ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/8 rup. 12-16
  • Barabonye Mesiya!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barabonye Mesiya!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Raba! Umwami wawe araje”
  • Yarahemukiwe yongera arahebwa!
  • Yaragirijwe yongera arakubitwa
  • Intahemuka gushika ku rupfu
  • Ha impundu Umwami Mesiya!
  • Bararindiriye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Kumenyesha imbere y’igihe ivyerekeye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Mesiya! ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/8 rup. 12-16

Barabonye Mesiya!

“Twabonye Mesiya.”​—YOH. 1:41.

1. Ni igiki catumye Andereya avuga ngo: “Twabonye Mesiya”?

YOHANI UMUBATIZI ahagararanye na babiri mu bigishwa biwe. Uko Yezu abegera, Yohani avuga ati: “Raba, Umwagazi w’intama w’Imana!” Andereya n’uwo wundi mwigishwa baca ubwo nyene bakurira Yezu bakamara umusi wose bari kumwe na we. Mu nyuma, Andereya araja kurondera mwene wabo Simoni Petero, akamujana aho Yezu ari amaze kumumenyesha n’igishika ati: “Twabonye Mesiya.”​—Yoh. 1:35-41.

2. Tuza kwungukira gute ku gusuzuma ubundi buhanuzi bwerekeye Mesiya?

2 Uko igihe kirengana, Andereya, Petero hamwe n’abandi bazoronka uturyo duhagije two kwiga Ivyanditswe mu buryo bwimbitse kandi bazotangaza batiziganya yuko Yezu w’i Nazareti ari we Mesiya yasezeranywe. Tugira tubandanye gusuzuma ubuhanuzi bwerekeye Mesiya, ivyo bikaba biza gutuma turushiriza kwizera Ijambo ry’Imana n’uwo yarobanuye.

“Raba! Umwami wawe araje”

3. Ni ubuhanuzi ubuhe bwarangutse igihe Yezu yinjira i Yeruzalemu nk’uwutahukanye intsinzi?

3 Mesiya yokwinjiye i Yeruzalemu nk’uwutahukanye intsinzi. Ubuhanuzi bwa Zekariya bwavuze buti: “Nezerwa cane, wa mukobwa wa Siyoni! Niwihe akaruru k’intsinzi, wa mukobwa wa Yeruzalemu! Raba! Umwami wawe araje kuri wewe. Aragororotse kandi ni nyen’intsinzi; aricisha bugufi, kandi agendera ku ndogobwa, egome, ku gitungwa gikuze kivuka ku ndogobwa y’ingore.” (Zek. 9:9) Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Hahezagirwe uwuje mw’izina rya Yehova.” (Zab. 118:26) Isinzi rinini ryarasemereye n’umunezero mwinshi igihe Yezu yinjira i Yeruzalemu. Yezu ntiyabwiye iryo sinzi ico rikwiye gukora. Mugabo ryabigenjeje neza na neza nk’uko ubwo buhanuzi bwari bwarabivuze. Uko usoma iyo nkuru, numere nk’uwubona ukuntu ivyo bintu vyagenze, wongere ugerageze kwumva amajwi y’iryo sinzi ryishwe n’umunezero.​—Soma Matayo 21:4-9.

4. Ibivugwa muri Zaburi 118:22, 23 vyarangutse gute?

4 Yezu ari n’agaciro ku Mana, naho abantu benshi batokwemeye ko ari we Mesiya. Nk’uko vyari vyaravuzwe, Yezu ‘yarasuzuguwe yongera arinubwa’ n’abantu banse kwemera ibimenyamenya vyerekana yuko ari we Mesiya. (Yes. 53:3; Mrk. 9:12) Ariko rero, Imana yari yarahumekeye umwanditsi wa Zaburi ngo avuge ati: “Ibuye abubatsi bataye ni ryo ribaye umutwe w’imfuruka. Ivyo vyavuye kuri Yehova ubwiwe.” (Zab. 118:22, 23) Yezu yaravuze ibijanye n’ubwo buhanuzi igihe yariko arayaga n’abansi biwe b’abanyedini, Petero na we akaba yavuze yuko bwarangukiye kuri Kristu. (Mrk. 12:10, 11; Ivyak. 4:8-11) Yezu yarabaye koko “ibuye ry’umushinge” w’ishengero rya gikirisu. Naho abantu badakunda Imana batamwemeye, ‘yaratowe n’Imana kandi ari n’agaciro kuri yo.’​—1 Pet. 2:4-6.

Yarahemukiwe yongera arahebwa!

5, 6. Ni ibiki vyari vyaravuzwe ku bijanye n’uguhemukirwa kwa Mesiya, kandi vyarangutse gute?

5 Vyari vyaravuzwe yuko Mesiya yohemukiwe n’uwitwa ngo ni umugenzi wiwe. Dawidi yashikirije ubuhanuzi bugira buti: “Kandi umuntu yabana amahoro nanje, uwo nari nizigiye, uwarya ku mukate wanje, andugirije igitsintsiri.” (Zab. 41:9) Umuntu yasangira umukate n’uwundi yabonwa ko ari umugenzi wiwe. (Ita. 31:54) Kuba rero Yezu yarahemukiwe na Yuda Isikariyoti, bwabaye ubuhemu bw’agahomerabunwa. Yezu yarerekanye ko ubwo buhanuzi bwa Dawidi bwari bwarangutse, igihe yavuga ibijanye na nyene kumuhemukira agaca abwira intumwa ziwe ati: “Sindiko mvuga mwebwe mwese; ndazi abo natoye. Mugabo ni ukugira ngo Icanditswe kiranguke, ngo: ‘Uwahora arya ku mukate wanje ambanguriye igitsintsiri.’”​—Yoh. 13:18.

6 Nyene guhemukira Yezu yohawe ibiceri 30 vy’ifeza, ayo akaba yari amahera yagurwa umushumba. Mu kwerekeza ku bivugwa muri Zekariya 11:12, 13, Matayo yarerekanye yuko Yezu yahemukiwe kuri ayo mahera y’intica ntikize. Ariko none, ni kubera iki Matayo yavuze yuko ivyo vyari vyavuzwe “biciye kuri Yeremiya umuhanuzi”? Mu gihe ca Matayo, igitabu ca Yeremiya gishobora kuba ari co catangura mu mugwi w’ibitabu vya Bibiliya warimwo n’igitabu ca Zekariya. (Gereranya na Luka 24:44) Yuda ntiyigeze akoresha ayo mahera yari yaronse mu buryo bubi, kubera ko yayatereye mu rusengero agaca aja kwiyahura.​—Mat. 26:14-16; 27:3-10.

7. Ibivugwa muri Zekariya 13:7 vyarangutse gute?

7 Mbere n’abigishwa ba Mesiya bosabagiye bakamuta. Zekariya yanditse ati: “Kubita umwungere intama zo mu mukuku zisabagire.” (Zek. 13:7) Ku wa 14 Nisani 33 G.C., Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwese ivyanje birabatsitaza muri iri joro, kuko vyanditswe ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisabagire.’” Kandi ukwo nyene ni ko vyagenze, kubera ko Matayo yavuze yuko “abigishwa bose [bataye Yezu], barahunga.”​—Mat. 26:31, 56.

Yaragirijwe yongera arakubitwa

8. Ibivugwa muri Yesaya 53:8 vyarangutse gute?

8 Mesiya yosambishijwe maze agakubitwa intahe mu gahanga. (Soma Yesaya 53:8.) Mu mutwenzi wo ku wa 14 Nisani, abagize Inama Nkuru bose barakoraniye hamwe, baraboha Yezu maze bamushikiriza Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato. Yarasambishije Yezu asanga nta kintu na kimwe kimwagira. Ariko rero, igihe Pilato yabaza isinzi ko yorekura Yezu ryaciye risemerera riti: “Mumanike!” maze risaba ko horekurwa ya nkozi y’ikibi Baraba. Kubera ko Pilato yashaka kunezereza iryo sinzi, yararekuye Baraba, arakubitisha Yezu, maze aramutanga ngo amanikwe.​—Mrk. 15:1-15.

9. Ni ibiki vyabaye mu gihe ca Yezu nk’uko vyari vyaravuzwe muri Zaburi 35:11?

9 Ivyabona vy’ikinyoma vyokwagirije Mesiya. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yavuze ati: “Ivyabona vy’inkazi birahaguruka. Bimbaza ivyo ntazi.” (Zab. 35:11) Nk’uko ubwo buhanuzi bwari bwarabivuze, “abakuru b’abaherezi hamwe n’Inama Nkuru yose bariko barondera ibirego vy’ikinyoma bagiriza Yezu kugira bamwice.” (Mat. 26:59) “Nkako benshi bariko bashinga intahe y’ikinyoma bamubeshera, mugabo ivyagirizo vyabo ntibihure.” (Mrk. 14:56) Abo bansi katwa ba Yezu ntibitwararitse ivy’uko ivyo vyabona bariko bamwagiriza ibinyoma. Nta kindi barondera atari agatwe kiwe.

10. Sigura ingene ibivugwa muri Yesaya 53:7 vyarangutse.

10 Mesiya ntiyokuyeko umunwa imbere y’abamwagiriza. Yesaya yashikirije ubuhanuzi bugira buti: “Yarasugerezwa, akemera agatezwa amarushwa; yamara ntiyakurako umunwa. Yazanwa nk’intama igiye gukererwa; kandi kurya kw’intama y’ingore yacitse ikiragi imbere y’abayikemura, na we nyene ntiyakurako umunwa.” (Yes. 53:7) Igihe Yezu ‘yariko aragirizwa n’abakuru b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye, nta co yishuye.’ Pilato yamubajije ati: “Ntiwumva ivyo bariko barakwagiriza uko bingana?” Ariko rero, Yezu ‘nta co yamwishuye, habe n’ijambo rimwe, bituma buramatari atangara cane.’ (Mat. 27:12-14) Yezu ntiyabwiye nabi abariko baramwagiriza.​—Rom. 12:17-21; 1 Pet. 2:23.

11. Ibivugwa muri Yesaya 50:6 no muri Mika 5:1 vyarangutse gute?

11 Yesaya yashikirije ubuhanuzi buvuga yuko Mesiya yokubiswe. Uwo muhanuzi yanditse ati: “Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa.” (Yes. 50:6) Mika yari yaravuze ati: “Umucamanza wa Isirayeli bazomukubita inkoni kw’itama.” (Mika 5:1) Mu kwemeza yuko ubwo buhanuzi bwarangutse, umwanditsi w’Injili Mariko yavuze ati: “Bamwe batangura [gucira kuri Yezu] no kumupfuka mu maso hose no kumukubita ingumu no kumubwira ngo: ‘Pfindura!’ Abasuku ba sentare na bo bamwakiriza amakofe, baca baramujana.” Mariko aravuga yuko abasoda “baza baramuhondesha irenga mu mutwe bongera bamucirako, bakaza baramwunamira bapfukamye [mu kumushinyagurira].” (Mrk. 14:65; 15:19) Ariko ntiwumve, nta mvo n’imwe abo bantu bari bafise yo kumugirira nabi gutyo.

Intahemuka gushika ku rupfu

12. Ibivugwa muri Zaburi 22:16 no muri Yesaya 53:12 vyarangukiye gute kuri Yezu?

12 Ibijanye n’ukumanikwa kwa Mesiya vyari vyaravuzwe. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yavuze ati: “Kuko imbwa zinkikuje; ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye. Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje.” (Zab. 22:16) Mu kuvuga ikintu cabaye abasomyi ba Bibiliya bazi neza, umwanditsi w’Injili Mariko agira ati: “Kw’isaha igira gatatu [nk’isaha zitatu zo mu gitondo], baramumanika.” (Mrk. 15:25) Vyari vyaravuzwe kandi yuko Mesiya yoharuranywe n’abacumuzi. Yesaya yanditse ati: “Yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu, [aharurwa] mu bagabitanya.” (Yes. 53:12) Ivyo vyarangutse igihe “abambuzi babiri bamanikanwa na [Yezu], umwe iburyo bwiwe, uwundi ibubamfu bwiwe.”​—Mat. 27:38.

13. Ibivugwa muri Zaburi 22:7, 8 vyarangukiye gute kuri Yezu?

13 Dawidi yari yaravuze ko Mesiya yotutswe. (Soma Zaburi 22:7, 8.) Yezu yaratutswe igihe yariko arababarira ku giti co gusinzikarizwako, kubera ko Matayo avuga ati: “Abahita batangura kumutuka, bazunza umutwe, bavuga ngo: ‘Ewe wa muntu ugira ngo wosenyura urusengero ukarwubaka mu misi itatu, niwikize! Nimba uri umwana w’Imana, manuka uve kuri ico giti co kubabarizwako!’ Muri ubwo buryo nyene, abakuru b’abaherezi, abanditsi be n’abagabo b’inararibonye baramushinyagurije bavuga ngo: “Abandi yarabakijije; we ntashobora kwikiza! Ni Umwami wa Isirayeli; namanuke ubu ave kuri ico giti co kubabarizwako duheze tumwemere. Yizigiye Imana; nimutabare ubu niyaba imunezwe, kuko yavuze ngo: ‘Ndi Umwana w’Imana.’” (Mat. 27:39-43) Naho vyagenze ukwo, Yezu yarihanganiye ivyo vyose adataye umunwa. Mbega akarorero keza kuri twebwe!

14, 15. Niwerekane ukuntu ubuhanuzi bwerekeye ivyambarwa vya Mesiya be n’ubuvuga yuko yohawe inkarihe bwarangutse.

14 Ivyambarwa vya Mesiya bobipfindiye. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Bagabangana impuzu zanje, kandi bapfindira ivyambarwa vyanje.” (Zab. 22:18) Ukwo ni ko vyagenze, kubera ko “[abasoda b’Abaroma] bamaze kumanika [Yezu], bagabu[ye] impuzu ziwe zo hejuru mu gupfinda ubupfindo.”​—Mat. 27:35; soma Yohani 19:23, 24.

15 Mesiya yohawe inkarihe n’indurwe. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Bampaye igiterwa c’ubumara ngo kimbere ibifungurwa, bagerageza kunywesha inkarihe ngo banzimye inyota.” (Zab. 69:21) Matayo atubwira ati: “[Baha Yezu] umuvinyu uvanze n’indurwe ngo anywe; mugabo amaze kuwuhonja, aranka kunywa.” Inyuma y’aho, “umwe muri bo [yaciye yi]rukanga atora ikinyuko, akijobeka mu muvinyu ukarishe, agishira kw’irenga, aca aramuha ngo anywe.”​—Mat. 27:34, 48.

16. Sigura ukuntu ubuhanuzi buri Zaburi 22:1 bwarangutse.

16 Mesiya yobaye nk’uwuhebwe n’Imana. (Soma Zaburi 22:1.) Mu buryo buhuye n’ubwo buhanuzi, “kw’isaha y’icenda [nk’isaha icenda z’umuhingamo] Yezu [yarasemereye] n’ijwi rirenga ati: ‘Eli, Eli, lama sabakitani?’, bikaba bisobanura ngo: ‘Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye?’” (Mrk. 15:34) Yezu ntiyari yaretse kwizera Se wiwe wo mw’ijuru. Imana yararetse abansi ba Yezu baramugirira nabi mu kureka kumukingira kugira ngo ugutungana kwa Kristu gushobore kugezwa bimwe bishitse. Kandi igihe Yezu yasemera, yari ashikije ibivugwa muri Zaburi 22:1.

17. Ibivugwa muri Zekariya 12:10 no muri Zaburi 34:20 vyarangutse gute?

17 Mesiya yosogōswe mugabo amagufa yiwe ntiyovunywe. Ababa i Yeruzalemu ‘boravye Uwo basogōse.’ (Zek. 12:10) Muri Zaburi 34:20 na ho hagira hati: “[Imana irinda] amagufa yiwe yose; nta na rimwe muri yo ryavunywe.” Mu kwemeza ivyo bintu, intumwa Yohani yanditse ati: “Umwe muri nya basoda [asogota] icumu [Yezu] mu rubavu, buno nyene havayo amaraso n’amazi. Kandi uwabibonye [ari we Yohani] yarashinze intahe, kandi intahe yiwe ni iy’ukuri, kandi uwo muntu arazi ko avuga ibintu vy’ukuri . . . Ivyo bintu vyabaye kugira icanditswe kiranguke, ngo: ‘Nta na rimwe mu magufa yiwe rizojanjagurwa.’ Kandi vyongeye, ikindi canditswe kivuga ngo: ‘Bazoraba Uwo basogōse.’”​—Yoh. 19:33-37.

18. Vyagenze gute ngo Yezu ahambanwe n’abatunzi?

18 Mesiya Yohambanywe n’abatunzi. (Soma Yesaya 53:5, 8, 9.) Ku wa 14 Nisani ku mugoroba, “umugabo w’umutunzi w’i Arimateya yitwa Yozefu” yarasavye Pilato ikiziga ca Yezu, maze aragihabwa. Inkuru ya Matayo yongerako iti: “Yozefu atora nya kiziga, akizingira mu mpuzu y’ilino nziza, agishira mu mva yiwe ikiri nshasha, iyo yari yimvye mu gitandara. Amaze gutembagariza ikibuye kinini ku muryango w’iyo mva, aragenda.”​—Mat. 27:57-60.

Ha impundu Umwami Mesiya!

19. Ubuhanuzi buri muri Zaburi 16:10 bwarangutse gute?

19 Mesiya yozuwe. Dawidi yanditse ati: ‘Wewe Yehova ntuzompebera mu kuzimu.’ (Zab. 16:10) Iyumvire ukuntu ba bagore baza ku mva aho ikiziga ca Yezu cari cashizwe batangaye. Bahasanze umumarayika yiyambitse umubiri w’abantu, uno akaba yababwiye ati: “Ntaco mujumararirwa. Muriko murondera Yezu Umunyanazareti, umwe yamanikwa. Yazuwe, nta wuri ng’aha. Raba aho bari bamushize.” (Mrk. 16:6) Intumwa Petero yabwiye isinzi ry’abantu bari i Yeruzalemu ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C, ati: “[Dawidi] yabonye imbere y’igihe ivyerekeye izuka rya Kristu yongera aravuga ivyaryo, yuko atahebewe mu kuzimu canke ngo umubiri wiwe ubone ukubora.” (Ivyak. 2:29-31) Imana ntiyaretse ngo umubiri w’Umwana wiwe mukundwa ubore. Vyongeye, Yezu yarazuwe ku gitangaro agirwa muzima mu mpwemu!​—1 Pet. 3:18.

20. Ubuhanuzi buvuga iki ku bijanye n’ubutegetsi bwa Mesiya?

20 Nk’uko vyari vyaravuzwe, Imana yaramenyesheje yuko Yezu ari Umwana wayo. (Soma Zaburi 2:7; Matayo 3:17) Vyongeye, amasinzi yarahaye impundu Yezu n’Ubwami bwiwe, kandi turavugana umunezero ibimwerekeye n’ivyerekeye ubwo Bwami bwiwe. (Mrk 11:7-10) Vuba Kristu azotikiza abansi biwe igihe azoba ariko ‘aragendera kw’ifarasi aburanira ukuri n’ukwicisha bugufi be n’ubugororotsi.’ (Zab. 2:8, 9; 45:1-6) Ubwami bwiwe buzoheza buzane amahoro n’ugutunganirwa kw’isi yose. (Zab. 72:1, 3, 12, 16; Yes. 9:6, 7) Umwana wa Yehova mukundwa Yezu Kristu ubu araganza mw’ijuru ari Umwami. Kuba Ivyabona vya Yehova no kubwira abandi ivyerekeye ukwo kuri ni agateka kadasanzwe.

Wokwishura gute?

• Ubuhanuzi bujanye n’uko Yezu yohemukiwe akongera agahebwa bwarangutse gute?

• Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyari vyaravuzwe ku bijanye n’ukumanikwa kwa Yezu Kristu?

• Ni kubera iki wemera udakeka ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe?

[Ifoto ku rup. 13]

Kuba Mesiya yarinjiye i Yeruzalemu nk’uwutahukanye intsinzi vyashikije ubuhanuzi ubuhe?

[Amafoto ku rup. 15]

Yezu yapfuye azira ibicumuro vyacu, mugabo ubu araganza ari Umwami Mesiya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika