ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/3 rup. 8-13
  • ‘Mugire Umutima Rugabo Kandi Mushire Amanga!’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Mugire Umutima Rugabo Kandi Mushire Amanga!’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki dutegerezwa kurwana urugamba?
  • Ukuntu twotsimbataza umutima rugabo
  • Uburorero dukwiye kwigana bw’abagize umutima rugabo
  • Tugize umutima rugabo birahimbara Yehova bikamutera n’iteka
  • Igihe tuvugana n’abategetsi
  • Gira umutima rugabo: Yehova ari kumwe nawe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • “Gira umutima rugabo . . . ukore”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Turashobora kugira umutima rugabo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/3 rup. 8-13

‘Mugire Umutima Rugabo Kandi Mushire Amanga!’

“Mugumye umutima! Na[ra]tsinze isi.”​—YOHANI 16:33, UB.

1. Uravye abansi bakomeye Abisirayeli bari bimirije guhangana na bo i Kanani, ni indemesho iyihe baronse?

IGIHE Abisirayeli bari bimirije kujabuka uruzi Yorodani kugira binjire mu Gihugu c’Isezerano, Musa yababwiye ati: “[Mugire umutima rugabo], mushire amanga, ntimutinye, ntimubacikire ivutu: kuk’Uhoraho Imana yanyu ari we azojana namwe.” Musa yaciye ahamagara Yosuwa, uwari agiye kurongora Abisirayeli akabashikana i Kanani, yongera kumuhanura kugira umutima rugabo. (Gusubira mu vyagezwe 31:6, 7) Mu nyuma, Yehova ubwiwe yararemesheje Yosuwa ati: “[Gira umutima rugabo], ushire amanga . . . Mugabo [gira umutima rugabo], ushire amanga cane.” (Yosuwa 1:6, 7, 9) Ayo yari amajambo aje hageze. Abisirayeli bokeneye kugira umutima rugabo kugira bahangane n’abansi babo bakomeye baba hakurya ya Yorodani.

2. Ivyacu vyifashe gute muri iki gihe, kandi ni igiki dukeneye?

2 Muri iki gihe, Abakirisu b’ukuri barimirije kujabuka kugira binjire mw’isi nshasha yasezeranywe, bakaba rero bakeneye kugira umutima rugabo nka kumwe kwa Yosuwa. (2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 7:14) Ariko rero, uko ivyacu vyifashe kuratandukanye n’uko ivya Yosuwa vyari vyifashe. Yosuwa yarwanye akoresheje inkota n’amacumu. Mugabo twebwe turwana intambara yo mu buryo bw’impwemu kandi ntitwigera dukoresha ibirwanisho nya birwanisho. (Yesaya 2:2-4; Abanyefeso 6:11-17) Vyongeye, Yosuwa yategerejwe kurwana intambara nyinshi zikomeye n’inyuma y’aho amariye kwinjira mu Gihugu c’Isezerano. Ariko twebwe turwana intambara zikomeye kuruta izindi zose muri iki gihe, imbere y’uko twinjira mw’isi nshasha. Nimuze twihweze ibihe bimwebimwe bisaba ko tugira umutima rugabo.

Ni kubera iki dutegerezwa kurwana urugamba?

3. Bibiliya ihishura iki ku vyerekeye umukuru w’abaturwanya?

3 Intumwa Yohani yanditse ati: “Turazi yuko tur’ab’Imana, kand’isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19) Ayo majambo arerekana imvo nyamukuru ituma Abakirisu bategerezwa kurwana urugamba kugira bazigame ukwizera kwabo. Igihe Umukirisu agumye ari intadohoka, aba atumye Shetani wa Mucokoranyi atsindwa ku rugero runaka. Ku bw’ivyo, Shetani aca akora nk’“intambge yivuga,” akagerageza gutera ubwoba no kurotsa Abakirisu b’abizerwa. (1 Petero 5:8) Nkako, arwanya Abakirisu basizwe be na bagenzi babo. (Ivyahishuriwe 12:17) Muri iyo ntambara, akoresha abantu bashitsa imigambi yiwe, baba babizi canke batabizi. Bisaba kugira umutima rugabo kugira ngo umuntu ahagarare ashikamye mu kurwanya Shetani n’abo akoresha.

4. Ni imburizi iyihe Yezu yatanze, mugabo ni kamere iyihe Abakirisu b’ukuri bagaragaje?

4 Kubera ko Yezu yari azi yuko Shetani n’abo akoresha borwanije bivuye inyuma inkuru nziza, yaburiye abayoboke biwe ati: “Bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.” (Matayo 24:9) Ayo majambo yaragaragaye ko ari ay’ukuri mu kinjana ca mbere, kandi n’ubu ni kwo kw’ukwo. Nkako, uruhamo Ivyabona vya Yehova bamwebamwe bo mu gihe ca none bihanganiye rwari rukaze kurusha urwigeze kubaho rwose. Naho biri ukwo, Abakirisu b’ukuri baguma bafise umutima rugabo igihe bahura n’imikazo nk’iyo. Barazi yuko “gutinya abantu [ari] ukwitega umutego,” bakaba rero badashaka kugwa mu mutego.​—Imigani 29:25.

5, 6. (a) Ni ryari bisaba ko tugira umutima rugabo? (b) Abakirisu b’abizerwa bavyifatamwo gute igihe bahanganye n’ibigeragezo bisaba kugira umutima rugabo?

5 Uretse uruhamo, hariho izindi ntambamyi zisaba ko tugira umutima rugabo. Ku bamamaji bamwebamwe, kubwira inkuru nziza abo batazi ni urugamba. Usanga bigoye kugira umutima rugabo ku banyeshure bamwebamwe igihe basabwe gusubiramwo amajambo yo kwerekana ko bihebeye igihugu canke yo guhayagiza ibendera. Kubera ko mu vy’ukuri amajambo nk’ayo ajanye n’ivy’idini, abana bakirisu bariyemeje n’umutima rugabo gukora mu buryo buhimbara Imana, kandi uburyo bavyifashemwo vyabaye ikintu c’akezamutima.

6 Turakeneye kandi kugira umutima rugabo igihe abaturwanya bakoresha ibimenyeshamakuru kugira bakwiragize amakuru avuga nabi abasavyi b’Imana canke igihe bagerageza kubuza ugusenga kw’ukuri mu gutegura ‘kubagirira nabi’ ku rwenge. (Zaburi 94:20) Nk’akarorero, dukwiye kwumva tumerewe gute igihe ibinyamakuru, amaradiyo canke amateleviziyo bitanze amakuru atari yo canke bivuze ibinyoma vyeruye ku Vyabona vya Yehova? Vyoba bikwiye kudutangaza? Na buhoro. Ibintu nk’ivyo turavyiteze. (Zaburi 109:2) Kandi ntibidutangaza igihe bamwebamwe bemeye ibinyoma be n’amakuru atari yo bishikirizwa kubera yuko “imburabgenge yemera ijambo ryose.” (Imigani 14:15) Ariko rero, Abakirisu b’intahemuka ntibapfa kwemera amajambo ayo ari yo yose avugwa ku bavukanyi babo. Vyongeye, ntibareka amakuru mabi akwiragizwa ngo ababuze kwitaba amakoraniro ya gikirisu, ngo atume umwete bafise mu busuku ugabanuka canke ngo ahungabanye ukwizera kwabo. Ahubwo, ‘bishimagiza muri vyose nk’abakozi b’Imana, . . . mu cubahiro no mu gakengerwe, mu mugayo no mw’ishimwe; ababarwanya babiyumvira ko ari abanyabinyoma, ariko ku bwa ngingo ari abanyakuri.’​—2 Ab’i Korinto 6:4, 8.

7. Ni ibibazo vy’ukwisuzuma ibihe twoshobora kwibaza?

7 Igihe Paulo yandikira Timoteyo, yavuze ati: “Imana [ntiy]aduhaye umutima w’ubujora, ariko yaduhaye uw’ubushobozi . . . Nuko ntugire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu.” (2 Timoteyo 1:7, 8; Mariko 8:38) Tumaze gusoma ayo majambo, dushobora kwibaza duti: ‘Ukwizera kwanje kwoba kuntera isoni, canke noba mfise umutima rugabo? Noba menyesha abo dukorana ku kazi (canke abo twigana kw’ishure) ko ndi Icabona ca Yehova, canke noba ngerageza kubibahisha? Kuba ntandukanye n’abandi vyoba bintera isoni, canke ndahimbarwa cane n’ukuba mboneka ko ntameze nka bo kubera ubucuti mfitaniye na Yehova?’ Niba hari umuntu yumva umengo ntiyoshobora kwamamaza inkuru nziza canke akumva yoterwa ubuyega n’uko impagararo yiwe idashimwa na benshi, niyibuke impanuro Yehova yahaye Yosuwa igira iti: ‘Ugire umutima rugabo kandi ushire amanga.’ Ntitwigere twibagira yuko igihambaye atari ukuntu abo dukorana canke abo twigana babona ibintu; ahubwo igihambaye ni ukuntu Yehova na Yezu Kirisitu babibona.​—Ab’i Galatiya 1:10.

Ukuntu twotsimbataza umutima rugabo

8, 9. (a) Igihe kimwe, Abakirisu bo mu ntango bashikiwe gute n’ibigeragezo bibasaba kugira umutima rugabo? (b) Petero na Yohani bavyifashemwo gute bamaze guhahirizwa, kandi ni igiki bo hamwe n’abavukanyi babo baronse?

8 Dushobora gute gutsimbataza umutima rugabo uzotuma tuguma turi intadohoka muri ibi bihe bigoye? Mbega Abakirisu bo mu ntango batsimbataje gute umutima rugabo? Rimbura ivyashitse igihe abaherezi bakuru be n’abandi bagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu babuza Petero na Yohani kwamamaza mw’izina rya Yezu. Abo bigishwa baranse, maze barahahirizwa hanyuma bararekurwa. Ubwo nyene, basubira mu bavukanyi babo, hanyuma basengera hamwe bavuga bati: “[Yehova], rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose.” (Ivyakozwe 4:13-29) Yehova yabishuye mu kubaremesha akoresheje impwemu yera, kandi nk’uko indongozi z’Abayuda zavyemeje mu nyuma, ‘barujuje Yeruzalemu’ inyigisho zabo.​—Ivyakozwe 5:28.

9 Reka twihweze ivyabaye ico gihe. Igihe abigishwa bari bahanamiwe n’indongozi z’Abayuda, ntibaciye bareka kwamamaza kubera iryo terabwoba. Ahubwo, abo bigishwa barasenze basaba kugira umutima rugabo wo kubandanya kwamamaza. Baciye bakora bahuje n’isengesho ryabo, maze Yehova arabakomeza akoresheje impwemu yiwe. Ivyo biboneye birerekana ko amajambo Paulo yanditse mu nyuma hashize imyaka mikeyi akora no ku Bakirisu iyo bariko barahamwa, naho yayanditse ariko avuga ibindi bintu. Yavuze ati: “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.”​—Ab’i Filipi 4:13.

10. Ivyashikiye Yeremiya bifasha gute abantu basanzwe ari abanyamasoni?

10 Ariko dufate ko umuntu asanzwe ari umunyamasoni. Yoba none ashobora gusukurira Yehova ashize amanga mu gihe ariko ararwanywa? Cane nyene! Ibuka ukuntu Yeremiya yavyifashemwo igihe Yehova yamugena kuba umuhanuzi. Uwo musore yavuze ati: ‘Ndacari muto.’ Biribonekeza ko yumva ata vyo ashoboye. Naho ari ukwo, Yehova yaramuremesheje akoresheje amajambo agira ati: “Nta co uvuga, ngo Ndacari muto; kuk’uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kand’ico nzokubarira cose akaba ari co ukwiye kuvuga. Ntuz’ugire ubgoba kubgabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore.” (Yeremiya 1:6-10) Yeremiya yarizigiye Yehova bituma amuha inkomezi zo gutinyuka, maze acika icabona w’umutima rugabo yibonekeje muri Isirayeli.

11. Ni igiki muri iki gihe gifasha Abakirisu kuba nka Yeremiya?

11 Muri iki gihe Abakirisu basizwe bashinzwe ibanga nk’iryo Yeremiya yari ajejwe, kandi barabandanya gutangaza imigambi ya Yehova bashigikiwe n’“ishengero ryinshi” ry’“izindi ntama;” naho abantu batabaha nirwere, babatwengera mw’ijigo kandi bakabahama. (Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:16) Bararemeshwa n’amajambo Yehova yabwiye Yeremiya ati: “Ntuz’ugire ubgoba.” Ntibigera bibagira yuko hari ibanga Imana yabashinze be n’uko bariko bamamaza ubutumwa bwayo.​—2 Ab’i Korinto 2:17.

Uburorero dukwiye kwigana bw’abagize umutima rugabo

12. Ni akarorero keza cane akahe k’ukugira umutima rugabo Yezu yatanze, kandi yaremesheje gute abayoboke biwe?

12 Tuzirikanye ku burorero bw’abandi bantu bagize umutima rugabo nka kumwe kwa Yeremiya, birashobora kudufasha mu twigoro tugira two gutsimbataza umutima rugabo. (Zaburi 77:12) Nk’akarorero, uko twihweza ubusuku Yezu yaranguye, turatangazwa n’uko yashize amanga igihe yoshwa nabi na Shetani be n’igihe yahangana n’indongozi z’Abayuda zari ziyemeje kumurwanya. (Luka 4:1-13; 20:19-47) Akoresheje inkomezi Yehova yamuhaye, yarahagaze ashikamye kandi hasigaye igihe gitoyi ngo apfe, yabwiye abigishwa biwe ati: “Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Na[ra]tsinze isi.” (Yohana 16:33, UB; 17:16) Abigishwa ba Yezu baramutse bakurikiye akarorero kiwe, na bo nyene botsinze. (1 Yohana 2:6; Ivyahishuriwe 2:7, 11, 17, 26) Ariko bokeneye ‘kugira umutima rugabo.’

13. Ni indemesho iyihe Paulo yahaye ishengero ry’i Filipi?

13 Hashize igihe Yezu apfuye, Paulo na Sila baratawe mw’ibohero i Filipi. Mu nyuma, Paulo yaremesheje ishengero ry’i Filipi kuguma ‘rihagaze rishikamye rifise impwemu imwe, rihuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bwiza, ridakangwa n’abarirwanya ku kintu na kimwe.’ Kugira ngo arikomeze muri ivyo, Paulo yavuze ati: “[Kuba Abakirisu bahamwa b]izobera ab[abahama] ikimenyetso co guhona, ariko mwebge ic’agakiza, kandi kivuye ku Mana. Kukw ico mwagabiwe kubga Kristo, atar’ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubgiwe.”​—Ab’i Filipi 1:27-29.

14. Ugushira amanga kwa Paulo i Roma kwavuyemwo iki?

14 Igihe Paulo yandikira ishengero ry’i Filipi, yari yasubiye gufungwa, ico gihe akaba yari afungiwe i Roma. Ariko rero, yarabandanije kwamamaza ashize amanga. Vyavuyemwo iki? Yanditse ati: “Ingoyi zanje kubga Kristo [zaramenyekanye] mu basoda bahora bashibama kwa Kayisari bose, no mu bandi bose. Kand’abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, bāremeshejwe n’ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga.”​—Ab’i Filipi 1:13, 14.

15. Ni hehe dushobora gusanga uburorero bwiza bw’abagize ukwizera buzokomeza umwiyemezo wacu wo kugira umutima rugabo?

15 Akarorero ka Paulo karaturemesha. Turaremeshwa kandi n’uburorero bwiza bw’Abakirisu bo mu gihe ca none bihanganiye ibigeragezo mu bihugu birongowe n’intwaro zitwaza igikenye canke zitwarwa n’abakuru b’amadini. Inkuru z’abatari bake muri abo Bakirisu zaravuzwe mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! be no mu bitabu Annuaires des Témoins de Jéhovah. Uko usoma izo nkuru, niwibuke ko abantu bavugwa muri zo bari abantu basanzwe bameze nkatwe; mugabo igihe bari bari mu bihe bigoye cane, Yehova yarabahaye inkomezi ziruta izisanzwe maze baravyihanganira. Turemera tudakeka ko azotugirira nk’ukwo nyene mu gihe bibaye ngombwa.

Tugize umutima rugabo birahimbara Yehova bikamutera n’iteka

16, 17. Twotsimbataza gute umutima rugabo muri iki gihe?

16 Umuntu yumiye ku kuri no ku kugororoka, aba afise umutima rugabo. Umuntu aramutse abikoze naho yoba yumva afise ubwoba, aba hoho arushirije kugira umutima rugabo. Nkako, Umukirisu uwo ari we wese arashobora kugira umutima rugabo niba yipfuza vy’ukuri gukora ivyo Yehova agomba, akaba yiyemeje kuguma ari umwizerwa, akama yiheka ku Mana, vyongeye akama yibuka ko Yehova yakomeje Abakirisu badaharurwa bameze nka we. Bitayeko, igihe dutahura yuko tugize umutima rugabo bihimbara Yehova bikongera bikamutera iteka, duca turushiriza kugira umwiyemezo wo kudacika intege. Tuba twiteguriye kwihanganira abadutwengera mw’ijigo canke ayandi mabi yose, kubera yuko tumukunda urugera ibwina.​—1 Yohana 2:5; 4:18.

17 Ntitwigere twibagira yuko igihe ducumukura duhorwa ukwizera kwacu bitaba bisobanura ko hari ikintu kibi twakoze. (1 Petero 3:17) Ducumukura kubera ko dushigikira ubusegaba bwa Yehova, dukora neza be n’uko tutari ab’isi. Ku bijanye n’ivyo, intumwa Petero yavuze ati: “Mwokwihanganira kubabazwa muhōwe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana.” Yavuze kandi ati: “Abababazwa nk’ukw Imana igomba ni babītse ubugingo bgabo uwo Muremyi wo kwizigirwa, bakore ivyiza.” (1 Petero 2:20; 4:19) Egome, ukwizera kwacu kurahimbara Imana yacu y’urukundo Yehova kukongera kukamutera iteka. Ese ukuntu ari imvo ikomeye yo kugira umutima rugabo!

Igihe tuvugana n’abategetsi

18, 19. Igihe tugize umutima rugabo imbere y’umucamanza, ni ubutumwa ubuhe mu vy’ukuri tuba turiko turashikiriza?

18 Igihe Yezu yabwira abayoboke biwe ko bohamwe, yavuze kandi ati: “[Abantu] bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo. Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampōra, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n’abanyamahanga.” (Matayo 10:17, 18) Kurenguka imbere y’umucamanza canke umutegetsi wagirijwe ibinyoma, bisaba kugira umutima rugabo. Ku bw’ivyo rero, igihe dukoresha uturyo nk’utwo kugira dushinge intahe kuri abo bantu, ibihe bigoye tuba tubihinduyemwo akaryo ko kurangura ikintu gihambaye. Ni nk’aho tuba dushikirije bene kudusambisha amajambo ya Yehova ari muri Zaburi ya 2 agira ati: “Noneho rero, mwa bami, ni muce ubgenge, mwa bacamanza bo mw isi, ni mwemere kugirwa inama. Musabe Uhoraho mwubashe.” (Zaburi 2:10, 11) Igihe Ivyabona vya Yehova bagirizwa ibinyoma mu masentare, akenshi abacamanza ntibaciye babuza umwidegemvyo wo gusenga, ivyo tukaba tubikenguruka. Ariko rero, abacamanza bamwebamwe bararetse baroshwa n’abaturwanya. Kuri abo, Ivyanditswe bivuga biti: “Ni mwemere kugirwa inama.”

19 Abacamanza bakwiye kumenya yuko itegeko riri hejuru y’ayandi yose ari irya Yehova Imana. Bakwiye kwibuka ko abantu bose, ushizemwo n’abacamanza, bafise ico bazobazwa na Yehova Imana be na Yezu Kirisitu. (Abaroma 14:10) Ku bitwerekeye na ho, umucamanza w’umuntu aducira urubanza rwiza canke rubi, turafise imvo yumvikana yo kugira umutima rugabo kubera ko Yehova adufata mu mugongo. Bibiliya ivuga iti: “Hahirwa abamuhungirako bose.”​—Zaburi 2:12.

20. Ni kubera iki dushobora kunezerwa igihe dutegerezwa kwihanganira uruhamo be n’ukwambikwa ibara?

20 Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yavuze ati: “Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye. Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere.” (Matayo 5:11, 12) Ego ni ko, ntiduhimbarwa n’uguhamwa. Yamara duhagaze dushikamye mu ruhamo, ushizemwo n’igihe twambikwa ibara biciye mu bimenyeshamakuru, ni ikintu gituma tunezerwa. Bisigura yuko tuba turiko turahimbara Yehova kandi tuzoronka impera. Kuba dufise umutima rugabo birerekana ko dufise ukwizera nyakuri bikongera bikadukura amazinda yuko twemerwa n’Imana. Vyongeye, birerekana ko twizigira Yehova tugaherezako. Ukwizigira bene ukwo ni ntahara ku Mukirisu nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana.

Wize iki?

• Ni ryari bisaba ko tugira umutima rugabo muri iki gihe cacu?

• Dushobora gute gutsimbataza kamere y’umutima rugabo?

• Ni abantu bamwebamwe abahe batanze uburorero bwiza mu vyo kugira umutima rugabo?

• Ni kubera iki twipfuza gukorana umutima rugabo?

[Amafoto ku rup. 9]

Simone Arnold (ari we Liebster ubu) wo mu Budagi, Widdas Madona wo muri Malawi na Lydia be na Oleksii Kurdas bo muri Ukraine barerekanye umutima rugabo bongera barananira wa mubisha

[Amafoto ku rup. 10]

Ntiduterwa isoni n’inkuru nziza

[Ifoto ku rup. 11]

Umutima rugabo Paulo yagize ari mw’ibohero waratumye inkuru nziza ikwiragira

[Ifoto ku rup. 12]

Mu gihe dusiguriye umucamanza impagararo dufise ishingiye ku Vyanditswe tubigiranye umutima rugabo, tuba dushikirije ubutumwa buhambaye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika