ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/2 rup. 3-5
  • Woba ubona ko Yehova ari So wawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ubona ko Yehova ari So wawe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova ni Umutanzi munyarukundo
  • Data wa twese aradukingira abigiranye ikigongwe
  • Ukuntu tuvyungukirako
  • Data wa twese ‘aradufata ukuboko kw’iburyo’
  • Umuvyeyi wacu Yehova aradukunda cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • ‘Umwana aragomba guhishura Se’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • “Igihe cose musenga, muvuge muti: ‘Data’”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Niwiyegereze umuryango wawe wo mu vy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/2 rup. 3-5

Woba ubona ko Yehova ari So wawe?

“MUKAMA, twigishe gusenga.” Igihe umwe mu bigishwa ba Yezu yasaba ico kintu, Yezu yishuye ati: “Igihe cose musenga, muvuge muti: ‘Data, izina ryawe niryezwe.’” (Luka 11:1, 2) Yezu yari gushobora kuvuga Yehova akoresheje mwene aya mazina y’icubahiro akomakomeye, nka “Īshobora vyose,” ‘Umwigisha Ahambaye,’ “Umuremyi,” “Uwa mbere na mbere,” be na “Umwami w’ibihe bidahera.” (Ita. 49:25; Yes. 30:20, NW; 40:28; Dan. 7:9; 1 Tim. 1:17) Aho kubigenza gutyo, Yezu yahisemwo gukoresha imvugo ngo “Data.” Uti kuki? Kumbure ni kubera yuko ashaka ko twiyegereza Umwe Ahambaye kuruta abandi bose kw’isi no mw’ijuru, nka kurya nyene umwana yicisha bugufi yiyegereza se wiwe w’umunyarukundo.

Ariko rero, hari abo bigora kubona ko Imana ari Se wabo. Umukirisu umwe yitwa Atsukoa yiyemerera ati: “Inyuma y’aho mbatirijwe, naramaze imyaka itari mike bingora kwiyegereza Yehova no kumusenga nka we Data.” Mu kwerekana impamvu yatuma bimubera urugamba, avuga ati: “Nta ncuro n’imwe nibuka dawe amvyara yoba yarangaragarije igishika.”

Muri iri iyi misi ya nyuma itoroshe, “igishika c’abantu” umuntu yitega ko sebibondo amugaragariza carabuze bimwe bibabaje. (2 Tim. 3:1, 3) Ni co gituma usanga bikunda gushika abantu bakumva bamerewe nk’ukwo kwa Atsuko. Ariko rero, turashobora kugumya umutima, kubera yuko dufise imvo zumvikana zotuma tubona ko Yehova ari Data wa twese munyarukundo.

Yehova ni Umutanzi munyarukundo

Nimba twipfuza kubona Yehova nka Data wa twese, turakeneye kumumenya neza. Yezu yavuze ati: “Nta n’umwe azi neza Umwana atari Data, eka nta n’uwuzi neza Data atari Umwana be n’umuntu wese Umwana agomba kumuhishurira.” (Mat. 11:27) Uburyo bwiza cane bwodufasha kumenya ukuntu Yehova ameze nka sebibondo ni ukuzirikana ku vyo Yezu yahishuye ku bijanye n’Imana y’ukuri. None ni ibiki Yezu yamenyesheje ku vyerekeye uwo Data?

Yezu, mu kwemeza ko Yehova ari we Sôko ry’ubuzima bwiwe, yavuze ati: “Ndiho kubera Data.” (Yoh. 6:57) Na twebwe, ukuba turiho tubikesha uwo Data. (Zab. 36:9; Ibik. 17:28) Ni igiki none catumye Yehova aha abandi ubuzima? None ntiyabitumwe n’urukundo? Kuba twararonse iyo ngabirano, birakwiye gutuma vy’ukuri natwe dukunda Data wa twese wo mw’ijuru.

Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose cashize ahabona urukundo Imana ikunda abantu ni ya ntunganyo yagira yerekeye inkuka y’incungu ya Yezu. Ico kintu kiranga urukundo kiratuma abantu b’abanyagasembwa bashobora kugiranira ubucuti bwa hafi na Yehova biciye ku Mwana wiwe mukundwa. (Rom. 5:12; 1 Yoh. 4:9, 10) Vyongeye, kubera ko Data wa twese wo mw’ijuru ashitsa ivyo asezerana, turashobora kwizigira tudakeka ko abamukunda bose kandi bakamugamburukira, amaherezo bazokwironkera “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.”​—Rom. 8:21.

N’ikindi kandi, Data wa twese wo mw’ijuru “a[ra]tuma izuba rirasira” kuri twebwe ku musi ku musi. (Mat. 5:45) Hari aho twoba twiyumvira yuko bidakenewe gusenga dusaba ko izuba riseruka. Naho ari ukwo, turakeneye imishwarara yaryo isusurutsa kandi iraduhimbara. Vyongeye, Data wa twese ni Umutanzi ntangere azi ivyo dukenera ku mubiri imbere y’uko tunabimusaba. Ku bw’ivyo, wumva none tudakwiye gufata umwanya wo kwitegereza no kuzirikana tubigiranye ugukenguruka ukuntu Data wa twese wo mw’ijuru yitwararika ibiremwa vyiwe?​—Mat. 6:8, 26.

Data wa twese aradukingira abigiranye ikigongwe

Ubuhanuzi bwa Yesaya bwarasubirije umutima mu nda abasavyi b’Imana ba kera buti: “Imisozi izovaho, n’uturambi tuzokūrwaho, arik’ubuntu bganje ntibuzokuvako, kandi n’isezerano ry’amahoro nagusezeraniye ntirizokūrwaho, ni jewe Uhoraho nkugirira ikigongwe mbivuze.” (Yes. 54:10) Mu gushigikira ico ciyumviro, isengesho Yezu yatuye muri rya joro rya nyuma yamara ng’aha kw’isi rirerekana yuko Yehova akingira abantu abigiranye ikigongwe. Ku bijanye n’abigishwa biwe, Yezu yasenze ati: “Bari mw’isi, nanje ndiko ndaza kuri wewe. Data mweranda, ubarinde ku bw’izina ryawe bwite.” (Yoh. 17:11, 14) Yehova yararinze abayoboke ba Yezu yongera arabakingira.

Uburyo bumwe Imana ikoresha mu kudukingira amayeri ya Shetani muri kino gihe ni ukuturonsa imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu abicishije kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Kwihereza izo mfungurwa ntungamagara birahambaye nimba twipfuza “[kwambara] umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana.” Rimbura nk’akarorero, ibijanye n’“inkinzo yagutse y’ukwizera”, “[iyidushoboza] kuzimya imyampi yose yaka umuriro ya wa mubi.” (Ef. 6:11, 16) Ukwizera kwacu kuraturinda ivyotugirira nabi mu vy’impwemu kandi ni icerekana ko twemera ububasha Data wa twese afise bwo kudukingira.

Turashobora kumenya vyinshi ku bijanye n’ikigongwe ca Data wa twese wo mw’ijuru, biciye ku kurimbura twitonze ukuntu Umwana w’Imana yigenjeje igihe yari ng’aha kw’isi. Raba iyi nkuru yiganwa muri Mariko 10:13-16. Aho harasubiramwo amajambo Yezu yavuze abwira abigishwa biwe, hati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe.” Igihe abo bana batoyi bakikuza Yezu, yaciye abagumbira hanyuma arabahezagira. Ese ukuntu bategerezwa kuba baragize akanyamuneza! Vyongeye, kubera yuko Yezu yavuze ati: “Uwumbonye aba abonye na Data,” turatahura yuko Imana y’ukuri yipfuza ko tuja kuri yo.​—Yoh. 14:9.

Yehova Imana ni we Sôko ridakama ry’urukundo. Ni Umutanzi adasanzwe akaba n’Umukingizi ntangere yipfuza ko tumwiyegereza. (Yak. 4:8) Nta gukeka rero yuko Yehova ari we Sebibondo mwiza kuruta abandi bose umuntu yokwiyumvira.

Ukuntu tuvyungukirako

Turungukira cane ku kwizigira yuko Yehova ari Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo kandi w’umunyakibabarwe. (Imig. 3:5, 6) Yezu yarungukiye ku kwizigira Se bimwe vyuzuye. Kristu yabwiye abigishwa biwe ati: “[Sindi] jenyene, mugabo Data yandungitse ari kumwe nanje.” (Yoh. 8:16) Yezu yama nantaryo yizigira adakeka ko Yehova amushigikira. Nk’akarorero, igihe yabatizwa, Se yaramukuye amazinda mu buryo buranga urukundo, mu kumenyesha ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Mat. 3:15-17) N’imbere gato y’uko Yezu apfa, yasemereye ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize impwemu yanje.” (Luka 23:46) Ukuntu Yezu yizigira Se kwari kugikomeye nka mbere.

Birashobora kumera gutyo no kuri twebwe. Ko Yehova ari ku ruhande rwacu, none wumva twotinya iki? (Zab. 118:6) Atsuko, umwe twavuga mu ntango, yari afise akamenyero kwo kwiheka ku nkomezi ziwe bwite igihe yaba ari mu ngorane. Ariko yaciye atangura kwiga ibijanye n’ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku yaranguye, canecane yitunira ku bucuti somambike Yezu yari afitaniye na Se wiwe wo mw’ijuru. None vyavuyemwo iki? Atsuko avuga ati: “Naratahuye ico bisobanura ukuba mfise Data nongera ndiga kumwihekako.” Yongerako ati: “Narironkeye amahoro nyakuri n’ubuhirwe nyakuri. Mu vy’ukuri, nta mvo n’imwe dufise yotuma twiganyira ku kintu na kimwe.”

None turushiriza gute kwungukira ku kubona ko Yehova ari Data wa twese? Mu bisanzwe abana barakunda abavyeyi babo kandi baripfuza kubahimbara. Umwana w’Imana abitumwe n’urukundo, ‘yama nantaryo akora ibihimbara Se wiwe.’ (Yoh. 8:29) Muri ubwo buryo nyene, urukundo dukunda Data wa twese wo mw’ijuru rurashobora kutuvyurira umutima wo gukorana ubukerebutsi, ‘tukamushemeza icese.’​—Mat. 11:25; Yoh. 5:19.

Data wa twese ‘aradufata ukuboko kw’iburyo’

Data wa twese wo mw’ijuru yaraturonkeje kandi “umufasha,” ari yo mpwemu nyeranda yiwe. Yezu yavuze ati: “[I]zobarongora mu kuri kwose.” (Yoh. 14:15-17; 16:12, 13) Impwemu nyeranda y’Imana irashobora gutuma turushiriza gutahura Data wa twese. Irashobora kudufasha gutembagaza “ibintu bihamangiye,” ni ukuvuga, ivyo abantu bibwira, ivyiyumviro bitari vyo, canke ukubona ibintu mu buryo butari bwo, gutyo “iciyumviro cose tu[ka]kigira imbohe ngo dutume kigamburukira Kristu.” (2 Kor. 10:4, 5) Nimuze rero dusenge Yehova tumusaba uwo “mufasha” twasezeraniwe, twizigiye yuko “Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba.” (Luka 11:13) Birabereye kandi ko dusenga dusaba yuko iyo mpwemu nyeranda yodufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova.

Umwana mutoyi arumva ko atagira inkomanzi, akumva atekaniwe, kandi akumva ata bwoba afise igihe aba ariko aragenda ari kumwe na se wiwe amufashe ukuboko. Nimba mu vy’ukuri ubona ko Yehova ari So wawe, urashobora gushira ku mutima aya majambo ahumuriza agira ati: “Jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara.” (Yes. 41:13) Urashobora guterwa agateka keza igitangaza ko “kugendana” n’Imana ibihe bidahera. (Mika 6:8) Nugume ukora ivyo agomba, uzoheza wibonere urukundo, umunezero, be n’ugutekanirwa biva ku kubona ko Yehova ari So wawe.

[Akajambo k’epfo]

a Si ko yitwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika