Ibitangaro vyoba koko bishoboka?—Ivyo ababihakana bakunze kuvuga
ICA 1: Ibitangaro ntibishoboka kuko bihonyanga amategeko yo mu bidukikije. Ivyo dutahura ku bijanye n’amategeko yo mu bidukikije bishingiye ku vyo abahinga bihweje mu bidukikije. Ariko rero, twovuga ko ayo mategeko ameze nk’amategeko agenga ururimi kuko hari igihe usanga ayo mategeko adakora. Mu vy’ukuri, dushobora kuba dutahura bike cane ku bijanye n’ayo mategeko yo mu bidukikije. (Yobu 38:4) Umuhinga yihebeye uwo mwuga yoshobora kuba yaramaze ubuzima bwiwe yiga itegeko rinaka ryo mu bidukikije. Wa mugani ngo ‘Ico utarabona ugisanga iyo utaragera,’ hapfa kuboneka ikintu kimwe kivuguruza iryo tegeko agaca asubira kwihweza ivyaryo.
Hari inkuru itwengeje yerekana ukuntu vyoroshe ko umuntu ashika ku ciyumviro kinaka afatiye ku makuru adakwiye. John Locke (uwabayeho kuva mu 1632 gushika mu 1704) yariganye iyi nkuru yerekeye ambasaderi w’Ubuholande n’umwami wa Siam: Igihe uwo ambasaderi yariko abwira uwo mwami ukuntu igihugu ciwe c’Ubuholande kimeze, yaravuze ko hari ibihe inzovu yashobora kugendera ku mazi. Uwo mwami yaranse kuvyemera, abona ko uwo ambasaderi ariko arashikuza. Ariko uwo ambasaderi yariko gusa avuga ikintu umwami atari bwigere abona. Uwo mwami ntiyari azi ko iyo amazi akonje agacika ibarafu, n’inzovu ishobora kuyagenderako naho iremereye. Ivyo vyasa n’ibidashoboka kuri uwo mwami kuko atari afise amakuru yose.
Zirikana ibintu bimwebimwe abantu bashitseko mu gihe ca none, ariko mu myaka mirongo yaheze bikaba bishobora kuba vyabonwa ko bitoshoboka:
● Indege irashobora gutwara abantu barenga 800 iva i New York muri Amerika gushika i Singapour muri Aziya idahagaze, igendera ku muvuduko w’ibilometero 900 kw’isaha.
● Biciye ku buhinga bwa none, abantu barashobora kuyaga babonana kandi bari mu migabane y’isi itandukanye.
● Indirimbo ibihumbi n’ibihumbi zirashobora gushirwa mu kantu gatoyi kari munsi y’umuroha w’ikibiriti.
● Abaganga babaga barashobora gufata umutima canke ibindi bihimba vy’umubiri w’umuntu bakabishira mu wundi muntu.
Ni iciyumviro cumvikana ikihe dushobora gushikako dufatiye kuri ivyo? Ni iki: Nimba abantu bashobora gushika ku bintu bitangaje vyasa n’ibitoshoboka mu myaka mikeyi yaheze, nta gukeka rero ko n’Imana yaremye ibiriho vyose ishoboye gukora ibintu bitangaje tutaratahura neza canke tudashobora kwigana muri kino gihe.a—Itanguriro 18:14; Matayo 19:26.
ICA 2: Bibiliya ifatira ku bitangaro kugira itume abantu bemera. Bibiliya ntitubwira ngo twemere ibitangaro vyose. Ahubwo riho Bibiliya itugabisha kwiyubara cane ku bijanye no kwizigira ibitangaro n’ibimenyetso vy’ububasha. Ehe ingabisho itomoye itanga: “Nk’uko shetani ibigira, amaza y’uwo mugarariji azokwerekanwa n’ubwoko bwose bw’ibikorwa bigambaraye, bw’ibimenyetso n’ubw’ibitangaro vy’uguhenda, yerekanwe n’ububeshi bwose bw’ukujana mu kibi.”—2 Abanyatesalonika 2:9, 10, Ubwuzure Bushasha.
Yezu Kristu na we nyene yaratanze ingabisho ivuga yuko benshi bokwiyise abayoboke biwe kandi atari bo vy’ukuri. Bamwe mbere bomubwiye bati: “Mukama, Mukama, ntitwavuze ibizoza kw’izina ryawe, ntitwirukanye amashetani kw’izina ryawe, ntitwakoze ibitangaro vyinshi kw’izina ryawe?” (Matayo 7:22, UB) Mugabo Yezu yavuze ko atokwemeye ko ari abayoboke biwe. (Matayo 7:23) Biribonekeza rero ko Yezu atigishije ko ibitangaro vyose biva ku Mana.
Imana ntibwira abayisenga ngo bashingire ukwizera kwabo ku bitangaro gusa. Ahubwo ukwizera gukwiye kuba gushingiye rwose no ku bindi bimenyamenya bihambaye.—Abaheburayo 11:1.
Nk’akarorero, reka twihweze kimwe mu bitangaro vyo muri Bibiliya bizwi neza, na co kikaba ari izuka rya Yezu Kristu. Haciye imyaka itari mike Yezu azutse, abakirisu bamwebamwe b’i Korinto baratanguye gukekeranya ko atazutse. None intumwa Paulo yabafashije gute? Yoba yivugiye gusa ngo: “Nimurushirize kugira ukwizera”? Eka data. Raba ukuntu yabibukije ibimenyamenya vyari bizwi. Yavuze ko Yezu “yahambwe, egome, yuko yazuwe ku musi ugira gatatu nk’uko Ivyanditswe bivuga; be n’uko yiyeretse Kefa, hanyuma bamwe cumi na babiri. Inyuma y’ivyo yiyeretse bene wacu barenga amajana atanu icarimwe, benshi muri bo bakaba bakiriho n’ubu.”—1 Abakorinto 15:4-8.
Kwemera ico gitangaro canke kutacemera hoba none hari ico vyari bitwaye kuri abo bakirisu? Paulo yongeyeko ati: “Nimba Kristu atazuwe, igikorwa cacu c’ukwamamaza ni ic’ubusa vy’ukuri, n’ukwizera kwacu ni ukw’ubusa.” (1 Abakorinto 15:14) Ico kibazo Paulo ntiyagifata minenegwe. Yabona yuko vyari bihambaye kwemera yuko igitangaro c’ukuzuka kwa Yezu cabaye canke ko kitabaye! Paulo yari azi ko cabaye kubera ko hari abantu amajana bavyiboneye bari bakiriho ico gihe kandi bakaba barabishingira intahe. Abo bantu bari biteguriye gupfa aho guhakana ivyo bari barabonye.—1 Abakorinto 15:17-19.
ICA 3: Ibitangaro ni ibintu gusa biba mu bidukikije bitahurwa ukutari ko n’abatize. Incabwenge zimwezimwe ziragerageza gusigura yuko ibitangaro bivugwa muri Bibiliya ari ibintu gusa vyo mu bidukikije vyapfuye kuba bitavuye ku Mana. Babona ko ivyo bituma inkuru zo muri Bibiliya zirushiriza kuboneka ko ari iz’ukuri. Naho ari ivy’ukuri yuko ku bitangaro bimwebimwe hari ibintu vyo mu bidukikije vyabaye, nka vya nyamugigima, ibiza be n’ugusenyuka kw’umusozi, insobanuro izo ncabwenge zitanga hari ico zihuriyeko. Barirengagiza igihe ivyo bitangaro vyabereyeko nk’uko bisigurwa muri Bibiliya.
Nk’akarorero, hari abavuze ko ca cago ca mbere caza kuri Misiri, hamwe Uruzi Nili rwahinduka amaraso, mu vy’ukuri ngo catewe n’ivu ritukura ryari ryakukumukiye mu Ruzi Nili be n’ubwoko bunaka bw’utunyabuzima dutukura. Ariko inkuru yo muri Bibiliya ntivuga ko urwo ruzi rwahindutse urushanga rutukura, ariko ivuga ko rwahindutse amaraso. Usomye witonze Kuvayo 7:14-21 urabona yuko ico gitangaro cabaye igihe Musa yakubita inkoni Uruzi Nili. Naho urwo ruzi rwoba rwahindutse bitewe n’ibintu vyo mu bidukikije, kuba vyabaye igihe nyene Musa yakubita inkoni urwo ruzi, ubwavyo cari igitangaro!
Akandi karorero kerekana ko igihe igitangaro kinaka cabereyeko gihambaye, ni ivyabaye igihe ihanga rya Isirayeli ryagira ryinjire muri ca Gihugu c’isezerano. Iryo hanga ntiryashobora kubandanya kubera ko Uruzi Yorodani rwari rwuzuye rurarenga inkombe. Inkuru yo muri Bibiliya iratubwira ivyaciye biba, iti: “Abareruzi b’Isandugu bakimara gushika kuri Yorodani, hanyuma ibirenge vy’abaherezi bareruye Isandugu bikadibikwa ku mubari w’amazi . . . , amazi yariko amanuka avuye ruguru aca arahagarara. Araduga aba urugomero rumwe kure cane i Adamu.” (Yosuwa 3:15, 16) Ivyo vyoba vyatewe na ca nyamugigima canke ugusenyuka kw’umusozi? Iyo nkuru nta vyo ivuga. Ariko uravye igihe vyabereyeko cari igitangaro: Vyabaye igihe nyene Yehova yari yavuze ko vyobereyeko.—Yosuwa 3:7, 8, 13.
Ibitangaro vyoba none bibaho? Bibiliya ivuga ko bibaho. Twisunze ivyo ivuga, si ibintu gusa biba mu bidukikije. Ubwo koko vyoba vyumvikana kuvuga yuko ibitangaro bidashoboka kubera gusa bitama biba ku musi ku musi?
[Akajambo k’epfo]
a Nimba utemera ko Imana ibaho, turagusavye urabe agatabu kavuga ngo Dieu se soucie-t-il vraiment de nous? n’akavuga ngo Vyoba vyararemwe? twasohowe n’Ivyabona vya Yehova, canke ubaze uwaguhaye iki kinyamakuru.
[Ifoto ku rup. 5]
Mu myaka mirongo yaheze, abenshi bari gushobora kubona ko bidashoboka ko abantu bagira ibilometero amajana n’amajana kw’isaha bari mu ndege