Ivyaranguwe n’Ivyabona vya Yehova mu bihe vya none
Norveje
Niwihe ishusho uriko uramamaza mu karere karangwamwo uduce tw’amazi y’ikiyaga twinjira hagati y’ibitandara (fjords), imisozi, ibibarafu, shelegi be n’impongo, aho usanga wa muco ubengerana wo mu buraruko bw’isi ubonesha mu kirere mu gihe c’urushana. Ukwo ni ko igihugu ca Norveje kimeze. Raba ukuntu abavukanyi bagendeye mu bwato no ku tuntu basererekako kuri shelegi, bagiye kuraba abantu baba iyo catawe, be n’ukuntu umuvukanyi umwe yaja ku makoraniro ibirenge bisa. Raba kandi ukuntu abakirisu bagaragaje ukwizera n’umutima rugabo mu gihe c’intwaro y’agacinyizo y’Abanazi.
Urwanda
Urukundo rwo kwitanga Yezu yavuze ko rworanze abigishwa biwe rurigaragaza muri kahise k’ico gihugu co muri Afrika. Igihe urwanko rushingiye ku moko rwatuma haba ihonyabwoko riteye ikinya, abasavyi ba Yehova baremeye gushira ubuzima bwabo mu kaga, mbere rimwe na rimwe barahasiga agatwe, kugira bakingire bagenzi babo. Ng’iyi inkuru y’intibagirwa y’ukuntu abavukanyi bihanganye mu gihe c’uruhamo n’ukuburabuzwa, be n’ukuntu bagumye ari intahemuka mu gihe c’ingorane, ibigeragezo n’iterabwoba.