ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/7 rup. 3
  • Hoba hariho uwumva amasengesho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoba hariho uwumva amasengesho?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki bakekeranya?
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Kwiyegereza Imana mw Isengesho
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Intangamarara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/7 rup. 3

Hoba hariho uwumva amasengesho?

“Narakekeranya ko Imana ibaho. Ariko vyarashika ngasenga. Sinari nzi neza ko hari uwumviriza, ariko mvugishije ukuri narizigira ko abaho. Nta gahimbare canke intumbero nari mfise mu buzima. Naratinya kwemera Imana kuko nabona yuko abantu bahobahoba ari bo gusa bemera Imana.”​—PATRICIA,a WO MURI IRLANDE.

WOBA umaze kwiyumva nk’ukwo kwa Patricia? Woba usenga naho ukekeranya ko Imana ibaho? Niba ari ukwo biri, nturi wenyene. Ehe akarorero:

◼ Itohoza ryagizwe ku Bongereza 2.200 ryerekanye yuko nka 500 muri bo ari bo bonyene bemera ko hariho Imana yaremye isi kandi yumva amasengesho. Yamara, muri abo babajijwe, abarenga 1.200 barasenga n’imiburiburi rimwe na rimwe.

◼ Hari itohoza ryagizwe ku bantu 10.000 bo mu migabane ine y’isi. Mu bavuze ko batemera Imana, abababa 3.000 bariyemereye ko basenga.

Kubera iki bakekeranya?

Umwongereza umwe yitwa Allan avuga ati: “Nahora mvuga ko ntemera Imana kubera nabona yuko idini ari ikintu abantu bishiriyeho mu ntumbero yo gucungera abantu no kwicira ifaranga. Nariyumvira kandi nti: ‘Nimba Imana ibaho, kubera iki hari akarenganyo kenshi ukuraho?’ Yamara vyarashika nkicara ntekanye nkavugana n’ico ntazi. Naribaza kandi nti: ‘Kubera iki ndiho?’”

Umuntu wese abona ibintu gutyo ari n’imvo ziwe bwite zituma akekeranya ko amasengesho yoba yishurwa. Ariko akenshi usanga abantu bakekeranya kubera hari ibibazo baba batararonkera inyishu, nk’ibi:

◼ Hoba hariho Umuremyi?

◼ Kubera iki idini akenshi rituma haba amabi?

◼ Kubera iki Imana ireka hakabaho imibabaro?

Hamwe woronkera inyishu ivyo bibazo, woba worushiriza gusenga wizigiye ko hari uwukwumva?

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe mu bavugwa muri uru rukurikirane rw’ibiganiro si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika