ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/10 rup. 15
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ni Nde Azorokoka ‘Umusi wa Yehova’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Yehova akingira Elisha
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/10 rup. 15

Wari ubizi?

Abakirisu boba barahunze bakava i Yudaya imbere y’uko Yeruzalemu isangangurwa mu 70 G.C.?

“Nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo zishinze ikambi, muzoce mumenya yuko ugucika umusaka kwaho kwegereje. Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi, abari hagati muri Yeruzalemu na bo bazoce bavayo.” (Luka 21:20, 21) Yezu yahaye ubwo buyobozi abigishwa biwe igihe yariko avuga ibijanye n’isangangurwa ryari gushikira Yeruzalemu. Hoba none hariho ivyemeza yuko abo bigishwa bumviye iyo mburi ya Yezu?

Haciye imyaka mirongo Yezu apfuye, hari ingabo z’Abaroma zari zirongowe na Cestius Gallus zinjiye muri Palestina kugira ngo zihwamike umugumuko wari wadutse. Ico gitero izo ngabo zagize kiremezwa n’umutohozakahise w’Umuyuda yabayeho muri ico gihe yitwa Josèphe. Izo ngabo z’Abaroma zarakikuje Yeruzalemu ku buryo vyasa n’uko ata nkeka ko zihigarurira. Ata n’umwe yari avyiteze, Gallus yaciye ategeka izo ngabo ngo zisubire inyuma. Nk’uko bivugwa n’umutohozakahise w’ivy’idini yitwa Eusèbe, abakirisu b’i Yudaya baciye baboneraho akaryo ko guhungira mu gisagara c’i Pela, icari mu karere k’imisozi ka Dekapoli.

Haciye imyaka mikeya, ni ukuvuga mu mwaka wa 70 G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”), izindi ngabo z’Abaroma zaraje gusugereza uwo mugwa mukuru w’igihugu c’Abayuda, zikaba zari zirongowe n’umujenerali yitwa Titus. Ico gihe hoho izo ngabo zasize ico gisagara ari umusaka, ico kikaba ari ikintu Gallus atari yashitseko. Abantu ibihumbi amajana n’amajana rwuzuriyeko muri ico gisagara ca Yeruzalemu barishwe.

“Abahungu b’abahanuzi” bari bande?

Inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivyerekeye umuhanuzi Samweli, Eliya, na Elisha ziravugwamwo abantu bitwa “abahungu b’abahanuzi.” Igihe Elisha yatunganya ivy’uko Yehu agenwa ngo abe umwami wa Isirayeli, yarungitse “umwe mu bahungu b’abahanuzi” ngo aje kumurobanuza amavuta.​—2 Abami 9:1-4.

Incabwenge zibona yuko iyo mvugo iterekeza ku bakomoka ku bahanuzi, ahubwo ko yerekeza kw’ishure kanaka ryatanga inyigisho canke ku mugwi w’abantu baba hamwe bakongera bagakorera hamwe. Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (Journal of Biblical Literature), abari muri iyo migwi bashobora kuba bari abantu “bihebeye igikorwa ca Yahweh [Yehova] bayobowe n’umuhanuzi kanaka . . . yababera se mu vy’Imana.” (2 Abami 2:12) Nk’akarorero, ya nkuru ivuga ukuntu Yehu yarobanuzwa amavuta, yerekana ko uwarungitswe n’umuhanuzi Elisha yari “umusuku wa nya muhanuzi.”​—2 Abami 9:4.

Biboneka yuko abo “bahungu b’abahanuzi” biberaho mu buryo bubayabaye. Abari bagize umwe muri iyo migwi mu gihe ca Elisha, inkuru ivuga ko biyubakiye ahantu ho kuba bakoresheje ishoka y’intirano. (2 Abami 6:1-5) Ivy’uko bamwebamwe mu bagize iyo migwi bari bubatse izabo biremezwa n’inkuru ivuga ivyerekeye umupfakazi umwe wo mu bagore “b’abahungu b’abahanuzi.” (2 Abami 4:1) Biboneka yuko Abisirayeli b’abizigirwa baha agaciro abo bahungu b’abahanuzi; nk’akarorero, hariho ahavuga yuko igihe kimwe babazaniye ingabirano igizwe n’ibifungurwa.​—2 Abami 4:38, 42.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika