Ukuri ku vyerekeye Harumagedoni
“Impwemu z’abadayimoni . . . zija ku bami bo mw isi yose . . . , zibakoraniriza ahantu hitwa Haru-Magedoni mu Giheburayo.” (Ni twe dushimitse.)—IVYAHISHURIWE 16:14, 16, Bibiliya Yera.
HARUMAGEDONI, iyitwa rimwe na rimwe “Haru-Magedoni,” ni izina ry’ahantu. Ariko rero, aho hantu biboneka ko hatigeze habaho kw’isi.
None mu vy’ukuri iryo jambo “Harumagedoni” risobanura iki? Kubera iki rikunze gukoreshwa bashaka kuvuga ikintu kiba, nk’akarorero intambara?
Bakoranirizwa ahantu hitwa Harumagedoni
Ijambo ry’igiheburayo Bibiliya yanditswemwo mu ntango, ari ryo Har–Magedon, risobanura ijambo ku rindi “Umusozi wa Megido.” Naho ata musozi witwa gutyo wabayeho, ahantu hitwa Megido hoho harabaho. Aho hantu ni mu masanganzira akomeye yo mu buraruko bushira uburengero bw’akarere kahora kabamwo rya hanga rya Isirayeli rya kera. Hari intambara nyinshi zikomakomeye zarwaniwe hafi y’aho hantu. Izina Megido ryahavuye rero rikoreshwa mu kuvuga ibijanye n’intambara.a
Ariko rero, insobanuro nyayo ya Megido ntihagaze ku ntambara zaharwaniwe izo ari zo, ariko ihagaze ku gituma zaharwaniwe. Megido kari agace ka ca Gihugu c’isezerano Yehova Imana yaha Abisirayeli. (Kuvayo 33:1; Yosuwa 12:7, 21) Yaraganiye abo basavyi biwe ko yobarwaniye baramutse batewe n’abansi, kandi ni vyo yarabarwaniye. (Gusubira mu vyagezwe 6:18, 19) Nk’akarorero, aho i Megido ni ho Yehova yarwaniye ku gitangaro Abisirayeli igihe bari batewe n’inteko z’umwami w’Umunyakanani Yabini be n’umukuru w’ingabo ziwe Sisera.—Abacamanza 4:14-16.
Rero, ijambo “Haru–Magedoni,” canke “Harumagedoni,” rirafise insobanuro y’ikigereranyo ihambaye. Ryerekeza ku gutana mu mitwe, aho inguvu zibiri zikomeye zisekana.
Ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe buravuga ivy’igihe kigiye kuza aho Shetani n’amadayimoni bazotuma intwaro z’abantu zikoraniriza ingabo zazo, gutyo zibe zihagurukiye abasavyi b’Imana n’igikorwa barangura. Ico gitero kizotuma abantu amamiliyoni bahasiga ubuzima Imana niyanesha bene gutera.—Ivyahishuwe 19:11-18.
Kubera iki Imana yotuma abantu benshi cane gutyo bahasiga ubuzima kandi Bibiliya ivuga yuko ari Imana y’“inyembabazi, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo”? (Nehemiya 9:17) Kugira dutahure ico kintu Imana izokora, turakeneye kubanza kwishura ibibazo bitatu: (1) Ni nde yandurutsa iyo ntambara? (2) Kubera iki Imana iyijamwo? (3) Ukwo gutana mu mitwe kuzogira ingaruka z’igihe kirekire izihe kuri iyi si no ku bayibako?
1. NI NDE YANDURUTSA IYO NTAMBARA?
Imana si yo izokwandurutsa intambara ya Harumagedoni. Ahubwo riho, izorwanira abantu beza ibakize abarondera kubahonya. Abandurutsa iyo ntambara ni “abami b’isi yose,” ni ukuvuga indongozi z’isi. Kubera iki none bagaba igitero? Kubera ko Shetani, nka kurya kw’umuhinga yakanongoreye mu vyo gukinisha udukinisho, azotuma inzego z’intwaro n’iza gisirikare zigaba igitero simusiga ku basenga Yehova Imana.—Ivyahishuwe 16:13, 14; 19:17, 18.
Muri iki gihe, uravye ukuntu mu bihugu bimwebimwe bashimika ku mwidegemvyo wo guserura ivyiyumviro n’uwo gusenga, ivy’uko intwaro zokandamiza umugwi munaka w’ivy’idini canke mbere zikagerageza kuwufuta womengo ntibishoboka. Ariko rero, ibitero nk’ivyo vyarabaye mu kinjana ca 20 kandi n’ubu biraba.b Naho ari ukwo, hari ibintu n’imiburiburi bibiri ibitero bimaze kuba bitandukaniyeko n’igitero co kuri Harumagedoni. Ica mbere ni uko ico gitero kizoba kw’isi yose. Ica kabiri ni uko ico Yehova Imana azoca akora kizoruta kure n’iyo ivyo yakoze muri kahise vyose. (Yeremiya 25:32, 33) Ukwo gutana mu mitwe Bibiliya ivuga ko ari “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.”
2. KUBERA IKI IMANA IYIJAMWO?
Yehova ategeka abamusenga kuba abanyamahoro no gukunda abansi babo. (Mika 4:1-3; Matayo 5:43, 44; 26:52) Ni co gituma batazofata ibirwanisho ngo birwanire ico gitero gikaze nicaba. Imana itahaserutse ngo ikize abasavyi bayo, boca bazimanganywa. Izina rya Yehova Imana rizoba rero rigeramiwe. Hamwe bene gutera abasavyi ba Yehova bobazimanganya, vyoca vyerekana ko atabakunda, arenganya canke ko ata bushobozi afise bwo kwirwanira. Nawe urumva ko ivyo bitoshoboka!—Zaburi 37:28, 29.
Imana ntishaka kurandura umuntu n’umwe, ari na co gituma itanga imburi y’ivyo izokora. (2 Petero 3:9) Biciye ku nkuru zazigamwe muri Bibiliya, iributsa bose yuko muri kahise yagiye irahaseruka igihe abasavyi bayo baba batewe. (2 Abami 19:35) Bibiliya iragabisha kandi ko mu gihe kiri imbere Shetani n’abo akoresha nibatera abasavyi b’Imana, Yehova azosubira kuhaseruka bakihuriza ubwayi. Kukaba nkako, Ijambo ry’Imana ryaravuze kuva kera yuko Yehova azorandura ababisha. (Imigani 2:21, 22; 2 Abatesalonika 1:6-9) Ico gihe, bene gutera bazotahura neza ko Mushoboravyose ari we bazoba basomborokeje.—Ezekiyeli 38:21-23.
3. UKWO GUTANA MU MITWE KUZOGIRA INGARUKA Z’IGIHE KIREKIRE IZIHE?
Intambara ya Harumagedoni izotuma abantu amamiliyoni barokorwa. Nkako, izocira inzira ikiringo c’amahoro kw’isi.—Ivyahishuwe 21:3, 4.
Igitabu c’Ivyahishuwe kiravuga “isinzi rinini” ry’abazorokoka iyo ntambara. (Ivyahishuwe 7:9, 14) Bayobowe n’Imana, abo bantu bazofasha guhindura isi isubire kuba Iparadizo nk’uko Imana yari yarabiteguye kuva mu ntango.
Twoba none tuzi igihe ico gitero kizogirwa ku basavyi b’Imana?
[Utujambo tw’epfo]
a Kuvuga ahantu ushaka kuvuga intambara, si ikintu c’imbonekarimwe. Nk’akarorero, mu Buyapani hari igisagara citwa Hiroshima casambuwe n’ibombe ruhonyanganda. Ubu izina ry’ico gisagara ryibutsa abantu yuko bahanamiwe n’intambara ikoreshwamwo ibirwanisho ruhonyanganda.
b Rya Honyabwoko ryagirwa n’Abanazi ni akarorero kamwe k’ukuntu intwaro zimwezimwe zagerageje kuzimanganya amadini canke ubwoko. Mu gihe c’intwaro y’Abasoviyeti, amadini yo muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti na yo nyene yaraburabujwe bimwe bikomeye. Raba ikiganiro kivuga ngo “Abantu b’abanyamahoro baburanira izina ryabo ryiza” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2011, wasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 6]
Yehova Imana yararwaniye abasavyi biwe muri kahise
[Ifoto ku rup. 7]
Yehova azosubira kurwanira abasavyi biwe kuri ya ntambara ya Harumagedoni