NIWIGISHE ABANA BAWE
Petero na Ananiya barabeshe—Bitwigisha iki?
Nk’uko ubizi, kubesha ni ukuvuga ikintu uzi ko atari ukuri. Woba umaze kubesha?—a Hari mbere n’abantu bakuze kandi bakunda Imana vyashitse barabesha. Ushobora kuba uzi umuntu wo muri Bibiliya vyashikiye. Yitwa Petero, akaba yari umwe muri za ntumwa 12 za Yezu. Tega amatwi iyi nkuru ivuga icatumye Petero abesha.
Yezu amaze gufatwa, aca ajanwa aho umuherezi mukuru aba. Isaha zitandatu z’ijoro ziramaze kurenga. Petero arashika mu kigo c’i muhira ku muherezi mukuru ata wumumenye. Umuriro bari bacanye urarasira umuco kuri Petero maze umusukukazi w’uwo muherezi, ari na we yugururiye Petero, agaca amumenya. Nya musukukazi avuga ati: “Na wewe wari kumwe na Yezu.” Kubera ubwoba, Petero arabihakana.
Bibiliya ivuga ko mu nyuma ‘uwundi musukukazi yamubonye.’ Yavuze ati: “Uyu yari kumwe na Yezu.” Petero arasubira kubihakana. Haciye akanya gatoya, abandi bantu baregera Petero maze bakavuga bati: “Ni ivy’ukuri na wewe uri uwo muri bo.”
Petero aragira ubwoba bwinshi. Arabesha incuro igira gatatu mu kuvuga ati: “Uwo muntu sindamuzi!” Isake iciye ibika. Yezu araraba Petero, Petero na we agaca yibuka ivyo Yezu yamubwiye amasaha nk’angahe imbere y’aho, ati: “Imbere y’uko isake ibika, uza kunyihakana gatatu.” Petero araturikisha akarira. Yumva ababaye cane!
Ikintu nk’ico coba cogushikira?— Igihe uri kw’ishure, urashobora kwumva abandi bana bavuga ivyerekeye Ivyabona vya Yehova. Umwe akavuga ati: “Ntibaramutsa ibendera.” Uwundi ati: “Ntibarwanira igihugu cabo.” Uwundi akongerako ati: “Si abakirisu. Umuntu badahimbaza Noweli!” Uwundi na we agaca ahindukira akakubaza ati: “Nawe uri Icabona ca Yehova?” Uzokwishura iki none?—
Imbere y’uko ikintu nk’ico gishika, urakwiye kuba urategura ingene wokwishura neza ivyo bibazo. Petero ntiyari yiteguye. Igihe bamuremera cane, yaciye abesha! Ariko ivyo yakoze vyaramubabaje cane, kandi Imana yaramubabariye.
Uwundi mwigishwa wa Yezu wo mu ntango yitwa Ananiya, na we nyene yarabeshe. Ariko Imana ntiyamubabariye, we hamwe n’umugore wiwe Safira. We n’umugabo wiwe bari bumvikanye kubesha. Reka turabe igituma Imana itababariye Ananiya na Safira.
Inyuma y’imisi cumi Yezu asezeye intumwa ziwe agasubira mw’ijuru ku Mana, abantu nka 3.000 barabatizwa i Yeruzalemu. Benshi muri bo bavuye mu bihugu vya kure kugira ngo baze guhimbaza umusi mukuru wa Pentekoti, kandi inyuma y’aho babereye abigishwa ba Yezu baripfuza kuba baragumye ng’aho kugira ngo bige n’ibindi ku bijanye n’ukwizera baherutse kuronka. Abigishwa bamwebamwe ba Yezu barakoresha rero amahera yabo kugira ngo baronse abo bantu ivyo bakeneye.
Ananiya n’umugore wiwe baragurisha itongo kugira ngo baronke amahera yo gufasha abo bantu baherutse kubatizwa. Ananiya arazana ayo mahera imbere y’intumwa, akavuga yuko azanye ayo yagurishije yose. Ariko si vyo! Hariho ayo yasigaranye! Imana irafasha Petero kumenya ko Ananiya abeshe, agaca amubwira ati: “Ntiwarondeye guhenda abantu, ahubwo warondeye guhenda Imana.” Ananiya aca agwa bukumbi agapfa! Haciye amasaha nk’atatu, umugore wiwe na we arinjira. Kubera atazi ivyashikiye umugabo wiwe, na we nyene arabesha hanyuma agaca agwa bukumbi agapfa.
Icigwa gikomeye tuhakura ni iki: Birahambaye ko twama tuvuga ukuri! Twese turakwiye kuhakura ico cigwa! Ariko ntiwumve, birashika twese tugakora amakosa, canecane igihe tuba tukiri bato. None ntunezerwa no kubona Yehova agukunda kandi akakubabarira nk’uko yababariye Petero?— Ariko niwibuke yuko dukeneye kuvuga ukuri. Igihe na ho bishitse tugakora ikosa rikomeye ryo kubesha, turakwiye gusaba Imana imbabazi, emwe, tukayinginga. Ico gitegerezwa kuba ari co kintu Petero yakoze, kandi Imana yaramubabariye. Natwe nitwagerageza kudasubira kubesha, Imana izotubabarira.
Soma muri Bibiliya yawe
a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.