Tugaragaze Ukudahemuka Kuranga Abakirisu Igihe Hari Incuti Yaciwe
1. Ni ibintu ibihe bishobora kugerageza ukudahemuka kw’Umukirisu?
1 Ubucuti buri hagati y’abagize umuryango burashobora kuba bukomeye cane. Ivyo birabera Umukirisu ikigeragezo igihe uwo bubakanye, umwana wiwe, umuvyeyi, canke iyindi ncuti ya hafi yaciwe canke yiyonjoroye kw’ishengero. (Mat. 10:37) None Abakirisu b’intahemuka bakwiye gufata gute incuti nk’iyo? Igihe uwo muntu aba mu rugo iwawe, mbega ibintu vyoca bigenda ukundi? Ubwa mbere, nimuze twihweze ico Bibiliya ivuga kuri ico kibazo, akaba ari ingingo ngenderwako zikora ku bantu baciwe be no ku biyonjoroye ubwabo.
2. Nk’uko Bibiliya ibivuga, Abakirisu bategerezwa gufata gute abirukanywe mw’ishengero?
2 Uburyo Dukwiye Gufata Abirukanywe: Ijambo ry’Imana ritegeka Abakirisu kutabandanya kwifatanya n’umuntu kanaka, igihe yirukanywe mw’ishengero. Rivuga riti: “[Nimureke kwivanga] n’uwitwa mwene Data [wese], namb’ar’umusambanyi, cank’uwifuza, cank’ūsenga ibigirwamana, cank’ūtukana, cank’ūborerwa cank’umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we. . . . Mukūre umunyakibi muri mwebge.” (1 Kor. 5:11, 13) N’amajambo Yezu yavuze muri Matayo 18:17 arajanye n’ico kibazo. Agira ati: “Kuri wewe [uwirukanywe] azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori.” Abariko barumviriza Yezu bari bazi neza yuko Abayuda bo muri ico gihe batacudika n’Abanyamahanga be n’uko bamirira kure abatozakori, bakabafata nk’abo guharirwa ivomo. Gutyo rero, Yezu yariko arabwiriza abayoboke biwe kutifatanya n’abantu baciwe.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Kigarama 1981, urupapuro rwa 17-19.
3, 4. Ni uburyo ubuhe bwo kwifatanya n’abantu baciwe be n’abiyonjoroye bubujijwe?
3 Ivyo bisobanura yuko Abakirisu b’intahemuka badakwiye na gato kwifatanya mu bintu vy’impwemu n’umuntu n’umwe yirukanywe mw’ishengero. Mugabo, ntibigarukira kuri ivyo. Ijambo ry’Imana rivuga yuko tudakwiye ‘no gusangira n’umuntu nk’uwo.’ (1 Kor. 5:11) Ni na co gituma twirinda kwifatanya n’umuntu yirukanywe, mu bintu vyo kwinezereza vyo mu kibano. Ivyo vyerekana ko tudakwiye kwifatanya na we mu kuja gusama akayaga, mu manza, gukina agapira canke gufatana urugendo muja gusuma canke kurorera igiteramo cabure gusangira ibifungurwa, haba i muhira canke muri resitora.
4 Tuvuge iki ku biraba kuganira n’umuntu yaciwe? Naho Bibiliya idahetura akantu kose koshobora kuba, muri 2 Yohana 10 haradufasha kumenya uko Yehova abona ico kibazo. Hagira hati: “Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza atazanye iyo nyigisho, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze mumuhe ikāze.” Mu gusasanura kuri ivyo, Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Kigarama 1981, urupapuro rwa 23, uvuga uti: “Kuramutsa umuntu birashobora kuba intambwe ya mbere ivamwo ikiyago kandi kumbure ikanashika ku bugenzi. Twoba dushaka gutera iyo ntambwe ku biraba umuntu yaciwe?”
5. Igihe umuntu aciwe, ni ibiki ahomba?
5 Kukaba nkako, bimeze neza na neza nk’uko ku rupapuro rwa 29 rw’iyo nomero y’Umunara w’Inderetsi havuga hati: “Ikizwi co ni uko igihe Umukirisu yirekuye akivobeka mu vyaha, maze bikaba ngombwa ko acibwa, aba ahomvye vyinshi: kugira impagararo yemewe n’Imana; . . . kwifatanya n’abavukanyi mu buryo buryoshe, harimwo na kwa kuntu yahora yifatanya n’incuti ziwe b’Abakirisu.”
6. Umukirisu yoba asabwa guhagarika ukwifatanya ukwo ari kwo kwose n’incuti yaciwe babana mu rugo rumwe? Sigura.
6 Abo mu Rugo Abamwo: Ivyo vyoba bisobanura yuko Abakirisu babana mu rugo rumwe n’uwo mu muryango wabo yaciwe, bategerezwa kwirinda kumuvugisha, gusangira, no kwifatanya na we mu gihe bari mu dukorwa twa misi yose? Umunara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1991, mu kajambo k’epfo kari ku rupapuro rwa 21, uvuga uti: “Nk’igihe mu rugo rugizwe n’Abakirisu harimwo uwaciwe, arashobora kuguma afadikanya n’abandi ibikorwa bisanzwe vya misi yose.” Ni co gituma abagize umuryango ari bo bokwifatira ingingo yerekeye urugero bogezako mu vy’ukwifatanya n’uwo mu bagize umuryango yaciwe, mu gihe c’ugufungura canke mu tundi dukorwa two mu rugo. Yamara rero, boshima kudatuma abavukanyi bifatanya babona nk’aho ibintu vyose bibandanya bimeze nk’uko vyari imbere y’uko uwo muntu acibwa.
7. Mu rugo, ivy’ukwifatanya mu vy’impwemu n’umuntu kanaka wo mu bagize umuryango, bihinduka gute igihe aciwe?
7 Ariko rero, wa Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Kigarama 1981, ku rupapuro rwa 26-27, ku biraba umuntu yaciwe uvuga uti: “Ubucuti bwahahora mu vy’impwemu buba bwahagaze. Ivyo ni ko bimeze no ku biraba incuti ziwe, harimwo n’abo mu muryango wa hafi. . . . Ivyo bisobanura ko hazoba amahinduka mu buryo mwahora mwifatanya mu vy’impwemu mu rugo. Nk’akarorero, niba umunega aciwe, umukenyezi wiwe n’abana biwe ntibazokwumva bamerewe neza mu gihe ayobora inyigisho ya Bibiliya y’umuryango canke igihe ariko arayobora ugusoma Bibiliya n’isengesho. Niba ashaka gutura isengesho, nko mu gihe co gufungura, arafise uburenganzira bwo kubigira mu rugo rwiwe bwite. Mugabo, barashobora gutura Imana amasengesho yabo bwite mu gacerere. (Imig. 28:9; Zab. 119:145, 146) Vyogenda gute mu gihe umuntu yaciwe ari mu rugo ashaka kuba ahari mu gihe umuryango usomera hamwe Bibiliya canke ufise inyigisho ya Bibiliya? Abandi boshobora kumureka akaza gutega amatwi mu gihe atazogerageza kubigisha canke gushikiriza ivyiyumviro afise mu vy’idini.”
8. Abavyeyi bakirisu bajejwe irihe banga ku biraba umwana akiri muto yaciwe, akaba aba mu rugo?
8 Igihe umwana akiri muto aba mu rugo aciwe, abavyeyi bakirisu baba bakijejwe ibanga ryo kumurera. Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1988, urupapuro rwa 20, uvuga uti: “Nk’uko nyene bazobandanya kumuronsa ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro, barakeneye kumucisha ubwenge no kumutoza indero mu buryo buhuje n’Ijambo ry’Imana. (Imigani 6:20-22; 29:17) Gutyo, abavyeyi barashobora kuringaniza ivyo kugirana na we inyigisho ya Bibiliya, naho yaciwe. Kumbure inyigisho bagirana na we ari wenyene azoyikuramwo inyungu zizorushiriza kumukosora. Canke boshobora gufata ingingo y’uko ashobora kubandanya kugira uruhara mu nyigisho ya Bibiliya y’umuryango.”—Raba kandi Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2001, urupapuro rwa 27-28.
9. Ni ku rugero rungana iki Umukirisu akwiye kwifatanya n’incuti yaciwe batabana mu rugo rumwe?
9 Incuti Mutabana mu Rugo Rumwe: Wa Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1988, ku rupapuro rwa 28, uvuga uti: “Ibintu biba bimeze ukundi mu gihe uwaciwe canke uwiyonjoroye ari incuti mutabana mu muryango canke mu rugo rumwe. Hari aho vyoshoboka ko umuntu atagira ikintu na kimwe bahurirako n’iyo ncuti. No mu gihe nyene hobaho ibibazo vy’umuryango bisaba ko bahura, nta nkeka ko uko bishoboka kwose ivyo vyogumizwa ku rugero rukenewe gusa,” mu buryo buhuje n’ibwirizwa ry’Imana ryo ‘kureka kwivanga n’umuntu wese’ yagirizwa ko akora ivyaha ata kwigaya. (1 Kor. 5:11) Abakirisu b’intahemuka bakwiye kwirinda kwifatanya bidakenewe n’incuti nk’iyo, eka mbere n’igihe bifatanya mu vy’ubucuruzi, uko bishoboka kwose bikaguma ku rugero rukenewe gusa.—Raba kandi Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Kigarama 1981, urupapuro rwa 28-29.
10, 11. Umukirisu azorimbura ibiki imbere yo kwemera ko incuti yaciwe igaruka mu rugo?
10 Uyo Munara w’Inderetsi urerekeza ivyiyumviro vyacu ku bindi bintu bishobora kwaduka: “Vyogenda gute mu gihe incuti ya hafi, nk’umwana w’umuhungu canke umuvyeyi atari asanzwe aba mu rugo aciwe, mu nyuma agashaka kugaruka aho mu rugo? Umuryango woshobora gufata ingingo y’ico wokora wishimikije uko ibintu vyifashe. Nk’akarorero, umuvyeyi yaciwe ashobora kuba arwaye canke atagishobora kwironsa amahera canke kwibungabunga ku mubiri. Abana bakirisu barafise ibanga rijanye n’Ivyanditswe kandi rijanye n’ivyo bategerezwa gushitsa, ryo gufasha abo bavyeyi. (1 Tim. 5:8) . . . Ico bobakorera gishobora kuvana n’ibintu bimwebimwe, nk’ivyo uwo muvyeyi akeneye koko, inyifato yiwe be n’ingene umutwe w’urugo ajemwo yoba arajwe ishinga n’ineza yo mu vy’impwemu y’abo mu rugo rwiwe.”—Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Kigarama 1981, urupapuro rwa 27-28.
11 Ku biraba umwana, ico kinyamakuru nyene kibandanya kigira giti: “Rimwe na rimwe abavyeyi bakirisu baremeye ko umwana yaciwe, arwaye mu buryo bw’umubiri canke adatekaniwe mu mutima agaruka mu rugo mu kiringo kinaka. Mugabo mu gihe ico ari co cose, abavyeyi barashobora gusuzuma uko ivy’uwo muntu vyifashe. Uwo mwana w’umuhungu yaciwe yoba yahora yitunze, maze ico gihe akaba atagishoboye kubigira? Canke yoba ashaka kugaruka mu rugo kubera ahanini bwobaye ubuzima bwo kwidibamira? Ivyiwe vyifashe gute mu vyerekeye inyifato runtu n’agatima agaragaza? Yoba azozana ‘umwambiro’ mu rugo?—Gal. 5:9.”
12. Ni ivyiza ibihe biva ku ndinganizo yerekeye uguca?
12 Ivyiza Biva ku Kuba Intahemuka Kuri Yehova: Gukurikiza indinganizo ishingiye ku Vyanditswe yo guca inkozi z’ibibi zitigaya no kwirinda kwifatanya na zo, biravamwo ivyiza. Bituma ishengero riguma rityoroye kandi bikagaragaza ko turi abantu bashigikira ingingo mfatirwako zo mu rwego rwo hejuru zishingiye kuri Bibiliya. (1 Pet. 1:14-16) Biraturinda utwosho twonona. (Gal. 5:7-9) Ikindi, biraha inkozi y’ikibi akaryo ko kwungukira mu buryo bushitse ku gutozwa indero, ugushobora kumufasha kwama “imbuto zizana amahoro zo kugororoka.”—Heb. 12:11.
13. Ni ikintu ikihe umuryango umwe wahinduye, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
13 Umuvukanyi umwe be na mushikiwe, bamaze kwumva insiguro imwe kw’iteraniro ry’umuzunguruko, baratahuye ko bari bakeneye kugira ivyo bahinduye mu buryo bafata nyina, uwo na we akaba atabana na bo kandi akaba yari amaze imyaka itandatu aciwe. Iteraniro rikirangira, uwo mugabo yarahamagaye nyina, hanyuma amaze kumusubiriza umutima mu nda ko bamukunda, aramusigurira yuko batazosubira kumuganiriza, kiretse gusa igihe hari ibibazo vy’umuryango bihambaye bisaba ko babonana. Haciye igihe gito, uyo umuvyeyi wiwe yaratanguye kwitaba amakoraniro maze amaherezo aragarukanwa. Ikindi, umunega w’uwo mukenyezi atari yizeye yaratanguye kwiga maze haciye igihe arabatizwa.
14. Ni kubera iki dukwiye gushigikira tudahemuka indinganizo yerekeye uguca?
14 Dushigikiye indinganizo yerekeye uguca yerekanwa mu Vyanditswe, biragaragaza urukundo dukunda Yehova, bikongera bigaha inyishu uwumutuka. (Imig. 27:11) Natwe ku ruhande rwacu, turashobora kudakeka ko Yehova aduhezagira. Ku biraba Yehova, Umwami Dawidi yanditse ati: ‘Sinatirimutse ngo mve mu vyagezwe vyiwe. Ku ntahemuka uzokwiyerekana uri intahemuka.’—2 Sam. 22:23, 26.