Kwamamaza no kwigisha kw’isi yose
HARACIYE igihe kitari gitoyi intumwa Yohani abonye mu vyo yeretswe bijanye n’ubuhanuzi isinzi rinini ry’abantu ata wushobora kubaharura “bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.” Abo bantu badondowe ko ari abarokotse “ya makuba akomeye” bakinjira mw’isi nshasha y’Imana. (Ivyah. 7:9, 14) Ibitigiri be n’ivyabonywe bigiye kuvugwa ntivyerekana gusa ko iryo sinzi ririko riratororokanywa, ariko birerekana kandi yuko ririko rirushiriza kwongerekana. Ivyo none ntibituma urushiriza kwizera ko ivyo Yehova yasezeranye bizoranguka ata kabuza?
AFRIKA
IBIHUGU 57
ABANYAGIHUGU 949.533.064
ABAMAMAJI 1.267.314
INYIGISHO ZA BIBILIYA 2.819.310
IKETE RYIWE RYARAMUHUMURIJE. Mushiki wacu Iris wo muri Afrika y’Epfo arandikira ababuze ababo amakete yo kubahoza. Muri ayo makete, arashiramwo ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Ugucumukura Kwose Kugiye Kurangira! be na kamwe kavuga ngo Ni Icizigiro Nyabaki Dufise ku Bacu Basandavye? Iris aherutse kuronka ikete yandikiwe n’umugabo yitwa Sidney yabuze umugore wiwe bari bamaze imyaka 38 bubakanye kandi bahimbawe. Uwo mugabo yanditse ati: “Naho abaganga b’abahinga bari banteguye bambwira ko umukenyezi wanje nikundira yoruhiye gupfa, urupfu rwiwe rwarambabaje, rutuma nzazanirwa, ndabura ico mfata n’ico ndeka, nongera ndavunika umutima. Ndashimira Umukama kubona hariho abantu bameze nkawe. Kuba ukoresha umwanya wawe kandi ukihatira uko ushoboye kwose kubwira inkuru nziza abantu ata na kimwe bazi ku bijanye n’ivyo Imana yasezeranye ni ikintu giteye iteka bimwe bitovugwa, kandi nzogumiza ku muzirikanyi amajambo yawe aserura ukwizera, ayazomfasha mu bihe bigoye. Aho nsomeye ikete ryawe be na turya dupapuro naciye ntangura gutahura no kwumva ntekanye.”
BAHEBA UMUGAMBI WO GUKOROZA INDA. Mushiki wacu akiri muto yitwa Gloria wo muri Bénin, yariko arabwira inkuru nziza umunyeshure yitwa Arnaud wo kuri kaminuza imwe, maze uwo munyeshure aza yumva telefone yiwe irahamagaye. Arnaud yaciye asaba ko uwo mushiki wacu yomubabarira, amubwira ko hari umugenzi amukeneye. Gloria yaciye akora mw’isakoshi yiwe, akurayo ikinyamakuru yashikijeko ukuboko, aca arakimuha. Arnaud yaracakiriye, aca aragenda atarinze no kukiraba.
Nya mugenzi wa Arnaud yari yamuterefonye amubwira ati: ‘Wa mukobwa dukundana afise inda, rero ndiko niyumvira kumutegeka kuyikorora.’ Arnaud ariko araja kuraba uwo mugenzi wiwe yaratereje akajisho kuri nya kinyamakuru. Mu nyuma yavuze ati: “Naratangaye kubona ku rupapuro rwa mbere rw’ico kinyamakuru hariko ikibazo kijanye n’ivyo ‘gukora inda.’” Gloria yari yamuhaye ya Be maso! (mu gifaransa) yo muri Ruheshi 2009 ivuga ngo “L’Avortement : les questions qu’il soulève.” (Kubera iki gukorora inda ari ikibazo kivyura impari nyinshi?) Aho wa mugenzi wa Arnaud asomeye ico kinyamakuru, yaciye aheba ivyo gukoroza nya nda. Nya mukobwa yahavuye avyara agakobwa keza utoraba.
NTITWARI DUKWIYE GUTINYA NYA MUPFUMUKAZI. Umutsimvyi asanzwe yitwa King yarimukiye mu karere ko muri Zimbabwe aho abamamaji bari bakenewe cane. Igihe yariko arakorana na bashiki bacu mu murimo wo ndimiro, yaragiye yerekeza ku muhana umwe w’umupfumukazi. Naho abo bashiki bacu batinya kuja kuvugisha uwo mupfumukazi, King yahisemwo ko aza kumusaba niba yoshima kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Igihe uwo mupfumukazi yabona abo bamamaji bariko begereza ku rugo rwiwe, yaciye yibaza ko ari abakiriya, aca arababaza ico bipfuza. King yaciye amwereka igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? maze aramubaza niba yoshima kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Na we yaremeye. King avuga ati: “Twaratangajwe no kubona ko yari afise ibibazo vyinshi. Twaciye dutunganya ivyo gusubira kumugendera no kumuyoborera inyigisho.” Haciye amayinga atatu baramutumiye ku makoraniro y’ishengero kandi yaraje. Yaraturiye ibintu vyiwe vyose yakoresha muri ubwo bupfumu maze aratera imbere ningoga mu vy’impwemu. Mu mezi makeyi yari abatijwe.
“NDAGUSAVYE UBASENGERE BAZOZE KUNGENDERA.” Haraheze imyaka cumi Patrick yimukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuye muri Angola. Yaguma avugana na nyina wiwe Felicidade kuri telefone, ariko bahavuye bashobora kuza baravugana babonana bakoresheje ubuhinga bwo kuri Internet. Igihe yariko araganira na nyina wiwe, yarabonye umuntu yari kumwe na we mu nzu aca aramubaza uwo ari we. Felicidade, uno akaba ari Icabona ca Yehova, yamwishuye ati: “Ni umuvukanyikazi wo mw’ishengero ndimwo yaje kundamutsa.”
Patrick yasubijeyo ati: “Kubera iki Ivyabona batangendera? Maze imyaka cumi ng’aha, kandi ntibarigera baza kundaba. Ndagusavye ubasengere bazoze kungendera.”
Patrick yaratangajwe no kuza ubwo nyene yumva Felicidade n’uwo mushiki wacu bishuye ngo “Sawa, tuzogusengera.”
Haciye imisi itatu gusa, hari Icabona ca Yehova yadodoye kwa Patrick. Patrick yarumiwe ku buryo yabajije nyina wiwe niba hari uwo yari yabwiye ko yoja kumugendera aho muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Nyina wiwe yamubwiye ko ata we yari yabwiye. Patrick yaciye abona ko kuba bamugendeye ari rya sengesho rya nyina wiwe Imana yishuye, aca aremera kwiga Bibiliya. Ntiyatevye gutangura kwitaba amakoraniro yose. Igihe yasubira kubonana na nyina wiwe biciye kuri bwa buhinga bwa Internet, yarahimbawe no kumwereka ikigabane co mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha yari agezeko. Yaramubwiye kandi ko yari yaraguze kostime yo kwambara agiye ku makoraniro.
BAZAZANIRWA KUBERA UWABASAVYE KUBATIZWA. Mu ntango z’amahwaniro y’intara yo mu 2010 yabereye i Brazzaville muri Kongo, hari umusore yitwa Edvard yavuze ko yipfuza kubatizwa. Abavukanyi bamubajije ishengero arimwo, yishuye ati: “Mossaka.” Kubera ko ata Vyabona bari muri ako gasagara ka kure, abo bavukanyi baribajije igituma yipfuza kubatizwa.
Edvard yabwiye abakurambere ko mu 2007 sekuru yari yaramwigishije ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? be n’ibigabane 14 vyo mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha igihe yari i Brazzaville. Mu nyuma Edvard yarimukiye i Mossaka aho yagiye kubana n’abavyeyi biwe. Kubera ko ata Vyabona baba muri ako karere, Edvard yarasavye se wiwe ko yomufasha kwiga ibigabane yari asigaje vyo mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Se wiwe yaramubaza ibibazo, na we akishura. Ukwo ni ko Edvard yarangije ico gitabu. Yaciye abona ko akwiye kwigisha abandi ukuri yari amaze kumenya. Muri Gitugutu 2009 yaciye rero atangura kwamamaza muri ako karere ka Mossaka ari wenyene akoresheje ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Yarandika umwanya yamara mu busuku kandi yama arungikira raporo yiwe sekuru i Brazzaville. Ariko sekuru ntiyigeze atanga iyo raporo mw’ishengero.
Mu nyuma, ibiro vy’ishami bitazi na kimwe ku vyerekeye Edvard, vyararungitse i Mossaka abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito ngo bakorereyo amezi atatu. Hasigaye imisi ibiri gusa ngo abo batsimvyi bave muri ako karere, umwe muri abo batsimvyi badasanzwe yitwa Daniel, yarabonye Edvard ariko arayobora inyigisho ya Bibiliya mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Daniel yaregereye Edvard baraganira. Edvard yamubwiye ati: “Ndiko ndamamaza. Ndi umwamamaji. Woshobora kubaza dawe.” Daniel yarabonanye na se wa Edvard, na we aremeza ko Edvard atamubeshe. Abo batsimvyi badasanzwe b’igihe gito barakoresheje ako kanya gato bari basigaranye, baramenyereza Edvard mu busuku. Aho baviriyeyo, Edvard yabandanije yamamaza n’umwete mwinshi cane, arayobora inyigisho za Bibiliya zirenga cumi. Yaraneguriye ubuzima bwiwe Yehova.
Bamaze kwumva ayo makuru yose, ku wa gatanu amahwaniro atanguye, abakurambere babiri barabonanye na Edvard maze bararimburira hamwe ibibazo vy’abipfuza kuba abamamaji batarabatizwa. Abo bakurambere baratangajwe cane n’inyishu nziza ziwe. Baramenye biciye kuri ba batsimvyi badasanzwe yuko Edvard ari intangakarorero mu kuntu yigenza be n’uko yari amaze amezi icenda ari umwamamaji atazwi n’ibiro vy’ishami. Ku bw’ivyo rero, yaciye yemererwa kuba umwamamaji atarabatizwa. Kubera ko mu ndwi yakurikira hobaye ihwaniro ry’intara mu rurimi rw’ilingala, abo bakurambere baciye batunganya ivy’uko muri iyo ndwi basuzumira hamwe na Edvard ibibazo vy’abipfuza kubatizwa. Yarerekanye ko atahura neza ukuri maze arabatizwa kuri nya hwaniro ryo mw’ilingala muri Mukakaro 2010. Rero, haciye gusa indwi imwe Edvard yemerewe kuba umwamamaji atarabatizwa, abakurambere baratangaje ko ari umuvukanyi yabatijwe.
Amaze kubatizwa, yaciye amara amezi abiri ari umutsimvyi afasha i Brazzaville. Abakurambere baratunganije ivy’uko yiga igitabu ‘Mwigumize mu rukundo rw’Imana,’ agihejeje aca asubira i Mossaka. Ico gihe hari haherutse kugenwa umutsimvyi adasanzwe akorera muri ako karere Edvard abamwo. Muri Ndamukiza, Edvard akaba yari umutsimvyi afasha, we hamwe n’uwo mutsimvyi adasanzwe barahimbawe no kwakira abantu bashimishijwe 182 ku Cibutso. Edvard afise inyigisho za Bibiliya 16, indwi muri zo zikaba zitaba amakoraniro, ahagarikirwa n’abo bavukanyi babiri. Mu 2011, Edvard yari afise imyaka 15.
AMERIKA
IBIHUGU 55
ABANYAGIHUGU 941.265.091
ABAMAMAJI 3.780.288
INYIGISHO ZA BIBILIYA 4.139.793
‘KUBA NATEREFONYE KURI IYO NOMERO SI IKINTU CAPFUYE KWIZANA.’ Mushiki wacu yitwa Sundie wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari muhira iwe igihe telefone yahamagara maze ayitavye asanga ni umukenyezi umwe aterefonye arondera umuntu Sundie atari azi. Sundie yaciye abwira uwo mukenyezi yuko yaterefonye ku nomero zitari zo. Uwo mukenyezi yamubwiye yuko afise ingorane y’amaso, ko bishika rero akihenda. Barabandanije bayaga maze uwo mugore amubwira yuko yariko arondera umuhungu wiwe ngo amubwire inkuru idahumuriza. Abaganga bari basanze uwo mugore arwaye kanseri. Uwo mugore yari yishwe n’intuntu kandi ashavuriye Imana kubera yaretse ivyo bintu bikamushikira. Sundie yaciye abona ko abwirizwa kubwira uwo mugore ico Bibiliya ibivugako. Ahejeje gutura isengesho rigufi cane asaba kugira umutima rugabo, Sundie yarabwiye uwo mugore ivyanditswe bikeyi biremesha yabona ko vyomuhumurije kandi bigatuma agira icizigiro. Yaramusiguriye ko Imana ifise izina maze amuremesha kurikoresha mu gusenga be no kuyitura amasengesho adomako. Uwo mugore yarakengurukiye Sundie kuba yamwumvirije no kuba yamuremesheje. Yavuze ati: “Nibaza ko kuba naterefonye kuri iyo nomero atari ikintu capfuye kwizana.”
Bamaze guhana aderese zabo, Sundie yararungikiye uwo mugore ama CD yo kwumviriza ariko ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha maze aratunganya ivy’uko mushiki wacu w’umutsimvyi aba mu karere uwo mugore abamwo amugendera. Sundie yavuze ati: “Ndakenguruka kubona Yehova, abigiranye urukundo, yaratumenyereje cane ku bijanye n’ingene tworemesha abantu bari mu ngorane z’ubwoko bwose.”
AGAPAPURO K’INKURU NZIZA KARISHUYE IKIBAZO CABO. Hari bashiki bacu bama bamamaza ku bitaro binini muri Porto Riko. Umusi umwe, umwe muri bo yaregereye abagabo babiri bariko bagenda bihuta muri ivyo bitaro. Abonye ukuntu bihuta, yaciye abaha ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa? Mu bisanzwe ntiyahora atanga ako gapapuro k’inkuru nziza ariko aramamaza kw’ibarabara, mugabo ni ko konyene yari asigaranye. Mu nyuma, abo bagabo babiri baregereye uwundi mushiki wacu maze bamubwira ko hari uwabahaye agapapuro k’inkuru nziza igihe bariko baja kuraba incuti yabo yari iremvye. Bahora baharira nimba umuntu afise umutima w’ubwenge ubandanya kubaho iyo apfuye, ako gapapuro k’inkuru nziza kakaba karabaronkeje inyishu. Bavuze ko kabafashije cane.
IKETE RYANDIKIWE YEHOVA. Joshua ni akana k’imyaka indwi kiga muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Muri Kigarama, we n’abo bigana umwigisha wabo yabasavye kwandikira ikete Père Noël. Igihe ka Joshua kankira uwo mwigisha kabigiranye urupfasoni, yaciye akabwira ati: “Andikira uwundi ushaka.” Kaciye gahitamwo kwandikira Yehova. Joshua yanditse ati: “Ndagukengurukiye kubona waradusezeraniye Iparadizo. Ndagukengurukiye kubona waratumye Umwana wawe ari we Yezu atanga ubuzima bwiwe. Ndagukengurukiye kubona wararemye ibintu bituryohera. Ndagukunda, Yehova Mana.” Iryo kete, hamwe n’ayandi abandi banyeshure bari banditse, ryarasohowe mu kinyamakuru co muri ako karere.
INCUTI ZAKIRA INKURU NZIZA. Umuvukanyi yitwa Alejandro wo muri Kolombiya yaripfuza kubwira inkuru nziza incuti ziwe. Kubera baba kure yiwe, yarabandikira akongera akabarungikira ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe incuti yiwe Pablo yasoma ivyo binyamakuru akongera akaraba n’ivyanditswe muri Bibiliya, yaciye atahura ko inyigisho zo muri Gatolika zitari zo. Kubera ko ayo makuru yari yasomye yamuhimbaye, yaciye ayabwira abandi bo mu muryango wiwe, na bo nyene barabona ko ari ukuri baca barava muri Gatolika.
Budakeye na kabiri, abantu 15 bo mu ncuti ziwe baratanguye kuza barahurira hamwe buri mugoroba kugira bige Bibiliya bifashishije ivyo binyamakuru. Kubera ko bipfuza kumenya n’ibindi, bararondeye Ivyabona mu bisagara vyo hafi y’iwabo, ariko ntibababona. Muri ico gihe, baratanguye kubwira ababanyi babo ivyo bari bize. Bahavuye bamenya ko hariho Ingoro y’Ubwami mu gisagara cari ahantu umuntu yagenda isaha n’imodoka. Baciye ubwo nyene bajayo maze basaba abavukanyi ngo babafashe.
Ubu hari umutsimvyi asanzwe yama aja iwabo rimwe mu ndwi akayobora inyigisho ya Bibiliya ari kumwe n’abantu 26 bagizwe n’abo mu muryango wa Alejandro be n’abandi 11 bashimishijwe. Barakotesha imodoka kugira ngo benshi muri bo bashobore kwitaba Insiguro y’icese be n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi.
NONE UBWO BARI BAGIYE KU MUHANA UTARI WO? Igihe kimwe, hari mushiki wacu yari arwaye maze asaba Ivyabona bagenzi we ngo baje kumuyoborera inyigisho yiwe ya Bibiliya mu karere ko mu gihugu hagati muri Équateur, abantu baho bavuga igikecuwa. Abo bavukanyi ntibari bazi neza aho uwo muryango waba ariko bararamukije ku muhana umwe kugira ngo babaze niba kuri uwo muhana hari umuntu yiga Bibiliya. Uwo muryango warahaye ikaze abo bavukanyi n’igishika cinshi, nk’aho umenga bari babiteze. Inyigisho irangiye ni ho abo bavukanyi bagiye kumenya ko uwo muryango utari bwigere wiga Bibiliya! Abo bavukanyi bahavuye batahura ko abagize uwo muryango bari bahimbawe gusa no kwiga Bibiliya, maze bigira nk’abari basanzwe bagirirwa iyo nyigisho. Ubu hari inyigisho nshasha ya Bibiliya iyoborwa muri uwo muryango, kandi na ba bantu wa mushiki wacu yatuma ba bavukanyi kurondera ariko uwo musi ntibababone na bo nyene barabandanya kwiga.
IGATO ITUMA ABWIRWA INKURU NZIZA. Caleb ni umwana wo muri Kanada afise imyaka itandatu. Igihe yatangura kuja kw’ishure, umwe mu bo bigana yari aramutse ahimbaza umusi w’ivuka ryiwe. Natalie nyina w’uwo mwana yaciye azanira abana bo muri iryo shure utugato. Caleb yaranse kwakira iyo gato abigiranye urupfasoni. Natalie yaciye rero yegera Caleb amubaza niba mwene utwo tugato tumumerera nabi. Caleb yishuye ati: “Oya, jewe nsenga Yehova.”
Batashe, Natalie yaregereye nyina wa Caleb maze amubaza ati: “Uri Icabona ca Yehova?” Natalie yarahimbawe cane aho amubwiriye ko ari Icabona. Yari yariganye n’Ivyabona akiri umuyabaga, ariko kubera yarwanijwe cane n’abo mu muryango wiwe, yaciye abihagarika. Natalie yaremeye igihe nyina wa Caleb yamubaza niba yoshima gusubira kwiga.
SI IMANA YABISHATSE. Umwigeme yitwa Laly wo muri Peru yavutse ari igipfamatwi. Igihe yabaza nyina wiwe igituma, yaciye amubwira ko Imana ari yo yabishatse. Ivyo vyarababaje Laly bituma kandi ashavurira Imana. Yaguma yibaza ati: ‘Kubera iki yangiriye nabi gutya?’
Haciye igihe, Laly yarubakanye n’umusore w’igipfamatwi. Imfura yabo yavukanye indwara ifatira mu tugingo ngengakamere yitwa trisomie 21. Kubera ko ivyo vyari bimuraje ishinga kandi bimubabaje, yarongeye kubaza nyina wiwe ati: “Kubera iki umwana wanje yavutse ameze uku?” Nyina wiwe yaciye amurungika kwa patiri. Uwo mupatiri yamuhaye inyishu nk’iyo nyina wiwe yari yaramuhaye ati: “Imana ni yo yabishatse.”
N’ukudundumirwa n’akantu, Laly yaciye asubizayo ati: “Kubera iki Imana ari ruburakigongwe bigeze hiyo? Ndemera ko ndi igipfamatwi kandi ko ico ari igihano Imana yampaye, ariko none kubera iki yahanye n’umwana wanje? We yaravutse gusa. None icaha yakoze ni ikihe?” Kuva ico gihe, ntiyashaka kwumva ikintu na kimwe cerekeye Imana kandi yaciye aheba no kuja mu misa.
Haheze imyaka mikeyi, hari Icabona ca Yehova azi ururimi rw’ibimenyetso yagendeye Laly maze amubaza niba yoshima kwiga Bibiliya. Yaranse kandi amubwira ko atemera Imana. Uwo mushiki wacu abigiranye ukwihangana, yaramusiguriye yuko iyo Mana adashaka kumenya yitwa Yehova be n’uko iyo Mana yipfuza kumuronsa akaryo kazotuma ashobora kuvuga no kwumva. Laly yaranse kuvyemera, amusaba ikivyemeza. Uwo mushiki wacu yaciye amusomera muri Yesaya 35:5, ahagira hati: “Amaso y’impumyi azohumuka, kandi amatwi y’ibipfamatwi azozibuka.” Ivyo vyaratangaje cane Laly, aca aremera kwiga Bibiliya maze aratera imbere gushika arabatizwa. Araja ku makoraniro yose ari kumwe na wa mwana wiwe, uno akaba yarize ururimi rw’ibimenyetso. Aguma arushiriza guha agaciro imihango Bibiliya itanga, kandi ubu ni umutsimvyi asanzwe.
AZIYA N’IBIHUGU VY’ABARABU
IBIHUGU 47
ABANYAGIHUGU 4.194.127.075
ABAMAMAJI 664.650
INYIGISHO ZA BIBILIYA 629.729
IBIBAZO BIBIRI BATASHOBOYE KWISHURA. Mu gihugu kimwe co muri Aziya aho igikorwa cacu kibujijwe, hari umusore w’imyaka 24 yemeye kwiga Bibiliya kugira ngo yerekane ko inyigisho z’Ivyabona zitari zo be n’uko iz’Abagatolika ari zo z’ukuri. Ariko rero, ntiyatevye gutahura ko Ivyabona vya Yehova bigisha ukuri.
Igihe abo mu muryango wiwe bamenya ko ariko yiga Bibiliya, baciye bamurengutsa mu nama y’umuryango maze bamutegeka gusubira muri Gatolika. Kubera ko uwo musore yanse, umuryango wiwe waciye ukoranya incuti zose zo muri ako kagwati kugira ngo bamuhebeshe ku nguvu iryo dini rishasha. Naho bamukubise, yaranse guteshwa ngo ate. Umuryango wiwe waciye umurega kwa patiri, na we aca aramurengutsa imbere y’inama ya paruwasi. Uwo musore yabwiye abagize iyo nama ko yogarutse mu misa patiri aramutse amwishuye ibi bibazo bibiri: Izina ry’Imana ni irihe? Ni kubera iki Gatolika ireka abakirisu bayo bakarya amaraso kandi Bibiliya ibibuza? Nta kibazo na kimwe muri ivyo uwo mupatiri yashoboye kwishura, maze aca akubita ikofe uwo musore, ngo kugira “amukuremwo idayimoni yari imurimwo,” nk’uko uwo mupatiri yavyivugiye. Iyo nama yaciye irangirira ng’aho.
Inyuma y’ivyo, umuryango w’uwo musore waciye ukoranya abagenzi babo bose kugira bamuhate ku nguvu ngo apfukame imbere y’igishusho ca Mariya. Naho bongeye kumukubita, yaranse kubigira. Ivyo biheze, uwo muryango waciye urondera inkumi isa n’irirenga kugira ngo imubwire ko yokwemera gutwarwa na we aramutse asubiye muri Gatolika. Uwo musore yamubwiye ko yosubira muri Gatolika aramutse amwishuye vya bibazo bibiri yabaza wa mupatiri. Iyo nkumi yaciye igenda kandi ntiyagarutse. Amaherezo, inyuma y’amezi indwi yamaze ariko araca muri izo ngorane, uwo musore yahavuye ahunga arava muri ico kigwati asubira mu gisagara yari yarahuriyemwo n’abavukanyi. Haciye ukwezi kumwe, yarabaye umwamamaji atarabatizwa. Yabatijwe muri Ntwarante 2011 kw’iteraniro ry’umuzunguruko.
UMUKURU W’IBOHERO ABURANIRA MUSHIKI WACU. Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi asanzwe yari yagiye kuraba umuhungu wiwe yari apfunzwe azira kutagira aho ahengamiye kwa gikirisu muri Koreya y’Epfo. Akiri aho barindirira, yarahaye agapapuro k’inkuru nziza umugabo umwe yari yicaye iruhande yiwe. Uwo mugabo yaciye amukankamira ati: “Mwa bantu bo mw’idini ry’ikinyoma mwe, kubera iki mwamamaza no ng’aha?” Uwo mugabo yarakankamye ku buryo abantu 30 canke 40 bari ng’aho bavyumvise. Umukuru w’ibohero yaciye akarira uwo mugabo ati: “Aba bari mw’idini ry’ukuri. Ayandi madini yose ni ay’ikinyoma. Mu myaka myinshi maze nkorera muri iri bohero, narihweje aba bantu, nsanga ni bo bonyene bashira mu ngiro ivyo bigishwa.” Uwo mugabo w’inkazi bwaciye bupfuka umunwa.
INDOME KU RUHOME. Igihe Harindra yatangura kwiga Bibiliya, yari amaze imyaka cumi yibana kuko yari yagiye gukorera mu gisagara kinini muri Népal kugira ngo aronke ibitunga umuryango wiwe wari wasigaye mu kigwati babamwo. Kubera ko uwo mugabo atari azi gusoma no kwandika, Icabona yamwigisha Bibiliya yakoresha ka gatabu Kuba kw’isi ibihe bidahera mu gahimbare! Kubera ko ico gihe ako gatabu kataboneka mu kinepale, bakoresha ak’icongereza. Umusi umwe, umugore w’uwo mugabo yaraje kumuraba muri ico gisagara avuye ku gatumba. Yaratangaye abonye umugabo wiwe ariko ariga mu gatabu k’icongereza. Vyongeye, yari yarahevye kunywa kandi ntiyari akimukubita. Aho amenyeye ko Harindra yahindutse kubera yariko ariga Bibiliya, na we nyene asubiye muhira yaciye atangura kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro. Kubera ko Harindra yipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova, yaciye afata ingingo yo kwiga gusoma no kwandika. Yarasavye uwamwigisha Bibiliya kuza aramwandikira indome z’ikinepale ku dupapuro, maze agaca aza aratumadika ku mpome z’icumba yabamwo gushika naho zose zuzura. Muri ico gihe yaza arimenyereza gusoma indome zose be n’amajambo yose uwo muvukanyi yaza aramwandikira gushika naho ateba akamenya gusoma. Mu nyuma, yaratunganije ivy’uko umuryango wiwe uza kubana na we muri ico gisagara kugira ngo bose basenge Yehova bari kumwe. Mu myaka ibiri yari abatijwe. Ubu Harindra n’umuryango wiwe baritaba amakoraniro bari kumwe, kandi arashikiriza ibigabu vyo gusoma Bibiliya mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Avuga ati: “Ubuzima bwacu bwarahindutse cane kubera inyigisho iva kuri Yehova.”
YANKA KWAKIRA AMADOLARI 200.000. Uwitwa Zarkhanum wo muri Azerbayijani yari umupfumukazi katwa. Hari haciye imyaka 15 azwi ko afise ubushobozi nsigabwenge bwo kumenya ibintu be n’ubwo kuvuga ibizoba. Vyongeye, abantu baremera ko ashoboye kurogora no kuvura. Zarkhanum yari azwi cane, kandi benshi mu bakiriya biwe bari abategetsi bo hejuru n’abagore babo, bakaba bamuha amadolari ari hagati ya 2.000 na 4.000 (nk’amarundi ari hagati ya 2.600.000 na 5.200.000) uko baje iwe. Ivyo vyatumye atunga cane. Naho yari afise ubwo bushobozi, yarumva ko adafitaniye ubucuti n’Imana, kandi yari afise ibibazo vyinshi vyamutesha umutwe. Umubano wiwe warasambutse, kandi yabona ko ubuzima bwiwe butagira intumbero. Umusi umwe, igihe yariko arabwira Imana ingorane ziwe n’ukwihebura n’akantu, yagiye yumva umuntu adodoye. Yaruguruye, maze bashiki bacu babiri baca batangura kumubwira inkuru nziza. Zarkhanum yarakozwe ku mutima no kwumva bavuga ibijanye no guhimbara Imana atari mu mvugo gusa ariko no mu ngiro. Yari azi abantu benshi bo mu madini bakora ibintu bidahuye n’ivyo Imana igomba. Yari azi kandi ko kuba umupfumu ari icaha. Yaremeye kwiga Bibiliya. Yahavuye atangura kuza arasenga akoresheje izina rya Yehova kandi yarabona ukuntu Yehova yishura amasengesho yiwe. Yamara, ntivyamworoheye guheba ubupfumu, kuko amadayimoni yaguma amuturubika mbere akanamukubita. Amaherezo, abifashijwemwo na Yehova, yaravavanuye n’amadayimoni maze araturira ibintu vyinshi yari afise bifitaniye isano n’ivy’ubupfumu be n’idini ry’ikinyoma.
Zarkhanum ntiyatevye kuba umwamamaji w’inkuru nziza w’umunyamwete maze abatizwa muri Rusama 2011. Akimara kubatizwa, yaciye asaba gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Nta ngorane yari afise yo gushikana amasaha asabwa kuko n’imbere y’uko abatizwa yakora amasaha arenga 70, naho yari magara make. Hasigaye amezi abiri ngo abatizwe, hari umugore w’umutegetsi yamuzaniye amadolari y’Abanyamerika 200.000 (nk’amarundi 260.000.000) kugira amuvure ibirozi. Uwo mugore yibaza ko ivyo birozi ari vyo vyatumye arwara indwara yatumye bamuca ukuguru. Zarkhanum yaranse, ahubwo aca asaba Ivyabona babiri ngo baje kubwira uwo mugore inkuru nziza aho yari arwariye mu bitaro. Uwo mushiki wacu w’umunyamwete yaguma abwira inkuru nziza abahoze ari abakiriya biwe, akababwira ko ivyo yahora akora vyari bibi mu nyonga z’Imana. Ivyo vyatumye umwe muri bo, uwari yaratumye wa mugore w’umutegetsi amenya Zarkhanum, yemera kwiga Bibiliya aratangura no kwitaba amakoraniro.
KWAMAMAZA MW’IBOHERO. Mu Buhindi, hari bashiki bacu babiri bafashwe bahowe ko bariko baramamaza maze bacirwa umunyororo w’imisi itanu. Umwe muri bo avuga ati: “Tugishika mu gasho, abapolisi baratubajije igituma twari twafashwe, duca tuboneraho akaryo ko kubabwira inkuru nziza. Kubera ko igihe twajanwa ku gipolisi twari mu ndimiro, twari dufise ibinyamakuru vyinshi be n’udupapuro tw’inkuru nziza twinshi. Twarabwiye inkuru nziza abari ng’aho bose twongera turatanga ibisohokayandikiro bitari bike. Twararemeshanya, tugasengera hamwe, tukongera tugasoma ibisohokayandikiro twari dufise.
“Mu nyuma twarimuriwe mu rindi bohero ryo muri ico gisagara. Tugishikayo, abandi banyororo baratubajije igituma tuzanywe ng’aho. Twaciye tuboneraho akaryo ko kubabwira ivyo twariko turamamaza igihe twafatwa twongera turidondora ko turi Ivyabona vya Yehova. Umukenyezi yagaba abandi banyororo yarumvise ivyo twariko turavuga aca atubwira ati: ‘Mwebwe mwapfunzwe muzira kwamamaza hanze y’ibohero, none ehe raba ubu na ho muriko mwamamaza indani mw’ibohero!’” Ubu abo bashiki bacu baratunganya ivyo gusubira kugendera abanyororo bagaragaje ko bashimishwa n’ukuri.
UMUPOLISI YARIBONEYE KO BAKUNDANA. I Betelehemu hari bashiki bacu babiri bagira batangure kwamamaza mu tuduka tumwetumwe. Bagiye babona abakenyezi babiri babatuyeko amaguru maze n’umunezero mwinshi babaza abo bashiki bacu mu gisupanyoli ko ari Ivyabona vya Yehova. Abo bakenyezi bari Ivyabona bo muri Megizike bari baje kugendera igihugu ca Israyeli, bakaba bari kumwe n’umuntu ajejwe gutembereza ingenzi, maze baca baramenya ibisohokayandikiro abo bashiki bacu bari bafise. Uko ari bane baciye barwana mu nda, barasomana, barifotozanya bongera barahana aderese. Inyuma y’ivyo, abo bashiki bacu bo muri Megizike baciye babandanya gutembera, abo bashiki bacu bo ng’aho na bo baca babandanya kwamamaza muri twa tuduka.
Haheze amasaha makeyi, hari umupolisi yegereye abo bashiki bacu bariko baramamaza maze ababaza niba ari Abanyespanye. Abo bashiki bacu bamwishuye ko atari bo. Uwo mupolisi yaciye ababwira ko yababonye igihe babonana uko bari bane aca yibaza ko bari basanzwe ari abagenzi canke ko ari incuti. Abo bashiki bacu baramusiguriye ko bose ari Ivyabona vya Yehova kandi ko naho Ivyabona vya Yehova boba bava mu bihugu bitandukanye canke bakaba batari bwigere babonana, bumva ko bagize umuryango umwe kubera bakundana. Uwo mupolisi yarakozwe ku mutima cane ku buryo yakiriye ibisohokayandikiro yongera arababaza ukuntu yomenya vyinshi ku bijanye n’iryo dini. Baravuganye ukuntu bosubira kubonana.
“SIMBURA N’UMWE.” Yusuke ni umutsimvyi akiri muto wo mu mugwi ukoresha ururimi rw’icongereza mu Buyapani. Umusi umwe yaramenye ko bukeye bw’aho hari ubwato amahanga buzanye ingenzi zivuye mu bihugu vyinshi bwoshitse ku kivuko c’i Nagasaki. Yaciye rero avyuka kare naho hariko haragwa imvura nyinshi maze afata urugendo rw’amasaha abiri n’imodoka aja kuri nya kivuko. Igihe yari ahagaze wenyene kuri ico kivuko muri iyo mvura, ingenzi nyinshi zururuka ubwato zaca zibaza ko ari uwuyobora ingenzi, zigaca zimwegera. Ivyo vyatumye Yusuke atanga ibinyamakuru 70 n’udutabu 50 mu ndimi nyinshi mu kiringo c’iminuta 30.
Yaciye asubira ku modoka yiwe atora ibindi bisohokayandikiro, hanyuma agarutse aca abona umusore umwe w’ingenzi ahagaze wenyene. Igihe Yusuke yamwegera, uno yaciye amubaza mu congereza ati: “Woba uri Icabona ca Yehova?” Yusuke amubwiye ko ari we, uwo musore yaciye atangura kurira asevagura. Yusuke yaciye amujana ahantu bashobora kuganirira.
Uwo musore yitwa Jason akaba yari afise imyaka 21. Yasiguye ko abavyeyi biwe ari Ivyabona vya Yehova b’abanyamwete kandi ko yabaye umwamamaji atarabatizwa mu myaka yiwe ya nyuma y’ubuyabaga. Ico gihe hari haciye nk’amezi atandatu aretse kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova akaba rero yari yafashe ubwo bwato kugira ngo aje kwitemberera mu bihugu vyo muri Aziya, yibaza ko aho muri Aziya ata bo yohasanze. Ariko kubera ko yagize ingorane y’umushishito, ntiyashoboye kuva muri ubwo bwato igihe bashika muri Tayilande, muri Vietnam no muri Tayiwani. Mu Buyapani ni ho hantu yatanguriye kuva muri ubwo bwato, kandi umuntu wa mbere bavuganye yari Icabona ca Yehova! Ubwo nyene Jason yaciye yibwira ati: ‘Nta na hamwe nshobora guhungira Yehova,’ akaba ari co gituma yari yaciye arira.
Bari aho hantu, Yusuke yaraganiriye na Jason ingingo zimwezimwe zo mu gitabu “Urukundo rw’Imana” kugira ngo amukure amazinda ko Yehova akimukunda. Yusuke yaringize Jason ngo ntarote aheba ishirahamwe. Ikibabaje ni uko bamaranye umwanya muto. Bwa bwato Jason yarimwo bwarahagurutse kuri uwo musi nyene ku mugoroba bugana i Inchon muri Koreya y’Epfo, aho Jason yari yategekanije kumara imisi itari mike ariko arisamaza.
Yusuke yaribajije ikindi kintu yokora kugira ngo afashe Jason maze aca aribuka umuvukanyi bari barahuriye kw’ihwaniro mpuzamakungu muri Koreya y’Epfo. Uwo muvukanyi yaravuga icongereza kandi yaba i Inchon. Yusuke yaciye amuterefona muri iryo joro nyene, ariko Jason we ntiyari azi ivyariko biraba. Jason yururutse ubwato bukeye, yagiye abona icapa kinini gifiswe n’Ivyabona batanu bariko baramwenyura canditseko ngo “Jason, urahawe ikaze muri Koreya!” Jason yaciye ahagarika ivyo kuja kwisamaza maze aca agumana n’abo bavukanyi. Yarakozwe ku mutima cane igihe yabwirwa ibijanye n’ugupfungwa kw’abavukanyi bo mu runganwe rwiwe bazira ukwizera kwabo. Ico gihe nyene yaritavye n’Icibutso.
Jason yarasubiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, arasubira kuba umwamamaji w’umunyamwete yongera arasaba abakurambere ko yoza ariga kane mu ndwi. Yarahejeje kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha be n’igitabu “Urukundo rw’Imana” yongera arakwiza ibisabwa vyo kubatizwa. Yabatijwe haheze imisi 107 kuva aho abonaniye na Yusuke ari bwo bwa mbere. Mu kwezi kwakurikiye yaciye akora ubutsimvyi bwo gufasha.
Yusuke aribuka ko muri iyo mbeho n’imvura vyo mu gatondo yumva ko ategerezwa kuja i Nagasaki, naho atari afise uwo bajana. Yibwiye ati: “Ivyo ari vyo vyose, simbura n’umwe anyumviriza.”
UBURAYA
IBIHUGU 47
ABANYAGIHUGU 736.505.919
ABAMAMAJI 1.589.052
INYIGISHO ZA BIBILIYA 843.405
BARUBUYE IKINTU KIDASANZWE KOKO. Umugore yitwa Ani wo muri Bilgariya yaragiye gukorera mu Buholande mu kiringo c’amezi makeyi. Umusi umwe, kubera ko yari yacitse intege, yarahagaze gatoyi iruhande y’ibarabara maze asenga Imana ayisaba ko yomurungikira abakuru bo mw’idini yasengamwo. Igihe yariko arasenga, bashiki bacu babiri bariko bararengana barahagaze kugira bamubwire inkuru nziza. Ani yaciye abona ko isengesho ryiwe ryishuwe, aca arabumviriza yongera aratangura kwitaba amakoraniro. Naho Ani atashobora gutahura ivyavugwa ku makoraniro, yariboneye ko Ivyabona bakundana. Ivyo vyari bitandukanye n’ukwicamwo ibice kwarangwa mw’idini yarimwo muri Bilgariya, akaba yaciye ajijuka ko yari yubuye ikintu kidasanzwe koko. Igihe yasubira muri Bilgariya, mushiki wacu yamwigisha Bibiliya mu Buholande yaciye afata ingingo yo kumuherekeza kugira ngo amufashe kurondera Ivyabona i Sofia. Ico ni ikindi kintu cakoze ku mutima Ani, ku buryo yaciye abona ko yubuye idini ry’ukuri.
Budakeye na kabiri Ani n’umugabo wiwe Ivo baratanguye kwigira hamwe Bibiliya no kwitaba amakoraniro. Uko inyigisho yaguma itera imbere, ni ko abandi bantu baguma baza kwumviriza. Hari umugabo umwe yitwa Assen yari umupasitori mw’idini rimwe yaje kwa Ani na Ivo kugira yerekane ko inyigisho z’Ivyabona vya Yehova zitari zo, ariko ntiyatevye kubona ko atari ukwo biri. Yarabajije ibibazo bikomeye vyo muri Bibiliya. Baciye bamubaza niba yoshima kwiga Bibiliya, na we aca aremera kwiga ari kumwe n’umuryango wiwe. Assen yarabandanije kwigisha muri rya dini yarimwo mu kiringo kinaka, ariko ico gihe hoho akaba yigisha ukuri yiga mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Budakeye na kabiri umudiyakoni wo muri iryo dini yitwa Dencho, yaripfuje kwiga Bibiliya. Mu misi mikeyi, iyindi miryango itatu yo muri iryo dini na yo nyene yari imaze gutangura kwiga Bibiliya. Kubera ko benshi mu bari muri iryo dini bariko bariga n’Ivyabona vya Yehova, baciye bahitamwo kudasubira kuja gusengera muri iryo dini maze baca batangura kwitaba amakoraniro y’ishengero. Dencho yarabaye umwamamaji yongera arigisha Bibiliya abatari bake mu bagenzi biwe. Ukuba Ani yarabonanye n’Ivyabona mu Buholande, vyaratumye abantu nka 30 batangura kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro.
YAPFUYE GUSOMA IVYANDITSWE BIJANYE N’UMUBANO W’ABABIRANYE. Umuvukanyi umwe n’umukenyezi wiwe bo muri République tchèque barayoborera inyigisho ya Bibiliya umugabo n’umugore baturuka muri Mongoliya, iyo na yo ikaba yabera ku Ngoro y’Ubwami. Naho uwo muvukanyi n’umukenyezi wiwe ata ko batagira kugira ngo bige ikimongoliya, vyarabagora kuyaga neza n’abo bantu kubera ingorane y’ururimi. Naho vyari ukwo, vyaraboneka ko uwo mugabo n’umugore b’Abanyamongoliya baheruka kwubakana bakira ukuri kwo muri Bibiliya babigiranye ukwicisha bugufi n’ukwihangana. Umusi umwe ku mugoroba, uwo mugore akiri muto yaraje ku makoraniro atari kumwe n’umugabo wiwe. Yavuze yuko afise umugambi wo kuvana n’umugabo wiwe kubera ko batumvikana. Mu mwanya mutoyi, uwo mugabo na we yaciye ashika, ariko ntiyigeze araba umugore wiwe. Vyaraboneka ko ibintu vyari bikomeye. Wa muvukanyi yaciye ajana uwo mugabo mu cumba c’ububiko bw’ibitabo co ku Ngoro y’Ubwami kugira baganire ivy’ico kibazo. Ariko kubera ko uwo muvukanyi ikimongoliya camugora, ntiyashoboye gutahura neza ingorane uwo mugabo n’umugore bari bafitaniye, akaba rero atari gushobora kubaha impanuro zidomako. Yaciye ahitamwo gupfa gusomera uwo mugabo ivyanditswe. Yaramusomeye ivyanditswe vyose yibuka bivuga ibijanye n’umubano w’ababiranye be n’uguseruranira akari ku mutima. Bisa n’uko uwo mugabo akiri muto yakozwe ku mutima n’ivyo vyanditswe vyose. Ubwo nyene yaciye ava muri ca cumba, agenda ariruka no kuri wa mugore wiwe, hanyuma aramusoma. Bariko barava ku ngoro, uwo mugabo yagumye yinginga umugore wiwe ngo amutwaze agasakoshi kiwe, kubera ko yari yigishijwe ko akwiye kumufasha.
Bukeye bw’aho, ubaravye warabona ko basubiye gukundana kandi baravuga bahimbawe ukuntu bakengurukira cane Yehova be n’ukuntu bakenguruka impanuro ziranga ubukerebutsi zo mu Vyanditswe baronse zijanye n’umubano w’ababiranye. Mu nyuma, barasubiye muri Mongoliya kugira ngo bitwararike abana babo babiri. Uwo muryango ubu uba mu gisagara ata shengero ririho. Uwo mugore yahavuye abatizwa, kandi umugabo wiwe ariko aratera imbere agana ku kubatizwa.
“KUBERA IKI YAGIYE?” Umutsimvyi asanzwe yitwa Olha yarabwiye inkuru nziza umushoferi w’ikamyo yazana ibifungurwa mu karere iwabo muri Ukraine. Yamubajije ati: “Hoba hari umuntu n’umwe twokwizigira?”
Nya mushoferi yishuye ati: “Nta n’umwe. Umugore yarantaye agenda ajanye agahungu kacu k’imyaka ibiri. None ikindi kintu yashaka ni igiki, ko nama nkora ngatama buri musi ari we ndonderera? Yansavye impeta, ndamuha! Ansaba ibirato, ndamuha! Ati umugufu na wo, nti ng’uwo. Ivyanje vyose vyari rwiwe, none kubera iki yagiye?”
Abigiranye umutima mwiza, uwo mushiki wacu yarabajije uwo mugabo umwanya yoba yaramarana n’uwo mugore wiwe be n’uwo mwana wabo. Yavuze ati: “Nari gushobora gute kumarana na bo umwanya kandi ntegerezwa gukora gushika mu gicugu? Isaha cumi zo mu gitondo na ho mba nsubiye ku kazi. Washaka no ku misi y’impera y’umushamvu ndakora.”
Olha yaramweretse Be maso! (mu gifaransa) yo muri Gitugutu 2009 irimwo urukurikirane rw’ibiganiro bidasanzwe bivuga ngo “Clés du bonheur familial.” (Ibintu vyotuma uronka agahimbare mu rugo) Yaramweretse ikintu ca mbere kivuga ngo “Les priorités.” (Ibikwiye kuja imbere y’ibindi) Bahejeje kurimburira hamwe ico kiganiro, nya mugabo bisa n’uko yakozwe ku mutima maze aca avuga ati: “Nahora nibaza ko amahera ari co kintu nyamukuru gituma haba agahimbare mu rugo kandi ko ibindi bintu vyose bidahambaye. Ubu ndabonye ko amahera atari yo ahambaye. Ndabonye ico mpajije be n’ico umugore wanje akeneye.”
Haciye indwi imwe, Olha yarasubiye guhura na wa mushoferi, na we aramubwira ko yari yasomye ca kinyamakuru, arazirikana cane ku vyo kivuga, yongera aragira ibintu vyinshi ahinduye. Yari yaraterefonye umugore wiwe, barasubiza hamwe. Olha yaciye amuha ca gitabu Agahimbare mu Rugo. Mu ndwi yakurikiye, Olha yarasubiye kubona ya kamyo, mugabo asanga iriko itwarwa n’uwundi mushoferi. Uwo wundi mushoferi yamubwiye ko umushoferi yahora ayitwara yari yahevye ako kazi kandi ko we hamwe n’umuryango wiwe bari bimukiye mu kandi karere. Ariko yari yasigiye Olha ubu butumwa: “Nshaka gushimira wewe Olha n’Imana yawe Yehova kubera ko mwamfashije kugarukira umuryango wanje. Ninasubira kubona Ivyabona vya Yehova, nzoca nguma nganira na bo.”
YASHAKA IKIMENYETSO KIVUYE KU MANA. Hari umusore umwe wo muri Letoniya hari haheze imyaka nka 15 ashimishijwe n’ukuri igihe Ivyabona bamubwira inkuru nziza. Yariga Bibiliya rimwerimwe, ariko ntiyabona neza ko Bibiliya yoshobora kumufasha kumenya Imana, kuko yabona ko ari igitabu nk’ibindi. Yari yiteze ko Imana yo ubwayo yomwihishurira, kumbure ikabigira mu buryo budasanzwe busiga ubwenge. Yaciye rero ahagarika kwiga Bibiliya maze mu nyuma ntiyasubira kubonana n’Ivyabona. Haheze imyaka nk’ingahe, igihe yari mu ngorane z’urutavanako, yarasenze Imana ngo imufashe. N’ico gihe nyene nta gitangaro na kimwe yabonye, mugabo aravye hanze acishije mw’idirisha yarabonye bashiki bacu babiri bari mu ndimiro. Haheze indwi nka zingahe yarasubiye gusenga, maze aca abona arabiye mw’idirisha ba bashiki bacu nyene basubiye kurengana. Igihe yariko arasenga haciye indwi imwe, yarongeye kubona ba bashiki bacu ubugira gatatu barenganye bari mu ndimiro. Yaciye rero yibwira ati: “Iki gitegerezwa kuba ari ikimenyetso kivuye ku Mana!” Yaciye agenda ariruka hanze maze abwira abo bashiki bacu, bano bakaba bari batangaye, yuko yipfuza gusubira kugirirwa inyigisho ya Bibiliya hari haciye imyaka itari mike ahagaritse. Amaherezo, yarashoboye gutorera umuti za ngorane ziwe yongera ariyegereza Imana. Uti gute? Yafashijwe na Bibiliya! Yabatijwe kw’ihwaniro ry’intara ryo mu 2010.
MBERE N’ABANA BATOYI BARATEGERA. Muri Danemarke, hariho imvugo bakoresha isigura yuko n’abana bashobora kugira ivyo bategereye. Haraciye nk’imyaka 16 mushiki wacu umwe wo muri Danemarke yiganye Bibiliya n’umugore yari afise abana batatu. Abo bana bose barakunda kuzanana na nyina wabo kuri iyo nyigisho, iyabera aho uwo mushiki wacu n’umugabo wiwe baba. Uwo mugore yahagaritse kwiga Bibiliya igihe umwana wiwe mutoyi yitwa Ronnie yari afise imyaka umunani. Ronnie yaragize ingorane nyinshi mw’ikura ryiwe. Ariko rero umusi umwe mu 2008, afise imyaka 22, yarabonye ibinyamakuru vyacu mu nzu kwa nyina wiwe, ubwo nyene aca yumva ashatse kuja kuraba Ivyabona bigana na we Bibiliya igihe yari akiri umwana mutoyi. Haciye iminuta 15, yaravugije agakengeri ko ku rugi k’aho uwo mugabo n’umugore b’Ivyabona baba, maze aho uwo muvukanyi yugururiye umuryango, Ronnie yaciye yirasa mu nzu. Haraciye akanya uwo muvukanyi ataramumenya, ariko bamaze kwibukana bose barahimbawe n’uko basubiye kubonana. Ronnie yarakiriye igitabu Ivyo Bibiliya yigisha yongera aremera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, kandi iyo nyigisho yagenda neza. Kubera ko Ronnie yakunda cane udukino two kuri orodinateri dutwenza twarimwo ivy’amareba n’ivy’ubukazi, akenshi wasanga mwene ivyo bintu biza biragaruka mu biganiro vyiwe. Ariko ivyo Vyabona baramweretse ko tudakwiye kwishimikiza ibikino kugira dutahure ibintu vy’impwemu. Ronnie yarabitahuye maze ababwira ati: “Ndabinginze muzoce mumbuza igihe ntanguye kuvuga ibintu bitagira umutwe n’amaguru!” Kuva ico gihe, yaragize iterambere rishimishije. Uwo musore, uwari yatanguye kwumva ukuri akiri umwana mutoyi igihe nyina wiwe yariko ariga Bibiliya, ubu ni umwamamaji atarabatizwa.
YARAREMESHEJWE N’IVYANDITSWE. Kw’itongo rimwe ry’abapfuye ryo mu Bwongereza, hari umuvukanyi umwe yabonye umugabo yari apfukamye ku mva ariko ararira. Uwo muvukanyi yaramubajije nimba yokwicara iruhande yiwe. Alf, ukwo akaba ari kwo uwo mugabo yitwa, yaremeye. Alf yasiguye ati: “Umukobwa wanje aheruka gupfa. Yari afise imyaka 42 gusa. Ubu umugore wanje n’umukobwa wanje bompi aha ni ho bahamvye.” Yari yasavye muri leta uwoza kumuremesha ariko bamubwira ko ategerezwa kurindira amezi atatu. Alf yavuze ati: “Ndi umudandaza atunze cane, kandi ndafise ibidandazwa vyinshi, ariko ivyo vyose nta co bimariye ntari kumwe n’umuryango wanje. Nokwemera kubitanga vyose kugira bagaruke.” Alf yavuze ko yizera Imana, akubaha Bibiliya kandi akaja mu misa, ariko ntiyari bwaronke inyishu zimara akanyota z’ibibazo yari afise. Igihe yasaba indemesho aho yasenga, yabwiwe kwatsa ibuji canke kwandika ingorane afise maze agaca azimanika ku giti. Yabishuye ashavuye ati: “Sinoronka aho nkwiza ivyo numva nokwandika.” Uwo muvukanyi yararemesheje Alf akoresheje Ivyanditswe. Ubu Alf ariga Bibiliya.
OSEYANIYA
IBIHUGU 29
ABANYAGIHUGU 38.162.658
ABAMAMAJI 94.309
INYIGISHO ZA BIBILIYA 58.465
BARASAVYE UMUGABO UMWE KWIFATANYA NA BO. Umuvukanyi umwe wo muri Nouvelle Zélande avuga yuko igihe yari ajanye umukenyezi wiwe ku mugore akiri muto yagirira inyigisho ya Bibiliya, we hamwe n’uwo mukenyezi wiwe barabonye yuko umugabo w’uwo mugore yari i muhira baca baramusaba ko yokwifatanya na bo muri iyo nyigisho. Uwo mugabo yaremeye, maze baca batunganya ko boza bariga igihe uwo mugabo na we nyene yobaye ari i muhira. We n’umugore wiwe baremeye kwitaba amakoraniro ku w’iyinga, aho bakiriwe n’igishika cinshi bongera bararyoherwa n’ibifungurwa vyo mu vy’impwemu baharonkeye. Kw’ikoraniro rikurikira, uwo mugabo yaratanze insasanuro mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Kubera ko ikiganiro co muri iyo nyigisho caturemesha kugira ugusenga kwo mu muryango, yaciye abaza ingene yogize ukwo gusenga kwo mu muryango ari kumwe n’umukenyezi wiwe be n’agahungu kabo k’imyaka ine. Yaranaseruye ko yipfuza gushira mu ngiro ibindi bintu yari yigiye kuri iryo koraniro. Uwo mugabo n’umugore bashimishijwe n’ukuri barabandanya kwiga Bibiliya, kwitaba amakoraniro no gutera imbere mu vy’impwemu. Wa muvukanyi avuga ati: “Ese ukuntu dukenguruka cane kuba twarasavye uwo mugabo kwifatanya natwe muri iyo nyigisho ya Bibiliya!”
IZINGA RIRI IYO CATAWE RIBERAMWO ICIBUTSO. Izinga rya Reao, iribamwo abantu 362 gusa, riri mu cibare c’ishengero rya Vaiete, rino rikaba ari rimwe mu mashengero 18 yo muri Tahiti. Iryo zinga riri nko ku bilometero 1.350 mu buseruko bwa Tahiti. Ivyabona ntibari bwigere bagirira Icibutso muri iryo zinga riri iyo bigwa, kandi hari haheze imyaka 30 badahonyoza ikirenge muri iryo zinga. Umucungezi w’umurimo w’iryo shengero rya Vaiete, uwitwa Manoah, yaragize icipfuzo co gutunganya umugwi mutoyi woja kwamamaza muri iryo zinga mu ndwi y’Icibutso maze bace bagihimbarizayo. Ariko kugira ngo we n’umukenyezi wiwe bashike muri iryo zinga, bategerezwa kuriha itike y’indege y’amafaranga 65.000 yaho (nk’amarundi hafi 1.000.000), bakaba batashobora kuyaronka. Ariko rero mu nyuma, uwo muvukanyi yarahawe ku kazi agashirukabute k’amafaranga 65.000 yaho iwabo! Baciye babona ko Yehova ahezagiye uwo mugambi bari bafise. Abamamaji indwi ni bo bahavuye baja muri iryo zinga rya Reao, kandi abantu 47 ni bo bitavye Icibutso. Bakoresheje telefone, abamamaji bo muri Tahiti ubu barayoborera inyigisho za Bibiliya abantu bashimishijwe bo muri iryo zinga.
NTA N’UMWANYA WO KUNYWA AKAYI NARONKA. Hari ikindi cabonywe gisa n’ico duhejeje kuvuga cabaye muri Vanuwatu, aho ishengero rimwe ryitwararika umugwi ugizwe n’abamamaji 11 wo mw’izinga riri iyo catawe rya Ambrym. Abakurambere b’iryo shengero barasavye abamamaji babimenyereye kuzirikana ibijanye no kuja kumara imisi mikeyi muri iryo zinga rya Ambrym kugira ngo bakorane n’umugwi waho imbere y’uko Icibutso kiba. Umwarimukazi umwe yakukurutse yitwa Marinette akaba n’umutsimvyi abumazemwo igihe, yaritavye ako kamo. We hamwe n’abandi bamamaji nka bangahe baragiye muri iryo zinga bafise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Haciye igihe gitoyi akora ubusuku bwo mu ndimiro, yaratangajwe cane no kubona ko vyasa n’ibitagishoboka ko ava aho yari yashikiye. Marinette avuga ati: “Ntivyari vyoroshe ko ndonka umwanya wo kwiyoga mu gitondo no kunywa akayi kubera ko abantu baba bamaze gutonda umurongo hanze barindiriye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Namara umusi wose ndiko ndamamaza ntavuye aho naba! Narashoboye kuyobora inyigisho za Bibiliya 31 muri iyo ndwi.” Abo bamamaji bamaze indwi muri iryo zinga rya Ambrym, bariko baramamaza n’umwete mwinshi inkuru nziza, kandi abantu 158 ni bo bitavye Icibutso. Vyarababaje cane abo bamamaji kuva muri iryo zinga. Marinette yavuze ati: “Vyoshoboka gute ngo umuntu ave aho hantu hari abantu benshi gutyo banyotewe ukuri kwo muri Bibiliya?” Ibiro vy’ishami vyaratunganije ivy’uko harungikwa abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito ngo bitwararike abantu bari bashimishijwe.
UMUYOBOZI W’ISHURE AVYAKIRA NEZA. Kw’ishure rimwe ryisumbuye ryo mu Mazinga ya Salomo, abanyeshure barasabwa guhaguruka maze bakaririmba ururirimbo rwo mw’idini rimwe ryaho (Église évangelique des mers du sud). Bashiki bacu bakiri bato babiri barasavye umugore yayobora iryo shure ko batoririmba urwo ruririmbo kubera ko ijwi ryabo ryo mu mutima ritabibakundira. Uwo muyobozi yarakengurutse ukuntu abo bashiki bacu baje kumusaba ico kintu babigiranye urupfasoni maze avuga yuko badategerezwa kuririmba, ariko ko bashobora kuguma bicaye, bo hamwe n’abandi banyeshure b’Ivyabona.
Yaciye asaba abo bashiki bacu niba boshobora gusaba umuntu wo mw’ishengero ryabo kuza kuvugana na we ibijanye n’Ivyabona vya Yehova be n’indero y’abana. Mushiki wacu w’umumisiyonari yaritavye uwo muyobozi, kandi mw’isaha n’igice bamaranye, barayaze ku bijanye n’ivyo twemera be n’ingorane zishikira urwaruka. Uwo muyobozi yavuze yuko akunda gusoma Be maso! be n’uko ivyo ahejeje gusoma aca abisiga mu cumba c’abigisha. Igihe uwo mumisiyonari yamuha igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2, yaciye amubaza niba yoshobora kuronka ayandi makopi 16 yo guha abigisha be n’ayandi 367 yo guha abanyeshure. Hatanzwe ibitabu 400.
Kubera yuko abo bashiki bacu bakiri bato bagize umutima rugabo bakaja kuvugana n’uwo muyobozi, harashinzwe intahe nziza, kandi abenshi baravuze ukuntu ico gitabu cabafashije cane. Hari umwigeme umwe abavyeyi biwe bari baherutse gutandukana yavuze yuko ico gitabu ari co nyene yari akeneye kugira ngo ashobore kuvyifatamwo neza mu ngorane yari afise. Abo bashiki bacu babiri ubu bakora ubutsimvyi bufasha bubandanya kandi bama baronsa uwo muyobozi ibinyamakuru.
YARAGUMIJE UGUTUNGANA KWIWE NAHO YARWANIJWE. Mu kandi karere ko mu Mazinga ya Salomo, hari umumisiyonari yigana Bibiliya n’umugore umwe twise Lisa. Lisa yaragize iterambere rishimishije naho yategerezwa kugira urugendo rw’amasaha arenga abiri n’amaguru agiye ku Ngoro y’Ubwami ateruye uduhungu twiwe tw’amahasa, ari kumwe n’udukobwa twiwe tubiri. Yabwirizwa kandi kwihanganira umugabo wiwe yamurwanya cane. Yaramukubise yongera araturira impuzu yatwara ku makoraniro, Bibiliya yiwe be n’ibitabu vyiwe. Uwo mugabo yari afise umuhabara. Naho Lisa yari muri izo ngorane, yarabatijwe kandi arabandanya gusukurira Yehova ashikamye.
Mu mwaka uheze, umugabo wa Lisa yarahevye nya muhabara wiwe hanyuma arasaba ko yogirirwa inyigisho ya Bibiliya, kubera ko yakozwe ku mutima n’ukuntu Lisa yamwitwararika naho yamukoreye ayo mabi yose. Ntiworaba akamwemwe uwo mushiki wacu Lisa afise kubona umugabo wiwe yarahindutse! Ivyiwe vyararushirije kugenda neza kuko ubu hashinzwe umugwi uri ukwa wonyene hafi y’aho aba, kandi akaba agira urugendo rw’isaha idashika agiye ku makoraniro. Afashwe mu mugongo n’umugabo wiwe, Lisa yarashoboye no gukora ubutsimvyi bwo gufasha.
[Blurb ku rup. 66]
“Kubera iki Imana ari ruburakigongwe bigeze hiyo? . . . Kubera iki yahanye n’umwana wanje? We yaravutse gusa. None icaha yakoze ni ikihe?”
[Blurb ku rup. 68]
Uwo musore yabwiye abagize iyo nama ko yogarutse mu misa patiri aramutse amwishuye ibibazo bibiri
[Blurb ku rup. 72]
“Mwebwe mwapfunzwe muzira kwamamaza hanze y’ibohero, ehe raba ubu na ho muriko mwamamaza indani mw’ibohero!”
[Igicapo/Ikarata ku rup. 84]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Tahiti → → → Ibilometero 1.350 → → → Reao
[Ifoto ku rup. 56]
Hejuru: Bariko bayobora inyigisho ya Bibiliya muri Kongo Brazaville (raba ku rupapuro rwa 59)
[Ifoto ku rup. 61]
Edvard (iburyo) na Daniel bariko bamamaza kw’isoko
[Ifoto ku rup. 64]
Samaniego, Nariño, muri KOLOMBIYA
[Ifoto ku rup. 67]
Ubu ibisohokayandikiro vyo mu rurimi rw’ibimenyetso biraboneka mu ndimi 59
I São Paulo muri Brezile