Hoba hariho uwumva amasengesho?
“Narakekeranya ko Imana ibaho. Ariko vyarashika ngasenga. Sinari nzi neza ko hari uwumviriza, ariko mvugishije ukuri narizigira ko abaho. Nta gahimbare canke intumbero nari mfise mu buzima. Naratinya kwemera Imana kuko nabona yuko abantu bahobahoba ari bo gusa bemera Imana.”—PATRICIA,a WO MURI IRLANDE.
WOBA umaze kwiyumva nk’ukwo kwa Patricia? Woba usenga naho ukekeranya ko Imana ibaho? Niba ari ukwo biri, nturi wenyene. Ehe akarorero:
◼ Itohoza ryagizwe ku Bongereza 2.200 ryerekanye yuko nka 500 muri bo ari bo bonyene bemera ko hariho Imana yaremye isi kandi yumva amasengesho. Yamara, muri abo babajijwe, abarenga 1.200 barasenga n’imiburiburi rimwe na rimwe.
◼ Hari itohoza ryagizwe ku bantu 10.000 bo mu migabane ine y’isi. Mu bavuze ko batemera Imana, abababa 3.000 bariyemereye ko basenga.
Kubera iki bakekeranya?
Umwongereza umwe yitwa Allan avuga ati: “Nahora mvuga ko ntemera Imana kubera nabona yuko idini ari ikintu abantu bishiriyeho mu ntumbero yo gucungera abantu no kwicira ifaranga. Nariyumvira kandi nti: ‘Nimba Imana ibaho, kubera iki hari akarenganyo kenshi ukuraho?’ Yamara vyarashika nkicara ntekanye nkavugana n’ico ntazi. Naribaza kandi nti: ‘Kubera iki ndiho?’”
Umuntu wese abona ibintu gutyo ari n’imvo ziwe bwite zituma akekeranya ko amasengesho yoba yishurwa. Ariko akenshi usanga abantu bakekeranya kubera hari ibibazo baba batararonkera inyishu, nk’ibi:
◼ Hoba hariho Umuremyi?
◼ Kubera iki idini akenshi rituma haba amabi?
◼ Kubera iki Imana ireka hakabaho imibabaro?
Hamwe woronkera inyishu ivyo bibazo, woba worushiriza gusenga wizigiye ko hari uwukwumva?
[Akajambo k’epfo]
a Bamwebamwe mu bavugwa muri uru rukurikirane rw’ibiganiro si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.