Twigire kuba maso ku ntumwa za Yezu
“Mugumane maso nanje.”—MAT. 26:38.
1-3. Ni mu buryo ki intumwa zitashoboye kuguma ziri maso mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi, kandi ni igiki cerekana ko zigiye kw’ikosa zari zakoze?
NIWIHE ishusho y’ibintu vyabaye mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi. Yezu yaje muri kimwe mu bibanza akunda cane, ni ukuvuga mw’itongo ry’i Getsemani, iriri mu buseruko bwa Yeruzalemu. Yaje ng’aho ari kumwe n’intumwa ziwe z’intahemuka. Kubera ko aremerewe cane mu bwenge no mu mutima, arakeneye kuba ari wenyene kugira asenge.—Mat. 26:36; Yoh. 18:1, 2.
2 Intumwa zitatu ari zo Petero, Yakobo na Yohani ziraherekeza Yezu mu kibanza ciherereye cane kiri muri iryo tongo. Azibwira ati: “Sigare ng’aha, mugumane maso nanje,” aca rero agenda gusenga. Agarutse, asanga ba bagenzi biwe bari muri rinini. Aca asubira akabinginga ati: “Gume muri maso.” Yamara, barasinzira izindi ncuro zibiri! Muri iryo joro nyene, amasaha yitereye, izo ntumwa zose zirananirwa kuguma ziri maso mu buryo bw’impwemu. Erega, n’uguta Yezu ziramuta zigahunga!—Mat. 26:38, 41, 56.
3 Nta nkeka ko izo ntumwa zicujije kubera ko zitashoboye kuguma ziri maso. Abo bagabo b’abizigirwa ntibatevye kwigira kw’ikosa bari bakoze. Igitabu ca Bibiliya c’Ivyakozwe kirerekana yuko babandanije gutanga akarorero kadasanzwe mu bijanye no kuguma bari maso. Kuba barabaye abizigirwa bitegerezwa kuba vyatumye abakirisu bagenzi babo babigana. Ubu kuruta ikindi gihe cose, turakeneye kuguma turi maso. (Mat. 24:42) Nimuze turimbure ivyigwa bitatu bijanye no kuguma turi maso twokwigira ku gitabu c’Ivyakozwe.
BAGUMYE BARI MASO KU BUYOBOZI BUJANYE N’AHANTU BARI KWAMAMAZA
4, 5. Paulo be n’abo bari kumwe biboneye gute ubuyobozi bw’impwemu nyeranda?
4 Icigwa ca mbere ni ic’uko intumwa zagumye ziri maso ku buyobozi bujanye n’aho zari kwamamaza. Mu nkuru imwe, turiga ukuntu Yezu yakoresheje impwemu nyeranda yahawe na Yehova, kugira ngo ayobore intumwa Paulo be n’abari kumwe na we ku rugendo rudasanzwe bariko. (Ivyak. 2:33) Nimuze tubakurikire.—Soma Ivyakozwe 16:6-10.
5 Paulo, Silasi na Timoteyo bari bavuye mu gisagara ca Lusitira mu bumanuko bwa Galatiya. Haciye imisi mikeyi, barashikiriye ibarabara rikuru ry’Uburoma ryaca mu burengero rigashika mu karere kabamwo abantu benshi kuruta ubundi bwo mu ntara ya Aziya. Bashaka gufata iryo barabara kugira ngo baje kugendera ibisagara aho abantu ibihumbi n’ibihumbi bari bakeneye kwumva ivyerekeye Kristu. Mugabo hariho ikintu cababujije kubandanya. Umurongo wa 6 ugira uti: “Baca i Firijiya no mu gihugu ca Galatiya, kuko impwemu nyeranda yari yababujije kuvuga rya jambo mu ntara ya Aziya.” Mu buryo Bibiliya idahishura, impwemu nyeranda yarabujije izo ngenzi kwamamaza muri iyo ntara ya Aziya. Biragaragara ko Yezu, akoresheje impwemu y’Imana, yashaka kuyobora Paulo be n’abo bari kumwe mu nzira itandukanye n’iyo bagira bafate.
6, 7. (a) Ni igiki cashikiye Paulo be n’izindi ngenzi igihe bari begereye Bitiniya? (b) Ni ingingo iyihe abo bigishwa bafashe, kandi havuyemwo iki?
6 None izo ngenzi z’ishaka ryinshi zagiye hehe? Umurongo wa 7 usigura uti: “Bitayeko, bashitse i Misiya, bagerageza kwinjira i Bitiniya mugabo impwemu ya Yezu ntiyabemerera.” Paulo na bagenziwe babujijwe kwamamaza muri Aziya, baciye berekeza mu buraruko, bafise intumbero yo kwamamaza mu bisagara vy’intara ya Bitiniya. Ariko rero, igihe bari begereje i Bitiniya, Yezu yarasubiriye gukoresha impwemu nyeranda kugira ibabuze kwamamazayo. Ico gihe, abo bagabo bategerezwa kuba barabuze ico bari bufate n’ico bari bureke. Bari bazi ivyo bamamaza be n’ukuntu bamamaza, ariko ntibari bazi aho bamamaza. Twobivuga muri ubu buryo: Bari baragerageje kuja muri Aziya, mugabo biba ivy’ubusa. Bari baragerageje kuja i Bitiniya, na ho nyene biba ivy’ubusa. None boba baciye batana n’akabando? Abo bamamaji b’abanyamwete ntibatanye n’akabando!
7 Ico gihe, abo bagabo barafashe ingingo ishobora kuba yasa n’iyitumvikana. Umurongo wa 8 utubwira uti: “Baca iruhande ya Misiya bamanuka i Tirowa.” Izo ngenzi zaciye zijana mu burengero maze zigenda n’amaguru urugendo rw’ibilometero 563, zirengana igisagara zirengana ikindi gushika zishikiriye ikivuko c’i Tirowa, aho zari guca zigenda n’ubwato zija i Makedoniya. Aho ni ho Paulo na bagenzi biwe bagerageje ubugira gatatu, mugabo ico gihe hoho vyaciye bigenda neza! Umurongo wa 9 urigana ivyashitse mu nyuma uti: “Mw’ijoro Paulo arerekwa: umugabo umwe w’Umunyamakedoniya yari ahagaze amwinginga, ati: ‘Jabuka uze i Makedoniya, udufashe.’” Paulo yari agiye yamenya aho aja kwamamaza. Ata gutebagana, abo bagabo baciye bafata ubwato baja i Makedoniya.
8, 9. Inkuru ivuga ibijanye n’urugendo Paulo yagize itwigisha iki?
8 None iyo nkuru itwigisha iki? Urabona ko impwemu y’Imana yagiye kuhaseruka ari uko gusa Paulo amaze gufata urugendo ruja muri Aziya. Mu nyuma, Yezu yahaye ubuyobozi Paulo ari uko gusa amaze kwegereza i Bitiniya. Ubwa nyuma, Yezu yahaye ubuyobozi Paulo bwo kuja i Makedoniya ari uko gusa amaze gushika i Tirowa. Kubera ko Yezu ari we Mutwe w’ishengero, yoshobora kutuyobora muri ubwo buryo nyene. (Kol. 1:18) Nk’akarorero, woshobora kuba wariyumviriye ibijanye no gukora ubutsimvyi canke kwimukira ahakenewe abamamaji kuruta ahandi. Mugabo vyoshobora gushika ko Yezu, abicishije ku mpwemu y’Imana, akuyobora ari uko gusa umaze gutera intambwe zo gushikira uwo mugambi wawe. Tubitangire akarorero: Umushoferi arashobora kunyonga umuduga wiwe hanyuma agakatira i buryo canke i bubamfu. Ivyo abigira mu gihe gusa uyo muduga uba uriko uragenda. Muri ubwo buryo nyene, Yezu yoshobora kutuyobora mu bijanye no kwagura ubusuku bwacu, mu gihe gusa tuba turiko turagenda, ni ukuvuga mu gihe tuba turiko turagira akigoro kugira ngo dushike kuri uwo mugambi twishingiye.
9 Ariko none, vyogenda gute igihe utwigoro ugira ata co duca tuvamwo ubwo nyene? Woba ukwiye guca utana n’akabando, ugashika ku ciyumviro c’uko impwemu y’Imana itariko irakuyobora? Erega, uribuka yuko Paulo na we nyene yahuye n’intambamyi. Yamara, yabandanije kurondera no kudodora gushika abonye urugi rwuguruye. Muri ubwo buryo nyene, ugumye wumiyeko urondera “umuryango munini uja ku gikorwa,” na wewe nyene woshobora kuronka impera.—1 Kor. 16:9.
BAGUMA BARIKANUYE KU BW’AMASENGESHO
10. Ni igiki cerekana ko kuguma turikanuye mu bijanye n’isengesho ari ntahara kugira tugume turi maso?
10 Ubu na ho, turimbure icigwa kigira kabiri kijanye n’ukuba maso dushobora kwigira ku bavukanyi bacu bakirisu bo mu kinjana ca mbere: Baguma barikanuye ku bw’amasengesho. (1 Pet. 4:7) Kuguma dusenga ni ntahara kugira tugume turi maso. Uribuka yuko mw’itongo ry’i Getsemani, gatoyi imbere y’uko Yezu afatwa, yabwiye batatu mu ntumwa ziwe ati: “Gume muri maso kandi mugume musenga.”—Mat. 26:41.
11, 12. Ni kubera iki Herodi yafashe nabi abakirisu, harimwo na Petero, kandi ivyo yabigize gute?
11 Petero, uwari ahari ico gihe, mu nyuma yariboneye ububasha amasengesho aturanywe ubwira afise. (Soma Ivyakozwe 12:1-6.) Mu mirongo itangura y’iyo nkuru, turabona yuko Herodi yafashe nabi abakirisu kugira ngo ashimwe n’Abayuda. Birashoboka ko Herodi yari azi yuko Yakobo yari intumwa yari umugenzi somambike wa Yezu. Ku bw’ivyo, Herodi yaricishije Yakobo ‘hakoreshejwe inkota.’ (Umurongo wa 2) Ishengero rero ryarabuze intumwa ryikundira. Mbega ikigeragezo abo bavukanyi bagize!
12 Herodi yakoze iki none mu nyuma? Umurongo wa 3 usigura uti: “Abonye ko bihimbara Abayuda, arabandanya afata na Petero.” Mugabo hari intumwa zimwezimwe zari zararekuwe zirava mu mabohero, muri zo hakaba harimwo na Petero. (Ivyak. 5:17-20) Ivyo Herodi ashobora kuba yari abizi neza. Ico gihangange mu vya politike cashaka gukora uko gishoboye kwose ngo Petero ntagicike. Yarafashe Petero amuhereza “imigwi ine y’abasoda banebane iza irakuranwa mu kumurinda, kuko yagomba kumuzana imbere y’abantu inyuma ya pasika.” (Umurongo wa 4) Iyumvire nawe! Herodi yari yategetse ko Petero bamubohera hagati y’abarinzi babiri, hakaba hari abarinzi 16 bagenda barakuranwa ku murango no mw’ijoro kugira ngo iyo ntumwa ntitoroke. Herodi yari afise intumbero yo kuzana Petero imbere y’abantu inyuma ya Pasika, ugucirwa urwo gupfa kwiwe kukaba kwobaye nk’ingabirano ihimbara amasinzi y’abantu. Ni igiki none abakirisu bagenzi ba Petero bari gukora muri ivyo bihe bitoroshe?
13, 14. (a) Ishengero ryavyifashemwo gute igihe Petero yatabwa mw’ibohero? (b) Twokwigira iki ku karorero katanzwe n’abakirisu bagenzi ba Petero ku bijanye n’isengesho?
13 Ishengero ryari rizi neza na neza ico ryokora. Umurongo wa 5 uvuga uti: “Petero rero agumizwa mw’ibohero; mugabo ishengero riguma rimusabira ku Mana n’ubwira bwinshi.” Egome, amasengesho batuye basabira umuvukanyi wabo mukundwa bayaturanye ubwira kandi batakamba bimwe bivuye ku mutima. Urupfu rwa Yakobo ntirwatumye rero bacika inkokora, canke ngo rutume babona ko isengesho ata co rimaze. Ahubwo nyabuna, bari bazi ko amasengesho aturwa n’abasavyi ba Yehova b’abizigirwa afise akamaro kanini cane. Igihe bene ayo masengesho ahuye n’ivyo Yehova agomba, arayishura.—Heb. 13:18, 19; Yak. 5:16.
14 Twokwigira iki ku kuntu abakirisu bagenzi ba Petero bavyifashemwo? Kuguma turi maso birimwo gusenga, atari ugusenga twisabira gusa ariko kandi tugasenga dusabira bene wacu na bashiki bacu. (Ef. 6:18) Woba uzi abo musangiye ukwizera bugarijwe n’ibigeragezo? Bamwe boshobora kuba bariko barahura n’uruhamo, ukuburabuzwa n’intwaro canke ivyago vy’ivyaduka. Ubona gute none ubashize mu masengesho utura bivuye ku mutima? Ushobora kuba uzi abandi bariko barashikirwa n’ingorane zidashoka zibonekeza. Bashobora kuba bariko baranyinyana n’ingorane zo mu muryango, ugucika intege canke indwara. Ubona gute uzirikanye abantu kanaka ushobora kuvuga mu mazina igihe uganirira Yehova, we ‘yumva amasengesho.’—Zab. 65:2.
15, 16. (a) Dondora ingene umumarayika wa Yehova yakuye Petero mw’ibohero. (Raba ishusho iri aho h’epfo.) (b) Ni kubera iki bihumuriza kuzirikana ukuntu Yehova yarokoye Petero?
15 Ariko none, Petero vyahavuye bimugendera gute? Mw’ijoro rya nyuma Petero ari mw’ibohero, igihe yari muri rinini ari hagati ya ba barinzi babiri, yarashikiwe n’ibintu bitangaje. (Soma Ivyakozwe 12:7-11.) Niwihe ishusho y’ivyashitse: Bukwi na bukwi, umuco wararasiye mu cumba yari apfungiwemwo. Hari umumarayika yari ahagaze ng’aho, bikaba bigaragara ko abo barinzi batamubona, maze avyura Petero ningoga na ningoga. Kandi iminyororo yari iboshe amaboko yiwe yarikoroye! Uwo mumarayika yaciye asohora Petero amukura muri ico cumba yari apfungiwemwo, amucana neza na neza aho abo barinzi bari bahagaze hanze, maze amucisha mu muryango amahero w’irembo w’icuma, uno ukaba waciye ‘wiyugurura.’ Igihe bari mu nzira bavuye mw’ibohero, nya mumarayika yaciye akamangana. Petero yari abohowe!
16 None kuzirikana ku bubasha Yehova afise bwo kurokora abasavyi biwe ntibikomeza ukwizera kwacu? Ego ni ko, ntitwiteze ko Yehova arokora abasavyi biwe ku gitangaro muri iki gihe. Ariko rero, turizera bimwe bishitse yuko Yehova akoresha ububasha bwiwe ku neza y’abasavyi biwe muri iki gihe. (2 Ngo. 16:9) Abicishije ku mpwemu nyeranda yiwe y’inyabubasha, arashobora gutuma twihanganira ikigeragezo ico ari co cose codushikira. (2 Kor. 4:7; 2 Pet. 2:9) Kandi vuba Yehova azoronsa Umwana wiwe ubushobozi bwo kubohora abantu amamiliyoni n’amamiliyoni abakure mw’ibohero rikomeye kuruta ayandi yose ari ryo rupfu. (Yoh. 5:28, 29) Kwizera ivyo Yehova yadusezeraniye birashobora gutuma tugira uburindutsi ntangere igihe turi mu bigeragezo muri iki gihe.
ZARASHINZE INTAHE INOGANGIJE NAHO HARI INTAMBAMYI
17. Ni gute Paulo yatanze akarorero ntangere mu bijanye no kwamamaza n’umwete kandi abona ko ibintu vyihutirwa?
17 Ng’iki icigwa kigira gatatu twokwigira ku ntumwa ku bijanye no kuba maso: Zagumye zishinga intahe inogangije naho hari intambamyi. Kwamamaza n’umwete kandi tubona ko ibintu vyihutirwa, ni ikintu gihambaye cane kidufasha kuguma turi maso. Intumwa Paulo yari akarorero ntangere muri ivyo. Yarihase abigiranye umwete, aragira ingendo ndende yongera arashinga amashengero menshi. Yarashikiwe n’ingorane nyinshi, yamara ntiyigeze acika intege canke ngo areke kubona ko ibintu vyihutirwa.—2 Kor. 11:23-29.
18. Paulo yabandanije gute gushinga intahe aho yari acungiwe i Roma?
18 Reka turabe muri make ikintu ca nyuma cerekeye Paulo dusanga mu gitabu c’Ivyakozwe, nk’uko kivugwa mu Vyakozwe ikigabane ca 28. Paulo yarashitse i Roma, aho yategerezwa kurenguka imbere ya Nero. Yari yashizwe aho acungirwa, kumbure akaba yari aboheye ku wari amurinze. Yamara, nta munyororo n’umwe wari gushobora kunumya iyo ntumwa y’umunyamwete! Paulo yabandanije kurondera ingene yoshinga intahe. (Soma Ivyakozwe 28:17, 23, 24.) Haciye imisi itatu, yaratumyeko abagabo b’abakuru b’Abayuda ngo baze aho ari kugira ababwire inkuru nziza. Hanyuma, ku musi yari yahisemwo, Paulo yarashinze intahe mbere ikomeye. Umurongo wa 23 uvuga uti: “[Abayuda bo muri ako karere] bumvikana na we umusi, hanyuma baza kuri we aho yaba, ari benshi kuruta. Na we abasigurira nya bintu mu gushinga intahe inogangije ku vyerekeye ubwami bw’Imana no mu gukoresha kuri bo imvugo inyura, ku vyerekeye Yezu afatiye kw’itegeko rya Musa no ku Bahanuzi, kuva mu gatondo gushika ku mugoroba.”
19, 20. (a) Ni ibiki vyatumye Paulo ashinga intahe mu buryo buri n’ico buvamwo? (b) Naho hari abatemeye inkuru nziza, Paulo yakoze iki?
19 Ni ibiki vyatumye Paulo ashinga intahe mu buryo buri n’ico buvamwo? Urabona ko umurongo wa 23 werekana vy’ukuri ibintu bitari bike vyabitumye. (1) Yibanze ku Bwami bw’Imana no kuri Yezu Kristu. (2) Yaragerageje gukwegera abamwumviriza “mu gukoresha . . . imvugo inyura.” (3) Yarafashije abantu kuzirikana akoresheje Ivyanditswe. (4) Yaragaragaje agatima ko kwitanga, arashinga intahe “kuva mu gitondo gushika ku mugoroba.” Paulo yarashinze intahe ikomeye, mugabo si bose bavyakiriye neza. Umurongo wa 24 uvuga uti: “Bamwe batangura kwemera ibivuzwe; abandi ntibizera.” Haravyutse ukutumvikana, maze abo bantu baragenda.
20 Paulo yoba yaravunitse umutima kubera ko atari bose bemeye inkuru nziza? Habe namba! Mu Vyakozwe 28:30, 31, hatubwira hati: “Ahaguma imyaka ibiri yuzuye ari mu nzu yiwe bwite, inzu ipanzwe, kandi yarakirana ubuntu abo bose binjira iwe, akamamaza kuri bo ubwami bw’Imana yongera yigisha ivyerekeye Umukama Yezu Kristu ari n’umwidegemvyo wo kuvuga urushirije kuba mwinshi, ata kimutangira.” Ayo majambo arangwa igishika vy’ukuri ni yo igitabu cahumetswe c’Ivyakozwe gisozererako.
21. Ni igiki twokwigira ku karorero ka Paulo igihe yari mu nzu yari apfungiwemwo?
21 Ni igiki twokwigira ku karorero ka Paulo? Igihe yari mu nzu yari apfungiwemwo, ntiyashobora gushinga intahe inzu ku nzu. Yamara, yagumye abona ibintu mu buryo bwiza, akabwira inkuru nziza abantu bose baza aho yari. Muri ubwo buryo nyene, abasavyi b’Imana benshi bo muri iki gihe baguma bafise umunezero kandi bakaguma bamamaza naho baba bapfunzwe ku karenganyo bahorwa ukwizera kwabo. Hari bamwebamwe mu bavukanyi na bashiki bacu twikundira usanga bigora kuva i muhira, bagashobora mbere kuba baba mu bigo bijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru kubera ko bitereye mu myaka canke barwaye. Iyo bishobotse, barabwira inkuru nziza abaganga, abaje kubaramutsa be n’abandi baza aho bari. Icipfuzo bafise ni ico gushinga intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana. Ese ukuntu dukenguruka akarorero batanga!
22. (a) Ni intunganyo iyihe idufasha kwungukira ku gitabu ca Bibiliya c’Ivyakozwe? (Raba uruzitiro ruri aho haruguru.) (b) Wiyemeje iki uko urindira iherezo ry’ivy’iyi si ishaje?
22 Biragaragara yuko hariho ibintu vyinshi bijanye no kuba maso twokwigira ku ntumwa no ku bandi bakirisu bo mu kinjana ca mbere bavugwa mu gitabu ca Bibiliya c’Ivyakozwe? Uko turindira iherezo ry’ivy’iyi si ishaje, nimuze twiyemeze kwigana abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere mu gushinga intahe tubigiranye ubutinyutsi n’umwete. Muri iki gihe, nta kandi gateka gahambaye dushobora guterwa koza karuta “gushinga intahe inogangije” ku vyerekeye Ubwami bw’Imana!—Ivyak. 28:23.
[Uruzitiro ku rup. 13]
“IGITABU C’IVYAKOZWE NSIGAYE NDAGITAHURA”
Umucungezi w’ingenzi umwe amaze gusoma igitabu ‘Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana,’ yaravuze ukuntu yiyumva ati: “Igitabu c’Ivyakozwe nsigaye ndagitahura. Ndabivuze mu buryo bw’ikigereranyo, naragendagenze akatari gake mu nkuru zo mu Vyakozwe mugabo wamenga nari nitwaje ibuji kandi nambaye amarori ariko inkungugu. Ubu numva umengo narahezagiwe kuba nshobora kubona ubwiza bwaco murikiwe n’umuco ukayangana w’izuba.”
[Ifoto ku rup. 12]
Umumarayika yaracishije Petero mu muryango amahero w’icuma