ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/6 rup. 15
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova bamamaza inzu ku nzu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova bamamaza inzu ku nzu?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Inkuru nziza iriko yamamazwa gute?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • “Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Kubera iki mwamamaza inzu ku nzu?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Igikorwa cacu co kwamamaza Ubwami gitunganijwe gute?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/6 rup. 15

Abasomyi bacu barabaza . . .

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bamamaza inzu ku nzu?

▪ Muri Bibiliya turahasanga iri tegeko Yezu yahaye abayoboke biwe ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigisha.” (Matayo 28:19, 20) Iryo tegeko ryoba riraba abakirisu bose? Abigishwa ba Yezu bo mu ntango ni ko babitahura. Nk’akarorero, intumwa Petero yavuze ati: “[Yezu] yadutegetse kwamamaza inkuru nziza ku bantu no gushinga intahe inogangije.” (Ivyakozwe 10:42) Intumwa Paulo na we yanditse ati: “Ndi n’ikingobera. Mu vy’ukuri, noba ngowe hamwe ntomenyesha inkuru nziza!”​—1 Abakorinto 9:16.

Turetse Paulo na Petero, abakirisu bo mu kinjana ca mbere bose na bo nyene barashitsa iryo tegeko Yezu yatanze. Kwamamaza inkuru nziza babigize co gikorwa nyamukuru kibaranga. (Ivyakozwe 5:28-32, 41, 42) Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova na bo nyene ni vyo bihatira kugira. Bamamaza bwa butumwa nyene Yezu yamamaza, ni ukuvuga “ubwami bwo mw’ijuru.”​—Matayo 10:7.

Ni bande none bakwiye kubwirwa ubwo butumwa bw’Ubwami? Yezu yerekanye ko bukwiye kubwirwa abantu bose aho bari hose. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzombera ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyakozwe 1:8) Yaranavuze ko imbere y’uko iherezo ry’ivy’iyi si rishika, “iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe.” (Matayo 24:14) Ku bw’ivyo, abakirisu bo mu kinjana ca mbere barihatira kubwira iyo nkuru nziza abantu bose; ntibayibwira gusa abo bazinanyi canke abantu batagira idini. (Abakolosayi 1:23; 1 Timoteyo 2:3, 4) Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova na bo nyene baragerageza kubwira abantu bose.a

Uburyo kirumara kuruta ubundi bwo gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami ni ubuhe? Yezu, uwari azi uburyo bwo gushikira abantu benshi bashoboka, yarungitse abigishwa biwe mu bisagara, mu bigwati no mu mihana y’abantu. (Matayo 10:7, 11, 12) Amaze gupfa mu nyuma akazuka, abigishwa biwe barabandanije kwamamaza inkuru nziza “inzu ku nzu.” (Ivyakozwe 5:42) Nk’uko na Yezu yabigize, baramamaza aho baba bahuriye n’abantu hose be no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. (Yohani 4:7-26; 18:20; Ivyakozwe 17:17) Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bakoresha ubwo buryo nyene kugira babwire inkuru nziza abantu bose.

Yezu yarerekanye ko atari bose bokwumvirije ubwo butumwa. (Matayo 10:14; 24:37-39) None ivyo vyoba bikwiye guca intege abakirisu? Zirikana aka karorero: Dufate ko uri mu mugwi w’abantu bariko baratabara abashikiwe na ca nyamugigima gikaze. Mbega woca uhagarika kurondera ngo ni uko mu mwanya mumaze murondera habonetse abantu bakeyi gusa barusimvye? Nawe nu; ahubwo woshishikara urondera magingo mwoba mwizigiye ko hari uwo mwoshobora gukiza. Yezu yabwiye abigishwa biwe gushishikara igikorwa magingo hakiriho icizigiro co kuronka na bakeyi bakira neza inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. (Matayo 10:23; 1 Timoteyo 4:16) Mu kurondera mwene abo inzu ku nzu, Ivyabona vya Yehova baba bariko baragaragaza urukundo bakunda Imana n’abantu, bano bakaba bashobora kuzorokoka ari uko bumvirije ubutumwa bw’Ubwami maze bakagira ico bakoze.​—Matayo 22:37-39; 2 Abatesalonika 1:8.

Iki kinyamakuru uriko urasoma kiratanga ubwo butumwa bwo muri Bibiliya. Ushaka kumenya n’ibindi, turagusavye uzovugane n’Ivyabona vya Yehova nibasubira kukugendera, canke wandikire abasohora iki kinyamakuru.

[Akajambo k’epfo]

a Ubu Ivyabona vya Yehova bamamaza inkuru nziza mu bihugu no mu turere bishika 236. Mu mwaka uheze, bamaze amasaha umuliyaridi 1 n’imiliyoni 700 muri ico gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, barongorera inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana abantu imiliyoni 8 n’ibihumbi 500 kw’isi yose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika