ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/10 rup. 7-11
  • Twihanganire ingorane zo muri iki gihe n’umutima rugabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twihanganire ingorane zo muri iki gihe n’umutima rugabo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • TWIGIRE KU BIHANGANIYE N’UMUTIMA RUGABO INGORANE ZO MU BUZIMA
  • NIWIRINDE KURENGERWA N’IBINTU BIBI BISHIKA
  • IMVO ZO KUGIRA UMUTIMA RUGABO
  • NIWUNGUKIRE KU NTUNGANYO ZIGUFASHA KUGUMANA UMUTIMA RUGABO
  • “Gira umutima rugabo . . . ukore”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Umutima rugabo urakomezwa n’urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Tugumane umunezero mu bihe bigoye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Numpe umutima rugabo
    Turirimbire Yehova tunezerewe
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/10 rup. 7-11

Twihanganire ingorane zo muri iki gihe n’umutima rugabo

“Imana ni ubuhungiro n’inkomezi vyacu, ikaba n’imfashanyo yoroshe kuronka mu gihe c’amarushwa.”​—ZAB. 46:1.

WOSHOBORA KUVYISHURA?

  • Twokwirinda gute kurengerwa n’ibintu bitesha umutwe bishika?

  • Ni imvo izihe dufise zo kugira umutima rugabo?

  • Ni intunganyo izihe Yehova yashizeho zidufasha kwihanganira ingorane?

1, 2. Ni ingorane izihe zishikira abantu benshi, mugabo ni igiki abasavyi b’Imana bipfuza?

TUBAYEHO mu gihe c’ingorane. Isi iramaze igihe ishikirwa n’ivyago vy’ivyaduka vy’urutavanako. Vya nyamugigima, ibisebuzi bikomeye vyataziriwe tsunami, imiriro, imyuzure, ibirunga, ibivumbuzi be n’ibihuhusi bikaze vyarateje abantu ingorane zikomeye. Vyongeye, ingorane zo mu muryango be n’izishikira umuntu ku giti ciwe ziratuma abantu bagira ubwoba n’agahinda. Ni ivy’ukuri yuko “ibihe be n’ibishika giturumbuka” bidushikako twese.​—Umus. 9:11.

2 Abasavyi b’Imana uko bagize umugwi barihanganira ibintu nk’ivyo bitesha umutwe. Naho ari ukwo, twipfuza kwitegurira kwihanganira ingorane iyo ari yo yose yoshobora kudushikira muri kazoza uko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereza. Dushobora gute none kwihanganira izo ngorane kandi ntiturengerwe? Ni igiki kizodufasha kwihanganira ingorane zo muri iki gihe tubigiranye umutima rugabo?

TWIGIRE KU BIHANGANIYE N’UMUTIMA RUGABO INGORANE ZO MU BUZIMA

3. Nk’uko bivugwa mu Baroma 15:4, twoshobora gute guhumurizwa igihe dushikiwe n’ibintu bivuna umutima?

3 Naho ibintu bigoye bishikira abantu benshi muri iki gihe kuruta ikindi gihe cose, ingorane zitesha umutwe zamye zishikira abantu. Nimuze turabe ico twokwigira ku basavyi b’Imana bamwebamwe ba kera bihanganiye ingorane zo mu buzima babigiranye umutima rugabo.​—Rom. 15:4.

4. Ni ingorane izihe Dawidi yihanganiye, kandi ni igiki camufashije?

4 Rimbura ivyashikiye Dawidi. Mu bintu yabwirijwe kwihanganira harimwo ishavu ry’umwami, ibitero vy’abansi, inyuruzwa ry’abagore biwe, uguhemukirwa n’abiwe n’ukudendebukirwa. (1 Sam. 18:8, 9; 30:1-5; 2 Sam. 17:1-3; 24:15, 17; Zab. 38:4-8) Inkuru zo muri Bibiliya zerekeye ubuzima bwiwe zirahishura mu buryo butomoye umubabaro yagize kubera izo ngorane. Ariko rero, ntizamuhungabanije mu buryo bw’impwemu. Yavuganye ukwizera kwinshi ati: “Yehova ni we gihome gikomeye c’ubuzima bwanje. Ni nde nzogirira ubwoba?”​—Zab. 27:1; soma Zaburi 27:5, 10.

5. Ni igiki cafashije Aburahamu na Sara kwihanganira ubuzima bugoye?

5 Aburahamu na Sara bamaze ubuzima bwabo nka bwose baba mu mahema ari ba kavamahanga mu bihugu batazi. Ubuzima ntibwamye buborohera. Yamara, babigiranye ugushikama barihanganiye nk’akarorero ikigoyi be n’ibintu biteye akaga vyava ku mahanga yari abakikuje. (Ita. 12:10; 14:14-16) None bashoboye gute kuvyihanganira? Ijambo ry’Imana ritubwira yuko Aburahamu “yari arorereye ca gisagara gifise imishinge nyayo, umwubatsi n’umuhinguzi w’ico gisagara akaba ari Imana.” (Heb. 11:8-10) Aburahamu na Sara bagumije umutima ku bintu vyari imbere, aho gukwegakwegwa n’isi yari ibakikuje.

6. Twokwigana gute Yobu?

6 Yobu yarashikiwe n’imikazo ikomeye cane. Iyumvire ukuntu yumvise amerewe igihe ibintu vyose vyasa n’ibitagenda neza mu buzima bwiwe. (Yobu 3:3, 11) N’icavyunyuye, ntiyatahura neza igituma ivyo bintu vyose vyariko biramushikira. Naho vyari ukwo, ntiyigeze atana n’akabando. Yagumanye ugutungana kwiwe imbere y’Imana yongera aguma ayizeye. (Soma Yobu 27:5.) Ese ukuntu ari akarorero keza twokwigana!

7. Ni ibiki vyashikiye Paulo igihe yasukurira Imana, mugabo ni igiki yatahuye catumye agira umutima rugabo wo kubandanya?

7 Rimbura kandi akarorero k’intumwa Paulo. Yarashikiwe n’ibintu biteye ‘akaga mu gisagara, mu gahinga no mu kiyaga.’ Aravuga ibijanye n’‘inzara n’inyota, ubukanye no kugenda gusa.’ Paulo aravuga kandi ko yamaze ‘ijoro n’umurango mw’igezi,’ bikaba bishoboka ko vyatewe n’uko ubwato yarimwo bwari bwasabiye mu mazi nk’uko vyari bimaze kumushikira. (2 Kor. 11:23-27) Naho yashikiwe n’ivyo bintu vyose, raba agatima yaseruye aho amariye guhakwa kwicwa ahorwa gukorera Imana. Yavuze ati: “Ivyo kwari ukugira ngo ntitwiyizigire ubwacu, ahubwo twizigire ya Mana izura abapfuye. Ico kintu gihambaye nk’urupfu ni co yadukijije kandi ni co izodukiza.” (2 Kor. 1:8-10) Si benshi bashikiwe n’ibintu bibi vyinshi nk’ivyashikiye Paulo. Naho ari ukwo, benshi muri twebwe barashobora kwiyumva nk’ukwo kwiwe kandi barashobora guhumurizwa n’akarorero kiwe karanga umutima rugabo.

NIWIRINDE KURENGERWA N’IBINTU BIBI BISHIKA

8. Ingorane zishika muri iki gihe zoshobora gute kugira ico zidukozeko? Tanga akarorero.

8 Mw’isi ya kino gihe yuzuye ivyago vy’ivyaduka, ingorane be n’imikazo, abantu benshi bumva barengewe. Hari mbere n’abakirisu biyumva gutyo. Uwitwa Lani,a akaba yari mu murimo w’igihe cose n’umugabo wiwe muri Ostraliya, avuga yuko igihe bamutora kanseri yo mw’ibere, yavunitse umutima akongera akagwa mu gahundwe. Avuga ati: “Imiti bampaye yatuma ndemba cane, ngasigara numva ko ata co maze.” N’ikiruta vyose, yategerezwa kwitwararika umunega wiwe yari yarabazwe uruti rw’umugongo. Twokora iki dushikiwe n’ikintu nk’ico?

9, 10. (a) Ni igiki tudakwiye kureka Shetani ngo akore? (b) Dushobora gute kwihanganira ibintu bitegerezwa gushika bivugwa mu Vyakozwe 14:22?

9 Turakwiye kwibuka yuko Shetani yipfuza gukoresha amakuba adushikira kugira ngo asenyure ukwizera kwacu. Ariko rero, dutegerezwa kutamureka ngo adutware umunezero wacu muri ubwo buryo. Mu Migani 24:10 havuga hati: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.” Kuzirikana uburorero bwo muri Bibiliya nka bumwe twaca irya n’ino, bizodufasha kugira umutima rugabo igihe duhanganye n’ingorane.

10 Turakwiye kandi kuguma twibuka yuko tudashobora gukuraho ingorane zose. Nkako, turashobora kwitega ko zidushikira. (2 Tim. 3:12) Mu Vyakozwe 14:22 hatubwira hati: “Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi.” Aho kuvunika umutima, ubona gute uzibonye nk’uturyo two kugaragaza umutima rugabo ushingiye ku kwizera ubushobozi Imana ifise bwo kugufasha?

11. Dushobora gute kwirinda kurengerwa n’ingorane zo mu buzima?

11 Turakeneye kwibanda ku bintu vyiza. Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Umutima unezerewe utuma mu maso hamera neza, mugabo bivuye ku mubabaro wo mu mutima haba umushaha ukubititse.” (Imig. 15:13) Abashakashatsi mu vy’amagara baramaze igihe kinini bemera yuko kuguma umuntu yiyumvira ibintu vyiza bituma akira. Abarwayi benshi bahawe mwene vya binini bisosa mugabo bitavura (bita placebos), bimwe baha abantu biyumvira ko barwaye kandi atari vyo, barumvise ububabare bari bafise buheze kubera ko gusa bishizemwo ko bafashijwe. Igihushane c’ivyo, na co nyene caragaragaye. Abarwayi bararushirije kuremba kubera gusa babwiwe yuko umuti bahawe uzobagirako ingaruka mbi. Kugumiza umutima ku bintu tudashobora guhindura nta kindi vyotumarira atari ukuduca intege. Ariko rero, Yehova ntaduha ivyo twogereranya n’ivyo binini bisosa. Ahubwo no mu bihe vy’icago, araduha imfashanyo nyakuri biciye ku ndemesho dusanga mw’Ijambo ryiwe, biciye ku muryango wacu w’abavukanyi ushigikirana no ku nkomezi zitangwa n’impwemu nyeranda. Kugumiza umutima kuri ivyo bintu bizotuma duhimbarwa. Aho kuguma wiyumvira ibintu bibi biba vyashitse, nugire ivyo ukoze vyogufasha kwihanganira ingorane imwimwe yose wongere wibande ku bintu vyiza ufise.​—Imig. 17:22.

12, 13. (a) Ni igiki cafashije abasavyi b’Imana kwihanganira ingaruka z’ivyago vy’ivyaduka? Tanga akarorero. (b) Igihambaye kuruta ibindi mu buzima bw’umuntu kigaragara gute mu bihe vy’icago c’icaduka?

12 Muri ibi bihe vya vuba, hari ibihugu vyashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka bikomeye. Abavukanyi benshi bo muri ivyo bihugu barumiye kw’ibanga mu buryo budasanzwe. Ivyo ntibisobanura yuko vyaboroheye. Mu ntango z’umwaka wa 2010, ikinyamugigima gikomeye be n’igisebuzi cataziriwe tsunami vyabaye muri Shili vyarasenyuye amazu menshi y’abavukanyi bacu vyongera biratikiza ivyo batunze, mu bihe bimwebimwe na ho birahitana ubuzima bwabo. Naho ari ukwo, abo bavukanyi bagumye bakomeye mu vy’impwemu. Samuel, uno inzu yiwe ikaba yarasenyutse yose, yavuze ati: “Mbere no muri ivyo bihe bigoye cane, twe n’umukenyezi wanje ntitwigeze tureka kwitaba amakoraniro no kwamamaza. Ndemera yuko utwo tumenyero twadufashije kutihebura.” Bo hamwe n’abandi benshi, barirengagije ico cago c’icaduka maze barabandanya mu murimo wa Yehova.

13 Muri Nyakanga 2009, ibice birenga 80 kw’ijana vy’igisagara ca Manille muri Filipine, vyaratewe n’umwuzure uturutse ku mvura y’isegenya. Umugabo umwe w’umutunzi yatakaje ibintu vyinshi yavuze ati: “Uwo mwuzure waratumye abantu bose bangana, mu gutuma abatunzi n’abakene bashikirwa n’ingorane be n’imibabaro.” Ivyo biratwibutsa impanuro iranga ubukerebutsi Yezu yatanze igira iti: “Mwirundanirize amatunga mw’ijuru, aho ata dukoko canke ingese bikegeta, aho kandi ata bisuma bimena ngo vyibe.” (Mat. 6:20) Gushingira ubuzima ku bintu vy’umubiri, ibishobora gukamangana mu kanya isase, akenshi biratuma umuntu avunika umutima. Ese ukuntu birushiriza kuba ibiranga ubukerebutsi dushingiye ubuzima bwacu ku bucuti dufitaniye na Yehova, ubushobora kuguma bukomeye naho hoshika iki!​—Soma Abaheburayo 13:5, 6.

IMVO ZO KUGIRA UMUTIMA RUGABO

14. Ni imvo izihe dufise zo kugira umutima rugabo?

14 Yezu yaremeye icese yuko mu gihe c’ukuhaba kwiwe hobaye ingorane, mugabo yavuze ati: “Ntimuze mutekerwe n’ubwoba.” (Luka 21:9) Kubera ko dushigikiwe na we, akaba ari Umwami wacu, tukongera tugashigikirwa n’Umuremyi w’ibiriho vyose, turafise imvo yumvikana yo gukira umutima rugabo. Paulo yaremesheje Timoteyo mu kuvuga ati: “Imana [ntiya]duhaye impwemu y’ubwoba, ahubwo [yaduhaye] iy’ububasha n’urukundo n’ukurorana kw’umuzirikanyi.”​—2 Tim. 1:7.

15. Tanga uburorero bwerekana ukujijuka abasavyi b’Imana bari bafise, wongere usigure ukuntu dushobora kugira umutima rugabo nk’uwo.

15 Raba amajambo amwamwe yerekana ukujijuka gukomeye abasavyi b’Imana bari bafise. Dawidi yavuze ati: “Yehova ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje. Ni we umutima wanje wizigiye, kandi naratabawe, ku buryo umutima wanje wigina.” (Zab. 28:7) Paulo yaraseruye ukwizigira kutanyiganyiga yari afise mu kuvuga ati: “Muri ivyo vyose turatahukana intsinzi bimwe bishitse biciye ku wadukunze.” (Rom. 8:37) Muri ubwo buryo nyene, igihe ibintu biteye akaga vyagira bishikire Yezu, yarakuye amazinda abariko baramwumviriza yuko yari afitaniye n’Imana ubucuti bukomeye mu kuvuga ati: “Sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.” (Yoh. 16:32) Ni igiki cibonekeza muri ayo majambo? Yose arerekana ko bari bizigiye rwose Yehova. Twizigiye Imana muri ubwo buryo birashobora gutuma tugira umutima rugabo wo kwihanganira ingorane iyo ari yo yose ishika muri iki gihe.​—Soma Zaburi 46:1-3.

NIWUNGUKIRE KU NTUNGANYO ZIGUFASHA KUGUMANA UMUTIMA RUGABO

16. Ni kubera iki bihambaye ko twiga Ijambo ry’Imana?

16 Umutima rugabo abakirisu bagira ntuva ku kuba biyizigira. Ahubwo nyabuna, uva ku kuba turondera kumenya Imana tukongera tukayihekako. Ivyo twobigira mu kwiga Ijambo ryayo ryanditse ari ryo Bibiliya. Mushiki wacu umwe arwaye akabonge arasigura ikimufasha ati: “Nguma nsoma nisubiriza ivyanditswe canecane vyirura.” Twoba twarashize mu ngiro ubuyobozi budusaba kwama dufise umwanya w’ugusenga kwo mu muryango? Gukora ivyo bintu bizodufasha kugira agatima nk’ak’umwanditsi w’amazaburi, uwavuze ati: “Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe! Ni ryo nitwararika bukarinda bwira.”​—Zab. 119:97.

17. (a) Ni intunganyo iyihe yodufasha kuguma dufise umutima rugabo? (b) Tanga akarorero kerekana ukuntu inkuru y’ubuzima yasohowe yagufashije.

17 Turafise kandi ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya birimwo amakuru atuma turushiriza kwizigira Yehova. Abavukanyi benshi basanze inkuru z’ubuzima ziri mu binyamakuru vyacu zifasha cane. Mushiki wacu umwe wo muri Aziya arwaye indwara ituma mu mwanya umwe ashwashwanuka birenze mu wundi na ho akijirwa birenze, yarahimbawe igihe yasoma inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi yahoze ari umumisiyonari yashoboye kwihanganira iyo ndwara. Yanditse ati: “Yaramfashije gutahura ingorane yanje yongera ituma ngira icizigiro.”

18. Ni kubera iki dukwiye kwungukira ku ntunganyo y’isengesho?

18 Isengesho rirashobora gufasha mu bihe vyose. Intumwa Paulo yarerekanye agaciro k’iyo ntunganyo, mu kuvuga ati: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Flp. 4:6, 7) Twoba twungukira bimwe bishitse kuri iyo mfashanyo kugira ngo turonke inkomezi igihe turi mu ngorane? Alex, akaba ari umuvukanyi wo mu Bwongereza amaze igihe kirekire arwaye akabonge, yavuze ati: “Kuyagira Yehova mw’isengesho no kumutega yompi mu gusoma Ijambo ryiwe birangirira akamaro cane.”

19. Dukwiye kubona gute ibijanye no kwitaba amakoraniro ya gikirisu?

19 Kwifatanya n’abandi ku makoraniro ni intunganyo yindi ihambaye idufasha. Hari umwanditsi w’amazaburi yanditse ati: “Ndashashaye ibigo vya Yehova kandi ngwabijwe n’ukuvyipfuza.” (Zab. 84:2) Twoba natwe twiyumva gutyo? Lani, umwe twamaze kuvuga, arasigura ukuntu yabona ibijanye no kwifatanya n’abakirisu ati: “Kwitaba amakoraniro si ikintu nagira kubera ko gusa ndabishatse. Nari nzi yuko nabwirizwa kuba ndahari nimba nipfuza ko Yehova amfasha kwihangana.”

20. Kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza bidufasha gute?

20 Turaronka kandi umutima rugabo mu kuguma dufise umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. (1 Tim. 4:16) Mushiki wacu umwe wo muri Ostraliya yashikiwe n’ingorane nyinshi avuga ati: “Numva ntipfuza kwamamaza, mugabo hari umukurambere yansavye ko twojana. Naragiye. Yehova ategerezwa kuba yariko aramfasha; igihe cose nagira uruhara mu busuku, narumva nezerewe cane.” (Imig. 16:20) Benshi barabonye yuko igihe bafashije abandi kwizera Yehova, bakomeza ukwizera kwabo bwite. Mu kubigenza gutyo, birabafasha kutaguma biyumvira ingorane zabo bwite maze bakagumiza umutima ku bintu bihambaye kuruta.​—Flp. 1:10, 11.

21. Ni igiki twemera tudakeka ku bijanye n’ingorane zidushikira?

21 Yehova yarashizeho ibintu vyinshi bidufasha kwihanganira ingorane zo muri iki gihe tubigiranye umutima rugabo. Twungukiye kuri ivyo bintu vyose tukongera tukazirikana ku burorero bwiza bw’abasavyi b’Imana bagize umutima rugabo kandi tukabwigana, turizigira tudakeka yuko dushobora kwihanganira ingorane. Naho twoshobora kurushiriza gushikirwa n’ibintu bibi uko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereza, turashobora kubona ibintu nk’uko Paulo yabibona, uwavuze ati: “Turakubitwa hasi, mugabo ntidutikizwa. . . . [Ntidu]heba.” (2 Kor. 4:9, 16) Tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kwihanganira ingorane zo muri iki gihe tubigiranye umutima rugabo.​—Soma 2 Abakorinto 4:17, 18.

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika