ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/3 rup. 3-7
  • Ku bakunda Yehova, “nta gitsitaza kihaba”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ku bakunda Yehova, “nta gitsitaza kihaba”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • MU GIHE UTSITAYE, NUGUME MW’ISIGANWA
  • UGUTSITARA KWOTUBUZA GUTERA IMBERE
  • NIWIRUKE WIHANGANYE, WIRINDE GUTSITARA
  • ‘Niwiruke kugeza kw’iherezo’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Urashobora Kwihangana Gushika kw’Iherezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Uragaba ku vyogutsitaza n’ivyotuma utsitaza abandi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • “Nimwiruke ku buryo mugashikira”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/3 rup. 3-7

Ku bakunda Yehova, “nta gitsitaza kihaba”

“Abakunda itegeko ryawe bagira amahoro menshi, kandi kuri bo nta gitsitaza kihaba.”—ZAB. 119:165.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni mu buryo ubuhe abakirisu bari mw’isiganwa, kandi agashimwe ni akahe?

  • Ni ibintu ibihe bigereranywa n’amabuye vyoshobora gutsitaza umukirisu?

  • Ni mu buryo ubuhe ata gitsitaza kihaba ku bakunda itegeko rya Yehova?

1. Agatima kagaragajwe n’umwirutsi umwe kerekana gute umwiyemezo dufise wo kudatana n’akabando?

KUVA Mary Decker akiri umuyabaga yari azwi ko ari umwirutsi karuhariwe mw’isi. Vyari vyitezwe ko atahukana umudari w’inzahabu mu rukino rwa nyuma rwo kwiruka imetero 3.000 mu Nkino mpuzamakungu zabaye mu ci ryo mu 1984. Ariko rero, ntiyigeze arangiza iryo siganwa. Yaratsitaye ku kuguru kw’uwundi mwirutsi maze agwa yubamye. Kubera ko yari yakomeretse kandi akaba yariko arakorora amosozi, yabwirijwe gukurwa mu nzira. Ariko rero, Mary ntiyatanye n’akabando. Hataraca n’umwaka, yaragarutse mw’isiganwa maze mu 1985 aratahukana intsinzi mu kwiruka ikilometero kimwe n’imetero 600 mu mwanya mutoyi ata wundi mugore yari bwawiruke.

2. Ni mu buryo ki abakirisu b’ukuri bari mw’isiganwa, kandi intumbero yacu ikwiye kuba iyihe?

2 Twebwe abakirisu turi mw’isiganwa, ni ukuvuga isiganwa ry’amaguru ry’ikigereranyo. Intumbero yacu ikwiye kuba iyo kwiruka kugira ngo dutahukane intsinzi. Isiganwa turimwo si mwene rya rindi rigufi aho usanga umuntu ategerezwa kuvuduka kugira ngo atahukane intsinzi. Eka kandi si ukwiruka gusanzwe aho umuntu aza aracishamwo agatambuka gusa. Ahubwo, rirashobora kugereranywa na bene rya siganwa rirerire ryitwa marato aho usanga umuntu akenera kwumirako kugira ngo atahukane intsinzi. Intumwa Paulo yarakoresheje ikigereranyo c’umuntu yiruka mw’isiganwa mw’ikete yandikiye abakirisu baba i Korinto, kino kikaba cari igisagara cari kizwi kubera amahiganwa yo kwinonora imitsi yabera muri co. Yanditse ati: “Ntimuzi yuko abirutsi mw’isiganwa biruka bose, mugabo umwe gusa akaba ari we aronka agashimwe? Nimwiruke ku buryo mugashikira.”—1 Kor. 9:24.

3. Ni mu buryo ki abirutsi bose bashobora gutahukana intsinzi muri kwa gusiganirwa ubuzima budahera?

3 Bibiliya itubwira kwiruka muri iryo siganwa ry’ikigereranyo. (Soma 1 Abakorinto 9:25-27.) Agashimwe ni ubuzima budahera mw’ijuru ku bakirisu barobanuwe canke kw’isi ku bandi barigiramwo uruhara. Mu buryo butandukanye n’amahiganwa menshi yo kwinonora imitsi, abaja muri iryo siganwa bose kandi bakihangana gushika kw’iherezo barashobora kuronka ako gashimwe. (Mat. 24:13) Abahiganwa babura agashimwe mu gihe gusa batirutse bakurikiza amategeko canke mu gihe batarangije iryo siganwa. Vyongeye, iryo ni ryo siganwa ryonyene rituma umuntu aronka agashimwe k’ubuzima budahera.

4. Ni igiki gituma ugusiganirwa ubuzima budahera kwacu biba urugamba?

4 Kurangiza iryo siganwa ntivyoroshe. Bisaba kwigumya no kumenya neza intumbero yawe. Umuntu umwe gusa, uwo na we akaba ari Yezu Kristu, ni we yashoboye kurangiza iryo siganwa adatsitaye na rimwe. Mugabo umwigishwa wiwe Yakobo yanditse yuko abayoboke ba Kristu ‘bose batsitara kenshi.’ (Yak. 3:2) Emwe, ukwo ni ukuri! Twese turahangana n’udusembwa twacu bwite be n’utw’abandi. Vyoshobora rero gushika tugatsitara, maze tukadandabagirana hanyuma tukagoyagoya. Twoshobora mbere kugwa; mugabo turahaguruka maze tukabandanya kwiruka. Hari abaguye bimwe bikomeye ku buryo babwirijwe gufashwa kugira ngo bahaguruke maze basubire mw’isiganwa gushika barirangije. Ku bw’ivyo, vyoshobora gushika tugatsitara canke tukagwa kibure mbere bikaza biradushikira.—1 Abm. 8:46.

Bishitse ukagwa, niwemere gufashwa maze uhaguruke!

MU GIHE UTSITAYE, NUGUME MW’ISIGANWA

5, 6. (a) Ni mu buryo ki “[a]ta gitsitaza kihaba” ku mukirisu, kandi ni igiki kizomufasha “guhaguruka”? (b) Ni kubera iki hari abadahaguruka?

5 Ushobora kuba umaze gukoresha ijambo “gutsitara” canke “kugwa” uriko uravuga ukuntu ivy’umuntu vyifashe mu vy’impwemu. Ayo majambo yo muri Bibiliya arashobora gukoreshwa kumwe mugabo si ko vyama. Nk’akarorero, raba ibivugwa mu Migani 24:16, ahagira hati: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka; mugabo ababisha bazotsitazwa n’ivyago.”

6 Yehova ntazoreka ngo abamwizigira batsitare canke bagwe, ni ukuvuga bashikirwe n’ingorane canke intambamyi mu gusenga kwabo, ku buryo badashobora guhaguruka. Turakurwa amazinda yuko Yehova azodufasha “guhaguruka” kugira ngo tubandanye kumwihebera uko dushoboye kwose. Ese ukuntu ivyo bihumuriza abo bose bakunda Yehova babikuye ku mutima! Ababisha ntibafise icipfuzo nk’ico co guhaguruka. Ntibarondera gufashwa n’impwemu nyeranda y’Imana be n’abasavyi bayo, canke baranka iyo mfashanyo igihe bayihawe. Ku ‘bakunda itegeko rya Yehova’ bobo nta gitsitaza kihaba gishobora kubakura buhere muri kwa gusiganirwa ubuzima.—Soma Zaburi 119:165.

7, 8. Bishoboka bite ko umuntu ‘agwa’ yamara akaguma ashimwa n’Imana?

7 Hari abo bishika bagakora igicumuro kidakomeye, mbere bakagikora incuro zitari nke, kubera ubugoyagoye bunaka. Mugabo baguma ari abagororotsi imbere ya Yehova mu gihe babandanije “guhaguruka,” ni ukuvuga kwigaya babikuye ku mutima maze bakihatira gusubira kumusukurira badahemuka. Ivyo turabibonera mu kuntu Imana yafashe Isirayeli ya kera. (Yes. 41:9, 10) Mu Migani 24:16, hamwe twasubiramwo, aho gushimika ku kintu kibi, ico na co kikaba ari ukuba ‘twaguye,’ hashimika ku kintu ciza, ni ukuvuga ‘uguhaguruka’ tubifashijwemwo n’Imana yacu y’inyembabazi. (Soma Yesaya 55:7.) Mu kwerekana ko batwizigiye, Yehova Imana be na Yezu Kristu baturemesha “guhaguruka” babigiranye umutima mwiza.—Zab. 86:5; Yoh. 5:19.

8 N’igihe nyene umwirutsi atsitaye canke akagwa muri rya siganwa ryitwa marato, yoshobora kuronka umwanya wo guhaguruka maze akarangiza iryo siganwa mu gihe abigize adatebaganye. Muri kwa gusiganirwa ubuzima budahera kwacu, ntituzi ‘umusi n’isaha’ iryo siganwa rizorangirira. (Mat. 24:36) Naho ari ukwo, uko dutsitara gake ni ko bishoboka rwose ko tuguma dukokera, tukaguma muri iryo siganwa maze tukarirangiza neza. Dushobora gute none kwirinda gutsitara?

UGUTSITARA KWOTUBUZA GUTERA IMBERE

9. Ni ibintu vyoshobora kudutsitaza ibihe tugira twihweze?

9 Nimuze twihweze ibintu bitanu vyoshobora kudutsitaza: ubugoyagoye bwacu, ivyipfuzo vy’umubiri, ibintu vy’akarenganyo dukorerwa n’abo dusangiye ukwemera, amakuba canke uruhamo hamwe n’udusembwa tw’abandi. Ariko rero, uribuka yuko nimba twaratsitaye, Yehova yihangana cane. Ntaca abona ko turi ibihemu.

10, 11. Dawidi yagize ubugoyagoye ubuhe?

10 Ubugoyagoye bwacu bwoshobora kugereranywa n’amabuye ari mu nzira ducamwo turi mw’isiganwa. Twihweje ibintu vyashitse mu buzima bw’Umwami Dawidi be n’ubw’intumwa Petero, turashobora kubona ubugoyagoye bw’uburyo bubiri nk’ubwo, ubwo na bwo bukaba ari ukubura ukwigumya be n’ugutinya abantu.

11 Umwami Dawidi yarerekanye ubugoyagoye bwo kubura ukwigumya, nk’uko vyagaragariye muri vya bintu yakora vyerekeye Batisheba. Vyongeye, igihe Dawidi yatukwa na Nabali, yarahatswe gukora ibintu gihutihuti. Egome, yarabuze ukwigumya, mugabo ntiyigeze areka kugerageza guhimbara Yehova. Abifashijwemwo n’abandi, yarashoboye gusubirana mu vy’impwemu.—1 Sam. 25:5-13, 32, 33; 2 Sam. 12:1-13.

12. Petero yagumye gute mw’isiganwa naho yatsitaye?

12 Petero yaratinye abantu, bikaba vyarashika agatsitara bimwe bikomeye; mugabo yagumye ari intahemuka kuri Yezu no kuri Yehova. Nk’akarorero, yarihakanye ku mugaragaro Shebuja, atari rimwe gusa, mugabo gatatu. (Luka 22:54-62) Mu nyuma, Petero ntiyigenjeje rukirisu, mu gufata Abanyamahanga bari basangiye ukwemera nk’aho hari ukuntu barutwa n’abakirisu b’Abayuda. Ariko rero, intumwa Paulo yabona ico kintu mu buryo butomoye, akaba yabona ko gusumbanya abantu ata kibanza vyari bifise mw’ishengero. Agatima Petero yari afise ntikari kabereye. Imbere y’uko iyo nyifato ya Petero ihungabanya umuryango w’abavukanyi, Paulo yaciye agira ico akoze mu kumuhanura amaso mu yandi. (Gal. 2:11-14) Petero yoba none yariyumvisemwo ko asuzuguritse ku buryo aca aheba gusiganirwa ubuzima? Oya. Yarafatanye uburemere iyo mpanuro Paulo yari amuhaye, arayikurikiza maze aguma muri iryo siganwa.

13. Ubugoyagoye bw’umubiri bwoshobora gute kuba igitsitaza?

13 Birashika umuntu akagoyagoya bitumwe n’indwara. Ivyo na vyo nyene birashobora kutubera igitsitaza. Vyoshobora gutuma tutaguma dukokera mu buryo bw’impwemu, eka mbere bigatuma tudandabagirana maze tukaruha. Nk’akarorero, mushiki wacu umwe w’Umuyapanikazi, aho amariye kubatizwa yararwaye imyaka 17. Yararajwe ishinga cane n’amagara yiwe gushika n’aho agayogoya mu vy’impwemu. Yahavuye ahororokerwa. Abakurambere babiri baramugendeye. Kubera ko yaremeshejwe n’amajambo aranga ubuntu bamubwiye, yarasubiye kwitaba amakoraniro. Avuga ati: “Narakoroye amosozi kubera ko abo bavukanyi bandamukije n’igishika cinshi.” Uwo mushiki wacu ubu yarasubiye mw’isiganwa.

14, 15. Ni ingingo ruhasha iyihe tubwirizwa gufata igihe tugize ivyipfuzo bitabereye? Tanga akarorero.

14 Ivyipfuzo vy’umubiri vyaratsitaje benshi. Igihe tugeragejwe muri ubwo buryo, turakwiye gufata ingingo ruhasha kugira ngo tugume tudahumanye mu bwenge, mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu. Niwibuke ya mpanuro ya Yezu idusaba ‘guta kure’ mu buryo bw’ikigereranyo ikintu cose coshobora kudutsitaza, naho ryoba ijisho ryacu canke ukuboko kwacu. Aho ntiharimwo none n’ivyiyumviro be n’ibikorwa biranga ubuhumbu vyatumye bamwebamwe bava mw’isiganwa?—Soma Matayo 5:29, 30.

15 Umuvukanyi umwe yarerewe mu rugo rw’abakirisu yanditse yuko yibuka ko kera yahora anyinyana n’ivyipfuzo vyo kuryamana n’abo basangiye igitsina. Yavuze ati: “Nama numva ubuyega. Nabona umengo simbereye na gato.” Igihe yari afise imyaka 20, yari amaze kuba umutsimvyi asanzwe n’umukozi w’ishengero. Mu nyuma, yaratsitaye bimwe bikomeye, aratozwa indero hisunzwe Ivyanditswe yongera arafashwa n’abakurambere. Biciye kw’isengesho, ku kwiga Ijambo ry’Imana no ku kwitwararika cane gufasha abandi, yarinanase arahaguruka maze arasubira gukokera mu buryo bw’impwemu. Ubu haciye imyaka, yiyemerera ati: “Birashika nkagira izo nyiyumvo, mugabo sindazireka ngo zinyigarurire. Naratahuye yuko Yehova atazoreka umuntu ngo ageragezwe ibirenze ivyo ashobora kwihanganira. Ndemera rero yuko Imana ibona ko nshobora kuvyihanganira.” Uwo muvukanyi asozera ati: “Utwigoro twose nagize tuzongirira akamaro mw’isi nshasha. Ivyo ni vyo nipfuza. Mu kurindira, nzobandanya kurwana urugamba.” Yiyemeje kuguma mw’isiganwa.

16, 17. (a) Ni igiki cafashije umuvukanyi umwe yiyumvira ko yarenganijwe? (b) Kugira ngo twirinde gutsitara, dukwiye kugumiza umutima ku ki?

16 Gukorerwa ibintu biranga akarenganyo n’abo dusangiye ukwemera birashobora kudutsitaza. Mu Bufaransa, hari umuvukanyi yahoze ari umukurambere yiyumviriye yuko yari yarenganijwe maze arashavura cane. Ivyo vyatumye ahagarika kwifatanya n’ishengero maze arahororokerwa. Abakurambere babiri baramugendeye maze baramutega yompi babigiranye ikibabarwe, baririnda kumuciramwo igihe yariko arigana ivyamushikiye, nk’uko yabibona. Bamuremesheje guterera umuzigo wiwe kuri Yehova bongera barashimika ku vy’uko ikintu cari gihambaye kuruta ibindi kwari uguhimbara Imana. Yaravyakiriye neza maze ntiyateba kugaruka mw’isiganwa, arasubira kugira umwete mw’ishengero.

17 Abakirisu bose barakeneye kugumiza umutima ku Mutwe w’ishengero, ari we Yezu Kristu, aho kuwugumiza ku bantu b’abanyagasembwa. Yezu, uwufise amaso “ameze nk’urubeya rw’umuriro,” arabona neza ibintu vyose, gutyo akaba abona ibintu vyinshi kuturusha. (Ivyah. 1:13-16) Nk’akarorero, aratahura yuko ivyo twebwe tubona ko ari akarenganyo twoshobora kuba twabitahuye nabi. Yezu azokwitwararika mu buryo butagira agahaze no ku gihe kibereye ivyo amashengero akeneye. Ntidukwiye rero kureka ngo ivyo umukirisu mugenzi wacu uwo ari we wese akora canke ingingo afata biduhungabanye.

18. Dushobora gute gutsinda ibigeragezo canke ibintu bitesha umutwe?

18 Ibindi bitsitaza bibiri ni amakuba canke uruhamo be n’udusembwa tw’abandi mw’ishengero. Muri wa mugani wa Yezu werekeye umubivyi, yavuze ko “amakuba canke uruhamo” bivyuka kubera rya jambo vyotumye bamwebamwe batsitara. Ico urwo ruhamo rwoba ruturutseko cose, waba umuryango, ababanyi canke abategetsi, rwoshobora kugira ico rukoze canecane ku muntu “[a]ta muzi agira muri we,” ni ukuvuga umuntu adakomeye mu vy’impwemu. (Mat. 13:21) Ariko rero, nitwaguma dufise umutima ugororotse, imbuto z’Ubwami zizodufasha kugira imizi ishika kure ituma tudahungabana mu kwizera. Igihe dushikiwe n’ibigeragezo, nitwihatire kuzirikana tubijanisha n’isengesho ibintu bibereye gushimagizwa. (Soma Abafilipi 4:6-9.) Tubifashijwemwo n’inkomezi za Yehova, tuzotsinda ibigeragezo, ntitureke ngo ibintu bitesha umutwe bidutsitaze.

Ntureke ngo hagire ikikubuza kurangiza isiganwa!

19. Dushobora gute gutuma ukubabazwa n’uwundi kutatubera igitsitaza?

19 Ikibabaje ni uko mu myaka n’iyindi iheze hari abaretse udusembwa tw’abandi turabakura mw’isiganwa. Kutabona kumwe ibintu bisaba ko umuntu akoresha ijwi ryo mu mutima vyarababereye ibitsitaza. (1 Kor. 8:12, 13) Nihagira uwutubabaza, twoba tuzoreka ico kintu kikaba ikibazo gikomeye? Bibiliya ikebura abakirisu kureka guca urubanza, kubabarira abandi no kwirinda gushimika ku bintu bafitiye uburenganzira. (Luka 6:37) Igihe hari ibuye rishobora kugutsitaza, niwibaze uti: ‘Noba ndiko ndacira abandi urubanza mfatiye ku vyo jewe nikundira? Ko nzi yuko abavukanyi banje ari abanyagasembwa, noba nzoreka ukudatungana kw’umuntu kukankura muri kwa gusiganirwa ubuzima?’ Urukundo dukunda Yehova rurashobora kudufasha kwiyemeza kutareka ngo hagire ikintu na kimwe uwundi muntu akora kitubuza kurangiza iryo siganwa.

NIWIRUKE WIHANGANYE, WIRINDE GUTSITARA

20, 21. Wiyemeje gukora iki muri kwa gusiganirwa ubuzima?

20 Woba wiyemeje “[kwiruka] mw’isiganwa kugeza kw’iherezo”? (2 Tim. 4:7, 8) Utegerezwa rero kwiyigisha. Nukoreshe Bibiliya n’ibisohokayandikiro vyacu vya gitewokarasi kugira ngo bigufashe kugira ubushakashatsi, kuzirikana, no kumenya ivyoshobora kukubera ibitsitaza. Nusabe Imana impwemu nyeranda kugira ngo iguhe inkomezi zo mu vy’impwemu ukeneye. Uribuka yuko ata mwirutsi n’umwe abwirizwa kunanirwa muri kwa gusiganirwa ubuzima ngo ni uko gusa bishika agatsitara canke akagwa. Arashobora guhaguruka agasubira muri iryo siganwa. Ivyo twokwita amabuye yohava amutsitaza yoshobora mbere kubikoresha nk’amabuye yo kujabukirako, mu gukura ivyigwa ngirakamaro ku kintu ico ari co cose kigerageza ukwizera kwiwe.

21 Bibiliya yerekana ko kugira uruhara muri ukwo gusiganirwa ubuzima budahera bisaba ko umuntu agira ico akoze, aho kwiyicarira gusa. Si cokimwe no kwurira ibisi itwara abayirimwo ikabashikana iyo bariko baraja. Dutegerezwa kwiyirukira muri ukwo gusiganirwa ubuzima. Nitwabigira, “amahoro menshi” ava kuri Yehova azotubera nk’umuyaga uduturuka inyuma ukaza uradusunika. (Zab. 119:165) Turashobora kwizigira ko azobandanya kuduhezagira muri iki gihe be n’uko azohezagira ibihe bidahera abo bose barangiza iryo siganwa.—Yak. 1:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika