Yehu ashigikira ugusenga gutyoroye
YEHU yarashigikiye ugusenga gutyoroye. Mu kurangura urwo ruhara, yari umuntu w’inkomezi, adateba kugira ico akoze, w’inshirwarimenetse, w’umunyamwete kandi w’umutima rugabo. Yehu yaragaragaje kamere vyoba vyiza twiganye.
Yehu yashinzwe igikorwa igihe ihanga rya Isirayeli ryari rigeze habi. Ico gihugu caragirwako akosho kabi na Yezebeli, uno akaba yari umupfakazi asigwa na Ahabu, akaba na nyina w’umwami yari ku ngoma Yehoramu. Yararemesha abantu gusenga Bayali aho gusenga Yehova, akica abahanuzi b’Imana, akongera akonona abantu biciye ku “busambanyi” bwiwe n’“ubupfumu bwiwe.” (2 Abm. 9:22; 1 Abm. 18:4, 13) Yehova yaratanze itegeko ryo guherengeteza inzu yose ya Ahabu, harimwo na Yehoramu be na Yezebeli. Yehu ni we yabwirizwa kuja imbere muri ico gikorwa.
Yehu atangura kuvugwa mu Vyanditswe yicaranye n’abakuru ba gisirikare igihe Abisirayeli bariko bararwanya Abasiriya i Ramoti-gileyadi. Yehu yari intwazangabo yo mu rwego rwo hejuru, akaba mbere ashobora kuba yari umugabisha w’ingabo za Isirayeli. Umuhanuzi Elisha yararungitse umwe mu bahungu b’abahanuzi ngo aje kurobanura Yehu abe umwami no kumutegeka kwica umuntu wese w’igitsina gabo wo mu nzu ya Ahabu yari yahunye.—2 Abm. 8:28; 9:1-10.
Igihe intwazangabo zari kumwe na Yehu zamubaza icatumye uwo muntu amugendera, yabanje kugonanwa kukivuga. Mugabo igihe zamuhata, yarazibwiye ukuri, maze we n’abo bagenziwe batangura kugīra umugambi mubi Yehoramu. (2 Abm. 9:11-14) Birashoboka yuko abagize igisoda bari bafitiye inzika bakongera bakarwanya inzu y’umwami hamwe na Yezebeli, naho batavyerekana. Uko vyoba vyari biri kwose, Yehu yararondeye yitonze uburyo bwiza kuruta yokoresha mu gushitsa igikorwa yari ashinzwe.
Umwami Yehoramu yari yarakomerekeye mu ntambara maze aja mu gisagara ca Yezireyeli, yizigiye gutora mitende. Yehu yari azi ko kugira ngo umugambi wiwe ugende neza, ata jambo na rimwe rijanye na wo ryategerezwa gushika i Yezireyeli. Yavuze ati: “Ntihagire uwuhunga avuye mu gisagara ngo aje kubivuga i Yezireyeli.” (2 Abm. 9:14, 15) Ashobora kuba yariyumviriye yuko hari ukuntu abasoda bari bashigikiye Yehoramu bari kumurwanya. Yehu yashaka kwiyemeza neza ko bataronka ako karyo ko kumurwanya.
YEHU ATWARA UMUKOGOTE BURAVYO!
Kugira ngo Yehu abahwikire, yaragendeye mu mukogote wiwe avuye i Ramoti-gileyadi aja i Yezireyeli, hakaba hari urugendo rw’ibilometero 72. Igihe yariko aregereza iyo yariko araja anyaruka, inderetsi imwe yari ku munara yarabonye “ikigwi kigigimba c’abagabo ba Yehu.” (2 Abm. 9:17) Birashoboka cane ko Yehu yajanye ingabo nyinshi kugira ngo yiyemeze neza ko aza gushitsa umugambi wiwe.
Iyo nderetsi ibonye ko uwo mugabo w’umutima rugabo Yehu yari mu mukogote umwe muri iyo, yavuze iti: “Awutwarana ubusazi.” (2 Abm. 9:20) Nimba Yehu yari asanzwe atwara umukogote muri ubwo buryo, ukuba yarihutira gushitsa ico gikorwa yari yashinzwe bitegerezwa kuba vyaratumye awutwara buravyo.
Aho Yehu amariye kwanka kugira ico abwiye intumwa zibiri zari zirungitswe kuri we, yarahuye n’Umwami Yehoramu be n’uwo bari bafatanije ari we Ahaziya, umwami wa Yuda, umwe wese akaba yari mu mukogote wiwe. Igihe Yehoramu yabaza Yehu ngo “Ni amahoro ga Yehu?” uno yaciye amwishura ati: “Hoba amahoro nyabaki kandi hakiriho ubusambanyi bwa Yezebeli nyoko n’ubupfumu bwiwe bwinshi?” Yehoramu atewe ubwoba n’iyo nyishu amuhaye, yaciye ahindukira ngo ahunge. Mugabo Yehu yariko aranyaruka cane kugira ngo amushikire! Yaciye afora umuheto, arasa Yehoramu umwampi umutobekeranya umutima, aca agwa bwarumye mu mukogote wiwe. Naho Ahaziya yashoboye guhunga, Yehu yahavuye amukurikirana maze ategeka yuko na we nyene yicwa.—2 Abm. 9:22-24, 27.
Umuntu wo mu nzu ya Ahabu yari ashikiriwe kwicwa yari wa mwamikazi w’umubisha Yezebeli. Birabereye kubona Yehu yamwise “ico kivume.” Igihe Yehu yinjira i Yezireyeli ari mu mukogote, yarabonye Yezebeli ariko araraba hasi acishije mw’idirisha ry’inzu y’umwami. Yehu atarinze kuvuga menshi, yategetse abakozi bo ku kirimba ngo bakorore Yezebeli bamucishije muri iryo dirisha. Yaciye ahonyangisha amafarasi yiwe uwo muntu yari yarononye Isirayeli yose. Inyuma y’aho, Yehu yarishe abandi bantu benshi cane bo mu nzu ya wa mubisha Ahabu.—2 Abm. 9:30-34; 10:1-14.
Naho ubukazi atari ikintu gihimbaye, turakwiye gutahura ko muri ico gihe, Yehova yakoresha abasavyi biwe mu gushitsa imanza ziwe. Ivyanditswe bivuga biti: “Ugutemba kwa Ahaziya kwavuye ku Mana, igihe yaza kwa Yehoramu; ashitse, asohokana na Yehoramu baja kuri Yehu umwuzukuru wa Nimushi, uwo Yehova yari yararobanuje amavuta kugira arandure inzu ya Ahabu.” (2 Ngo. 22:7) Igihe Yehu yategeka ko bashiburira umuvyimba wa Yehoramu mu gice c’itongo rya Naboti bawukuye mu mukogote wiwe, yaremeye icese ko ico kintu cari gishikije umuhango Yehova yari yaratanze wo guhana uwishe Naboti ari we Ahabu. Vyongeye, Yehu yari yarategetswe ‘guhora amaraso y’abasavyi b’Imana’ yasheshwe na Yezebeli.—2 Abm. 9:7, 25, 26; 1 Abm. 21:17-19.
Muri iki gihe, nta musavyi wa Yehova arwanya mu buryo bw’umubiri abaterekwa ugusenga gutyoroye. Imana ivuga iti: “Uguhōra ni ukwanje.” (Heb. 10:30) Mugabo kugira ngo abakurambere bakirisu bakingire ishengero abantu boshobora kuryonona, hari aho vyoba ngombwa ko bagira umutima rugabo nka Yehu. (1 Kor. 5:9-13) Kandi abagize ishengero bose bakwiye kugira umwiyemezo wo kwirinda kwifatanya n’abantu baciwe.—2 Yoh. 9-11.
YEHU NTIYIHANGANIRA UBUKEBA NA BUMWE KURI YEHOVA
Imvo Yehu yari afise mu kurangura igikorwa yari yashinzwe irabonekera mu majambo yahavuye abwira wa mugabo w’umwizigirwa Yehonadabu. Yamubwiye ati: “Ingo tujane, urabe ingene ntihanganira ubukeba na bumwe kuri Yehova.” Yehonadabu yaremeye ico kintu Yehu amusavye, arinjira mu mukogote wiwe, maze bajana i Samariya. Bashitseyo, Yehu “[yarakoranye] urwenge, kugira ngo arandure abasenga Bayali.”—2 Abm. 10:15-17, 19.
Yehu yatangaje yuko afise umugambi wo kugirira Bayali “ikimazi gikomeye.” (2 Abm. 10:18, 19) Incabwenge imwe ivuga iti: “Ubwo ni uburyo Yehu yakoresheje amajambo ku rwenge ku buryo ashobora gutahurwa ukundi.” Naho ijambo ryakoreshejwe ng’aho “muri rusangi risobanura ‘ikimazi,’ rirakoreshwa kandi ku bijanye no ‘gusasika’ abahuni.” Kubera yuko Yehu atashaka ko hagira umuntu n’umwe mu basenga Bayali asiba kuri urwo rubanza, bose yabakoranirije mu nzu ya Bayali maze abasaba kwambara impuzu zitandukanye n’iz’abandi. “Yehu akirangiza guhereza ishikanwa riturirwa,” yarategetse abagabo 80 bitwaje ibirwanisho ngo basasike abayoboke ba Bayali. Mu nyuma yaratanze itegeko ryo kubomora inzu ya Bayali maze aho yahora hashirwa ku ruhande kugira ngo hakoreshwe bwa tuzu twa surwumwe, gutyo hagirwa ahatabereye gusengerwa.—2 Abm. 10:20-27.
Ni ivy’ukuri ko Yehu yasheshe amaraso menshi. Yamara, Ivyanditswe vyerekana ko yari umuntu w’umutima rugabo yakijije Isirayeli intwaro y’agahotoro ya Yezebeli n’umuryango wiwe. Kugira ngo indongozi ya Isirayeli iyo ari yo yose ishobore gukora ico kintu, yabwirizwa kuba ifise umutima rugabo, ugushikama n’umwete. Inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya ivuga iti: “Cari igikorwa kigoye kandi cakozwe mu buryo bwitondewe. Birashoboka yuko ugusenga Bayali kutari kuranduranwa n’imizi muri Isirayeli iyo hadafatwa ingingo ruhasha nk’izo.”
Nta nkeka yuko ubona ko ibintu bishikira abakirisu muri iki gihe bisaba yuko bagaragaza kamere zimwezimwe nk’izo Yehu yari afise. Nk’akarorero, dukwiye kuvyifatamwo gute igihe twohejwe gukora ikintu ico ari co cose Yehova yanka? Dukwiye kuciyamiriza tudatebaganye, tubigiranye umutima rugabo n’umwete. Ku bijanye n’ukwihebera Imana kwacu, ntidushobora kwihanganira ubukeba na bumwe kuri Yehova.
TWITWARARIKE KUGENDERA MW’ITEGEKO RYA YEHOVA
Iherezo ry’iyo nkuru riratanga ingabisho. ‘Yehu ntiyakebeje ngo areke gukurikira za nyana z’inzahabu zari i Beteli n’i Dani.’ (2 Abm. 10:29) None vyagenze gute ngo uwo muntu yari afitiye umwete mwinshi ugusenga gutyoroye yihanganire ugusenga ibigirwamana?
Yehu ashobora kuba yabona yuko kugira ngo ubwami bwa Isirayeli bwiganzure Yuda vyasaba ko ubwo bwami bubiri butifatanya mu bijanye no gusenga. Ku bw’ivyo, nk’uko abari bahoze ari abami ba Isirayeli babigenza, yaragerageje gutuma buguma butandukanye mu gutsimbataza ivyo gusenga inyana. Mugabo ivyo vyerekanye ko atizera Yehova, uwari yamugize umwami.
Yehova yarakeje Yehu kubera ko ‘yagize neza mu gukora ibigororotse mu maso y’Imana.’ Naho vyari ukwo, “Yehu ntiyitwarari[tse] kugendera mw’itegeko rya Yehova Imana ya Isirayeli n’umutima wiwe wose.” (2 Abm. 10:30, 31) Uravye ibindi bintu vyose Yehu yari yarakoze, ico kintu yakoze woshobora kubona yuko gitangaje kandi kibabaje. Yamara, kirafise ico kitwigisha. Ntidukwiye kwigera twanjanjwa ku bucuti dufitaniye na Yehova. Ku musi ku musi, turakwiye kurushiriza kuba intahemuka ku Mana mu kwiga Ijambo ryayo, mu kurizirikana, no mu gutura Data wa twese wo mw’ijuru amasengesho avuye ku mutima. Ku bw’ivyo, nimuze twitwararike bimwe bidasanzwe kuguma tugendera mw’itegeko rya Yehova n’umutima wacu wose.—1 Kor. 10:12.
[Uruzitiro ku rup. 4]
Yehu mu nkuru ya kahise itari iyo muri Bibiliya
Abantu bakunda kugira ico bavuze ku bintu, akenshi baravyura amakenga ku vy’uko abantu bavugwa mu Vyanditswe boba barabayeho koko. None hoba hariho ibindi bimenyamenya bitari muri Bibiliya vyerekana ko Yehu yabayeho?
N’imiburiburi ibintu bitatu vyo muri Ashuri ha kera biravuga mw’izina uwo mwami wa Isirayeli. Kimwe muri ivyo gisa n’icerekana Yehu, canke kumbure umwe mu ntumwa ziwe, yunamye imbere y’umwami wa Ashuri Shalumaneseri wa III ariko aratanga ikibuguro. Amajambo ari kumwe n’ico gicapo agira ati: “Ikibuguro ca Yehu (Ia-ú-a), mwene Omuri (Hu-um-ri): yampaye ifeza, inzahabu, ibakure ya sapulu y’inzahabu, urwavya rw’inzahabu rusongoye munsi, ibikombe vy’inzahabu, indobo z’inzahabu, ubutare bw’ibati, inkoni y’umwami, (hamwe na) puruhtu ikozwe mu giti [insobanuro y’iryo jambo puruhtu ikaba itazwi].” Yehu ntiyari neza na neza “mwene Omuri,” mugabo iyo mvugo yakoreshwa mu kwerekeza ku bami ba Isirayeli bagiye barakurikirana, bikaba bishoboka ko ari kubera yuko Omuri yari yarabaye rurangiranwa no kubera ko yubatse umurwa mukuru wa Isirayeli ari wo Samariya.
Ivyo uwo mwami wa Ashuri yavuze ku bijanye n’ikibuguro kivugwa yuko carishwe na Yehu, ntibishobora kwemezwa. Naho ari ukwo, aravuga Yehu incuro zitatu: ku kibuye kimwe, ku gishusho ca Shalumaneseri no mu nkuru zivuga ivya kahise k’abami ba Ashuri. Ukwo kuba Yehu avugwa aho hantu biradukura amazinda yuko uwo muntu avugwa muri Bibiliya yabayeho koko.