Niwiyegereze Umwe yumva amasengesho
BENSHI mu bavuga ko bemera Imana usanga badashobora gusigura igituma bafise ukwizera. Eka kandi ntibashobora gusigura igituma akenshi idini rikora amabi be n’igituma Imana ireka hakabaho imibabaro. Ico bakora gusa ni ugusenga Imana kandi batayitahura.
Ariko weho urashobora kurushiriza kwiyegereza Imana kuruta uko abo babigira. Urashobora gushingira ukwizera kwawe ku bumenyi bwerekeye Imana butuma uyikunda kandi ukayiha agaciro. Ukwizera nyakuri gushingiye ku bimenyamenya. (Abaheburayo 11:1) Wize ukuri kwerekeye Imana urashobora kuyimenya kandi ukayiyagira nk’umugenzi. Raba ivyashikiye abantu bamwebamwe bigeze kuba basenga naho bakekeranya ko Imana ibaho.
◼ Patricia, umwe avugwa mu kiganiro ca mbere, avuga ati: “Umusi umwe, ndi kumwe n’umugwi w’abagenzi bashika nka cumi, nagiye numva batangura kuganira ibijanye n’idini. Nari narababwiye yuko nomotse mpunga ikiyago dawe, uwari asanzwe atemera Imana, yariko agirana n’Icabona ca Yehova yari yatugendeye i muhira. Umwe mu bagenzi banje yaciye avuga ati: ‘Erega wosanga Ivyabona vya Yehova bavuga ukuri.’
“Uwundi na we yavuze ati: ‘Enda basha muraza tuzoje kuri rimwe mu makoraniro yabo tuvyirabire!’ Erega twaragiye. Naho tutanyuzwe, bamwe muri twebwe barabandanije kwitaba amakoraniro kubera gusa ivyo Vyabona babafashe neza cane.
“Ariko umusi umwe ku w’iyinga narumvise ikintu cahinduye uko nabona ibintu. Uwashikirije insiguro yarasiguye igituma abantu bashikirwa n’imibabaro. Sinari bwigere ntahura ko mu ntango umuntu yaremwe atagira akanenge be n’uko igicumuro n’urupfu vyatanguranye n’umuntu umwe hanyuma bigakwira ku bantu bose. Yarasiguye kandi igituma urupfu rwa Yezu rwari rukenewe kugira abantu basubirane ico uwo muntu wa mbere yatakaje.a (Abaroma 5:12, 18, 19) Ibintu vyose naciye ndabitahura. Niyumviriye nti: ‘Vy’ukuri hariho Imana itubabaye.’ Narabandanije kwiga Bibiliya maze bidatevye ndabona ari ryo rya mbere mu buzima bwanje ko nshobora gusenga Imana ibaho koko.”
◼ Allan, na we nyene akaba avugwa mu kiganiro ca mbere, avuga ati: “Umusi umwe Ivyabona vya Yehova baratugendeye maze umugore wanje arabaha ikaze kuko yashaka kumenya ico bavuga ku bijanye no kuba kw’isi ibihe bidahera. Ntivyanguye neza. Naciye ndabasiga muri salo, nikebukanya umukenyezi wanje mu gikoni ndamubwira nti: ‘Ntuhendwe ubona. Wewe urashobora kwemera ibintu nk’ivyo?’
“Yanyishuye ati: ‘Genda rero ubahinyuze.’
“Ariko ntiwumve, nta kintu na kimwe nashoboye guhinyuza. Mugabo barerekanye umutima mwiza baransigira igitabu cerekana nimba ubuzima bwoba bwabayeho biciye kw’irema canke kw’ihindagurika. Carimwo ivyiyumviro vyumvikana, bitomoye kandi bishingiye ku bimenyamenya ku buryo naciye mfata ingingo y’uko nkwiye kurondera kumenya n’ibindi ku vyerekeye Imana. Naratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova maze bidatevye ndatahura yuko ivyo ivuga ata ho bihuriye n’ibintu vyose niyumvira mu vy’Imana. Uko nabandanya kumenya ivyerekeye Yehova, naratanguye kumusenga ndomako. Kubera ko hari inyifato zitabereye nari mfise, narasenze Imana ngo imfashe. Ndabona neza ko Yehova yishuye amasengesho yanje.”
◼ Andrew wo mu Bwongereza, avuga ati: “Naho nari mfise ivyiyumviro vyashinze imizi nkaba kandi narakunda cane ivy’ubuhinga bwa siyansi, ibijanye n’ihindagurika navyemera kubera gusa abandi bavuga ko bifise ishingiro. Nanka kwemera Imana kubera ibibi vyose biba.
“Ariko vyarashika nkiyumvira nti: ‘Nimba iyo hejuru hari Imana, ndakeneye rero kumenya intumbero y’ubuzima. Kubera iki ubukozi bw’ikibi n’intambara vyiraye ukuraho?’ Ndi mu ngorane, vyarashika ngasenga ndondera imfashanyo, ariko sinaba nzi uwo ndiko ndabwira.
“Maze hari umuntu yahaye umukenyezi wanje agapapuro k’inkuru nziza k’Ivyabona vya Yehova kavuga ngo Iyi Si Yoba Izorokoka? Ico ni co kibazo nyene nakunda kwibaza. Ako gapapuro katumye nibaza ku bijanye na Bibiliya nti: ‘Ubwo inyishu itanga ntivyoba bibereye ko umuntu azirimbura?’ Mu nyuma, igihe nari mu karuhuko, hari uwampaye igitabu La Bible:Parole de Dieu ou des hommes?b Maze kubona ko Bibiliya ihuza na siyansi y’ukuri, naciye numva nkeneye kumenya n’ibindi ku bijanye na Bibiliya. Igihe rero Icabona ca Yehova umwe yansaba ngo twigane Bibiliya, naremeye. Maze gutahura umugambi Yehova afise, naciye mbona ko abaho koko, ko nshobora kumuyagira mw’isengesho ata co ninona.”
◼ Jan, akaba ari umugore yakuriye i Londres ari umuporoti, avuga ati: “Uburyarya nabona mw’idini be n’ukuntu imibabaro yiraye vyatumye mpeba ivy’Imana. Narahevye n’amashure nca ntangura guca amahera mu kuririmba no mu gucuraranga igitari. Ico gihe ni ho nahura na Pat. Yari yakuriye muri gatolika, ariko cokimwe nanje akaba atari acemera Imana.
“Twabana mu kizu cahebwe n’abandi bantu nka bangahe bahevye amashure nkatwe kandi bashimishwa n’amadini yo muri Aziya. Mu masaha akuze y’ijoro, twaramara amasaha n’ayandi turi mu kiyago gishushe kijanye n’insobanuro y’ubuzima. Naho twe na Pat tutemera Imana, twariyumvamwo ko hategerezwa kuba hariho inguvu yinaka ituma haba ubuzima.
“Tumaze kwimukira mu buraruko bw’Ubwongereza kurondera akazi k’ivy’umuziki, twaribarutse umwana. Umusi umwe mw’ijoro, yararwaye maze nsanga ndiko nsenga Imana kandi ntanayemera. Haciye igihe gito, imigenderanire yanje na Pat yarabaye nabi, nca ntora urwo ruyoya rwacu ndigira. Narasubiye kandi gusenga nsaba imfashanyo, nibwira ko kumbure hoba hari uwuriko arantega ugutwi. Pat yagize ukwo nyene, ariko nta vyo nari nzi.
“Mu nyuma kuri uwo musi nyene, Ivyabona vya Yehova babiri baradodoye kwa Pat maze baramwereka zimwezimwe mu mpanuro ngirakamaro Bibiliya itanga. Pat yaciye anterefona arambaza nimba noshima kwiga Bibiliya turi kumwe n’ivyo Vyabona. Ntitwatevye kumenya yuko kugira duhimbare Imana twategerezwa kwandikisha umubano wacu. Ico kintu wamengo ni umusozi wose narirya imigenderanire yacu itari yifashe neza.
“Twaripfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, igituma hariho imibabaro be n’ico Ubwami bw’Imana busobanura. Amaherezo twaratahuye ko Imana itubabaye koko, maze turagira n’icipfuzo co kuyigamburukira. Twahavuye twubakana. Ubukerebutsi bwo mw’Ijambo ry’Imana bwaradufashije kurera abana bacu batatu. Emwe, turabona neza ko Yehova yishuye amasengesho yacu.”
Niwisuzumire ibimenyamenya
Cokimwe n’abandi bantu amamiliyoni, abo bavuzwe muri iki kiganiro baranse guhendwa n’idini ry’ikinyoma barabona igituma Imana ireka hakabaho imibabaro. Woba wabonye ko ubumenyi butagira amakosa bwo muri Bibiliya ari bwo bwajijuye umwe wese muri bo yuko Yehova yumva vy’ukuri amasengesho?
Woba woshima gusuzuma ibimenyamenya vyerekana ko Imana ibaho? Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha kumenya ukuri kwerekeye Yehova be n’ukuntu wokwiyegereza iyo Mana “[y]umva amasengesho.”—Zaburi 65:2.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’ukuntu urupfu rwa Yezu ruducungura, raba ikigabane ca 5 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 10]
“Maze gutahura umugambi Yehova afise, naciye mbona ko abaho koko, ko nshobora kumuyagira mw’isengesho ata co ninona”
[Ifoto ku rup. 9]
Ukwizera nyakuri gushingiye ku bimenyamenya no ku cipfuzo co kumenya ukuri kwerekeye Imana