ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/7 rup. 19-22
  • “Igihe cose musenga, muvuge muti: ‘Data’”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Igihe cose musenga, muvuge muti: ‘Data’”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yezu adukura amazinda ko Data adushima
  • Ni Data yuzuye impuhwe z’ikibabarwe
  • Data aradukingira
  • Data wa twese wo mw’ijuru aradutoza indero
  • Data araturonsa ibidutunga
  • Twerekane ko dukenguruka urukundo rwa Data
  • Umuvyeyi wacu Yehova aradukunda cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Woba ubona ko Yehova ari So wawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Niwiyegereze umuryango wawe wo mu vy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Sebibondo ntangere
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/7 rup. 19-22

“Igihe cose musenga, muvuge muti: ‘Data’”

“Data.” Wumvise iryo jambo uca ubona iki? Woba uca ubona umugabo yuzuye urukundo n’ikibabarwe yitaho cane umuryango wiwe? Canke woba uca ubona umugabo ata co anezwe, kumbure afata nabi abandi? Bivana ahanini ni ukuntu so wawe yari ameze.

IJAMBO “Data” ni ryo jambo Yezu yakunda gukoresha igihe yaba ariko aganira n’Imana n’igihe yaba ariko avuga ibiyerekeye.a Igihe yigisha abayoboke biwe gusenga yavuze ati: “Igihe cose musenga, muvuge muti: ‘Data.’” (Luka 11:2) None Yehova ni Data ameze gute? Inyishu y’ico kibazo irahambaye cane. Uti kubera iki? Dutahuye neza ukuntu uwo Data Yehova ameze, turarushiriza kumwiyegereza no kumukunda.

Nta wushoboye kutubwira neza ivyerekeye Data wa twese wo mw’ijuru kuruta Yezu. Yari afitaniye ubucuti somambike na Se. Yezu yavuze ati: “Nta n’umwe azi neza Umwana atari Data, eka nta n’uwuzi neza Data atari Umwana be n’uwo wese Umwana agomba kumuhishurira.” (Matayo 11:27) Rero biciye kuri Yezu ni ho dushobora kumenya neza Data.

Ni ibiki none dushobora kwigira kuri Yezu ku vyerekeye Data wa twese wo mw’ijuru? Raba amajambo Yezu yavuze: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Ayo majambo ya Yezu arashira ahabona kamere nyamukuru Data wa twese wo mw’ijuru afise: urukundo. (1 Yohani 4:8) Yehova aragaragaza urukundo mu buryo butari bumwe, nko mu kudushima, mu kutugirira impuhwe, mu kudukingira, mu kudutoza indero no mu kuturonsa ivyo dukeneye.

Yezu adukura amazinda ko Data adushima

Igihe abavyeyi babwiye abana babo ko babashima birabakomeza bikongera bikabaremesha. Iyumvire ukuntu Yezu ategerezwa kuba yararemeshejwe no kwumva Se amubwira ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Matayo 3:17) Yezu na we adukura amazinda ko Se wiwe adukunda kandi akadushima. Yavuze ati: “Uwunkunda na we azokundwa na Dawe.” (Yohani 14:21) Umve nawe ukuntu ayo majambo ahumuriza! Ariko rero, hariho uwushaka kukunyaga iyo mpumurizo.

Shetani arondera gutuma dukekeranya ku bijanye n’uko Data wa twese wo mw’ijuru adushima. Ashaka kutujijura yuko tutabibereye. Akenshi abigira igihe tugeze habi, nk’iyo turwaye, tugoyagoya, tugeze mu zabukuru canke twiyumva nabi kubera hari ivyatunaniye canke icatuvunye umutima. Iyumvire nk’akarorero ivyashikiye umusore umwe yitwa Lucas yabona ko atabereye gushimwa n’Imana. Yigana yuko abavyeyi biwe bahindutse rwose igihe yari akiri muto, barata imico myiza bari baramwigishije. Ivyo bishobora kuba ari vyo vyatumye bimugora kugiranira ubucuti na Se wiwe wo mw’ijuru. N’ikindi kandi, kubera ko yari umuntu ahuruduka, yama yitaye mu ngorane, na canecane mu migenderanire afitaniye n’abandi. Ariko umugore wiwe yihangana kandi aremeshanya, uwo yita “umuhezagiro udasanzwe n’ingabirano iva ku Mana,” yagiye aramufasha kuba umuntu yicungera. Lucas yahavuye atahura ko “Kristu Yezu yaje mw’isi gukiza abacumuzi.” (1 Timoteyo 1:15) Lucas avuga ko kuzirikana ku rukundo rw’Imana no ku kuntu idushima vyatumye yumva ahimbawe.

Niba bishika ugakekeranya yuko Imana ishobora kugukunda canke kugushima, hari aho woremeshwa no gusoma ukongera ukazirikana ku Baroma 8:31-39. Muri ico canditswe, intumwa Paulo adusubiriza umutima mu nda abigiranye urukundo yuko ata kintu na kimwe gishobora “kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu.”b

Ni Data yuzuye impuhwe z’ikibabarwe

Data wa twese wo mw’ijuru aritaho imibabaro idushikira. Ni Imana y’“impuhwe z’ikibabarwe.” (Luka 1:78) Yezu yaragaragarije abantu b’abanyagasembwa impuhwe za Se. (Mariko 1:40-42; 6:30-34) Abakirisu b’ukuri na bo nyene barihatira kwigana impuhwe za Se wabo wo mw’ijuru. Barumvira iyi nkeburo Bibiliya itanga iti: “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe.”​—Abanyefeso 4:32.

Zirikana ivyashikiye umugabo umwe yitwa Felipe. Umusi umwe ari ku kazi, yagiye yumva ububabare bukomeye nk’aho yoba asogoswe imbugita mu mugongo. Baciye bamunyarukana ku bitaro. Inyuma y’amasaha umunani abaganga bariko baramusuzuma, bahavuye babona ko agashishwa k’indani mu mutsi usohora amaraso uyakura mu mutima kari katabutse. Bavuze ko asigaje iminota 25 yo kubaho be n’uko kumubaga ata co vyari gukiza.

Bamwe mu basangiye ugusenga na Felipe ni ho bari, kandi impuhwe bari bamufitiye zatumye baca bagira ico bakoze. Baciye bamunyarukana ku bindi bitaro aca arabagwa vyihuta, kandi bagumye ng’aho gushika abaganga barangije kumubaga. Igishimishije, Felipe yararusimvye. Akubitije umutima kuri ico kintu, arakenguruka impuhwe abo basangiye ugusenga bamugaragarije. Ariko Felipe arabona neza ko Se wiwe wo mw’ijuru ari we yatumye bazimugaragariza. Avuga ati: “Ni nk’aho Imana, nka kurya kw’umuvyeyi yuzuye urukundo, yari ihagaze iruhande yanje kugira inkomeze.” Mu vy’ukuri, Yehova yama yagaragaje impuhwe mu kuvyurira abasavyi biwe bo kw’isi umutima wo kugaragaza iyo kamere.

Data aradukingira

Iyo akana gatoyi kabonye hari ikikageramiye, gaca kiruka kwa se ngo agakingire. Umwana arumva atekaniwe igihe se amugumbiranye urukundo. Yezu yarizigira adakeka ko Yehova amukingira. (Matayo 26:53; Yohani 17:15) Na twebwe turashobora gutekanirwa dukingiwe na Data wa twese wo mw’ijuru. Muri iki gihe, ahanini Yehova adukingira mu buryo bw’impwemu. Mu yandi majambo, aradukingira ivyotugirira nabi mu vy’impwemu mu kuturonsa ibikenewe kugira twirinde akaga no kugira tuzigame ubucuti dufitaniye na we. Uburyo bumwe akoresha mu kudukingira ni impanuro zishingiye kuri Bibiliya. Iyo turonse izo mpanuro ni nk’aho Yehova aba ariko agendera inyuma yacu atubwira ati: “Iyi ni yo nzira. Nimuyigenderemwo.”​—Yesaya 30:21.

Rimbura ivyashikiye Tiago na bene wabo Fernando na Rafael, bano bakaba bari mu mugwi ucuraranga umuziki wa rock-and-roll. Bararyohewe cane igihe batorwa ngo bazocurarangire mu nyubakwa z’umuziki za rurangiranwa kuruta izindi z’i São Paulo muri Brezile. Babona ko imbere ari heza. Ariko hari uwo basangiye ugusenga yabagabishije ku bijanye n’akaga kari mu kwifatanya n’abantu babayeho birengagiza inzira z’Imana. (Imigani 13:20) Yarashimitse kuri iyo mpanuro ishingiye kuri Bibiliya mu kubiganira ivyo yiboneye. Mwene wabo yari yarigenjeje nabi kubera ukwifatanya n’abagenzi babi. Tiago na bene wabo baciye bafata ingingo yo guheba ivy’umuziki. Bose uko ari batatu ubu bari mu gikorwa c’Imana c’igihe cose. Babona ko kwumvira iyo mpanuro yo mw’Ijambo ry’Imana vyabakingiye mu vy’impwemu.

Data wa twese wo mw’ijuru aradutoza indero

Se w’abana w’umunyarukundo arabatoza indero kuko yipfuza ko bakura bakaba abantu bameze neza. (Abanyefeso 6:4) Ntabafyinatisha, ariko kandi ntiyigera abakosora mu buryo bukaze. Muri ubwo buryo nyene, Data wa twese wo mw’ijuru birashika akabona ko bikenewe ko adutoza indero. Ariko yama adutoza indero mu rukundo kandi ntiyigera akavya. Cokimwe na Se, Yezu ntiyigeze aba umuntu akaze, eka mbere n’igihe abigishwa biwe bateba gushira mu ngiro ivyo yabakosoyemwo.​—Matayo 20:20-28; Luka 22:24-30.

Raba ukuntu umugabo umwe yitwa Ricardo yahavuye atahura ko Yehova yamutoje indero mu rukundo. Se wa Ricardo yamutaye igihe yari amaze amezi indwi gusa. Ashitse mu buyabaga, yarumvise ko abuze uwomubera se. Yaragiye mu ngeso mbi maze ijwi ryiwe ryo mu mutima ritangura kumubuza amahoro. Amaze kubona ko atari abayeho yisunga ingingo ngenderwako za gikirisu zigenga inyifato runtu, yaciye afata ingingo yo kuganira n’abakurambere bo mw’ishengero yarimwo. Abakurambere baramuhaye impanuro zikomeye ariko ziranga urukundo zishingiye kuri Bibiliya. Ricardo yarashimye indero yatojwe, mugabo yarabandanije gushikirwa n’inkurikizi zibabaje z’ivyo yari yarakoze: uri ukubura itiro, uri ukurira be n’intuntu. Yahavuye atahura ko kuba yaratojwe indero vyerekana ko Yehova akimukunda. Ricardo aribuka amajambo yo mu Baheburayo 12:6 agira ati: “Uwo Yehova akunda amutoza indero.”

Vyoba vyiza twibutse ko gutoza indero atari uguhana gusa canke ugukangira kubera ikibi cakozwe. Bibiliya yerekana kandi ko gutoza indero bifitaniye isano n’ukumenyereza. Data wa twese wo mw’ijuru yuzuye urukundo yoshobora rero kudutoza indero mu kureka tukamara igihe kinaka dushikirwa n’inkurikizi zibabaje z’amakosa twakoze. Yamara, Bibiliya yerekana ko igihe adutoje indero aba ariko aratumenyereza, adufasha kugendera mu nzira igororotse. (Abaheburayo 12:7, 11) Ni vyo, Data aritayeho koko ineza yacu, kandi adukosora ku neza yacu.

Data araturonsa ibidutunga

Sebibondo yuzuye urukundo aritaho umuryango wiwe mu vy’umubiri akawuronsa ivyo ukeneye. Na Yehova ni ukwo. Yezu yavuze ati: “So wo mw’ijuru [arazi] ko ivyo vyose mubikenera.” (Matayo 6:25-34) Yehova asezerana ati: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.”​—Abaheburayo 13:5.

Umugore umwe yitwa Nice yahavuye atahura ko ayo majambo ari ay’ukuri igihe umugabo wiwe yakurwa mu kazi. Uwo mugore yari aherutse kuva mu kazi k’umushahara uboneka kugira aronke umwanya wiyongereye wo kwitwararika udukobwa twiwe tubiri no gukora igikorwa c’Imana. None ga yemwe bari bagiye kubaho gute? Yarasenze Yehova. Umusi ukurikira, umugabo wiwe yarasubiye aho yakora kugira atore utwiwe. Reka rero aze yumva shebuja amubwiye ko hari akandi kazi kari gahejeje kuboneka, aca amubaza ko yoshima kugakora! Uca wumva ko umugabo wa Nice yatakaje akazi umusi umwe, bukeye aba aragasubiyemwo. Nice n’umugabo wiwe barashimiye Se wabo wo mw’ijuru kuri ico kintu. Ivyabashikiye biratwibutsa ko Yehova, wa Muvyeyi munyarukundo aturonsa ivyo dukeneye, atigera yibagira abasavyi biwe b’intahemuka.

Twerekane ko dukenguruka urukundo rwa Data

Vy’ukuri, nta majambo tworonka yodondora neza urukundo rw’agatangaza Data wa twese wo mw’ijuru adukunda! Iyo twihweje uburyo butandukanye atugaragariza urukundo rwiwe rwa kivyeyi, ni ukuvuga mu kudushima, mu kutugirira impuhwe, mu kudukingira, mu kudutoza indero no mu kuturonsa ivyo dukeneye, duca tubona koko yuko ari we Data w’agaheta!

Twokwerekana gute none ko dukenguruka urukundo Data wa twese wo mw’ijuru yatugaragarije? Mu kugira akigoro ko kumenya n’ibindi ku bimwerekeye no ku vyerekeye umugambi wiwe. (Yohani 17:3) Mu guhuza ubuzima bwacu n’ivyo agomba be n’inzira ziwe. (1 Yohani 5:3) Mu kugaragaza urukundo rwiwe mu buryo dufata abandi. (1 Yohani 4:11) Muri ubwo buryo bwose, turashobora kwerekana ko tubona ko Yehova ari Data be n’uko tubona ko ari agateka kuba turi abana biwe.

[Utujambo tw’epfo]

a Ivy’uko Yehova ari Data biravugwa cane mu Vyanditswe. Nk’akarorero, Yezu yakoresheje ijambo “Data” (“Dawe,” “So,” canke “Se”) incuro nka 65 mu Njili zitatu za mbere n’incuro zirenga 100 mu Njili ya Yohani. Paulo na we nyene yarakoresheje ijambo “Data” mu kuvuga Imana incuro zirenga 40 mu makete yanditse. Yehova ni Data mu buryo bw’uko ari we dukesha ubuzima.

b Raba ikigabane ca 24 kivuga ngo “Nta na Kimwe Gishobora ‘Kudutandukanya n’Urukundo rw’Imana’” c’igitabu Niwiyegereze Yehova casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]

Dutahuye neza ukuntu uwo Data Yehova ameze, turarushiriza kumwiyegereza no kumukunda

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 22]

Turashobora kwerekana ko tubona ko Yehova ari Data be n’uko tubona ko ari agateka kuba turi abana biwe

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 21]

YEHOVA AGARAGAZA URUKUNDO RWIWE RWA KIVYEYI MU BURYO BUTARI BUMWE

ARADUSHIMA

ARATUGIRIRA IMPUHWE

ARADUKINGIRA

ARADUTOZA INDERO

ARADUHA IBIDUTUNGA

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika