“Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane”
“Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane . . . Yehova Imana yawe azobana nawe.”—YOS. 1:7-9.
WOKWISHURA GUTE?
Ni mu buryo butandukanye ubuhe Enoki na Nowa bagaragaje umutima rugabo?
Abagore bamwebamwe bo mu bihe vya kera batanze gute akarorero mu bijanye no kugaragaza ukwizera n’umutima rugabo?
Ni uburorero bw’abakiri bato bagaragaje umutima rugabo ubuhe bugukora ku mutima?
1, 2. (a) Ni igiki rimwe na rimwe usanga dukeneye kugira ngo tubandanye gukora ibigororotse mu buzima? (b) Tugiye kurimbura ibiki?
KUGIRA umutima rugabo ni igihushane co kugira ubwoba no gutinyatinya. Twoshobora kwiyumvira yuko umuntu w’umutima rugabo ari umuntu akomeye, w’intwari, eka mbere atinyuka. Ariko rero, rimwe na rimwe turakenera kugira umutima rugabo kugira ngo tubandanye gukora ibigororotse mu buzima bwacu bwa misi yose.
2 Abantu bamwebamwe bavugwa muri Bibiliya ntibatinya igihe baba bari mu bintu bigoye cane. Abandi baragaragaza umutima rugabo igihe baba bariko baraca mu bintu bishikira abasavyi ba Yehova muri rusangi. Twokwigira iki ku burorero bwo muri Bibiliya bw’abantu bagaragaje umutima rugabo? Dushobora gute kugira umutima rugabo?
IVYABONA B’UMUTIMA RUGABO MW’ISI ITIBANGA IMANA
3. Enoki yari yaravuze iki ku bijanye n’abatibanga Imana?
3 Kugira ngo umuntu abe icabona ca Yehova mu bantu b’ababisha bari kw’isi imbere ya rya Segenya ryaba mu gihe ca Nowa, vyasaba ko agira umutima rugabo. Yamara Enoki, “umwe agira indwi guhera kuri Adamu,” abigiranye ubutinyutsi yarashikirije ubu butumwa bujanye n’ubuhanuzi bugira buti: “Ehe! Yehova yazananye n’aberanda biwe ibihumbi mirongo, gushitsa urubanza kuri bose, no gukubita intahe mu gahanga abatibanga Imana bose ku bikorwa vyabo vyose vy’ukutibanga Imana bakoze mu kutibanga Imana, no ku bintu vyose vy’akamaramaza abacumuzi batibanga Imana bayivuzeko.” (Yuda 14, 15) Enoki yavuze ivyo bintu nk’aho vyari vyaramaze kuba kubera ko ubwo buhanuzi bworangutse ata kabuza. Kandi abantu batibanga Imana baratikijwe koko n’umwuzure wabaye kw’isi yose!
4. Nowa ‘yagendanye n’Imana’ ibintu vyifashe gute?
4 Iryo Segenya ryateye mu 2370 B.G.C., haciye imyaka irenga 650 Enoki apfuye. Muri ico gihe nyene, Nowa yaravutse, aravyara abana, maze arubaka ubwato ari kumwe n’abahungu biwe. Abamarayika babi bari bariyambitse imibiri y’abantu, barongora abagore bezabeza, maze bavyara Abanefilimu. Vyongeye, ububi bw’umuntu bwari bwarabaye ndanse, kandi isi yari yuzuye ubukazi. (Ita. 6:1-5, 9, 11) Naho ibintu vyari vyifashe gutyo, “Nowa yagendana n’Imana y’ukuri” akongera agashinga intahe abigiranye ubutinyutsi ari “umwamamaji w’ubugororotsi.” (Soma 2 Petero 2:4, 5.) Turakeneye kugira umutima rugabo nk’uwo nyene muri iyi misi ya nyuma.
BARAGARAGAJE UKWIZERA N’UMUTIMA RUGABO
5. Musa yagaragaje gute ukwizera n’umutima rugabo?
5 Musa yari afise ukwizera n’umutima rugabo bidasanzwe. (Heb. 11:24-27) Kuva mu 1513 gushika mu 1473 B.G.C., Imana yaramukoresheje kugira ngo ayobore Abisirayeli abakuye mu Misiri maze abajane mu gahinga. Musa yabona ko adashoboye na gato ico gikorwa, mugabo yaracemeye. (Kuv. 6:12) We na mwene wabo Aroni bararengutse akatari gake imbere ya Farawo wa mwami wa Misiri yatwaza umukazo, kandi babigiranye umutima rugabo baramumenyesheje ibijanye na vya Vyago cumi Yehova yakoresheje mu gutetereza imana za Misiri no mu kurokora abasavyi biwe. (Kuv., ikig. 7-12) Musa yagaragaje ukwizera n’umutima rugabo kubera ko Imana yabandanije kumushigikira, nk’uko natwe ibandanya kudushigikira.—Gus. 33:27.
6. Nitwasambishwa n’abakuru bo muri iyi si, tuzoshobora gute gushinga intahe tubigiranye umutima rugabo?
6 Turakeneye kugira umutima rugabo nka Musa, kubera ko Yezu yavuze ati: “Bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami babampora, kugira bibe intahe kuri bo no ku mahanga. Ariko nibabashengeza, ntimuze mwiganyire ku vy’ingene muzovuga canke ku vyo muzovuga; kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri iyo saha; kuko atari mwebwe gusa muzovuga, mugabo impwemu ya So ni yo izovuga biciye kuri mwebwe.” (Mat. 10:18-20) Nitwasambishwa n’abakuru bo muri iyi si, impwemu ya Yehova izodufasha kugaragaza icubahiro igihe tuzoba turiko turashinga intahe tubigiranye ukwizera n’umutima rugabo.—Soma Luka 12:11, 12.
7. Ni igiki catumye Yosuwa agira umutima rugabo akongera akaroranirwa?
7 Kwiga Itegeko ry’Imana ubudahorereza vyarakomeje ukwizera n’umutima rugabo vy’uwasubiriye Musa ari we Yosuwa. Mu 1473 B.G.C., Isirayeli yari yiteguriye kwinjira muri ca Gihugu c’isezerano. Imana yategetse Yosuwa iti: “Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane.” Mu kwisunga iryo Tegeko, Yosuwa yokoranye ubukerebutsi kandi yokwerewe. Yabwiwe ati: “Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose.” (Yos. 1:7-9) Ese ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba yarakomeje Yosuwa! Kandi Imana yarabanye na we koko, kubera ko igice kinini c’ico Gihugu c’isezerano yacigaruriye mu myaka itandatu gusa, ni ukuvuga mu 1467 B.G.C.
ABAGORE B’INTWARI BASHIGIKIYE UGUSENGA KW’UKURI
8. Rahabu yatanze gute akarorero mu bijanye no kugira ukwizera n’umutima rugabo?
8 Mu binjana n’ibindi, abagore b’umutima rugabo benshi barashigikiye ugusenga kw’ukuri ari abasavyi ba Yehova b’intwari. Nk’akarorero, wa mumaraya Rahabu w’i Yeriko yarizeye Imana, abigiranye umutima rugabo aranyegeza abatasi bari barungitswe na Yosuwa, maze arayovya abakozi b’umwami w’ico gisagara. Rahabu be n’abo mu rugo iwabo barazigurijwe igihe Abisirayeli bigarurira Yeriko. Yarahevye umwuga wiwe w’ubumaraya, arasenga Yehova adahemuka, maze aracika inakuruza wa Mesiya. (Yos. 2:1-6; 6:22, 23; Mat. 1:1, 5) Ese ukuntu yahezagiwe kubera ukwizera n’umutima rugabo yagaragaje!
9. Debora, Baraki na Yayeli bagaragaje gute umutima rugabo?
9 Yosuwa amaze gupfa nko mu 1450 B.G.C., abacamanza ni bo bashitsa ubutungane muri Isirayeli. Umwami w’Umunyakanani yitwa Yabini yari amaze imyaka 20 acura bufuni na buhoro Abisirayeli igihe Imana yasaba wa muhanuzikazi Debora ngo avyurire Umucamanza Baraki umutima wo kugira ico akoze. Baraki yarakoranije abagabo 10.000 ku musozi Tabori maze aritegurira gutana mu mitwe n’umukuru w’ingabo za Yabini ari we Sisera, uwari yinjiye mu mwonga wa Kishoni ari kumwe n’ingabo ziwe zitwaje imikogote y’intambara 900. Igihe Abisirayeli baja muri ico kiyaya c’umubande, Imana yarateje isegenya rikukumura ryatumye aho hantu hariko harabera intambara hajaga maze iyo mikogote y’Abanyakanani ntiyashobora kuva aho iri. Abantu ba Baraki baranesheje, maze “ikambi ya Sisera yose igwishwa n’ubugi bw’inkota.” Sisera yaciye ahungira mw’ihema rya Yayeli, mugabo uno yaramwishe igihe yari asinziriye. Mu buryo buhuye n’amajambo y’ubuhanuzi Debora yabwiye Baraki, “ubwiza” bw’iyo ntsinzi bwahawe uwo mugore Yayeli. Kubera ko Debora, Baraki na Yayeli bakoranye umutima rugabo, Isirayeli ‘yaramaze imyaka mirongo ine ata kiyihungabanya.’ (Abac. 4:1-9, 14-22; 5:20, 21, 31) Abagabo n’abagore batinya Imana benshi baragaragaje ukwizera n’umutima rugabo nk’ivyo.
IVYO TUVUGA BIRASHOBORA GUTUMA ABANDI BAGIRA UMUTIMA RUGABO
10. Ni kubera iki twovuga yuko ivyo tuvuga bishobora gutuma abandi bagira umutima rugabo?
10 Ivyo tuvuga birashobora gutuma abasavyi ba Yehova bagenzi bacu bagira umutima rugabo. Mu kinjana ca 11 B.G.C., Umwami Dawidi yabwiye umuhungu wiwe Salomo ati: “Gira umutima rugabo kandi ukomere, ukore. Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba, kuko Yehova Imana, Imana yanje, ari kumwe nawe. Ntazoguta canke ngo aguhebe, gushika umurimo wose w’igikorwa c’inzu ya Yehova urangiye.” (1 Ngo. 28:20) Salomo yarakoranye umutima rugabo maze arubaka urusengero rwa Yehova rw’akaroruhore i Yeruzalemu.
11. Amajambo arangwa umutima rugabo yavuzwe n’akigeme k’Akisirayelikazi yagize ico akoze gute ku buzima bw’umugabo umwe?
11 Mu kinjana ca cumi B.G.C., amajambo aranga umutima rugabo yavuzwe n’akigeme k’Akisirayelikazi yaragiriye akamaro umunyamibembe. Ako kigeme kari karagizwe imbohe n’akagwi k’abambuzi maze kaba agasukukazi ka Namani wa mukuru w’ingabo w’Umunyasiriya yari arwaye imibembe. Kubera ko kari kazi ibitangaro Yehova yakora abicishije kuri Elisha, kabwiye muka Namani yuko hamwe umugabo wiwe yoja muri Isirayeli, umuhanuzi w’Imana yomukijije. Namani yaragiye muri Isirayeli, arakizwa ku gitangaro, maze aracika umusavyi wa Yehova. (2 Abm. 5:1-3, 10-17) Nimba uri uwukiri muto akunda Imana nk’ako kigeme, irashobora gutuma ugira umutima rugabo wo kubwira inkuru nziza abigisha, abo mwigana hamwe n’abandi.
12. Amajambo Umwami Hezekiya yavuze yagize ico akoze gute ku bo yatwara?
12 Amajambo acaguwe neza avuzwe mu bihe vy’ingorane zikomeye arashobora gutuma nyene kuyabwirwa agira umutima rugabo. Igihe Abashuri baja gutera Yeruzalemu mu kinjana c’umunani B.G.C., Umwami Hezekiya yabwiye abo atwara ati: “Gire umutima rugabo kandi mukomere. Ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba kubera umwami wa Ashuri no kubera isinzi ryose riri kumwe na we; kuko abo turi kumwe ari benshi kuruta abari kumwe na we. We ari kumwe n’ukuboko kw’abantu buntu, mugabo twebwe turi kumwe na Yehova Imana yacu kugira ngo adutabare no kugira arwane intambara zacu.” None abantu bakiriye gute ayo majambo? Emwe, baciye “bishimikiza amajambo ya Hezekiya”! (2 Ngo. 32:7, 8) Amajambo nk’ayo yoshobora gutuma twebwe hamwe n’abakirisu bagenzi bacu turushiriza kugira umutima rugabo igihe turiko turahigwa buhongo n’abaduhama.
13. Wa mubwiriza w’Umwami Ahabu ari we Obadiya yatanze akarorero akahe mu bijanye no kugira umutima rugabo?
13 Rimwe na rimwe turagaragaza umutima rugabo mu kutagira ico tuvuze. Mu kinjana ca cumi B.G.C., umubwiriza w’Umwami Ahabu ari we Obadiya yaranyegeje abigiranye umutima rugabo abahanuzi ijana ba Yehova “mw’isenga ari mirongo itanitanu” kugira ngo ntibicwe bitegetswe na wa Mwamikazi Yezebeli w’umubisha. (1 Abm. 18:4) Cokimwe n’uwo mugabo yatinya Imana ari we Obadiya, benshi mu basavyi ba Yehova b’intahemuka bo muri iki gihe barakingira babigiranye umutima rugabo abo basangiye ukwemera mu kudaha abariko barabahama amakuru aberekeye.
ESITERI WA MWAMIKAZI W’UMUTIMA RUGABO
14, 15. Umwamikazi Esiteri yagaragaje gute ukwizera n’umutima rugabo, kandi havuyemwo iki?
14 Umwamikazi Esiteri yaragaragaje ukwizera n’umutima rugabo bikomeye igihe wa mubisha Hamani yategura umugambi wo guhonya Abayuda baba mu Nganji y’Ubuperesi mu kinjana ca gatanu B.G.C. Birumvikana ko bagandaye bakongera bakisonzesha, kandi nta gukeka ko basenze n’umutima wabo wose! (Est. 4:1-3) Uwo Mwamikazi Esiteri yarahagaritse umutima cane. Musazabo ari we Morudekayi yaramurungikiye ikopi y’itegeko ryatanga uburenganzira bwo kubagandagura maze amutegeka kurenguka imbere y’umwami kugira ngo asabire ubutoni Abayuda bagenziwe. Mugabo umuntu wese yaja iyo umwami ari atarengukijwe, yaca yicwa.—Est. 4:4-11.
15 Yamara, Morudekayi yabwiye Esiteri ati: ‘Niwapfa kwinumira, ukurokorwa kuzoboneka kuvuye ahandi hantu. Hari uwuzi ko icatumye ushikira icubahiro c’ubwamikazi atoba ari ukugira uhaseruke mu gihe nk’iki?’ Esiteri yasavye Morudekayi ngo akoranirize Abayuda i Shushani maze bisonzeshe ku bwiwe. Yavuze ati: “Na jewe ndi kumwe n’inkumi zanje, nzokwisonzesha gutyo nyene; nzoheza rero ninjire aho umwami ari, naho biteye kubiri n’itegeko; ninaba mbwirizwa gupfa, mpfe.” (Est. 4:12-17) Esiteri yarakoranye umutima rugabo, kandi igitabu citirirwa izina ryiwe kirerekana ko Imana yakijije abasavyi bayo. Muri iki gihe, abakirisu barobanuwe hamwe na bagenzi babo biyeguye baragaragaza umutima rugabo nk’uwo nyene igihe bari mu bigeragezo, kandi Umwe “[y]umva amasengesho” yama abashigikira.—Soma Zaburi 65:2; 118:6.
“REMA”
16. Ni akarorero akahe Yezu yasigiye abakiri bato?
16 Mu kinjana ca mbere G.C., Yezu uwari afise imyaka 12, barigeze kumusanga mu rusengero “yicaye hagati y’abigisha, abumviriza yongera ababaza ibibazo.” Vyongeye, “abariko bamwumviriza bose baguma bumizwa n’ugutegera kwiwe be n’inyishu ziwe.” (Luka 2:41-50) Naho Yezu yari akiri muto, yari afise ukwizera n’umutima rugabo akeneye kugira ngo abaze ibibazo abo bigisha bamuruta bari ku rusengero. Abakiri bato bo mw’ishengero rya gikirisu, nibaguma bibuka akarorero ka Yezu bizofasha kutagisha akaryo na kamwe ko ‘kwiburanira imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro bafise.—1 Pet. 3:15.
17. Ni kubera iki Yezu yahimirije abigishwa biwe ‘kugira umutima rugabo,’ kandi ni kubera iki dukeneye gukorana umutima rugabo?
17 Yezu yahimirije abandi ngo ‘bareme’ ari kwo kugira umutima rugabo. (Mat. 9:2, 22) Yabwiye abigishwa biwe ati: “Ehe isaha iriko iragera, kandi koko irageze, aho muzosanzara umwe wese akaja ku muhana iwe, nanje mukansiga jenyene; yamara sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje. Ndababwiye ivyo bintu ngo biciye kuri jewe mugire amahoro. Mw’isi muragira amakuba, mugabo nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.” (Yoh. 16:32, 33) Cokimwe n’abayoboke ba Yezu bo mu ntango, isi iratwanka, mugabo ntitwipfuza kuba abayo. Kuzirikana ukuntu Umwana w’Imana yagaragaje umutima rugabo birashobora gutuma tugira umutima rugabo tukaguma tutandujwe n’iyi si. Yaratsinze isi, kandi natwe turashobora kuyitsinda.—Yoh. 17:16; Yak. 1:27.
“GIRA UMUTIMA RUGABO!”
18, 19. Intumwa Paulo yagaragaje gute ukwizera n’umutima rugabo?
18 Intumwa Paulo yarihanganiye ibigeragezo vyinshi. Igihe kimwe, Abayuda b’i Yeruzalemu bagira bamutabagure iyo abasoda b’Abaroma batamukiza. Mw’ijoro, “Umukama [yarahagaze] iruhande yiwe, avuga ati: ‘Gira umutima rugabo! Kuko nk’uko umaze igihe ushinga intahe inogangije ku binyerekeye i Yeruzalemu, ni na ko utegerezwa gushinga intahe i Roma.’” (Ivyak. 23:11) Ivyo nyene ni vyo Paulo yakoze.
19 Paulo abigiranye ubutinyutsi yarahambariye ‘intumwa z’agahebuza’ zarondera kwonona ishengero ry’i Korinto. (2 Kor. 11:5; 12:11) Wewe yari atandukanye na zo, kubera ko yashoboye gutanga ibimenyamenya vyemeza ko ari intumwa, nko gutabwa mu mabohero, gukubitwa, ingendo ziteye akaga, ibindi bintu biteye akaga, inzara, inyota, kurara maso no kurazwa ishinga cane n’abo bari basangiye ukwemera. (Soma 2 Abakorinto 11:23-28.) Mbega akarorero Paulo yatanze mu bijanye no kugira ukwizera n’umutima rugabo! Karerekana yuko yahabwa inkomezi n’Imana.
20, 21. (a) Tanga akarorero kerekana ko dutegerezwa kuguma tugaragaza umutima rugabo. (b) Ni ryari vyoshobora gukenerwa ko tugaragaza umutima rugabo, kandi ni igiki twokwemera tudakeka?
20 Abakirisu bose ntibashikirwa n’uruhamo rukomeye. Yamara, bose barakeneye kugira ubutinyutsi kugira ngo bahangane n’ingorane zo mu buzima. Tubitangire akarorero: Hari umusore wo muri Brezile yari mu kagwi k’inkozi z’ikibi. Aho amariye kwiga Bibiliya, yarabonye ko akeneye kugira ivyo ahinduye, mugabo uwo wese yava muri ako kagwi akenshi yaricwa. Yarasenze yongera arakoresha ivyanditswe mu gusigurira umukuru w’ako kagwi igituma adashobora kukagumamwo. Uwo musore yaremerewe kukavamwo ata nkurikizi maze aba umwamamaji w’Ubwami.
21 Turakeneye kugira umutima rugabo kugira ngo twamamaze inkuru nziza. Abakirisu bakiri bato barakeneye iyo kamere kugira ngo bagumane ugutungana kwabo kw’ishure. Vyoshobora gusaba ko tugira umutima rugabo kugira dusabe uruhusha ku kazi kugira ngo twitabe ibiringo vyose vy’ihwaniro. Uburorero ni bwinshi. Ariko rero, naho twoshikirwa n’ingorane zimeze gute, Yehova azokwumva ‘amasengesho y’ukwizera’ tumutura. (Yak. 5:15) Vyongeye, nta gukeka ko ashobora kuduha impwemu nyeranda yiwe kugira ngo ‘tugire umutima rugabo kandi dukomere cane’!
[Ifoto ku rup. 11]
Enoki yaramamaje n’umutima rugabo mw’isi itibanga Imana
[Ifoto ku rup. 12]
Yayeli yari afise umutima rugabo n’inkomezi