ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/4 rup. 3-7
  • ‘Umwana aragomba guhishura Se’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Umwana aragomba guhishura Se’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEZU KRISTU NI WE WENYENE YARI ABISHOBOYE
  • INGENE YEZU YAHISHUYE SE WIWE
  • UMWANA YARAHISHUYE SE N’UMUTIMA UKUNZE
  • TWIGANE YEZU MU GUFASHA ABANDI KUMENYA YEHOVA
  • «Inzira, ukuri n’ubuzima»
    “Ingo unkurikire”
  • Yezu ameze gute?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Woba ubona ko Yehova ari So wawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • “Ndakunda Data”
    “Ingo unkurikire”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/4 rup. 3-7

‘Umwana aragomba guhishura Se’

“Nta wuzi Se uwo ari we atari Umwana, be n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.”​—LUKA 10:22.

WOKWISHURA GUTE?

Ni kubera iki Yezu ari we wenyene yari ashoboye guhishura Se wiwe?

Yezu yahishuriye gute abandi Se wiwe?

Ni mu buryo ubuhe ushobora kwigana Yezu mu bijanye no guhishura Data?

1, 2. Ni ikibazo ikihe kizazanira abantu benshi, kandi kubera iki?

‘IMANA ni nde?’ Ico kibazo kirazazanira abantu benshi. Nk’akarorero, naho benshi mu biyita abakirisu bemera yuko Imana ari Ubutatu, abatari bake bariyemerera ko iyo nyigisho umuntu adashobora kuyitahura. Umwanditsi umwe akaba n’umukuru w’idini yiyemereye icese ati: “Iyo ni inyigisho irengeye ubwenge bw’umuntu buri n’aho bugarukira. Irarengeye ubwenge busanzwe canke ukwiyumvira kw’umuntu.” Ku rundi ruhande, abantu benshi bashigikira inyigisho y’ivy’ihindagurika bemera yuko ata Mana iriho. Bavuga yuko ibitangaza vy’irema vyose vyapfuye kwiyadukiza. Naho ari ukwo, Charles Darwin, uno akaba yaratumye inyigisho y’ihindagurika ikundwa na benshi, aho guhakana ko Imana iriho, yavuze ati: “Mbona yuko iciyumviro umuntu yoshikako ku buryo atosanga yarihenze, ari ic’uko ico kibazo cose uko cakabaye kirengeye ubwenge bw’abantu.”

2 Abantu benshi, baba bemera iki, usanga bafise ibibazo vyerekeye Imana. Ariko rero, igihe bataronse inyishu zimara akanyota, amaherezo barareka kurondera Imana. Mu vy’ukuri, Shetani “yarahumye imizirikanyi y’abatemera.” (2 Kor. 4:4) Ntibitangaje rero kuba abantu benshi baguma ata co bazi kandi bazazaniwe ku bijanye n’ukuri kwerekeye Data, we Muremyi w’ibiriho vyose!​—Yes. 45:18.

3. (a) Ni nde yaduhishuriye Umuremyi? (b) Ni ibibazo ibihe tugira twihweze?

3 Yamara, birahambaye cane yuko abantu bamenya ukuri kwerekeye Imana. Kubera iki? Kubera ko abambaza “izina rya Yehova” ari bo gusa bazokwizwa. (Rom. 10:13) Kwambaza izina ry’Imana bisobanura kumenya neza Yehova. Yezu Kristu yarigishije abigishwa biwe ukwo kuri guhambaye cane. Yarabahishuriye Se. (Soma Luka 10:22.) Ni kubera iki Yezu yari ashoboye guhishura Se wiwe kuruta uko uwundi muntu yari kubigira? Yamuhishuye gute? Kandi twokwigana gute Yezu mu bijanye no guhishurira abandi ivyerekeye Se? Nimuze twihweze ivyo bibazo.

YEZU KRISTU NI WE WENYENE YARI ABISHOBOYE

4, 5. Ni kubera iki Yezu ari we wenyene yari ashoboye guhishura Se?

4 Yezu ni we yari ashoboye guhishura Se wiwe kuruta abandi bose. Kubera iki? Kubera ko imbere y’uko ibindi bintu vyose biremwa, Yezu yari ikiremwa c’impwemu caba mw’ijuru, akaba yari “Umwana w’Imana w’ikinege.” (Yoh. 1:14; 3:18) Mbega ikibanza kidasanzwe yari afise! Igihe ata kindi kiremwa na kimwe cariho, uwo Mwana yaritwararikanywe igishika na Se wiwe yongera ariga ivyerekeye Se na kamere ziwe. Se n’Umwana bategerezwa kuba baramaze imyaka idaharurika bayaga cane, ivyo bikaba vyaratumye biyumvanamwo cane. (Yoh. 5:20; 14:31) Ese ukuntu Umwana ategerezwa kuba yaratahuye bimwe bigera kure ingene Se ameze!​—Soma Abakolosayi 1:15-17.

5 Se yaragenye Umwana ngo amubere umuvugizi, ni ukuvuga “Jambo w’Imana.” (Ivyah. 19:13) Ku bw’ivyo, Yezu ni we wenyene yari ashoboye guhishurira abandi Se wiwe. Birabereye kuba umwanditsi w’Injili Yohani avuga ko Yezu, we “Jambo,” ari “mu gikiriza ca Se.” (Yoh. 1:1, 18) Mu gukoresha iyo mvugo, Yohani arerekeza ku kintu abantu benshi bakunda kugira mu gihe ciwe igihe baba bariko barafungura. Umushitsi umwe yaricara ahengamye imbere y’uwundi muntu, bari ku ntebe imwe yaba imeze nk’uburiri. Kubera yuko abo babiri baba begeranye cane, barashobora kuyaga bitabagoye. Kubera rero yuko Umwana yari “mu gikiriza” ca Se, yaraseruriranira na we akari ku mutima.

6, 7. Ni gute ubucuti bwari hagati ya Se n’Umwana bwaguma bukomera?

6 Ubucuti bwari hagati ya Se n’Umwana bwaguma bukomera. Umwana ‘yabaye uwo Imana yakunda bidasanzwe ku musi ku musi.’ (Soma Imigani 8:22, 23, 30, 31.) Birumvikana rero yuko ubucuti bwari hagati y’abo babiri bwarushiriza gukomera uko bakorera ibintu hamwe be n’uko Umwana yagerageza kwigana kamere za Se. Igihe ibindi biremwa bifise ubwenge vyaremwa, Umwana yarabona ukuntu Yehova afata kimwekimwe cose muri vyo, kandi nta gukeka ko yarushiriza gutahura kamere z’Imana.

7 Mbere n’igihe mu nyuma Shetani yarwanya uburenganzira Yehova afise bwo kuba Segaba, Umwana yararonse akaryo ko kubona ukuntu Yehova agaragaza urukundo, ubutungane, ubukerebutsi n’ububasha mu bintu bitoroshe. Nta gukeka ko ivyo vyateguye Yezu kugira ngo azokwihanganire ingorane zahavuye zimushikira mu gihe c’ubusuku yaranguriye kw’isi.​—Yoh. 5:19.

8. Inkuru zo mu Njili zidufasha gute kurushiriza kumenya kamere za Data?

8 Kubera ko Umwana yari afitaniye na Se ubucuti somambike, yarasiguye ivyerekeye Se mu buryo bunogangije kuruta uko uwundi muntu wese yari kubigira. Hari ubundi buryo none bwodufasha kumenya Data bwoza buruta kurimbura ivyo Umwana wiwe w’ikinege yigishije be n’ivyo yakoze? Tubitangire akarorero: Iyumvire ukuntu vyotugoye gutahura neza ico ijambo ‘urukundo’ risobanura mu gusoma gusa insobanuro yaryo muri kazinduzi. Yamara, mu kuzirikana inkuru zikora ku mutima abanditsi b’Injili banditse ku vyerekeye ubusuku Yezu yaranguye be n’ukuntu yitwararika abandi, turashobora kurushiriza gutahura amajambo avuga ngo: “Imana [ni] urukundo.” (1 Yoh. 4:8, 16) Ivyo ni na ko biri ku bijanye n’izindi kamere z’Imana Yezu yahishuriye abigishwa biwe igihe yari kw’isi.

INGENE YEZU YAHISHUYE SE WIWE

9. (a) Yezu yahishuye Se wiwe mu buryo bubiri nyamukuru ubuhe? (b) Tanga akarorero kerekana ukuntu Yezu yahishuye Se wiwe biciye ku vyo yigisha.

9 Yezu yahishuriye gute abigishwa biwe hamwe n’abohavuye baba abayoboke biwe ivyerekeye Se? Yabigize mu buryo bubiri nyamukuru: Biciye ku vyo yigisha no ku nyifato yiwe. Nimuze tubanze twihweze inyigisho za Yezu. Ivyo yigisha abayoboke biwe vyarerekana ko yatahura cane ivyiyumviro vya Se, inyiyumvo ziwe hamwe n’inzira ziwe. Nk’akarorero, Yezu yagereranije Se wiwe na nyene ubusho yitwararika ibitungwa vyiwe aja kurondera intama imwe yazimiye. Yezu yavuze yuko igihe uwo nyene ubusho atoye iyo ntama yatakaye, “anezerwa kubera yo kuruta uko anezererwa zimwe mirongo icenda n’icenda zitazimiye.” Ni kubera iki Yezu yakoresheje ico kigereranyo? Yasiguye ati: “Na Dawe ari mw’ijuru ntibimuhimbara ko hagira n’umwe muri abo batoyi apfa.” (Mat. 18:12-14) Ico kigereranyo kikwigisha iki ku vyerekeye Yehova? Naho vyoshika ukiyumvamwo ko ata co umaze be n’uko wibagiwe, So wawe wo mw’ijuru arakwitwararika kandi arakubabaye. Abona ko uri umwe muri “abo batoyi.”

10. Yezu yahishuye gute Se wiwe biciye ku nyifato yiwe?

10 Uburyo bugira kabiri Yezu yakoresheje mu guhishurira abigishwa biwe ivyerekeye Se, ni inyifato yiwe. Ni co gituma igihe intumwa Filipo yamubaza ati: “Twereke Data,” Yezu yavuze ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.” (Yoh. 14:8, 9) Rimbura uburorero bumwebumwe bujanye n’ukuntu Yezu yagaragaje kamere za Se wiwe. Igihe umunyamibembe yamutakambira ngo amukize, Yezu yarakoze kuri uwo mugabo yari “yuzuye imibembe” maze amubwira ati: “Ndabishaka. Humanuka.” Nta gukeka ko uwo munyamibembe amaze gukira yamenye ko Yehova ari we yari yahaye Yezu ubushobozi bwo kumukiza. (Luka 5:12, 13) N’ikindi kandi, igihe Lazaro yapfa, abigishwa bategerezwa kuba baratahuye ikibabarwe Data afise igihe Yezu ‘yaniha mu mutima, akabura amahoro’ akongera ‘agakorora amosozi.’ Naho Yezu yari azi ko agira azure Lazaro, yaragize umubabaro nk’uwo umuryango wa Lazaro n’abagenzi biwe bari bafise. (Yoh. 11:32-35, 40-43) Nta gukeka ko hariho inkuru zo muri Bibiliya wikundira zerekeye Yezu zigufasha gutahura imbabazi Data agaragaza.

11. (a) Igihe Yezu yahumanura urusengero, yahishuye iki ku vyerekeye Se wiwe? (b) Ni kubera iki iyo nkuru ivuga ukuntu Yezu yahumanuye urusengero idusubiriza umutima mu nda?

11 Ariko none ushika ku ciyumviro ikihe iyo usomye ibijanye n’ukuntu Yezu yahumanuye urusengero? Niwihe ishusho y’ukuntu vyagenze: Yezu yaratsivye ikimoko c’imigozi maze ahindira hanze abariko baragurisha inka n’intama. Yarasanzaje ibiceri vy’abavunja amahera yongera arahenagura amameza yabo. (Yoh. 2:13-17) Ico kintu yakoze abigiranye inkomezi caribukije abigishwa biwe amajambo y’ubuhanuzi yavuzwe n’Umwami Dawidi, agira ati: “Umwete w’inzu yawe wandiye.” (Zab. 69:9) Mu kugira ico akoze ashikamye, Yezu yarerekanye yuko yipfuza cane kuburanira ugusenga kw’ukuri. Iyo nkuru yoba ikwereka ukuntu Data ameze? Iratwibutsa ko Imana idafise gusa ububasha butagira aho bugarukira bwo gukura kw’isi ububisha, ariko kandi ko yipfuza cane kubigira. Iyo nkuru idondora ukuntu Yezu yarwanije ikibi yivuye inyuma, irahishura ingene Data ategerezwa kuba yiyumva igihe aravye ububisha bwiraye kw’isi muri kino gihe. Ese ukuntu ivyo bidusubiriza umutima mu nda igihe turiko turarenganywa!

12, 13. Ushobora kwigira iki ku bijanye na Yehova uravye ukuntu Yezu yafata abigishwa biwe?

12 Nimuze twihweze akandi karorero, ako na ko kakaba kerekeye ukuntu Yezu yafata abigishwa biwe. Baguma baharira ku bijanye n’uwari mukuru kuruta abandi muri bo. (Mrk. 9:33-35; 10:43; Luka 9:46) Kubera ko Yezu yari yaramaze igihe kirekire ari kumwe na Se wiwe, yari azi ukuntu Yehova abona mwene ako gatima k’ubwibone. (2 Sam. 22:28; Zab. 138:6) Vyongeye, Yezu yari yarabonye ukuntu Shetani wa Mubesheranyi yagaragaje ako gatima. Ico kiremwa c’ubwikunzi carazwa ishinga cane no kuba rurangiranwa be no kuronka ubukuru. Ku bw’ivyo, ese ukuntu Yezu ategerezwa kuba yaratuntujwe no kubona agatima ko guhahamira ubukuru kabandanya kwibonekeza mu bigishwa yari yaramenyereje! Karibonekeza mbere mu bo yari yaratoye ngo babe intumwa! Barerekanye agatima ko guhahamira ubukuru gushika ku musi wa nyuma w’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi. (Luka 22:24-27) Yamara, Yezu yarabandanije kubakebura abigiranye umutima mwiza, aguma yizigiye ko bohavuye bigana umutima w’ukwicisha bugufi nk’uwiwe.​—Flp. 2:5-8.

13 Woba ushobora kubona ukuntu Yehova ameze uravye ingene Yezu yiganye uwo Se wiwe mu gukosora abigiranye ukwihangana agatima katabereye abigishwa biwe bari bafise? Uravye ivyo Yezu yakoze n’ivyo yavuze woba ubona ukuntu Se wiwe ameze, uwudaheba abasavyi biwe naho akenshi bakora amakosa? Dufise mu muzirikanyi ubwo bumenyi bwerekeye kamere z’Imana, ntituvyurirwa umutima none wo kuyegera kugira ngo tuyisabe ikigongwe igihe dukoze amakosa?

UMWANA YARAHISHUYE SE N’UMUTIMA UKUNZE

14. Yezu yerekanye gute ko ari n’umutima ukunze wo guhishura Se wiwe?

14 Abantu benshi batwaza igikenye baragerageza kuguma bifatiye mu minwe abanyagihugu no gutuma baguma ata co bazi, mu kutabaha amakuru bakeneye. Yezu wewe yari n’umutima ukunze wo kubwira abandi amakuru yari afise ku vyerekeye Se, akaba yaramubahishuriye bimwe bishitse. (Soma Matayo 11:27.) Vyongeye, Yezu yarahaye abigishwa biwe “ubushobozi bwo gutegera kugira ngo [ba]menye imwe y’ukuri,” iyo na yo akaba ari Yehova Imana. (1 Yoh. 5:20) Ivyo none bisobanura iki? Yezu yarafashije abayoboke biwe gutahura ivyo yigisha ku vyerekeye Se. Ntiyigeze anyegeza Se wiwe mu kwigisha inyigisho y’amayobera ivuga yuko Se wiwe ari umwe mu bagize Ubutatu budatahurika.

15. Ni kubera iki Yezu yaretse guhishura amakuru amwamwe yerekeye Se wiwe?

15 Yezu yoba yarahishuye ikintu cose yari azi ku vyerekeye Se? Oya, abigiranye ubukerebutsi yararetse kubwira abigishwa biwe ibintu vyose yari azi. (Soma Yohani 16:12.) Kubera iki? Kubera yuko ico gihe, “batashobora [kwi]hanganira” ivyo bintu. Ariko rero nk’uko Yezu yabisiguye, ibintu vyinshi bobihishuriwe “umufasha” amaze gushika, uwo na we akaba ari impwemu nyeranda, yobayoboye “mu kuri kwose.” (Yoh. 16:7, 13) Nka kurya nyene abavyeyi b’inkerebutsi boshobora kureka kubwira amakuru amwamwe abana babo gushika abo bana bakuze bihagije ku buryo bashobora gutahura ibintu, ni na ko Yezu yarindiriye gushika abo bigishwa babaye abahumuye n’abashobora gutahura ibintu bimwebimwe vyerekeye Se. Yezu abigiranye umutima mwiza, ntiyirengagije yuko bari n’aho bagarukiriza.

TWIGANE YEZU MU GUFASHA ABANDI KUMENYA YEHOVA

16, 17. Ni kubera iki ushoboye guhishurira abandi Data?

16 Iyo umaze kumenya umuntu neza maze ugatahura yuko afise kamere z’igikundiro, ntiwumva none wipfuza kubwira abandi ivyiwe? Igihe Yezu yari kw’isi, yaravuga ivyerekeye Se wiwe. (Yoh. 17:25, 26) Vyoba bishoboka ko tumwigana mu guhishurira abandi ivyerekeye Yehova?

17 Nk’uko twabibonye, Yezu yari azi vyinshi cane ku vyerekeye Se wiwe kuruta ivyo abandi bari bazi. Yamara, yari afise umutima ukunze wo kubwira abandi bimwebimwe mu vyo yari azi, akaba mbere yarahaye abayoboke biwe ubushobozi bwo gutegera kugira ngo batahure ibintu vyimbitse vyerekeye ukuntu Imana imeze. Tubifashijwemwo na Yezu, ntitwatahuye none Data mu buryo abantu benshi bo muri iki gihe batamutahura? Ese ukuntu dukenguruka kuba Yezu yaraduhishuriye Se wiwe abigiranye umutima ukunze, abicishije ku vyo yigishije no ku nyifato yiwe! Nkako, twoshobora kwirata mu buryo bubereye kuba twaramenye Data. (Yer. 9:24; 1 Kor. 1:31) Kubera ko twihatiye kwiyegereza Yehova, na we yaratwiyegereje. (Yak. 4:8) Ku bw’ivyo, turashoboye kubwira abandi ivyo tuzi. Ivyo twobigira gute?

18, 19. Ni mu buryo ubuhe ushobora guhishurira abandi Data? Sigura.

18 Turakeneye kwigana Yezu mu guhishura Data biciye ku vyo tuvuga no ku vyo dukora. Urama wibuka ko abantu benshi duhura mu murimo wo mu ndimiro batazi Imana iyo ari yo. Boshobora kuba bafise ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye Imana kubera ko bigishijwe ibinyoma. Twoshobora kubabwira ivyo tuzi ku vyerekeye izina ry’Imana, umugambi ifitiye abantu be n’ukuntu imeze, nk’uko bihishurwa muri Bibiliya. Vyongeye, twoshobora kuganira n’abo dusangiye ukwemera inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya zihishura ukuntu Imana imeze mu buryo tutahora dutahura. Ivyo vyoshobora gutuma na bo nyene bahungukira.

19 Tuvuge iki ku bijanye no guhishura Data biciye ku nyifato yawe uko wihatira kwigana Yezu? Igihe abantu babonye ko dukunda Kristu bafatiye ku vyo dukora, baravyurirwa umutima wo kwiyegereza Data na Yezu. (Ef. 5:1, 2) Intumwa Paulo yaturemesheje ‘kumwigana, nk’uko na we yiganye Kristu.’ (1 Kor. 11:1) Mbega agateka keza igitangaza twifitiye ko gufasha abantu kubona ukuntu Yehova ameze, biciye ku nyifato yacu! Egome, nimuze twese tubandanye kwigana Yezu mu guhishurira abandi Data.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika