15) Bashobora kuba bariyumvira yuko kubandanya kwubahiriza n’imiburiburi ibintu bimwebimwe vyo mw’Itegeko, vyari gutuma badahamwa. Uko vyari biri kose, Paulo yarandikiye abakirisu b’Abaheburayo maze arababwira mu buryo butomoye yuko batari gushobora kwinjira mu karuhuko k’Imana mu gihe bobandanije kwanka gukora bahuza n’umugambi wayo ugenda urahishurwa.a (Heb. 4:1, 2, 6; soma Abaheburayo 4:​11.) Kugira ngo bashimwe na Yehova, babwirizwa kwemera yuko yariko arayobora abasavyi biwe mu bundi buryo.

9. Dukwiye kuvyakira gute igihe hari ibihinduwe mu bijanye n’ukuntu twahora dutahura Ivyanditswe?

9 Mu bihe vya none, hariho ibintu vyagiye biraryohorwa mu bijanye n’ukuntu dutahura inyigisho zimwezimwe zo muri Bibiliya. Ivyo ntibikwiye kuduhagarika umutima; ahubwo bikwiye gutuma turushiriza kwizigira wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. Igihe abaserukiye uwo “mushumba” babonye ko ari ngombwa gutomora canke gukosora ukuntu tubona iciyumviro kinaka cerekeye ukuri, ntibareka kubigira. Ikiraza ishinga uwo mugwi w’umushumba, si ibintu abantu bavuga bawunebagura kubera ikintu kinaka kiba cahinduwe, ahubwo urazwa ishinga no gukora uhuza n’umugambi w’Imana ugenda urahishurwa. None wewe uvyakira gute igihe hari ikintu gihinduwe mu bijanye n’ukuntu twahora dutahura Ivyanditswe?​​—⁠Soma Luka 5:​39.

10, 11. Twokwigira iki ku kuntu bamwebamwe bavyakiriye igihe hatanguzwa uburyo bushasha bwo kwamamaza inkuru nziza?

10 Nimuze twihweze akandi karorero. Mu mpera z’ikinjana ca 19 no mu ntango z’ikinjana ca 20, Abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe bashikiriza neza insiguro z’icese, babona yuko bari gushobora kurangura neza igikorwa co kwamamaza mu gushikiriza insiguro ziteguwe neza abantu bashimishijwe. Barahimbarwa no gushikiriza insiguro z’icese, kandi bamwebamwe muri bo bararyoherwa cane no kubona ukuntu ababumviriza bavyakirana igishika. Ariko rero, mu nyuma vyaragaragaye yuko Yehova yipfuza ko abasavyi biwe bakoresha uburyo butandukanye bwo kwamamaza, harimwo n’igikorwa c’inzu ku nzu. Bamwebamwe muri abo bantu bashikiriza neza insiguro z’icese baranse bashikamye kugira ico bahinduye. Ubaravye, basa n’abantu bakomeye mu vy’impwemu, bihebeye Umukama n’umutima wabo wose. Ariko rero, igihe vyaba ngombwa ko bahuza n’umugambi w’Imana ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza, ivyiyumviro bari bafise, imigambi yabo be n’imvo bakorana ibintu koko vyaragaragaye. None Yehova yakiriye gute ico kintu? Ntiyabahezagiye. Barahevye ishirahamwe.​​—⁠Mat. 10:​1-6; Ivyak. 5:​42; 20:​20.

11 Ivyo ntibishaka kuvuga yuko abagumye ari intahemuka kw’ishirahamwe bose vyaboroheye kwamamaza inkuru nziza. Benshi basanze ico gikorwa kigoye, na canecane mu ntango. Mugabo baragamburutse. Mu nyuma, baratsinze ivyo guhagarika umutima, kandi Yehova yarabahezagiye cane. None wewe uvyakira gute igihe usabwe kugira uruhara mu muce munaka w’igikorwa co kwamamaza ubona yuko utakworohera? Woba ugira umutima ukunze wo kugerageza?

Igihe incuti ihevye Yehova

12, 13. (a) Yehova aba afise intumbero iyihe mu gusaba yuko abacumuzi batigaya bacibwa mw’ishengero? (b) Ni ikintu kitoroshe ikihe coshobora gushikira abavyeyi bakirisu?

12 Nta gukeka yuko twese twemeranya n’ingingo ngenderwako ivuga yuko dutegerezwa kuba abadahumanye ku mubiri, mu nyifato runtu no mu vy’impwemu kugira ngo duhimbare Imana. (Soma Tito 2:​14.) Ariko rero, hoshobora gushika ibintu vyotuma kugamburuka iryo tegeko bitugora. Nk’akarorero, dufate yuko umuhungu w’ikinege w’umugabo n’umugore b’abakirisu b’intangakarorero ahevye ukuri. Kubera yuko uwo musore yahisemwo “kunezererwa igicumuro akanya gato” akabirutisha ubucuti yari afitaniye na Yehova be n’ubwo yari afitaniye n’abavyeyi biwe batinya Imana, aracibwa.​​—⁠Heb. 11:​25.

13 Abo bavyeyi baricwa n’intuntu! Ego ni ko, barazi yuko ku bijanye no gucibwa, Bibiliya idusaba “kureka kwivanga n’uwo wese yitwa mwene wacu akaba ari umusambanyi canke umunyamunoho canke uwusenga ibigirwamana canke uwutukana canke imborerwa canke umunyazi, no gusangira nti[tu]gasangire n’umuntu mwene uyo.” (1 Kor. 5:11, 13) Baratahura kandi yuko imvugo ngo “uwo wese” iri muri ico canditswe yerekeza no ku bagize umuryango batakiba mu rugo iwabo. Mugabo barakunda cane umuhungu wabo! Urukundo rukomeye bamukunda rwoshobora gutuma bibaza bati: ‘Twoshobora gute gufasha umuhungu wacu kugaruka kuri Yehova hamwe twogabanya rwose imigenderanire dufitaniye na we? Ubwo none ntitworushiriza kumufasha tugiye turayaga na we?’b

14, 15. Ni ingingo ibereye iyihe abavyeyi bafise abana baciwe bategerezwa gufata?

14 Turababazwa cane n’ivyashikiye abo bavyeyi. Umuhungu wabo yari gushobora guhitamwo kureka ivyo yariko arakora. Mugabo yashatse kubandanya gukora ibibi abirutisha kubandanya yifatanya n’abavyeyi biwe be n’abandi basangiye ukwemera. Ku rundi ruhande, abo bavyeyi baripfuza gufasha uwo muhungu wabo mugabo ntibashobora kumubuza ivyo yahisemwo gukora. Turashobora gutahura vy’ukuri igutuma batuntuye gushika iyo hose!

15 None abo bavyeyi twikundira bazovyifatamwo gute? Boba bazogamburuka ubuyobozi butomoye Yehova atanga? Canke boba bazogerageza kwerekana igituma baguma bafitaniye imigenderanire n’uwo muhungu wabo yaciwe, mu kwivugisha yuko haba hariho ikibazo cerekeye umuryango ca nkenerwa? Igihe bafata ingingo, bategerezwa kurimbura ukuntu Yehova abona ivyo bariko barakora. Intumbero aba afise ni iyo gutuma ishirahamwe ryiwe riguma ridahumanye, no gutuma abacumuzi bigarura igihe bishoboka. Abavyeyi bakirisu bashobora gute none gushigikira iyo ntumbero?

16, 17. Ni icigwa ikihe tuhakura igihe tuzirikanye ivyashikiye Aroni?

16 Mwene wabo na Musa ari we Aroni yarashikiwe n’ikintu kitoroshe kijanye n’abahungu biwe babiri. Iyumvire ukuntu ategerezwa kuba yarumvise amerewe igihe abahungu biwe Nadabu na Abihu bashikanira Yehova umuriro utemewe n’amategeko agaca abica! Ego ni ko, ivyo vyarahagaritse imigenderanire iyo ari yo yose abo bagabo bari gushobora kugiranira n’abavyeyi babo. Mugabo ntivyagarukiye aho. Yehova yategetse Aroni n’abahungu biwe b’intahemuka ati: “Ntimureke ngo imitwe yanyu igume idatunganijwe, kandi ntimutabure impuzu zanyu [mu kugandara], kugira ntimupfe no kugira [Yehova] ntarakarire ikoraniro ryose.” (Lew. 10:​1-6) Ubutumwa buri muri ayo majambo buratomoye. Urukundo dukunda Yehova rutegerezwa kuba rukomeye kuruta urwo dukunda abo mu muryango bahemutse.

17 Muri iki gihe, Yehova ntaca yica abantu barenze ku mategeko yiwe. Abigiranye urukundo arabaha akaryo ko kwigaya ibikorwa vyabo bitagororotse. Ariko none Yehova yokwumva amerewe gute hamwe abavyeyi b’umucumuzi atigaya boguma bagerageza Yehova mu kugiranira imigenderanire idakenewe n’umwana wabo yaciwe?

18, 19. Abagize umuryango bakora bahuza n’ubuyobozi Yehova atanga ku bijanye n’abaciwe, baronka imihezagiro iyihe?

18 Benshi mu bigeze gucibwa ubu bariyemerera yuko impagararo ishikamye abagenzi babo n’abo mu muryango wabo bafashe yabafashije kwigarura. Mu gusaba yuko umwigeme umwe yogarukanwa mw’ishengero, abakurambere banditse yuko yari yarahumanuye ubuzima bwiwe “ku ruhande rumwe bitumwe n’uko musazawe yubahirije intunganyo ijanye no gucibwa.” Uwo mwigeme yavuze yuko “kuba uwo musazawe yarakurikije adaca ku ruhande ubuyobozi Ivyanditswe bitanga, vyamufashije kwipfuza kugaruka.”

19 None dukwiye gukora iki? Turakwiye kurwanya impengamiro y’umutima wacu munyagasembwa yo kugarariza impanuro zishingiye ku Vyanditswe. Dutegerezwa kwemera tudakeka yuko uburyo Imana itunganya ingorane zacu bwama ari bwo bwiza kuruta ubundi bwose.

‘Ijambo ry’Imana ni rizima’

20. Ni mu buryo bubiri ubuhe dushobora gutahura ibivugwa mu Baheburayo 4:​12? (Raba akajambo k’epfo.)

20 Igihe Paulo yandika yuko “ijambo ry’Imana ari rizima,” ntiyariko yerekeza neza na neza kw’Ijambo ry’Imana ryanditse ari ryo Bibiliya.c Amajambo akikije ico canditswe yerekana yuko yariko arerekeza ku vyo Imana yasezeranye. Paulo yariko aravuga yuko Imana itayaga amasigaracicaro. Yehova yaremeje ico kintu abicishije ku muhanuzi Yesaya, ati: “Ijambo ryanje . . . ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo, mugabo . . . rizororanirwa mu co naritumye.” (Yes. 55:​11) Ku bw’ivyo, dutegerezwa kwihangana mu gihe ibintu bitihuse nk’uko twavyipfuza. Yehova ‘aguma akora’ afise intumbero yo gutuma umugambi wiwe uranguka neza.​​—⁠Yoh. 5:​17.

21. Mu Baheburayo 4:​12 hashobora gute kuremesha abo mu bagize “isinzi rinini” bageze mu zabukuru b’abizigirwa?

21 Abo mu bagize “isinzi rinini” bageze mu zabukuru b’intahemuka baramaze imyaka mirongo bakorera Yehova. (Ivyah. 7:9) Benshi muri bo ntibigeze bitega ko bosaziye muri iyi si. Naho ari ukwo, ntibacitse intege. (Zab. 92:​14) Barazi yuko “ijambo ry’Imana ari rizima” kandi ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye. Kubera ko umugambi w’Imana uhambaye cane kuri yo, turayinezereza igihe tuwitwararika kuruta ibindi vyose. Muri iki kiringo c’umusi ugira indwi, Yehova araruhutse, azi neza yuko umugambi wiwe uzoranguka be n’uko abasavyi biwe uko bagize umugwi bazowushigikira. Weho bite? Woba warinjiye mu karuhuko k’Imana?

[Utujambo tw’epfo]

a Indongozi nyinshi z’Abayuda zarakurikiza Itegeko rya Musa zidaca ku ruhande, mugabo igihe Mesiya yashika, ntizamwemeye. Ntizagumye zijana n’umugambi w’Imana wariko uratera imbere.

b Raba igitabu “Mwigumize mu rukundo rw’Imana,” urupapuro rwa 207-​209.

c Muri iki gihe, Imana iragira ico itubwiye ibicishije kw’Ijambo ryayo ryanditswe, rino rikaba rifise ububasha bwo guhindura ubuzima bwacu. Ku bw’ivyo rero, amajambo ya Paulo dusanga mu Baheburayo 4:​12 arashobora no kwerekeza kuri Bibiliya.

Woba uvyibuka

• Dutegerezwa gukora iki kugira ngo twinjire mu karuhuko k’Imana muri iki gihe?

• Ni isano irihe riri hagati y’umugambi w’Imana no kwemera impanuro zishingiye ku Vyanditswe tubigiranye umutima ukunze?

• Ni mu mice iyihe wosanga vyotugora kugamburuka ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe, mugabo ni kubera iki bihambaye ko tugamburuka?

• Ni mu buryo bubiri ubuhe dushobora gutahura ibivugwa mu Baheburayo 4:12?

[Ifoto ku rup. 31]

Aba bavyeyi barishwe n’intuntu!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika