Kubera iki twoshira imbere umurimo wa Yehova?
“Akanwa kanje kazodonda ubugororotsi bwawe, kadonde ubukiriro bwawe burinde bwira.”—ZAB. 71:15.
WOKWISHURA GUTE?
Ni ibiki Nowa, Musa, Yeremiya na Paulo bashira imbere mu buzima bwabo?
Ni ukwisuzuma ukuhe kuzogufasha kumenya ukuntu wokoresha ubuzima bwawe?
Ni kubera iki wiyemeje gushira imbere umurimo wa Yehova?
1, 2. (a) Igihe umuntu yiyeguriye Yehova aba yerekanye iki? (b) Dushobora gute kwungukira ku gusuzuma ingingo Nowa, Musa, Yeremiya na Paulo bafashe?
IGIHE ubaye umuyoboke wa Yezu yiyeguye kandi akabatizwa, uba uteye intambwe ihambaye cane. Ukwiyegurira Imana kwawe ni yo ngingo ihambaye kuruta izindi zose ushobora gufata. Ni nk’aho uba uvuze uti: ‘Yehova, nipfuza ko umbera Databuja mu mice yose y’ubuzima bwanje. Ndi umusavyi wawe. Nipfuza ko umbwira ukuntu nkwiye gukoresha umwanya wanje, ivyo nkwiye gushira imbere y’ibindi be n’ukuntu nkwiye gukoresha ubutunzi bwanje n’ububangukirwe bwanje.’
2 Nimba uri umukirisu yiyeguye, mu bisanzwe ivyo ni vyo wasezeraniye Yehova. Urakwiye gukezwa kubw’iyo ngingo wafashe; ni co kintu kibereye kandi kiranga ubukerebutsi umuntu yokora. Ariko none, kuba utahura yuko Yehova ari Shobuja, bigira ico bikoze gute ku bijanye n’ukuntu ukoresha umwanya wawe? Uburorero bwa Nowa, Musa, Yeremiya n’intumwa Paulo burashobora kudufasha gusuzuma ico kibazo. Umwe wese muri bo yari umusavyi wa Yehova amukorera atiziganya. Ivyacu vyifashe nk’uko ivyabo vyari vyifashe. Ingingo bafashe zarerekanye ivyo bashira imbere y’ibindi ivyo ari vyo, kandi zirashobora kudufasha gusuzuma ukuntu turiko turakoresha umwanya wacu.—Mat. 28:19, 20; 2 Tim. 3:1.
IMBERE YA RYA SEGENYA
3. Ni mu buryo ubuhe imisi turimwo imeze nk’imisi ya Nowa?
3 Yezu yagereranije igihe ca Nowa n’igihe cacu. Yavuze ati: “Nk’uko imisi ya Nowa yari imeze, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera. . . . Ba[ra]rya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjiriye mu bwato, ntihagire ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose.” (Mat. 24:37-39) Abantu benshi muri iki gihe usanga bitwararika ibikorwa vyo mu buzima, ntibitwararike ivy’uko ibintu vyihutirwa muri ibi bihe tubayemwo. Ntibitaho ubutumwa bwo kubagabisha butangazwa n’abasavyi b’Imana. Benshi mbere baratwengera mw’ijigo iciyumviro c’uko Imana izogira ico ikoze mu vyo abantu bakora, nk’uko abantu bo mu gihe ca Nowa babigira. (2 Pet. 3:3-7) Ariko none, Nowa yakoresheje gute umwanya wiwe naho yari akikujwe n’abantu batamwerekwa?
4. Nowa yakoresheje gute umwanya wiwe aho Yehova amariye kumushinga igikorwa, kandi kubera iki?
4 Imana imaze kubwira Nowa ivyo igomba gukora no kumushinga igikorwa, uno yarubatse ubwato kugira ngo abantu n’ibikoko birokoke. (Ita. 6:13, 14, 22) Nowa yaratangaje kandi urubanza Yehova yari yimirije gushitsa. Intumwa Petero amwita “umwamamaji w’ubugororotsi,” ivyo bikaba vyerekana ko Nowa yihatira gufasha abandi gutahura yuko vyihutirwa ko bagira ico bakoze. (Soma 2 Petero 2:5.) Wibaza yuko vyari kuba biranga ubukerebutsi iyo Nowa n’umuryango wiwe bitunira ku vyo gutanguza urudandaza, gutera imbere kuruta abo mu gihe cabo canke kugira ubuzima bwo kwidibamira? Birumvikana ko bitari kuba biranga ubukerebutsi! Kubera ko bari bazi ivyari biraririye gushika, baririnze ivyo bintu bisamaza.
AMAHITAMWO YAGIZWE N’UMUGANWA W’UMUNYAMISIRI
5, 6. (a) Inyigisho Musa yaronse ishobora kuba yari ifise intumbero yo kumutegurira gukora iki? (b) Ni kubera iki Musa yanse kwungukira ku turyo yari afise mu Misiri?
5 Nimuze ubu na ho twihweze akarorero ka Musa. Yakuriye ku kirimba co mu Misiri ari umwana w’umurerano w’umukobwa wa Farawo. Igihe yari umuganwa akiri muto, yarigishijwe “mu bukerebutsi bwose bw’Abanyamisiri.” (Ivyak. 7:22; Kuv. 2:9, 10) Birashoboka ko iyo nyigisho yari ifise intumbero yo kumutegura kugira ngo azokore ku kirimba kwa Farawo. Yari gushobora kuba umuntu ahambaye mu ntwaro ikomeye kuruta izindi zose zo muri ico gihe, afise ibihinda, uturusho be n’ibihimbaro ico kibanza cari kumuronsa. Mugabo none, ivyo bintu vyoba ari vyo vyari bihambaye kuri Musa?
6 Kubera ko Musa yari yaramenyerejwe n’abavyeyi biwe akiri umwana, birashoboka ko yari azi ivyo Yehova yari yarasezeraniye ba sekuruza biwe Aburahamu, Izahaki na Yakobo. Musa yarizera ivyo bintu. Ategerezwa kuba yariyumviriye yitonze ibijanye na kazoza kiwe be n’ukuntu yoba intahemuka kuri Yehova. None igihe hagera ko ahitamwo hagati yo kuba umuganwa w’Umunyamisiri no kuba umushumba w’Umwisirayeli, yahisemwo iki? Musa yahisemwo “gufatanwa nabi n’abantu b’Imana aho kunezererwa igicumuro akanya gato.” (Soma Abaheburayo 11:24-26.) Mu nyuma, yarakurikije ubuyobozi Yehova yamuhaye ku bijanye n’ukuntu akwiye gukoresha ubuzima bwiwe. (Kuv. 3:2, 6-10) Kubera iki none Musa yabukurikije? Kubera ko yemera ivyo Imana yasezeranye. Yaratahuye yuko ata kazoza yogize mu Misiri. Nkako, mu nyuma iryo hanga ryarashikiwe n’ivyago cumi bivuye ku Mana. Woba ubona icigwa abiyeguriye Yehova muri iki gihe bohakura? Aho gushira imbere umwuga canke ibindi bihimbaro ivyo ari vyo vyose vyo muri iyi si, dutegerezwa gushira imbere Yehova n’umurimo wiwe.
YEREMIYA YARI AZI IVYARI BIRARIRIYE GUSHIKA
7. Ni mu buryo ki ivya Yeremiya vyari vyifashe nk’ivyacu?
7 Uwundi muntu yashize imbere umurimo wa Yehova, ni umuhanuzi Yeremiya. Yehova yahisemwo Yeremiya ngo amubere umuhanuzi maze amushinga igikorwa co kwamamaza ubutumwa bwerekeye urubanza yari yaciriye Yeruzalemu na Yuda kubera ubuhuni bwabo. Twovuga ko Yeremiya yari abayeho “mu kiringo ca nyuma c’imisi.” (Yer. 23:19, 20) Yari azi neza yuko isi yari abayemwo itogumyeho.
8, 9. (a) Ni kubera iki ivyiyumviro vya Baruki vyari bikeneye gukosorwa? (b) Dukwiye kwibuka iki igihe dutegekanya ivyo tuzokora?
8 Ivyo Yeremiya yemera vyatumye yirinda gukora iki? Ntiyagerageje kuronderera kazoza muri iyo si yari mu gutikizwa. Wumva none vyari kuba biranga ubukerebutsi iyo agira ico kintu? Ariko rero, umunyamabanga wa Yeremiya ari we Baruki, yaramaze igihe atabona ibintu mu buryo bwiza. Ni co gituma Imana yahumekeye Yeremiya ngo abwire uwo munyamabanga wiwe ati: “Ehe ico nubatse ngira ndagisambure, kandi ico nateye ngira ndakirandure, ni ukuvuga igihugu cose. Mugabo wewe, uguma wironderera ibintu bihambaye. Ntugume ubirondera. ‘Kuko ehe ngira nzane icago ku kiri n’umubiri cose, . . . kandi nzoguha kunyaga amagara yawe aho uzoja hose.”—Yer. 45:4, 5.
9 Ntituzi neza “ibintu bihambaye” Baruki yariko arironderera ivyo ari vyo.a Ariko rero, turazi yuko vyari ibintu bitoramvye, ibintu vyotikijwe Abanyababiloni bigaruriye Yeruzalemu mu 607 B.G.C. Woba ubona icigwa twohakura? Kugira ngo turonke ivyo dukenera mu buzima, bisaba ko dutegekanya ibintu bimwebimwe ku bwa kazoza. (Imig. 6:6-11) Mugabo none, ubwo vyoba biranga ubukerebutsi dukoresheje umwanya mwinshi n’inguvu nyinshi mu gukurikirana ibintu bidafise agaciro karamba? Ni ivy’ukuri ko ishirahamwe rya Yehova ribandanya gutegekanya ivyo kwubaka Ingoro z’Ubwami, inyubakwa z’amashami be n’ibindi bikorwa vya gitewokarasi. Ariko rero, ivyo bikorwa birafise kazoza kubera ko intumbero yavyo ari iyo guteza imbere ivyungura Ubwami. Abasavyi ba Yehova biyeguye bose bakwiye gushira imbere ibintu nk’ivyo igihe bategekanya ivyo bazokora. Woba wiyumvamwo ko uriko ‘urabanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bwa Yehova’?—Mat. 6:33.
“NDABIBONA NK’IKIGUNGUZI C’UMWANDA”
10, 11. (a) Ni igiki cari gihambaye kuri Paulo imbere y’uko aba umukirisu? (b) Ni igiki catumye ivyo Paulo yashira imbere bihinduka rwose?
10 Ubwa nyuma, nimuze twihweze akarorero ka Paulo. Imbere y’uko aba umukirisu, yasa n’uwufise kazoza keza mu vy’umubiri. Yari yarigishijwe itegeko ry’Abayuda n’umwe mu bigisha bari bahambaye cane bo mu gihe ciwe. Yari yarahawe ububasha n’umuherezi mukuru w’Umuyuda. Kandi yaguma atera imbere mw’idini ry’Abayuda kurusha benshi bo mu runganwe rwiwe. (Ivyak. 9:1, 2; 22:3; 26:10; Gal. 1:13, 14) Yamara, ivyo vyose vyarahindutse igihe Paulo yatahura yuko Yehova atari agihezagira Abayuda uko bagize ihanga.
11 Paulo yaratahuye yuko kugira umwuga mu vy’Abayuda ata gaciro vyari bifise kuri Yehova. Nta kazoza vyari bifise. (Mat. 24:2) Uwo yahoze ari Umufarizayo yarageze n’aho avuga yuko ivyo yigeze kuba yiyumvira ko bihambaye, yari asigaye abibona nk’“ikigunguzi c’umwanda” abigereranije n’ukuntu yari asigaye atahura imigambi y’Imana be n’agateka ko kurangura ubusuku bwa gikirisu. Paulo yarahevye ivyo yakurikirana mw’idini ry’Abayuda maze imisi yose yari asigaje kw’isi ayimara yamamaza inkuru nziza.—Soma Abafilipi 3:4-8, 15; Ivyak. 9:15.
NUSUZUME IVYO USHIRA IMBERE
12. Ni igiki Yezu yashize imbere aho amariye kubatizwa?
12 Nowa, Musa, Yeremiya, Paulo n’abandi benshi nka bo barakoresheje umwanya wabo mwinshi n’inguvu zabo nyinshi mu bikorwa vya gitewokarasi. Ni uturorero twiza twokwigana. Ariko ntiwumve, Yezu ni we karorero ntangere mu basavyi ba Yehova bose biyeguye. (1 Pet. 2:21) Aho amariye kubatizwa, igihe cose yari asigaje kw’isi yakimaze yamamaza inkuru nziza yongera atera iteka Yehova. Dufatiye kuri ivyo, umukirisu yemera ko Yehova ari Shebuja, arakwiye kubona yuko kumukorera ari co kintu akwiye gushira imbere y’ibindi mu buzima bwiwe. Ivyo vyoba ari vyo ushira imbere? Dushobora gute none kwishingira imigambi ya gitewokarasi tukongera tugakora ibindi bikorwa tubwirizwa gukora mu buzima?—Soma Zaburi 71:15; 145:2.
13, 14. (a) Abakirisu biyeguye bose baremeshwa kurimbura iki? (b) Ni igiki gishobora gutuma abasavyi b’Imana bashira akanyota?
13 Ishirahamwe rya Yehova riramaze imyaka n’iyindi riremesha abakirisu kurimbura babijanisha n’isengesho nimba boshobora gukora ubutsimvyi. Ukuntu ivy’abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bamwebamwe vyifashe, usanga kutabakundira kumara amasaha 70 buri kwezi mu gikorwa co kwamamaza. Ivyo ntibikwiye kubababaza. (1 Tim. 5:8) Ariko none ivyawe vyifashe gute? Woba vy’ukuri udashobora gukora ubutsimvyi?
14 Iyumvire umunezero benshi cane mu basavyi b’Imana bagize mu kiringo c’Icibutso uwu mwaka. Muri Ntwarante, haragizwe intunganyo idasanzwe yuko abatsimvyi bafasha bahitamwo kumara amasaha 30 canke 50 mu murimo wo mu ndimiro. (Zab. 110:3) Abantu amamiliyoni barakoze ubutsimvyi bwo gufasha, kandi amashengero yaragize akamwemwe n’umunezero bidasanzwe. Woba ushobora gutunganya ivyawe kugira ngo uze uragira umunezero nk’uwo kenshi? Igihe cose umusi urangiye, biratuma umukirisu yiyeguye yumva ashize akanyota cane maze agashobora kuvuga ati: “Yehova, nakoze uko nshoboye kwose mu murimo wawe.”
15. Umukirisu akiri muto akwiye kwishingira umugambi uwuhe mu bijanye n’amashure yo mw’isi?
15 Nimba uri mu kurangiza amashure usabwa kwiga, woshobora gusanga ufise amagara meza n’amabanga make. Woba warazirikanye ata gufyina ivyo kuba umutsimvyi asanzwe? Nta gukeka ko abigisha bawe biyumvira ata buryarya yuko kwiga amashure ahanitse ari bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwo kwitegekaniriza kazoza. Yamara, ivyizigiro vyabo bishingiye ku kuntu ivyo mu kibano n’ivy’ubutunzi vyifashe, bino bikaba ari ivy’igihe gito. Ariko rero, ufashe umurimo wa gitewokarasi ukawugira umwuga, uzoba vy’ukuri uriko urakurikirana imigambi ibereye kandi yamaho. Kandi uzoba uriko urakurikira akarorero ka Yezu katagira agahaze. Ingingo iranga ubukerebutsi nk’iyo izotuma ugira agahimbare. Izogukingira. Kandi izokwerekana yuko wiyemeje kubaho uhuza n’ukwiyegurira Yehova kwawe.—Mat. 6:19-21; 1 Tim. 6:9-12.
16, 17. Ni ibibazo ibihe umuntu akwiye kwibaza ku bijanye n’umurimo arangurira Yehova?
16 Abasavyi b’Imana benshi bo muri iki gihe barakora amasaha menshi kugira ngo baronse imiryango yabo ivyo ikeneye. Yamara, hari aboshobora kuba bakora amasaha arenze ayo babwirizwa gukora. (1 Tim. 6:8) Isi irakora uko ishoboye kwose kugira ngo itujijure yuko tudashobora kubaho tudafise ibintu vyinshi ihingura be n’ikintu cose gishasha gisohoka. Mugabo abakirisu b’ukuri ntibipfuza yuko isi ya Shetani iba ari yo ibashingira ivyo bakwiye gushira imbere y’ibindi. (1 Yoh. 2:15-17) Nayo ku bijanye n’abamaze gukukuruka, hari ubundi buryo none bokoresha umwanya wabo bwoza buruta kuwukoresha mu butsimvyi, bagashira imbere umurimo wa Yehova?
17 Umwe wese mu basavyi ba Yehova biyeguye arashobora kwibaza ati: Ni igiki gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima bwanje? Noba nshira imbere ivyungura Ubwami? Noba nigana agatima ko kwitanga ka Yezu? Noba nkurikiza impanuro Yezu yatanze yo kuguma ndamukurikira? Noba noshobora kugira ico mpinduye ku rutonde rw’ivyo nkora kugira ngo ndushirize kumara umwanya mu gikorwa co kwamamaza Ubwami canke mu bindi bikorwa vya gitewokarasi? Naho uko ivyanje vyifashe muri iki gihe kutankundira kwagura umurimo wanje, noba mbandanya gutsimbataza agatima ko kwitanga?
‘KUGIRA UGUSHAKA NO GUKORA’
18, 19. Ni igiki woshobora gushira mw’isengesho, kandi ni kubera iki isengesho nk’iryo ryohimbara Yehova?
18 Biratera umunezero kwibonera umwete abasavyi b’Imana bafise. Ariko rero, hari abo ivyabo vyokundira gukora ubutsimvyi mugabo bakaba ata cipfuzo bafise co kubukora canke bakaba biyumvamwo yuko batabishoboye. (Kuv. 4:10; Yer. 1:6) Tuvuge iki none nimba ivyawe vyifashe gutyo? Ntivyoba none bibereye ko ubishira mw’isengesho? Cane nyene. Paulo yabwiye abo basangiye ukwemera yuko Yehova ‘yariko akorera muri bo, nk’uko bimuhimbara, kugira ngo bagire ugushaka bongere bakore.’ (Flp. 2:13) Nimba wumva ata cipfuzo ufise co kwagura ubusuku bwawe, nusabe Yehova agushiremwo ico cipfuzo yongere aguhe ubushobozi bwo kubigira.—2 Pet. 3:9, 11.
19 Nowa, Musa, Yeremiya, Paulo na Yezu, bose bari abagabo bihebeye Imana. Barakoresheje umwanya wabo n’inguvu zabo mu gushikiriza ubutumwa bwa Yehova bwo kugabisha abantu. Ntibaretse ngo hagire ikibasamaza. Kubera ko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereje, twese abiyeguriye Imana turakeneye kwiyemeza neza yuko turiko turabandanya gukora uko dushoboye kwose kugira ngo twigane utwo turorero twiza igitangaza two mu Vyanditswe. (Mat. 24:42; 2 Tim. 2:15) Tubigenjeje gutyo, turashobora guhimbara Yehova maze akaduhezagira cane.—Soma Malaki 3:10.
[Akajambo k’epfo]
[Ifoto ku rup. 21]
Abantu ntibitayeho ingabisho Nowa yabahaye
[Ifoto ku rup. 24]
Woba warazirikanye ata gufyina ivyo kuba umutsimvyi asanzwe?