ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/12 rup. 14-15
  • Tuja mu gahinga amahero k’ibibarafu vyera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuja mu gahinga amahero k’ibibarafu vyera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ivyaranguwe n’Ivyabona vya Yehova mu bihe vya none
    Igitabu c’umwaka 2012 c’Ivyabona vya Yehova
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/12 rup. 14-15

Ikete rivuye muri Norveje

Tuja mu gahinga amahero k’ibibarafu vyera

NI MU gatondo ka kare mu rushana. Turakuma irido tugatereza akajisho hanze kugira turabe ukuntu ikirere cifashe. Ntiworaba ukuntu biryoshe kubona ijuru rikeye! Tugiye kuzomara imisi itatu twamamaza inkuru nziza mw’itaba rinini ry’umusozi ryitwa Finnmarksvidda riri mu buraruko bwa Norveje.

Muri Norveje, mu rushana usanga hakanye. Rero dusa n’abatinya kuja mu gahinga ko mu buraruko. Ariko igishimishije, dufatanije urugendo n’Ivyabona vya Yehova baba muri ako karere. Barazi ukuntu hameze kandi baduhaye impanuro ngirakamaro.

Muri ako karere amabarabara ni make. Ugomba gushikira abantu baba mu turere twa kure, uburyo bwiza kuruta ubundi wokoresha ni akaduga kagendera ku bibarafu. Turatekera ivyambarwa n’ibifungurwa be n’igitoro tukabipakira mu tuduga twacu tugendera ku bibarafu no mu gakogote gakwegwa n’utwo tuduga. Imbere yacu hari itaba amahero ry’umusozi rigera i buheramaso ryuzuyeko ibibarafu vyera. Iyo izuba ririko rirasa, ivyo bibarafu ubona bica ibibatsi. Yooo, wohora uraraba!

Aho i Finnmarksvidda habayo ubwoko butandukanye bw’impongo, ibihimbi, inkwavu zo mw’ishamba, imbwebwe, udukoko tugomba gusa n’amadubu, be n’amadubu makeyi. Ariko ico dushashaye kuruta ibindi vyose ni ugushikira abantu bo muri ako karere ka kure. Turashashaye canecane kubonana n’Abasami bamwebamwe. Bamwebamwe batunzwe n’ubworozi bw’ibitungwa vyo mu bwoko bw’impongo, abandi na bo bisumamwo mu mazu y’uburaro yo muri iyo misozi.

Hafi y’inzu ya mbere y’uburaro, turahura n’urwaruka rw’abanyeshure ruriko runyerera ku bibarafu muri iyo misozi rwambaye vya birato vyabigenewe. Barahagarara bakatuyagisha, bakatubaza ico turiko turakora. Natwe duti mukubise uwashaka kurira, tugaca tubasigurira. Tugiye, umwe muri bo aratubwira ati: “Muroranirwe mu vy’Ijambo ry’Imana!” Turasubira kuri twa tuduga twacu, tugaca tujabuka ibiyaga binini vyacitse ibarafu be n’agahinga kuzuyeko ibibarafu. Twoba tuza kubona ubusho bwa vya bikoko bimeze nk’impongo?

Dushitse ku kazu kamwe, umugabo umwe araturamutsa n’igishika. Ni umwe mu bantu bakeyi basanzwe bibera muri ako karere. Abonye ko ka gakogote kacu kagize ingorane, aca adusaba n’umutima mwiza ngo akadukorere. Na we mu kugakora aritonda; abantu bo ng’aho ntibihutagiza mu gukora. Turavye ukuntu yimereye, bituma twumva natwe turuhuriwe. Ahejeje, turamushimira tugaca tumwereka ivyiyumviro bikeyi vyo muri Bibiliya vyerekeye igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro. Aradutega yompi. Imbere y’uko tugenda, aremera ko tumusigira igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? hamwe n’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Aca amwenyura akavuga ati: “Mugize neza kungendera.”

Tumaze kugendera bandi bantu bakeyi, buca butangura kwira, maze tukaja ku kazu tuja kuraramwo. Tugize gutya tuza tubona imbwebwe. Ivyoya vyayo bitukura biraca ibibatsi bimwe vy’agahore muri ivyo bibarafu vyera. Nya mbwebwe irahagarara gatoyi ikatwitegereza yibaza iyo tuva n’iyo tuja, igaca yibandaniriza. Kubera ko ibivunjivunji vy’ibarafu bitanguye gukoragurika nk’imvura, biratugora kubona iyo turiko turaja. Amaherezo tubonye ka kazu, duca twiruhutsa! Turacana amashiga hagaca hatangura gususuruka. Naho twarushe tugasanzara kubera ukuntu ka kaduga kamaze umusi wose kaduceka, twumva tunezerewe.

Tugira ngo turihengetse bukaba burakeye. Turasubira gupakira imizigo muri ka kaduga kacu tugaca tumanuka mu kiyaya, tukajana inkombe y’uruzi maze tugashika ahari iyindi nzu y’indaro. Turahasanga umusore umwe tukayaga na we ivyiyumviro bikeyi biremesha vyo muri Bibiliya. Aratugaragariza umutima mwiza akatwereka ahantu horoshe kuruta ahandi twoca kugira dusubire mu nzira nkuru.

Umusi wa nyuma w’urugendo rwacu urashika. Twinjiye mu kibanza c’iratiro c’i Stabbursdalen, tuza tubona dukikijwe n’ahantu heza utoraba, tukabona nka hariya imisozi iriko ibibarafu ica ibibatsi izuba riyirasiyeko. Imbere yacu turabona ubusho bunini bw’impongo! Ziriko zirarisha zitekaniye, zigakoresha ibinono vyazo bininibinini mu kwimba zirondera utwo zirisha munsi y’ibibarafu. Kure gatoyi y’aho, turabona umuntu avuga igisami yicaye ku kaduga kiwe kagendera ku bibarafu. Acungereye atekanye ubusho bwiwe bw’impongo. Imbwa yiwe iriko iraragira nya busho ata gusamara, ikaguma izigarura. Irahagarara gatoyi ikamotera itumbereje amazuru iyo turi, ariko igaca yisubirira ku gikorwa cayo. Turashikiriza ubutumwa nyene ubwo busho. Ni umuntu yimereye neza kandi aratwumviriza.

Mu gutaha, tugenda turiyumvira abantu bose twahuye mu rugendo rw’ibilometero 300 twagize. Twumva twaratewe agateka kubona tugira akantu na gatoyi duterereye ku gushira inkuru nziza abantu bo muri ako gahinga amahero kuzuyeko ibibarafu vyera.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 15]

© Norway Post

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika