ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/1 rup. 7-11
  • Gira umutima rugabo: Yehova ari kumwe nawe!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gira umutima rugabo: Yehova ari kumwe nawe!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEHOVA YARI KUMWE NA YOSUWA
  • UKUNTU TWOTUMA INZIRA YACU IRORANIRWA
  • BARASHIGIKIYE N’UMUTIMA RUGABO UGUSENGA KW’UKURI
  • BENSHI BAREMEYE GUSHIRA UBUZIMA BWABO MU KAGA!
  • URIBUKA YUKO YEHOVA ARI KUMWE NATWE
  • “Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • ‘Mugire Umutima Rugabo Kandi Mushire Amanga!’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • “Gira umutima rugabo . . . ukore”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Numpe umutima rugabo
    Turirimbire Yehova tunezerewe
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/1 rup. 7-11

Gira umutima rugabo: Yehova ari kumwe nawe

“Gira umutima rugabo kandi ukomere. . . . Yehova Imana yawe azobana nawe.”—YOS. 1:9.

WOKWISHURA GUTE?

  • Yosuwa yabwirizwa gukora iki kugira ngo agume afise ukwizera n’umutima rugabo?

  • Ni uburorero bw’abagaragaje umutima rugabo ubuhe bwagukoze ku mutima?

  • Ni akarorero k’uwagaragaje ukwizera n’umutima rugabo akahe kogufasha kurangura igikorwa co kwamamaza?

1, 2. (a) Ni kamere izihe zizodufasha kwihanganira ibigeragezo? (b) Wosigura gute ukwizera? Tanga akarorero.

UMURIMO wa Yehova uratuma tugira umunezero. Yamara, turashikirwa n’ingorane zishikira abantu bose, kandi twoshobora ‘kubabara duhorwa ubugororotsi.’ (1 Pet. 3:14; 5:8, 9; 1 Kor. 10:13) Kugira ngo dushobore kwihanganira izo ngorane, turakeneye kugira ukwizera n’umutima rugabo.

2 Ukwizera ni iki? Intumwa Paulo yanditse ati: “Ukwizera ni ukwitega ata mazinda ibintu vyizigiwe, iyerekanwa riboneka ry’ibintu biriho koko naho bitabonwa.” (Heb. 11:1) Iyindi Bibiliya ivuga iti: “Ukwizera ni icete cemeza uburenganzira bwo kwegukira ibintu twizigiye. Ukwizera ni ukwemera ata gukeka ibintu tudashobora kubona.” (The Simple English Bible) Igihe duhawe icete cemeza uburenganzira dufise bwo kwegukira itongo, turizigira ko turifise. Kubera ko twizera yuko Imana yama ishitsa ivyo ivuga, ni nk’aho dufise icete c’agaciro cemeza uburenganzira bwo kwigabira ikintu. Ukwizera kwacu kuradukura amazinda yuko tuzobona iranguka ry’imihango twizigiye ishingiye kuri Bibiliya, kandi turemera tudakeka ibintu vyo mu buryo bw’impwemu biriho koko, naho tudashobora kubibona.

3, 4. (a) Umutima rugabo ni iki? (b) Uburyo bumwe bwo kurushiriza kugira ukwizera n’umutima rugabo ni ubuhe?

3 Kugira umutima rugabo bidondorwa ko ari “ukugira inkomezi zo mu vy’impwemu, mu vy’inyiyumvo no mu vy’inyifato runtu zo kuvuga no gukora ata bwoba igihe umuntu ahanganye n’intambamyi be n’ibintu biteye akaga.” (The New Interpreter’s Dictionary of the Bible) Igihe dufise umutima rugabo, tuba dukomeye, turi intwari, rimwe na rimwe mbere tukaba dufise ubutinyutsi.—Mrk. 6:49, 50; 2 Tim. 1:7.

4 Ukwizera n’umutima rugabo ni kamere zihimbaye. Mugabo dufate ko twumva yuko dukeneye kurushiriza kugira ukwizera ariko tukaba tutiyumvamwo ko dufise umutima rugabo. Emwe, abantu ibihumbi bavugwa muri Bibiliya barabaye intangakarorero mu kugaragaza izo kamere. Uburyo bumwe rero bwo kurushiriza kugira ukwizera n’umutima rugabo ni ukwihweza bumwebumwe muri ubwo burorero.

YEHOVA YARI KUMWE NA YOSUWA

5. Yosuwa yari akeneye iki kugira ngo aroranirwe mu gikorwa ciwe?

5 Nimuze twihweze ivyabaye mu myaka nka 3.500 iheze. Imyaka 40 iramaze gukunkumuka kuva aho Abisirayeli amamiliyoni bakuriwe mu buja bwo mu Misiri biciye ku kuboko gukomeye kwa Yehova. Umuhanuzi Musa ni we yabayoboye. Ubu afise imyaka 120, arabona nka hariya ca Gihugu c’isezerano maze agapfira kw’isonga ry’Umusozi Nebo. Asubirirwa na Yosuwa, umugabo “yuzuye impwemu y’ubukerebutsi.” (Gus. 34:1-9) Abisirayeli bagira bigarurire Kanani. Kugira ngo Yosuwa aroranirwe mu kubarongora, azokenera ubukerebutsi buva ku Mana. Azobwirizwa kandi kwizera Yehova, kugira umutima rugabo no gukomera.—Gus. 31:22, 23.

6. (a) Muri Yosuwa 23:6 hadusaba kugira umutima rugabo wo gukora iki? (b) Ibivugwa mu Vyakozwe 4:18-20 no mu Vyakozwe 5:29 bitwigisha iki?

6 Ubukerebutsi, umutima rugabo n’ukwizera Yosuwa yagaragaje mu kiringo kirekire Abisirayeli bamaze bariko barigarurira Kanani, bitegerezwa kuba vyarabakomeje. Ariko rero, uretse ko bari bakeneye ubutwari mu ntambara, bari bakeneye n’umutima rugabo wo gukora ivyo Yosuwa yabahimiriza gukora. Mu nsiguro yo kubasezera yabashikirije ari mu gupfa, yavuze ati: “Muze mugire umutima rugabo mushikame, kugira mugumye mwongere mushitse ivyanditswe mu gitabu c’itegeko rya Musa vyose mu kutigera mubivako ngo mukebereze iburyo canke ibubamfu.” (Yos. 23:6) Na twebwe nyene turakeneye umutima rugabo kugira tugamburukire Yehova ibihe vyose. Aho harimwo n’ibihe aho usanga abantu buntu badusaba gukora ibiteye kubiri n’ukugomba kw’Imana. (Soma Ivyakozwe 4:18-20; 5:29.) Nitwiheka kuri Yehova tubijanisha n’isengesho, azodufasha kugira uwo mutima rugabo.

UKUNTU TWOTUMA INZIRA YACU IRORANIRWA

7. Ni igiki Yosuwa yari akeneye gukora kugira ngo akorane umutima rugabo yongere aroranirwe?

7 Kugira ngo turonke umutima rugabo dukeneye wo gukora ukugomba kw’Imana, dutegerezwa kwiga no gushira mu ngiro Ijambo ryayo. Ivyo ni vyo Yosuwa yasabwe kugira igihe yasubirira Musa. Yabwiwe ngo: “Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane kugira witwararike gukora wisunze itegeko ryose Musa umusavyi wanje yagutegetse. . . . Iki gitabu c’itegeko ntikize kive mu kanwa kawe; uze usome muri co n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri co vyose; kuko ari ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi.” (Yos. 1:7, 8) Yosuwa yarakurikije iyo mpanuro, kandi ‘inzira yiwe yararoraniwe.’ Nitwabigenza gutyo, tuzorushiriza kugira umutima rugabo no kuroranirwa mu murimo w’Imana.

Icanditswe cacu c’umwaka wa 2013 kigira giti: “Gira umutima rugabo kandi ukomere. . . . Yehova Imana yawe azobana nawe.”—Yosuwa 1:9

8. Icanditswe c’umwaka wa 2013 cakuwe mu canditswe ikihe, kandi wibaza ko ayo majambo azogufasha gute?

8 Yosuwa ategerezwa kuba yarakomejwe cane igihe yumva aya majambo Yehova yongeyeko ati: “Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose.” (Yos. 1:9) Na twebwe Yehova ari kumwe natwe. Nimuze rero ‘ntituranduke umutima canke ngo ducike ivutu’ naho twoba turi mu bigeragezo bimeze gute. Aya majambo avuga ngo “Gira umutima rugabo kandi ukomere. . . . Yehova Imana yawe azobana nawe,” arahambaye cane. Ayo majambo yo muri Yosuwa 1:9 ni yo yatowe ngo abe icanditswe c’umwaka wa 2013. Nta gukeka ko azodukomeza mu mezi ari imbere, cokimwe n’amajambo be n’ibikorwa vy’abandi bantu bagaragaje ukwizera n’umutima rugabo.

BARASHIGIKIYE N’UMUTIMA RUGABO UGUSENGA KW’UKURI

9. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Rahabu yagaragaje ukwizera n’umutima rugabo?

9 Igihe Yosuwa yarungika abatasi babiri i Kanani, Rahabu wa mumaraya yarabanyegeje yongera arayovya abansi babo. Kubera ko yakoze ibintu biranga ukwizera n’umutima rugabo, we n’urugo rwiwe barazigurijwe igihe igisagara ca Yeriko cigarurirwa n’Abisirayeli. (Heb. 11:30, 31; Yak. 2:25) Ariko ntiwumve, Rahabu yarahevye ubuzima bwiwe bwarangwa n’ubuhumbu kugira ngo ahimbare Yehova. Abantu bamwebamwe bacitse abakirisu baragize ukwizera, umutima rugabo be n’inkomezi mu bijanye no kwigenza runtu baragira amahinduka nk’ayo kugira ngo bahimbare Imana.

10. Rusi yashigikiye ugusenga kw’ukuri ibintu vyifashe gute, kandi vyatumye aronka imihezagiro iyihe?

10 Yosuwa amaze gupfa, wa Munyamowabukazi Rusi yarashigikiye n’umutima rugabo ugusenga kw’ukuri. Kubera ko yari umupfakazi asigwa n’Umwisirayeli, birashoboka ko hari ico yari azi ku bijanye na Yehova. Inabukwe w’umupfakazi ari we Nawomi yaba i Mowabu mugabo afata ingingo yo gusubira mu gisagara ca Betelehemu muri Isirayeli. Bari mu nzira, Nawomi yahimirije Rusi gusubira mu bantu biwe, mugabo uwo Munyamowabukazi yishuye ati: “Yaco unyinginga ngo nguhebe, ngo nsubire inyuma ndeke kujana nawe . . . Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje.” (Rusi 1:16) Rusi yarashikije ico kintu. Mu nyuma, Bowazi incuti ya Nawomi yarabiriye Rusi, uno akaba yaravyaye umuhungu maze aba inakuruza wa Dawidi na Yezu. Egome, Yehova arahezagira ibikorwa biranga ukwizera n’umutima rugabo.—Rusi 2:12; 4:17-22; Mat. 1:1-6.

BENSHI BAREMEYE GUSHIRA UBUZIMA BWABO MU KAGA!

11. Yehoyada na Yehosheba bagaragaje gute umutima rugabo, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

11 Turarushiriza kugira umutima rugabo n’ukwizera igihe tubonye ko Imana iri kumwe n’abashira inyungu zayo be n’ineza y’abo basangiye ukwemera imbere y’ivyabo. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye Umuherezi Mukuru Yehoyada n’umukenyezi wiwe Yehosheba. Umwami Ahaziya amaze gupfa, nyina wiwe Ataliya yarishe abo mu nda y’ingoma bose bari basigaye kiretse Yehowashi maze arigarurira intebe y’ubwami. Yehoyada na Yehosheba bari baremeye gushira ubuzima bwabo mu kaga mu kurokora Yehowasi mwene Ahaziya bakaguma bamunyegeje imyaka itandatu. Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada yaratumye Yehowasi agirwa umwami yongera aricisha Ataliya. (2 Abm. 11:1-16) Mu nyuma, Yehoyada yarashigikiye Umwami Yehowasi mu gusanura urusengero. Igihe Yehoyada yapfa afise imyaka 130, yahambwe hamwe n’abami “kuko yari yarakoze ivyiza muri Isirayeli no ku bijanye n’Imana y’ukuri be n’inzu yayo.” (2 Ngo. 24:15, 16) Vyongeye, ibikorwa biranga umutima rugabo Yehoyada n’umukenyezi wiwe bakoze vyatumye umuryango wa cami uzigamwa, kuva kuri Dawidi gushika kuri Mesiya.

12. Ni ikintu kiranga umutima rugabo ikihe Ebedi-meleki yakoze?

12 Ebedi-meleki, inkone yo mu nzu y’Umwami Zedekiya, yaremeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga ku bwa Yeremiya. Umwami yari yatanze Yeremiya ku baganwa ba Yuda, bano bakaba bamwagirije bamubeshera ngo agumura abantu maze bamuterera mw’itangi ririmwo urwondo kugira ngo apfireyo. (Yer. 38:4-6) Naho kurenguka imbere ya Zedekiya vyatuma Ebedi-meleki ashobora kuhasiga ubuzima kubera ko bari basanzwe banka Yeremiya, yarabigize kugira ngo avugire uwo muhanuzi. Zedekiya yaravyakiriye neza maze aha Ebedi-meleki abagabo 30 ngo bamuherekeze kurokora Yeremiya. Biciye kuri uwo muhanuzi, Imana yakuye amazinda Ebedi-meleki yuko atopfuye igihe Babiloni yosugereje Yeruzalemu. (Yer. 39:15-18) Egome, kugira umutima rugabo ushimwa n’Imana biravamwo ivyiza.

13. Ba Baheburayo batatu bagize impagararo iranga umutima rugabo iyihe, kandi dushobora gute kwungukira ku vyabashikiye?

13 Mu kinjana c’indwi B.G.C., abasavyi ba Yehova batatu b’Abaheburayo barahawe ikimenyamenya gitomoye c’uko Imana iha impera abagaragaza ukwizera n’umutima rugabo. Umwami Nebukadinezari yarakoranije abanyacubahiro b’Abanyababiloni maze asaba ko basenga igishusho c’inzahabu kirekire cane. Umuntu wese atari kubigira yari kwicwa aterewe mw’itanure ry’umuriro ururumba. Abo Baheburayo batatu babigiranye icubahiro babwiye Nebukadinezari bati: “Imana yacu dukorera irashobora kuturokora. Iraturokora muri iryo tanure ry’umuriro ururumba, no mu kuboko kwawe, mwami. Atari ukwo na ho, nubimenye mwami, yuko imana zawe atari zo dukorera, kandi igishusho c’inzahabu wahagaritse, ntituza kugisenga.” (Dan. 3:16-18) Iyo nkuru ikora ku mutima y’ukuntu abo Baheburayo batatu barokowe iravugwa neza muri Daniyeli 3:19-30. Naho bishoboka ko tutazokangishwa kwicwa duterewe mw’itanure ryaka umuriro, turashikirwa n’ibintu bigerageza ugutungana kwacu mugabo turashobora kwizigira tudakeka ko Imana izoduhezagira nitwagaragaza ukwizera n’umutima rugabo.

14. Twisunze ibivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 6, Daniyeli yakoranye gute umutima rugabo, kandi havuyemwo iki?

14 Daniyeli yaragaragaje ukwizera n’umutima rugabo igihe abansi biwe bagondoza Umwami Dariyo ngo asohore itegeko ry’uko “mu kiringo c’imisi mirongo itatu, uwo wese azogira ico asaba iyindi mana canke uwundi muntu atari . . . [u]mwami, azoce atererwa mu cobo c’intambwe.” Daniyeli akimara kumenya yuko urwo rwandiko rwari rwateweko umukono, “[yaciye] yinjira mu nzu yiwe; kandi yaza arapfukama gatatugatatu ku musi, amadirisha y’icumba ciwe co hejuru akaguma yuguruye ku bwiwe araba i Yeruzalemu, akaza arasenga yongera ashikana ishemezo imbere y’Imana yiwe, nk’uko yari yahoze abigira imbere y’aho.” (Dan. 6:6-10) Uwo mugabo Daniyeli w’umutima rugabo yahavuye atererwa mu cobo c’intambwe, mugabo Yehova yaramurokoye.—Dan. 6:16-23.

15. (a) Akwila na Pirisikila batanze akarorero akahe mu bijanye no kugira ukwizera n’umutima rugabo? (b) Amajambo ya Yezu ari muri Yohani 13:34 asobanura iki, kandi abakirisu benshi bagaragaje gute urukundo nk’urwo?

15 Naho Bibiliya itavuga ukuntu ibintu vyari vyifashe, Akwila na Pirisikila ‘baremeye guhakwa gucibwa amazosi kubera Paulo.’ (Ivyak. 18:2; Rom. 16:3, 4) Babigiranye umutima rugabo barakoze bahuza n’amajambo ya Yezu agira ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.” (Yoh. 13:34) Itegeko rya Musa ryasaba ko umuntu akunda mugenziwe nk’uko yikunda. (Lew. 19:18) Mugabo iryo bwirizwa rya Yezu ryari “rishasha” mu buryo bw’uko ryavuga urukundo twogize gushika aho twigura abandi, nk’uko yabigize. Abakirisu benshi baragaragaje urukundo mu ‘kwemera babigiranye umutima rugabo guhakwa gucibwa amazosi’ mu kwanka gushira abo basangiye ukwemera mu maboko y’abansi bobagirira nabi canke bakabica.—Soma 1 Yohani 3:16.

Ku bakirisu bo mu ntango, kudohoka ntivyarimwo

16, 17. Abayoboke ba Kristu bamwebamwe bo mu ntango bashikiwe n’ikintu kigerageza ukwizera ikihe, kandi ivyo bifitaniye isano irihe n’ivyashikiye abakirisu bamwebamwe bo muri iki gihe?

16 Cokimwe na Yezu, abakirisu bo mu ntango basenga Yehova wenyene babigiranye umutima rugabo. (Mat. 4:8-10) Baranka kwosa imibavu mu gutera iteka umwami w’abami w’Umuroma. (Raba ishusho.) Uwitwa Daniel P. Mannix yanditse ati: “Abakirisu bari ku rushi ni bo badohotse, naho igicaniro cariko umuriro wasanga kigumizwa mu kibuga cagirirwamwo ibikino kugira ngo biborohereze. Ikintu conyene imbohe yabwirizwa kugira kwari uguterera agafu k’imibavu ku rubeya igaca ihabwa urupapuro rwemeza ko yatanze ikimazi maze ikarekurwa. Yarasigurirwa kandi neza yuko itaba iriko irasenga umwami w’abami; ko yaba gusa yemeye icese ko umwami w’abami ameze nk’imana kubera ko ari umukuru w’igihugu c’Uburoma. Naho vyari ukwo, abakirisu nka bose baranse kwungukira kuri ako karyo ko kurekurwa.”—Those About to Die.

17 Abakirisu bo mu bihe vya none bari bapfungiwe mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi, bakaba bashobora kwicwa, barahawe akatari gake uturyo two kuronka umwidegemvyo mu gutera umukono ku rupapuro rwemeza ko bahevye Yehova. Mugabo abari ku rushi ni bo gusa babigize. Ivyabona b’abatutsi n’abahutu baremeye gushira ubuzima bwabo mu kaga mu gukingiranira mu gihe ca rya honyabwoko ryaba mu Rwanda mu bihe vya vuba. Ibigeragezo nk’ivyo bisaba kugira umutima rugabo n’ukwizera.

URIBUKA YUKO YEHOVA ARI KUMWE NATWE

18, 19. Ni uburorero bwo muri Bibiliya ubuhe bw’abantu bagaragaje ukwizera n’umutima rugabo bwodufasha kurangura igikorwa cacu co kwamamaza?

18 Ubu turafise agateka ko kugira uruhara mu gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose vyigeze gushingwa abasavyi b’Imana b’abantu, na co kikaba ari ukwamamaza ubutumwa bw’Ubwami no guhindura abantu abigishwa. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Ese ukuntu dukenguruka akarorero ntangere Yezu yatanze! “[Y]agendagenda ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yamamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” (Luka 8:1) Cokimwe na we, turakeneye kugira ukwizera n’umutima rugabo kugira ngo twamamaze ubutumwa bw’Ubwami. Tubifashijwemwo n’Imana, turashobora kumera nka wa mugabo w’umutima rugabo Nowa, uwari “umwamamaji w’ubugororotsi” adatinya urukamvye, akaba yabwira “isi y’abantu batibanga Imana” bagira bahitanwe n’umwuzure ukwiye kw’isi yose.—2 Pet. 2:4, 5.

19 Isengesho riradufasha kurangura igikorwa co kwamamaza. Igihe abayoboke ba Kristu bamwe bariko barahamwa bagasenga basaba yuko ‘bovuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi,’ ukwo gutakamba kwarishuwe. (Soma Ivyakozwe 4:29-31.) Nimba usa n’uwufise isoni zo kwamamaza inzu ku nzu, Yehova azokwishura amasengesho umutura umusaba kurushiriza kugira ukwizera n’umutima rugabo.—Soma Zaburi 66:19, 20.a

20. Twebwe abasavyi ba Yehova dushigikiwe gute?

20 Ni urugamba gukurikirana ingendo ishimwa n’Imana dushikirwa n’ibigeragezo muri iyi si mbi kandi idurumbanye. Ariko rero, ntituri twenyene. Imana iri kumwe natwe. Umwana wayo, we Mutwe w’ishengero, na we nyene ari kumwe natwe. Turafise kandi Ivyabona vya Yehova bagenzi bacu barenga 7.000.000 bari hirya no hino kw’isi. Twifatanije na bo, nimuze tubandanye kugaragaza ukwizera no kwamamaza inkuru nziza mu gihe tuguma twibuka icanditswe cacu c’umwaka wa 2013 kigira giti: “Gira umutima rugabo kandi ukomere. . . . Yehova Imana yawe azobana nawe.”—Yos. 1:9.

a Raba ubundi burorero bw’abagaragaje umutima rugabo mu kiganiro kivuga ngo “Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2012.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika