ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/1 rup. 25
  • Sebibondo ntangere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Sebibondo ntangere
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Umuvyeyi wacu Yehova aradukunda cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ingene woba sebibondo mwiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Woba ubona ko Yehova ari So wawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • ‘Umwana aragomba guhishura Se’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/1 rup. 25

Niwiyegereze Imana

Sebibondo ntangere

Matayo 3:16, 17

“SEBIBONDO”. Ni amajambo make akora ku mutima abantu kuruta iryo jambo. Sebibondo akunda vy’ukuri ibibondo vyiwe, arabifasha gukura neza. Ntibitangaje rero kubona Bibiliya ivuga ko Yehova ari “Data”, canke Sebibondo (Matayo 6:9). None Yehova ni Sebibondo ameze gute? Kugira ngo twishure ico kibazo, nimuze twihweze amajambo Yehova yabwiye Yezu igihe yabatizwa. Nakare, uburyo sebibondo avugisha abana biwe burahishura vyinshi ku kuntu uwo muvyeyi ameze.

Nko muri Gitugutu mu 29 G.C., Yezu yaragiye ku Ruzi Yorodani kugira ngo abatizwe. Bibiliya irigana ivyabaye iti: “Yezu amaze kubatizwa, buno nyene aduga ava mu mazi; maze ehe ijuru riruguruka, abona impwemu y’Imana imanuka nk’inuma, imuzako. Ehe humvikana kandi ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: ‘Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye’”a (Matayo 3:16, 17). Ayo majambo arangwa ikibabarwe, ayavuzwe na Yehova ubwiwe, araduhishurira vyinshi ku kuntu uwo Sebibondo ameze. Raba ibintu bitatu Yehova yaseruriye Umwana wiwe.

Ubwa mbere, mu kuvuga amajambo ngo “uyu ni Umwana wanje”, ku bwa ngingo Yehova yariko avuga ati: ‘Ndahimbawe no kuba ndi So wawe’. Umuvyeyi abona kure arahaza icipfuzo abana biwe baba bafise co kwumva ko bashimwa kandi bitwararikwa. Abana barakenera gusubirizwa umutima mu nda yuko bafise agaciro, umwe wese akabona ko ari mu bagize umuryango. Naho Yezu yari amaze kugera mu bigero, iyumvire ukuntu yumvise amerewe igihe yumva Se amushima ukuraho!

Ubwa kabiri, mu kwita Umwana wiwe ngo “umukundwa”, Yehova yari aseruye izuba riva urwo akunda Yezu. Ni nk’aho uwo Muvyeyi yariko avuga ati: ‘Ndagukunda’. Sebibondo mwiza arabwira abana biwe yuko abakunda cane. Amajambo nk’ayo, ayajanishije n’ibimenyetso bibereye bigaragaza urukundo, arafasha abana gusagamba. Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyarakoze Yezu ku mutima kwumva ijwi rya Se riserura urukundo amufitiye!

Ubwa gatatu, mu kuvuga ijambo ngo “naragushimye”, Yehova yari aseruye ko ashima umwana wiwe. Ni nk’aho Yehova yariko avuga ati: ‘Mwananje, ndashima cane ivyo waranguye’. Sebibondo munyarukundo ararondera uturyo two kumenyesha abana biwe yuko ashima ibintu vyiza bakora canke bavuga. Abana barakomezwa kandi bakaremeshwa n’ukuba abavyeyi babashima. Nta nkeka ko Yezu ategerezwa kuba yararemeshejwe no kwumva ko Se wiwe amushima!

Mu vy’ukuri, Yehova ni Sebibondo ntangere. Umutima wawe, woba wipfuza cane kugira umuvyeyi nk’uwo? Nimba ari ukwo, urashobora rero guhumurizwa no kumenya ko bishoboka yuko ugiranira ubucuti na Yehova. Nimba wiga ibimwerekeye ubigiranye ukwizera kandi ukagerageza gukora ivyo agomba ata buryarya, azogira ico akoze. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza” (Yakobo 4:8). None hari ikintu cotuma wumva utekaniwe kuruta kugiranira ubucuti bwa somambike na Yehova Imana, we Sebibondo aruta abandi bose?

[Akajambo k’epfo]

a Nk’uko inkuru yo mu Njili ya Luka isa n’iyo ibivuga, Yehova yakoresheje umuvugwa wa kabiri mu rudende mu kuvuga ati: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye”.​—Luka 3:22.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika