ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/3 rup. 10-12
  • “Narabona, ariko sinategera”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Narabona, ariko sinategera”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NTANGURA KWIGA IVY’IMANA
  • MVUNIKA UMUTIMA CANE MU NYUMA NKAJORERWA
  • NTEBA NGATAHURA UKURI KWO MURI BIBILIYA
  • NIKURAMWO UGUTINYATINYA
  • IYINDI NGABIRANO NAHAWE NA YEHOVA
  • NSHIGIKIRWA N’ABANTU BUNZE UBUMWE
  • Niwitwararikane urukundo abavukanyi n’abavukanyikazi bawe b’ibipfamatwi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • ‘Yehova yaratumye mu maso hiwe hakira kuri bo’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ukuntu Imana yitaho abaragi
    Ibindi biganiro
  • Nukerebukire Kurondera Abantu b’Ibitumva mu Cibare Cawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/3 rup. 10-12

INKURU Y’UBUZIMA

“Narabona, ariko sinategera”

Nk’uko vyavuzwe na Olivier Hamel

Mu 1975, mfise imyaka ibiri, mawe yaratanguye kwikeka yuko hari ikitagenda neza kuri jewe. Igihe mawe yari anteruye, hari umugenzi wiwe yataye hasi ikintu kiremereye, kiravuza urwamo rwinshi. Ico gihe mawe yarabonye yuko no gukanguka ntakangutse. Narinze nkwiza imyaka itatu ntarashobora kuvuga. Abo mu muryango wanje bahavuye bumva inkuru y’incamugongo ivuga yuko abahinga mu vy’ubuvuzi bemeje yuko nari narapfuye amatwi!

Nkiri uruhinja, abavyeyi banje barahukanye maze biba ngombwa ko mawe asigara yireranye abana, bakuru banje babiri b’abahungu hamwe n’umwe w’umukobwa, ushizeko na jewe. Mu Bufaransa, ico gihe abana b’abaragi ntibigishwa nk’uko bigishwa muri iki gihe, kandi uburyo bwakoreshwa hari igihe bwababaza umuntu cane. Ariko rero, kuva mu bwana naragize amahirwe usanga abandi baragi benshi bataronka. Reka ndabibayagire.

Igihe nari mfise imyaka nk’itanu

Kera, abigisha batari bake babona yuko abana b’abaragi bari bakwiye kwigishwa kuvuga no kuraba iminwa y’umwigisha kugira batahure ivyo avuga. Nkako, mu Bufaransa aho nakuriye, vyari bibujijwe ko abana bakoresha ururimi rw’ibimenyetso kw’ishure. Mbere abana bamwebamwe barababohera amaboko i mugongo kugira ngo ntibakoreshe ibimenyetso mu gihe c’ivyigwa.

Igihe nari nkiri muto, buri ndwi naramarana amasaha atari make n’umuhinga yanyigisha kuvuga. Yaramfata ku mubangabanga canke ku mutwe, agaca antegeka gusubiramwo ivyo avuze kandi ntavyumva. Sinashobora kuyaga n’abandi bana nkanje. Amagorwa nagize muri iyo myaka sinzopfa ndayibagiye.

Igihe nakwiza imyaka itandatu, baciye banjana kw’ishure ry’indaro rigenewe abaragi. Bwari bwo bwa mbere mbonana n’abandi bana b’abaragi. No kuri iryo shure, ntivyari vyemewe gukoresha ururimi rw’ibimenyetso. Bishitse tukagira ibimenyetso mw’ishure, baraduhushura ku ntoki canke bakadukwega imishatsi. Ariko rero, twarafondafonda ibimenyetso, tukabikoresha ata wubiciye n’ikanda. Naza nashobora kuyaga n’abandi bana. Imyaka ine y’akanyamuneza yari itanguye.

Ariko igihe nakwiza imyaka cumi, baciye banyimurira mw’ishure ry’intango kwigana n’abana bumva. Ntiworaba ingene navunitse umutima! Niyumviriye yuko abana bose b’abaragi bari bapfuye, ko ari jewe jenyene nari nsigaye kw’isi. Kugira ngo abo mu muryango wanje bakurikize impanuro z’abaganga batinya yuko nohava mpfisha ubusa ivyo nigishijwe n’abahinga mu vyo kuvuga, ntibigeze biga ibimenyetso kandi ntibankundira ko nifatanya n’abandi bana b’abaragi. Ndacibuka igihe twagenda ku muganga w’umuhinga mu bijanye n’ukwumva. Ku meza yiwe hari igitabu c’ururimi rw’ibimenyetso. Igihe nabona amashusho yari ku gipfukisho c’ico gitabu, naciye ndagitunga urutoke mvuga nti: “Ico gitabu ni co nshaka!” Muganga yaciye abanguka arakinyegeza.a

NTANGURA KWIGA IVY’IMANA

Mawe yaragerageje kuturera rukirisu. Yaratujana ku makoraniro y’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Mérignac, hafi y’igisagara ca Bordeaux. Nkiri umwana, natahura bike cane mu vyavugwa ku makoraniro. Ariko rero, abantu batandukanye barakurakuranwa mu kwicara iruhande yanje bakaza baranyandikira ivyaba biriko biravugwa. Narakorwa ku mutima n’ingene banyitwararikana urukundo. Turi i muhira, mawe yaranyigisha Bibiliya, ariko sinigera ntahura neza ivyo yanyigisha. Hari ukuntu niyumva nk’umuhanuzi Daniyeli; uno inyuma y’aho aronkeye ubuhanuzi buvuye ku mumarayika, yavuze ati: “[Naru]mva, ariko sinategera.” (Daniyeli 12:8) Mugabo jewe novuga nti: “Narabona, ariko sinategera.”

Naho ari ukwo, buhorobuhoro ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya kwarashinze imizi muri jewe. Naraha agaciro cane ivyo natahura kandi nkagerageza kubishira mu ngiro mu buzima bwanje. Kwitegereza ingene abandi bigenza na vyo nyene vyaranyigisha. Nk’akarorero, Bibiliya idusaba kwihangana. (Yakobo 5:7, 8) Mugabo ivyo sinabitahura vy’ukuri. Ariko rero, kwitegereza ingene abo dusangiye ukwemera bashira mu ngiro iyo kamere, vyatumye ntahura kwihangana ico ari co. Mvugishije ukuri, ishengero rya gikirisu ryaramfashije cane.

MVUNIKA UMUTIMA CANE MU NYUMA NKAJORERWA

Stéphane yaramfashije gutahura Bibiliya

Igihe nari umuyabaga, umusi umwe narabonye abaragi bakiri bato mw’ibarabara bariko barayaga mu bimenyetso. Naratanguye kwifatanya na bo mu kinyegero, nca ntangura kwiga ururimi rw’ibimenyetso rw’Abafaransa. Narabandanije kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova, aho umusore umwe wo muri bo yitwa Stéphane yaguma anyiyegereza. Yarita ku rutare kugira ngo anyagishe, kandi nanje naramwiyumvamwo cane. Ariko sinari nzi ko hari ikintu cari cimirije kumvuna umutima cane, ico na co kikaba ari uko Stéphane yahavuye apfungwa ahorwa ko yanse kuja mu gisoda kubera ari umukirisu. Vyaramvunye inkokora! Iryo pfungwa rya Stéphane ryaratumye ncika intege cane ku buryo mera nk’uwuhagarika kwitaba amakoraniro.

Haciye amezi 11, Stéphane yararekuwe asubira i muhira. Iyumvire ukuntu najorewe igihe Stéphane yatangura kunyagisha akoresheje ibimenyetso. Sinavyumva na gato! Uti none vyari vyagenze gute? Mw’ibohero ni ho Stéphane yari yigiye urwo rurimi rw’ibimenyetso rw’Abafaransa. Naritegereje ingene Stéphane agira ibimenyetso n’amaboko, ndaraba no mu maso hiwe, bituma ndushiriza kunezerwa kuko nabona ko ngiye kuhungukira.

NTEBA NGATAHURA UKURI KWO MURI BIBILIYA

Stéphane yaratanguye kunyigisha Bibiliya. Ico gihe ni ho natangura kubona isano riri hagati y’ibintu bitandukanye nari maze kumenya muri Bibiliya. Nkiri umwana, narakunda kuraba amashusho aryoheye ijisho yo mu bitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya, nkagereranya abari kuri nya mashusho nkongera ngasuzuma utuntu twose kugira ngo izo nkuru zigume mu bwenge. Nari nzi ibijanye na Aburahamu, “uruvyaro” rwiwe be n’“isinzi rinini,” mugabo ivyo bintu nabitahuye neza igihe babinsobanurira mu rurimi rw’ibimenyetso. (Itanguriro 22:15-18; Ivyahishuwe 7:9) Emwe, naza naronka ururimi duhuje, ururimi niyumvamwo!

Kubera ko ico gihe nashobora gutahura ivyavugwa mu makoraniro, vyarankora ku mutima kandi vyatumye ngira inyota yo kumenya vyinshi. Stéphane yaramfashije ndarushiriza gutahura Bibiliya, maze mu 1992 ndegurira ubuzima bwanje Yehova Imana, nca ndabatizwa. Ariko naho nari ngeze kuri iryo terambere, kuba ntashoboye kuyaga n’abandi nkiri muto, vyatumye mba umuntu aguma yinumiye kandi atinyatinya.

NIKURAMWO UGUTINYATINYA

Umugwi mutoyi w’abaragi twari kumwe wahavuye ushirwa hamwe n’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Pessac, ku mpera y’igisagara ca Bordeaux. Ivyo vyaragize akamaro rwose, kandi vyatumye ndushiriza gutera imbere. Naho bitanyorohera kuyaga n’abandi, abagenzi banje batari abaragi baritwararika ivy’uko ntahura ibihavugirwa vyose. Umugabo yitwa Gilles n’umukenyezi wiwe Elodie baragira utwigoro tudasanzwe kugira banganirize. Kenshi inyuma y’amakoraniro barantumira kugira dusangire udufungurwa canke agakawa, ivyo bikaba vyatumye tuba abagenzi cane. Ese ukuntu biteye umunezero kwibera mu bantu bigana Imana mu kugaragaza urukundo!

Umukenyezi wanje Vanessa aranshigikira koko

Muri iryo shengero narahahuriye n’umwigeme w’igikundiro yitwa Vanessa. Narashimye cane ukuntu yitaho abandi n’ukuntu yanka akarenganyo. Kuba ndi umuragi, wewe ntiyigeze abona ko ari ingorane, ahubwo yabona ko ari akaryo yironkeye ko kumenya kuyagisha abaragi. Naramukunze, mu nyuma turubakana mu 2005. Naho bingora kuyagisha abandi, Vanessa yaramfashije kwikuramwo ugutinyatinya nkaza ndaserura iryo ngona ata kwitinya. Ndashima vy’ukuri ingene anshigikira mu twigoro ngira two kwitwararika amabanga njejwe.

IYINDI NGABIRANO NAHAWE NA YEHOVA

Mu mwaka nyene twagizemwo ubugeni, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bo mu Bufaransa biri i Louviers vyarantumyeko kugira ngo mare ukwezi menyerezwa mu gikorwa c’ubuhinduzi. Ibiro vy’ishami vyari bimaze imyaka vyita ku rutare kugira ngo haboneke utudisiki DVD dutandukanye dushingiye kuri Bibiliya two mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abafaransa. Mugabo kubera igikorwa amahero cari imbere, hari hakenewe abahinduzi biyongereye, akaba ari co gituma natewe agateka ko kuja gufasha muri ico gikorwa.

Aha nariko nshikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abafaransa

Naho jewe na Vanessa twabona ko gukorera ku biro vy’ishami ari agateka kadasanzwe be n’ingabirano ivuye kuri Yehova Imana, sinobura kuvuga ko vyaduhagaritse umutima. Twaribaza duti: ‘Bizoca bigendera gute abaragi twari kumwe mw’ishengero? Inzu yacu tuzoyigenza gute? Ubwo Vanessa azoronka akazi muri ako karere?’ Ntiworaba ukuntu Yehova yaturonkeje inyishu ku vyari bituraje ishinga vyose. Twe n’umukenyezi wanje twariboneye vy’ukuri ingene Yehova adukunda be n’ingene akunda abaragi.

NSHIGIKIRWA N’ABANTU BUNZE UBUMWE

Kubera ko maze igihe ngira uruhara mu gikorwa c’ubuhinduzi, ndatahura neza utwigoro twose tugirwa kugira ngo abaragi bamenye Imana. Ese ukuntu mpimbarwa no kubona abo dukorana ico gikorwa bagira utwigoro two kunganiriza! Kubona biga ibimenyetso bimwebimwe kandi bakagerageza kubikoresha birankora ku mutima cane. Sinumva ko nirebanga nk’agati kari mu ruzi, habe na buhoro. Ivyo bintu vyose biranga urukundo ni icerekana ubumwe budasanzwe burangwa mu basavyi ba Yehova.—Zaburi 133:1.

Aha nariko nkorera mu Rwego rw’ubuhinduzi ku biro vy’ishami

Ndakenguruka cane kubona biciye kw’ishengero rya gikirisu Yehova yagumye yitwararika ivy’uko hatabura umuntu amba hafi. Ndakenguruka kandi kuba naragize uruhara na rutoya mu gufasha bagenzanje b’abaragi kumenya Umuremyi wacu yuzuye urukundo no kumwiyegereza. Ndashashaye kubona igihe Yehova azokuraho ibintu vyose bituma abantu batumvikana mu rurimi, maze abantu bose bakavuga “ururimi rutyoroye,” ni ukuvuga ukuri kwerekeye Yehova Imana n’imigambi yiwe, bagize umuryango wunze ubumwe.—Zefaniya 3:9.

a Mu mwaka 1991 ni ho Leta y’Ubufaransa yemera icese ko hokoreshwa ururimi rw’ibimenyetso mu kwigisha abana b’abaragi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika