Umutima rugabo urakomezwa n’urukundo
“Imana [ntiya]duhaye umutima w’[‘ugupfana ubwoba’, “UB”]: ariko yaduhaye uw’ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda”.—2 TIMOTEYO 1:7.
1, 2. (a) Urukundo rushobora gutuma umuntu agira iki? (b) Ni kubera iki twovuga ko umutima rugabo Yezu yagaragaje wari uw’imbonekarimwe?
HARI umugabo n’umugore bari baherutse gushinga urwabo bari bibiye mu mazi hafi y’igisagara kimwe kiri ku nkengera y’ibahari mu Buseruko bwa Ositaraliya. Bagira biburuke ngo bave muri ayo mazi, bagiye babona ikimizi kininiya ceragurika kije cirasa bwampi gitumbereye uwo mugore. Uwo mugabo, abigiranye ubuhizi, yaciye asunikira ku ruhande uwo mugore wiwe maze aremera ko aba ari we ico kimizi cica. Ku musi w’amaziko, uwo mupfakazi yavuze ati: “Yaranyiguze”.
2 Vy’ukuri, urukundo rurashobora gutuma umuntu agira umutima rugabo udasanzwe. Yezu Kirisitu ubwiwe yavuze ati: “Nta wogira urukundo ruruta urw’uk’umuntu yigura abakunzi biwe” (Yohana 15:13). Hataraca n’amasaha 24 Yezu avuze ayo majambo, yaratanze ubuzima bwiwe, atari ku bw’umuntu umwe gusa, ariko ku bw’umuryango wose w’abantu (Matayo 20:28). Vyongeye, ukwo gutanga ubuzima bwiwe si ikintu c’ubuhizi yakoze atari avyiteguriye. Yari asanzwe azi imbere y’igihe ko yoshinyaguriwe, akagirirwa nabi, agacirwa urwa ngondagonde, amaherezo akicirwa ku giti co kubabarizwako. Yaranateguye abigishwa biwe ku bw’ico kintu mu kubabwira ati: “Ehe, turadūze i Yerusalemu, kand’Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bazomucira urubanza rwo gupfa, bamuhe abanyamahanga, bamushinyagurire, bamuvume amate, bamutonagure, bamwice”.—Mariko 10:33, 34.
3. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyafashije Yezu kugira umutima rugabo udasanzwe?
3 Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyafashije Yezu kugira uwo mutima rugabo udasanzwe? Ukwizera yari afise n’ugutinya Imana kwiwe vyarabigizemwo uruhara runini (Abaheburayo 5:7; 12:2). Ariko ikiruta vyose, uwo mutima rugabo Yezu yagaragaje wavuye ku rukundo yakunda Imana be n’urwo yakunda abantu nka we (1 Yohana 3:16). Na twebwe nyene dutsimbataje urukundo mwene urwo, ariko dufise n’ukwizera kandi dutinya Imana, turashobora kugaragaza umutima rugabo nk’uwo Kirisitu yagaragaje (Abanyefeso 5:2). None dushobora gute gutsimbataza urukundo mwene urwo? Kugira tubishobore, turakeneye kubanza kumenya Isoko ryarwo.
“Urukundo ruva ku Mana”
4. Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko Yehova ari we Soko ry’urukundo?
4 Yehova ni we Karorero ruheta k’urukundo akaba na we Soko ryarwo. Intumwa Yohani yanditse ati: “Abo nkunda, dukundane: kuk’urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana, kand’azi Imana. Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’urukundo” (1 Yohana 4:7, 8). Rero, umuntu ashobora gutsimbataza urukundo nk’urwa Yehova mu gihe gusa amwiyegereza biciye ku kugira ubumenyi butagiramwo agakosa no ku kubushira mu ngiro mu kumugamburukira bivuye ku mutima.—Ab’i Filipi 1:9; Yakobo 4:8; 1 Yohana 5:3.
5, 6. Ni igiki cafashije abayoboke ba Yezu bo mu ntango gutsimbataza urukundo nk’urwa Kirisitu?
5 Mw’isengesho rya nyuma Yezu yatuye ari kumwe n’intumwa ziwe 11 z’intahemuka, yarerekanye ko hariho isano hagati y’ukumenya Imana n’ugutsimbataza urukundo, mu kuvuga ati: “Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ng’urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo” (Yohana 17:26). Yezu yarafashije abigishwa biwe gutsimbataza urukundo rumeze nk’urwo yari afitaniye na Se wiwe mu kubahishurira ico izina ry’Imana rigereranya, ni ukuvuga kamere zayo z’agahore, biciye ku vyo yavuga no ku karorero kiwe. Ni co gituma Yezu yashobora kuvuga ati: “Ūbonye jewe aba abonye Data”.—Yohana 14:9, 10; 17:8.
6 Ikindi kandi, urukundo nk’urwo Kirisitu yagaragaje ni icamwa c’impwemu yera y’Imana (Ab’i Galatiya 5:22). Igihe kuri Pentekote yo mu 33 G.C. abakirisu bo mu ntango baronka impwemu yera bari barasezeraniwe, iyo mpwemu ntiyatumye gusa bibuka ibintu vyinshi Yezu yari yarabigishije, ariko kandi yaratumye barushiriza gutahura mu buryo bwuzuye insobanuro y’Ivyanditswe. Ukwo kurushiriza gutahura Ivyanditswe gutegerezwa kuba kwarakomeje urukundo bakunda Imana (Yohana 14:26; 15:26). Ivyo none vyavuyemwo iki? vyatumye bamamaza inkuru nziza n’umutima rugabo kandi n’umwete, naho bari gushobora kuhasiga ubuzima.—Ivyakozwe n’intumwa 5:28, 29.
Baragaragaje umutima rugabo n’urukundo
7. Ni ibiki Paulo na Barunaba babwirijwe kwihanganira mu rugendo rw’ubumisiyonari bagiranye?
7 Intumwa Paulo yanditse ati: “Imana [ntiya]duhaye umutima w’[‘ugupfana ubwoba’, UB]: ariko yaduhaye uw’ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda” (2 Timoteyo 1:7). Paulo ivyo yariko abivuga afatiye ku vyamushikiye. Zirikana ku vyo we hamwe na Barunaba baciyemwo mu rugendo rw’ubumisiyonari bagiranye. Baramamaje mu bisagara bitari bike, harimwo Antiyokiya, Ikoniyo be na Lusitira. Mu gisagara kimwekimwe cose Paulo na Barunaba baciyemwo, haraba abacika abizera, hakaba n’ababarwanya bimwe bikomeye (Ivyakozwe n’intumwa 13:2, 14, 45, 50; 14:1, 5). I Lusitira hari isinzi ry’abantu bari bashangashiwe mbere ryateye amabuye Paulo, rimusiga ari intere! “Arikw [igihe] abigishwa [bari bahagaze] bamukikije, [yaravyutse], aja mu gisagara; bukeye bg’aho avanayo na Barunaba, aja i Derube”.—Ivyakozwe n’intumwa 14:6, 19, 20.
8. Umutima rugabo Paulo na Barunaba bagaragaje werekanye gute ko bakunda cane abandi?
8 Kuba Paulo yarahatswe kuhasiga agatwe, vyoba vyaratumye we na Barunaba bagira ubwoba ku buryo bumva botana n’akabando? Habe namba! Abo bagabo babiri, bamaze “guhindura benshi abigishwa” i Derube, baciye “basubira i Lusitira no muri Ikoniyo no muri Antiyokiya”. Kubera iki? Kugira ngo baremeshe abashasha kuguma bakomeye mu kwizera. Bavuze bati: “Dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana”. Si agaseseshwarumuri, urukundo rugera kure bakunda “intama” za Kirisitu ni rwo rwatumye bagira umutima rugabo (Ivyakozwe n’intumwa 14:21-23; Yohana 21:15-17). Abo bavukanyi babiri, bamaze kugena abakurambere muri rimwerimwe ryose mu mashengero yari aherutse kuvuka, baratura isengesho maze “ba[ka]baragiza [“Yehova”, NW], uwo bizeye”.
9. Abakurambere b’i Efeso bakiriye gute urukundo Paulo yabagaragarije?
9 Paulo yari umuntu yitwararika cane abandi kandi afise umutima rugabo ku buryo abakirisu bo mu ntango benshi bahavuye bamukunda cane. Ibuka nk’akarorero ivyashitse ca gihe Paulo yahurira hamwe n’abakurambere b’i Efeso, aho yari yaramaze imyaka itatu, akaba kandi yari yaraharwanirijwe bimwe bikomeye (Ivyakozwe n’intumwa 20:17-31). Paulo amaze kubaremesha kuragira ubusho Imana yabajeje, we hamwe na bo baciye bapfukama maze aratura isengesho. Ivyo birangiye, “barari[ze] cane, bagwa Paulo mw izosi, baramugumbira: cane-cane bababajwe n’ijambo yababgiye ngo ntibazosubira kumubona mu maso”. Umve ntuze ingene abo bavukanyi bakunda Paulo! N’ikindi kivyerekana, igihe hagera ko Paulo n’abo bari bafatanije urugendo bagenda, vyarabaye ngombwa ko ‘biyaka’ (NW) abo bakurambere kubera yuko bano vyari vyabankiye ko babareka ngo bagende.—Ivyakozwe n’intumwa 20:36–21:1.
10. Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe bagaragaje gute ko bafitaniye urukundo n’umutima rugabo?
10 Muri iki gihe, abacungezi b’ingenzi, abakurambere b’amashengero be n’abandi benshi, usanga bakundwa cane kubera umutima rugabo bagaragaza ku bw’ineza y’intama za Yehova. Nk’akarorero, mu bihugu usanga birembejwe n’intambara z’abanyagihugu canke aho usanga igikorwa co kwamamaza kibujijwe, hari abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo bemeye guhakwa kuhasiga ubuzima canke gupfungwa, kugira ngo bagendere amashengero. N’ibindi Vyabona benshi na bo nyene baragiriwe nabi n’abategetsi babarwanya be n’ababayobokera, bahowe ukuba baranka guhemukira Ivyabona bagenzi babo canke kuvuga aho bakura ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu. Hariho n’abandi ibihumbi n’ibihumbi bahamwe, barasinzikarizwa ubuzima, n’ukwicwa baricwa kubera ko banse kureka kwamamaza inkuru nziza canke kwifatanya n’abo basangiye ukwizera ku makoraniro ya gikirisu (Ivyakozwe n’intumwa 5:28, 29; Abaheburayo 10:24, 25). Ese twokwigana ukwizera n’urukundo mwene abo bavukanyi n’abavukanyikazi b’umutima rugabo bagaragaza!—1 Ab’i Tesalonike 1:6.
Ntureke ngo urukundo rwawe rutimbe
11. Ni mu buryo ubuhe Shetani agaba ibitero vyo mu buryo bw’impwemu ku basavyi ba Yehova, kandi ivyo bisaba ko bano bagira iki?
11 Igihe Shetani yakororerwa kw’isi, yaciye arondera guta ishavu ku basavyi ba Yehova kubera yuko “bitondera ivyagezwe n’Imana kandi ba[shingira intahe] Yesu” (Ivyahishuriwe 12:9, 17). Bumwe mu buryo butandukanye Shetani akoresha ni uruhamo. Ariko rero, ubwo buryo akoresha usanga akenshi bushika ku vyo ataba yiteze kubera yuko butuma urukundo rwa gikirisu abasavyi b’Imana bafitaniye runarushiriza gukomera, bukongera bugatuma benshi muri bo barushiriza kugira umwete. Ubundi buryo Shetani yikorako, ni ukwosha abantu afatiye ku mpengamiro bafise zo gukora icaha. Kunanira ayo mayeri bisaba kugira umutima rugabo mu bundi buryo kubera yuko urwo rugamba rubera imbere muri twebwe, rukaba ari urwo kurwanya ivyipfuzo bitabereye vyo mu mutima wacu ‘wibesha kandi urwaye indwara itavurwa’.—Yeremiya 17:9; Yakobo 1:14, 15.
12. Shetani akoresha gute “impwemu y’iyi si” arondera gutuma urukundo dukunda Imana rugoyagoya?
12 Mu birwanisho Shetani yikorako harimwo n’ikindi gikomeye. Ico kirwanisho ni “impwemu y’isi si”, ni ukuvuga impengamiro canke agatima kiganje muri yo, iyo mpwemu ikaba ata ho ihuriye n’impwemu yera y’Imana (1 Ab’i Korinto 2:12). Iyo mpwemu y’isi iremesha umwina n’uguhahamira amaronko, ivyo na vyo bikaba ari “ivyifuzo vy’amaso” (1 Yohana 2:16; 1 Timoteyo 6:9, 10). Naho amatungo be n’amahera ubwavyo bitagirira nabi umuntu, mu gihe twokunda ivyo bintu kuruta uko dukunda Imana, Shetani yoba adutsinze. Ububasha, canke “ubukuru” (UB), bw’iyo mpwemu y’isi buhagaze ku kuntu yosha umubiri wacu munyacaha, ku kuntu idashoka yibonekeza, ku kuntu idatezura no ku kuntu usanga ikwiye hose nka kurya kw’umuyaga. Ntureke ngo iyo mpwemu y’isi yandukire umutima wawe!—Abanyefeso 2:2, 3; Imigani 4:23.
13. Ni ibigeragezo ibihe bishobora kudushikira bikagaragaza nimba dufise canke tudafise umutima rugabo wo gukora ikibereye?
13 Ariko rero, kugira ngo umuntu ananire iyo mpwemu mbi y’iyi si yongere ayamirire kure, bisaba ko agira umutima rugabo wo gukora ibibereye. Nk’akarorero, bisaba umutima rugabo kugira ngo umuntu ave aho bariko berekanira amasenema canke azimye orodinateri kibure televiziyo, igihe haba herekanywe amasanamu atabereye. Bisaba umutima rugabo kugira ngo umuntu ananire akosho kabi k’urunganwe no kugira ngo ahagarike kwifatanya n’abagenzi babi. Vyongeye, bisaba umutima rugabo kugira ngo umuntu agume agendera amategeko y’Imana n’ingingo ngenderwako zayo, akemera gutyekezwa n’abo bigana, abo bakorana, ababanyi, canke incuti.—1 Ab’i Korinto 15:33; 1 Yohana 5:19.
14. Dukwiye gukora iki mu gihe impwemu y’iyi si yoba imaze kutwandukira?
14 Ese ukuntu rero bihambaye ko dukomeza urukundo dukunda Imana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu! Nuze urafata umwanya wo gusuzuma imigambi ufise be n’uburyo ubayeho kugira urabe nimba impwemu y’iyi si itoba imaze kukwandukira mu buryo bunaka. Usanze yaramaze kukwandukira, naho hoba ari gatoyi gusa, nuce usaba Yehova aguhe umutima rugabo wo kuyirandurana n’imizi no kuguma uyamirira kure. Yehova ntashobora kwica ugutwi umutuye mwene ayo amasengesho (Zaburi 51:17). N’ikigeretseko, impwemu yiwe irarusha ububasha impwemu y’iyi si.—1 Yohana 4:4.
Twihanganire n’umutima rugabo ingorane dufise
15, 16. Kugira urukundo nk’urwa Kirisitu bidufasha gute kwihanganira ingorane dufise? Bitangire akarorero.
15 Mu bindi bintu bigoye abasavyi ba Yehova bategerezwa kunyinyana na vyo, twovuga ingaruka z’agasembwa dufise be n’iz’ubusaza, izo usanga akenshi ziteza indwara, ubumuga, intuntu, eka n’izindi ngorane nyinshi (Abaroma 8:22). Kugira urukundo nk’urwa Kirisitu birashobora kudufasha kwihanganira izo ngorane. Zirikana akarorero k’umuvukanyikazi Namangolwa, uno akaba yarerewe mu muryango w’abakirisu muri Zambiya. Igihe Namangolwa yari afise imyaka ibiri, yaracitse ikimuga. Avuga ati: “Ico gihe numva mfise ubuyega, nguma niyumvira yuko ukuntu mboneka kwobabaje abandi. Ariko abavukanyi banje bo mu vy’impwemu baramfashije kubona ibintu mu bundi buryo. Ico vyavuyemwo, nahavuye ntsinda ubwo buyega nari mfise, amaherezo ndabatizwa”.
16 Naho Namangolwa agendera kw’ikinga ry’ibimuga, akenshi biraba ngombwa ko arivako akagenda yavura igihe aba ariko aca mw’ibarabara ry’ivu ryuzuyemwo umusenyi. Yamara, arakora ubutsimvyi bwo gufasha n’imiburiburi amezi abiri buri mwaka. Hari umuntu umwe yakoroye amosozi igihe Namangolwa yamubwira inkuru nziza. Uti kubera iki? Kubera ko yakozwe cane ku mutima n’ukwizera be n’umutima rugabo uwo muvukanyikazi wacu afise. Yehova yaramuhezagiye cane, kuko batanu mu bo yayoborera inyigisho ya Bibiliya babatijwe, umwe muri bo akaba ari umukurambere mw’ishengero. Namangolwa avuga ati: “Amaguru arakunda kundya bikomeye, ariko ivyo ntibimbuza kubandanya igikorwa”. Uwo muvukanyikazi ni umwe gusa mu Vyabona benshi bo kw’isi yose bafise amagara make ariko bafise ishaka kubera urukundo bakunda Imana n’abantu nka bo. Ese ukuntu abo bantu bari n’agaciro mu nyonga za Yehova!—Hagayi 2:7.
17, 18. Ni ibiki bifasha abantu benshi kwihanganira indwara be n’ibindi bigeragezo? Tanga uburorero bw’aha iwacu.
17 Kurwara indwara idakira birashobora na vyo nyene gutuma umuntu acika intege, eka bikanatuma agira intuntu. Umukurambere umwe w’ishengero avuga ati: “Mu mugwi w’inyigisho y’igitabu ndimwo, hari umuvukanyikazi umwe arwanye ya ndwara y’igisukari yitwa diyabeti be n’indwara ituma amafyigo adakora neza, uwundi arwaye kanseri, babiri barwaye ya ndwara y’igikange yitwa rimatizime, wundi umwe na we arwaye indwara y’urukoba yitwa lupus be n’indwara yo mu mitsi no mu ngingo yitwa fibromyalgie. Birashika bagacika intege. Ariko ntiwumve, basiba amakoraniro igihe gusa baba baremvye canke bari mu bitaro. Nta n’umwe muri bo amara ukwezi atagize uruhara mu murimo wo mu ndimiro. Baranyibutsa Paulo, uwavuze ati: ‘Iyo mbaye umunyantege nke ni ho ndushiriza kugira ubushobozi’. Urukundo rwabo be n’umutima rugabo bafise, emwe, birantangaza rwose! Kumbure izo ngorane barimwo zituma barushiriza kubona mu buryo bubereye ubuzima be n’ibintu bihambaye koko”.—2 Ab’i Korinto 12:10.
18 Nimba uriko unyinyana n’amagara make, indwara canke iyindi ngorane, “[n]usenge ubudasība” usaba imfashanyo kugira ngo ntudendebukirwe (1 Ab’i Tesalonike 5:14, 17). Ni ivy’ukuri yuko bishobora gushika ukaza uragira umubabaro mu mutima, mugabo nugerageze kuguma wibanze ku bintu biremesha vyo mu vy’impwemu, na canecane ca cizigiro c’agaciro dufise cerekeye Ubwami. Umuvukanyikazi umwe ni we yavuze ati: “Ubusuku bwo mu ndimiro kuri jewe, ni umuti uvura”. Kuza arabwira abandi inkuru nziza biramufasha kuguma abona ibintu mu buryo bwiza.
Urukundo rurafasha abakoze ivyaha kugaruka kuri Yehova
19, 20. (a) Ni igiki cofasha abaguye mu caha kugira umutima rugabo wo kugaruka kuri Yehova? (b) Ni igiki cihwezwa mu kiganiro gikurikira?
19 Abantu benshi bagoyagoye mu vy’impwemu canke bakoze icaha usanga babona ko bitoroshe kugaruka kuri Yehova. Ariko mu gihe bigaye vy’ukuri kandi bagasubira kuvyura urukundo bakunda Imana, baraheza bakagira umutima rugabo bakeneye. Raba nk’ivyerekeye Marioa, uno akaba aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mario yariyonjoroye arava mw’ishengero rya gikirisu, hanyuma aba umuntu yiziziwe n’inzoga be n’ibiyayuramutwe, maze inyuma y’imyaka 20 atabwa mu mvuto. Avuga ati: “Naciye ntangura kuzirikana cane ku bijanye na kazoza kanje, nongera ndasubira kuza ndasoma Bibiliya. Nahavuye nshima cane kamere za Yehova, na canecane kamere yiwe y’ikigongwe, iyo namusaba kenshi kungaragariza. Maze kurekurwa, naririnze kuza ndifatanya n’abagenzi nahorana, nza ndaja ku makoraniro ya gikirisu, amaherezo ndagarukanwa mw’ishengero. Naho mu mubiri wanje ndiko ndimbura ivyo nabivye, ndashima kuba ubu mfise icizigiro ciza utoraba. Emwe, simbona ingene noshimira Yehova ku bw’imbabazi n’ikigongwe yangiriye”!—Zaburi 103:9-13; 130:3, 4; Ab’i Galatiya 6:7, 8.
20 Tuvugishije ukuri, abantu ivyabo bimeze nk’ukwo ivya Mario vyari vyifashe, vyosaba ko bihata rwose kugira bagaruke kuri Yehova. Ariko mu gihe basubiye kuvyura urukundo bakunda Imana mu kwiga Bibiliya, mu gutura amasengesho no mu kuzirikana, baraheza bakagira umutima rugabo bakeneye wo kugaruka kuri Yehova be n’umwiyemezo bakeneye wo kubigira. Urabona kandi ko Mario yakomejwe n’icizigiro cerekeye Ubwami. Ni vyo, icizigiro, gifadikanije n’urukundo, ukwizera be n’ugutinya Imana, kirashobora kugira ikintu gikomeye gikoze kitugirira akamaro mu buzima bwacu. Mu kiganiro gikurikira, turihweza twitonze ibijanye n’iyo ngabire y’agaciro yo mu buryo bw’impwemu.
[Akajambo k’epfo]
a Si ko yitwa.
Woshobora kuvyishura?
• Urukundo rwafashije gute Yezu kugira umutima rugabo udasanzwe?
• Ni gute urukundo Paulo na Barunaba bakunda abavukanyi babo rwatumye bagira umutima rugabo w’imbonekarimwe?
• Shetani akoresha ubuhe buryo butandukanye kugira ngo atume urukundo rwacu rwa gikirisu rugenda rurayonga?
• Urukundo dukunda Yehova rushobora kudufasha kwihanganira izihe ngorane?
[Ifoto ku rup. 23]
Urukundo Paulo yakunda abandi rwaratuma agira umutima rugabo wo kwumira kw’ibanga
[Ifoto ku rup. 24]
Bisaba umutima rugabo kugira ngo umuntu agume agendera ingingo ngenderwako z’Imana
[Ifoto ku rup. 24]
Uyu ni Namangolwa Sututu