NIWIYEGEREZE IMANA
“Mugume musaba, muzohabwa”
“Mukama, twigishe gusenga.” (Luka 11:1) Ico kintu Yezu yagisabwe n’umwe mu bigishwa biwe. Mu kumwishura, Yezu yaratanze ibigereranyo bibiri bitwigisha ingene twosenga Imana ku buryo itwumva. Woba umaze kwibaza nimba Imana yumva amasengesho yawe? Nimba umaze kuvyibaza, hari aho woshima kumenya inyishu Yezu yatanze.—Soma Luka 11:5-13.
Ikigereranyo ca mbere gishimika ku wusenga. (Luka 11:5-8) Ni inkuru y’umugabo aronka umushitsi ijoro ryitereye, akaba atagira ibifungurwa amuzimana. Uwo mugabo abona ko ico kibazo cihutirwa. Naho ijoro ryitereye, aragenda ku muhana w’umugenzi wiwe akamusaba ngo amugurane imikate. Uwo mugenzi wiwe abanza kwanka kuvyuka kubera ko abo mu rugo rwiwe bari kumwe na we mu buriri, bakaba bibereye muri rinini. Ariko uwo mugabo ntagira isoni zo gukovya; aguma asaba uwo mugenzi wiwe gushika avyutse akamuha imikate mikeya.a
None ico kigereranyo kitwigisha iki ku bijanye n’isengesho? Yezu ashaka kutwigisha yuko dukwiye gukovya, tukaguma dusaba, turondera, tudodora. (Luka 11:9, 10) Kubera iki? Yezu yoba ashaka kwerekana yuko igihe dusenze tuba turiko turagora Imana, nk’aho twoba turiko turadodora kandi idashaka kutwumviriza? Oya. Ahubwo ashaka kutwereka yuko Imana itameze nk’uwo muntu asa n’uwudashaka gufasha umugenzi wiwe, kuko yoyo ishashaye gutanga ibintu bibereye isabwa n’abayisengana ukwizera. Twerekana ko dufise ukwo kwizera mu gusenga dukobeje. Iyo tugumye dusaba, tuba twerekanye yuko dukeneye vy’ukuri ivyo turiko turasaba, be n’uko twemera vy’ukuri yuko Imana ishobora kubituronsa, nimba bihuje n’ivyo igomba.—Mariko 11:24; 1 Yohani 5:14.
Ikigereranyo ca kabiri gishimika kuri umwe ‘yumva amasengesho,’ ari we Yehova. (Zaburi 65:2) Yezu abaza ati: “Ni nde muvyeyi muri mwebwe umwana wiwe amusavye ifi, azomuha kumbure inzoka aho kumuha ifi? Canke kandi amusavye irigi, azomuha akamina?” Inyishu iratomoye: nta muvyeyi akunda abana biwe yobaha ibibagirira nabi. Yezu aca yerekana insobanuro y’ico kigereranyo, na yo ikaba ari iyi: nimba abavyeyi badatunganye “[ba]ha ingabirano nziza” abana babo, “ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda” abana biwe bo kw’isi bayimusaba, iyo ikaba ari yo ngabirano nziza kuruta izindi zose!b—Luka 11:11-13; Matayo 7:11.
Imana irashashaye gutanga ibintu bibereye isabwa n’abayisengana ukwizera
None ico kigereranyo kitwigisha iki ku bijanye na Yehova, we ‘yumva amasengesho’? Yezu yipfuza ko tubona Yehova nk’umuvyeyi munyarukundo ashashaye kuronsa abana biwe ivyo bakeneye. Abasavyi ba Yehova barashobora rero kumwiyegereza mw’isengesho ata kwitinya, bakamubwira ivyo umutima wabo wipfuza. Vyongeye, kuba bazi yuko abipfuriza ineza gusa, bituma bakiriza yompi inyishu abaha ku vyo bamusavye, naho yoba itandukanye n’ivyo baba biteze.c
Aho tukuremesheje gusoma muri Ndamukiza
a Ico kigereranyo Yezu yatanze kirahuje neza n’imico be n’imigenzo vy’Abisirayeli b’ico gihe. Babona ko kwakira umushitsi ari ibanga rihambaye cane. Kubera ko umuryango wasanga wotsa imikate ikwiranye n’umusi umwe, ibaheranye baca baja kugurana. Vyongeye, mu gihe baba ari abakene, basasa hasi umuryango wose ukarara mu cumba kimwe.
b Yezu yarakunda gukoresha imvugo nk’iyo ngo “ese ingene . . . azorushiriza,” mu gufasha abantu kuzirikana afatiye ku bintu bibiri bisumbana. Umuhinga umwe yabisiguye ati: “Ni nk’aho umuntu aba ariko avuga ati: ‘Nimba iki ca mbere ari ic’ukuri, hari akantu ica kabiri.’”
c Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’ingene twosenga Imana ku buryo itwumva, raba ikigabane ca 17 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.