Nushitse uruhara rwawe rwo kuba umwamamaji w’injili
“Ukore igikorwa c’umwamamaji w’injili, urangure ubusuku bwawe bimwe bishitse.”—2 TIM. 4:5.
1. Ni kubera iki vyovugwa ko Yehova ari we Mwamamaji w’Injili wa mbere kandi ahambaye kuruta abandi bose?
UMWAMAMAJI w’injili ni umuntu avuga inkuru nziza. Umwamamaji w’injili wa mbere kandi ahambaye kuruta abandi bose ni Yehova Imana. Abavyeyi bacu ba mbere bakimara kugarariza, Yehova yaciye amenyesha inkuru nziza yuko ya nzoka, mu bisanzwe akaba yari Shetani wa Mubesheranyi, izokurwaho. (Ita. 3:15) Mu binjana n’ibindi, Yehova yarahumekeye abagabo b’abizigirwa kugira ngo bandike ido n’ido ukuntu izina ryiwe rizokurwako iceyi, ukuntu amabi yatejwe na Shetani azokurwaho be n’ukuntu abantu bazoshobora gusubira kuronka uturyo Adamu na Eva batakaje.
2. (a) Ni uruhara uruhe abamarayika barangura mu bijanye n’igikorwa co kwamamaza injili? (b) Ni akarorero akahe Yezu yahaye abamamaji b’injili?
2 Abamarayika na bo nyene ni abamamaji b’injili. Ubwabo baravuga inkuru nziza bakongera bagafasha abantu kuyikwiragiza. (Luka 1:19; 2:10; Ivyak. 8:26, 27, 35; Ivyah. 14:6) Tuvuge iki ku vyerekeye wa mumarayika mukuru Mikaheli? Igihe yari kw’isi ari Yezu, yarahaye akarorero abamamaji b’injili b’abantu. Nkako, Yezu yashingiye ubuzima bwiwe ku gukwiragiza inkuru nziza!—Luka 4:16-21.
3. (a) Ni inkuru nziza iyihe dukwiragiza? (b) Ni ibibazo ibihe bihambaye kuri twebwe abamamaji b’injili?
3 Yezu yategetse abigishwa biwe kuba abamamaji b’injili. (Mat. 28:19, 20; Ivyak. 1:8) Intumwa Paulo yahimirije uwo bakorana Timoteyo ati: “Ukore igikorwa c’umwamamaji w’injili, urangure ubusuku bwawe bimwe bishitse.” (2 Tim. 4:5) Ni inkuru nziza iyihe twebwe abayoboke ba Kristu dukwiragiza? Irimwo ukuri kudusubiriza umutima mu nda kw’uko Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova adukunda. (Yoh. 3:16; 1 Pet. 5:7) Uburyo nyamukuru Yehova Imana yerekaniramwo urukundo rwiwe, ni Ubwami bwiwe. Turahimbarwa rero no kubwira abandi yuko abo bose bayobokera ubutegetsi bw’Ubwami, bakagamburukira Imana kandi bagakora ibigororotse bashobora kugiranira ubucuti na yo bakaba abagenzi bayo. (Zab. 15:1, 2) Nkako, Yehova afise umugambi wo gukuraho imibabaro yose iranga akarenganyo. Azokuraho kandi intuntu abantu bagira iyo bibutse imibabaro yabashikiye kera. Mbega inkuru nziza! (Yes. 65:17) Kubera ko turi abamamaji b’injili, nimuze twihweze inyishu z’ibi bibazo bibiri bihambaye: Kubera iki bihambaye cane ko abantu bumva inkuru nziza muri iki gihe? Dushobora gute gushitsa neza uruhara rwacu rwo kuba abamamaji b’injili?
KUBERA IKI ABANTU BAKENEYE KWUMVA INKURU NZIZA?
Gukoresha neza ibibazo birafasha abantu kumenya imvo zituma bo ubwabo bemera
4. Ni ibintu bitari vyo ibihe rimwe na rimwe abantu babwirwa ku vyerekeye Imana?
4 Iyumvire yuko ubwiwe ko so wawe yagutaye hamwe n’abandi bo mu muryango wanyu. Dufate ko abavuga yuko bamuzi bakubwiye ko yari umuntu yikumira, atabwira abandi ivyiwe kandi w’imburakigongwe. Bamwebamwe boshobora mbere gutuma wemera ko ata co bimaze kugerageza gusubira kugiranira imigenderanire na so wawe kubera yuko yapfuye. Mu vy’ukuri, abantu benshi barabwirwa ibintu nk’ivyo ku vyerekeye Imana. Bigishwa yuko Imana ari amayobera, yuko idashobora kumenyekana, canke ko ari ruburakigongwe. Nk’akarorero, abarongoye amadini bamwebamwe bavuga ko Imana izohanira abantu babi ibihe vyose ahantu ho kubabarizwa. Abandi begeka ku Mana imibabaro iterwa n’ivyago vy’ivyaduka. Naho ivyo bintu bihitana abeza n’ababi, bivugwa yuko ari igihano c’Imana.
Ibibazo birugurura imizirikanyi n’imitima vyabo kugira ngo bakire ukuri
5, 6. Inyigisho y’ivy’ihindagurika be n’inyigisho z’ikinyoma zagize ico zikoze gute ku bantu?
5 Abandi bavuga yuko Imana itabaho. Mu bijanye n’ivyo, rimbura inyigisho y’ivy’ihindagurika. Abantu benshi bayishigikira bavuga ko ibiriho vyapfuye kwiyadukiza. Bavuga ko ata Muremyi ariho. Hari mbere n’abavuga ko umuntu ari ikindi gikoko gusa, ko bidakwiye rero kudutangaza igihe umuntu yigenjeje bunyamaswa. Bavuga yuko abakomeye bacinyiza abanyantegenke, baba gusa bariko barakurikiza ivyitwa ngo ni amategeko yo mu bidukikije. Ntibitangaje rero kuba benshi bemera ko akarenganyo kazokwamaho. Ku bw’ivyo, abemera ihindagurika baratakaza icizigiro.
6 Nta gukeka ko inyigisho y’ivy’ihindagurika be n’inyigisho z’ikinyoma ziri mu vyatumye haba amarushwa ashikira abantu muri iyi misi ya nyuma. (Rom. 1:28-31; 2 Tim. 3:1-5) Izo nyigisho z’abantu ntizatumye haboneka inkuru nziza nyakuri kandi yamaho. Ahubwo, nk’uko intumwa Paulo abivuga, zatumye abantu baja “mu mwiza mu bwenge bwabo, bigijwe kure y’ubuzima buva ku Mana.” (Ef. 4:17-19) Vyongeye, inyigisho y’ivy’ihindagurika be n’inyigisho z’ikinyoma zatumye abantu batemera inkuru nziza iva ku Mana.—Soma Abanyefeso 2:11-13.
Ibibazo birabafasha kuzirikana kugira ngo bashike ku vyiyumviro bibereye
7, 8. Abantu bashobora gutahura neza inkuru nziza mu buryo bumwe gusa ubuhe?
7 Kugira ngo abantu basubize hamwe n’Imana, bategerezwa kubanza kujijuka yuko Yehova abaho be n’uko hariho imvo zumvikana zo kumwiyegereza. Turashobora kubafasha kuronka ubwo bumenyi mu kubaremesha kwihweza ivyaremwe. Igihe abantu batohoza ivyaremwe ata ho bahengamiye, baramenya ubukerebutsi n’ububasha vy’Imana. (Rom. 1:19, 20) Mu kugerageza gufasha abantu kugira akoba igihe biyumviriye ivyo Umuremyi wacu yaranguye, turashobora gukoresha ka gatabu Vyoba vyararemwe? Naho ari ukwo, abigira ku vyaremwe gusa ntibashobora kuronka inyishu z’ibibazo bimwebimwe vyerekeye ubuzima bitesha umutwe kuruta ibindi vyose nk’ibi: Kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro? Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi? Imana yoba imbabaye jewe ubwanje?
8 Uburyo bumwe abantu bashobora gutahuramwo neza inkuru nziza yerekeye Imana n’umugambi wayo ni mu kwiga Bibiliya. Mbega agateka twatewe ko gufasha abantu kuronka inyishu z’ibibazo vyabo! Ariko rero kugira ngo dukore ku mutima abatwumviriza, turakeneye kugira n’ibindi uretse gusa kubamenyesha ukuntu ibintu vyifashe; dutegerezwa kubumvisha. (2 Tim. 3:14) Turashobora kurushiriza kuba abantu bumvisha mu kwigana akarorero ka Yezu. Kubera iki yaroranirwa ukuraho? Imvo imwe ni uko yakoresha neza ibibazo. Twomwigana gute?
ABAMAMAJI B’INJILI BARORANIRWA BARAKORESHA NEZA IBIBAZO
9. Nimba twipfuza gufasha abantu mu buryo bw’impwemu, dutegerezwa gukora iki?
9 Kubera iki dukwiye gukoresha ibibazo mu gikorwa co kwamamaza injili, nk’uko Yezu yabigira? Rimbura iki kintu: Umuganga akuvura akubwiye ko agufitiye agakuru keza. Arashobora gukiza indwara yawe wemeye kubagwa bimwe bikomeye. Hari aho wokwemera ivyo akubwiye. Mugabo none tuvuge iki mu gihe aguhaye uwo muhango ataranakubaza ibibazo ku bijanye n’amagara yawe? Ico gihe birashoboka yuko utomwizigira. Naho uwo muganga yoba ari umuhanga gute, arakeneye kukubaza ibibazo no kukwumviriza kugira ngo amenye ibimenyetso vy’indwara yawe imbere y’uko akuronsa imfashanyo ngirakamaro iyo ari yo yose. Muri ubwo buryo nyene, nimba twipfuza gufasha abantu kwemera inkuru nziza y’Ubwami, dutegerezwa gutsimbataza ubuhanga bwo gukoresha neza ibibazo. Tumaze gutahura neza ukuntu ivyabo vyifashe mu vy’impwemu, ni ho gusa dushobora kubafasha.
Kugira ngo dukore ku mutima abatwumviriza, dutegerezwa kubumvisha
10, 11. Dushobora gushika ku biki twiganye ukuntu Yezu yigisha?
10 Yezu yari azi yuko ibibazo bitowe neza bidafasha gusa umwigisha kumenya umwigishwa mugabo kandi ko bifasha uwo nyene kwumviriza kugira uruhara mu kiyago. Nk’akarorero, igihe Yezu yashaka kwigisha abigishwa biwe icigwa co kwicisha bugufi, yabanje kubabaza ikibazo gituma bazirikana. (Mrk. 9:33) Mu kwigisha Petero kuzirikana ku ngingo ngenderwako, Yezu yamubajije ikibazo vyasaba ko ahitamwo inyishu. (Mat. 17:24-26) Ikindi gihe, aho Yezu yashaka kuvoma ivyari mu mitima y’abigishwa biwe, yarababajije urukurikirane rw’ibibazo vyatuma baserura ukuntu babona ibintu. (Soma Matayo 16:13-17.) Mu gukoresha ibibazo no mu kugira ico avuze, Yezu ntiyatanga ubumenyi gusa. Yarakora abantu ku mutima, agatuma bakora bahuza n’inkuru nziza.
11 Twiganye Yezu mu gukoresha neza ibibazo, turashika n’imiburiburi ku bintu bitatu. Turamenya ukuntu twofasha abantu mu buryo bwiza, tugatsinda amajambo yohava ahagarika ikiyago tukongera tukigisha abicisha bugufi ukuntu bokwungukira ku vyo tubabwira. Rimbura ibintu bitatu vyerekana ukuntu twokoresha ibibazo bikavamwo ivyiza.
12-14. Ushobora gute gufasha umwana wawe kurushiriza gushira umutima mu nda igihe ariko arabwira abandi inkuru nziza? Tanga akarorero.
12 Ica 1: Nimba uri umuvyeyi, wokora iki umwana wawe w’umuyabaga avuze ko ahagaritswe umutima no kuba adashoboye gusigura ivyo yemera mu bijanye n’irema igihe ariko arayaga n’uwo bigana? Nta gukeka ko wokwipfuza kumufasha gushira umutima mu nda igihe ariko arabwira abandi inkuru nziza. Ku bw’ivyo, aho kumunebagura canke guca umubwira ico yokora, ubona gute wiganye akarorero ka Yezu maze ukamubaza ibibazo bimwebimwe bituma aserura ukuntu abona ibintu? Wobigenza gute?
13 Umaze gusomera hamwe n’umwana wawe ibihimba binaka vyo muri ka gatabu Vyoba vyararemwe?, woshobora kumubaza ivyiyumviro abona ko bituma umuntu azirikana kuruta ibindi. Numuremeshe kumenya imvo zituma we ubwiwe ajijuka ko hariho Umuremyi zikongera zigatuma yipfuza gukora ivyo agomba. (Rom. 12:2) Numenyeshe umwana wawe ko atari ngombwa ngo imvo zimujijura zise n’izawe.
14 Nusigurire umwana wawe yuko igihe ariko arayaga n’uwo bigana, yoshobora kwigana ukwo kuntu uhejeje kubigenza. Ni ukuvuga ko yoshobora guca irya n’ino amakuru amwamwe maze akabaza ibibazo bishikana umuntu ku nyishu canke bituma aserura ukuntu abona ibintu. Nk’akarorero, yoshobora gusaba uwo bigana ngo asome uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 12 na 13 muri ka gatabu Vyoba vyararemwe? Umwana wawe yoshobora guca amubaza ati: ‘Ni ivy’ukuri yuko abahinga bategerezwa kuba baciye ubwenge cane kugira ngo bahingure ibaba ry’indege?’ Birashoboka ko uwo munyeshure yokwishura ngo “egome.” Umwana wawe yoshobora guca amubaza ati: ‘Woba uzi yuko amababa y’indege bayakora barabiye ku mababa y’inyoni yitwa inguriguri?’ maze akongerako ati: ‘Nimba guhingura ayo mababa y’indege bisaba umuhinga aciye ubwenge, wumva nyene guhingura amababa y’iyo nyoni wewe afise ubwenge bungana gute?’ Kugira ngo ufashe umwana wawe kurushiriza guturura igihe ariko arayaga n’abandi ibijanye n’ukwizera kwiwe, urashobora kwama ugirana na we udukino two kwimenyereza. Niwamumenyereza gukoresha neza ibibazo, uzomufasha gushitsa uruhara rwiwe rwo kuba umwamamaji w’injili.
15. Twoshobora gute gukoresha ibibazo mu kugerageza gufasha umuhakanamana?
15 Ica 2: Mu gikorwa cacu co gushinga intahe, turahura n’abakekeranya ko Imana iriho. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kutubwira ko ari umuhakanamana. Aho kureka ngo ayo majambo ahagarike ikiyago, twoshobora kumubaza mu rupfasoni igihe amaze ari umuhakanamana be n’icabitumye. Tumaze kwumviriza inyishu atanze no kumukeza kuba yitwararitse cane ico kintu, twoshobora kumubaza nimba abona ko vyoba ari bibi asomye amayagwa atanga ikimenyamenya c’uko ibiriho vyaremwe. Nimba uwo muntu twasanze ku muhana afise agatima nziraburyarya, birashoboka ko yovuga yuko bitoba vyumvikana umuntu yanse kwihweza ico kimenyamenya. Twoshobora guca tumuha ka gatabu Vyoba vyararemwe? Ibibazo birimwo ubugenge kandi bibajijwe mu buryo buranga ubuntu, vyoshobora gukora nk’urupfunguruzo rwugurura umutima w’umuntu kugira ngo inkuru nziza yinjire.
16. Ni kubera iki tudakwiye gusaba gusa umutohoji wa Bibiliya ngo asome inyishu zo mu gitabu kidufasha kwigisha Bibiliya?
16 Ica 3: Igihe turiko turayobora inyigisho ya Bibiliya, twoshobora gusa gusaba uwo mutohoji gusubiramwo inyishu ziri mu gitabu kidufasha kwigisha Bibiliya. Ariko rero tubigenjeje gutyo, twoshobora gutuma uwo mutohoji adatera imbere mu vy’impwemu. Uti kubera iki? Kubera yuko umutohoji asubiramwo inyishu atazirikana kuri zo, adashobora gushinga imizi mu buryo bw’impwemu. Yoshobora bitagoranye kumera nk’igiterwa cuma igihe arwanijwe bimwe bikomeye. (Mat. 13:20, 21) Kugira ngo tumufashe kudashikirwa n’ico kintu, turakeneye kumubaza ukuntu abona ivyo ariko ariga. Nugerageze kumenya nimba yemera ivyiyumviro vyatanzwe. N’igihambaye kuruta, numusabe avuge igituma avyemera canke atavyemera. Nuce umufasha kuzirikana ku Vyanditswe kugira ngo amaherezo we ubwiwe ashobore gushika ku vyiyumviro bibereye. (Heb. 5:14) Dukoresheje neza ibibazo, birashoboka rwose ko abantu twigisha bashinga imizi mu kwizera bakongera bagashobora kunanira abagerageza kubarwanya canke kubazimiza. (Kol. 2:6-8) Ni ikindi kintu ikihe twokora kugira ngo dushitse uruhara rwacu rwo kuba abamamaji b’injili?
ABAMAMAJI B’INJILI BARORANIRWA BARAFASHANYA
17, 18. Dushobora gute gusenyera ku mugozi umwe n’uwo twajanye mu busuku?
17 Yezu yatumye abigishwa biwe mu gikorwa co kwamamaza ari babiribabiri. (Mrk. 6:7; Luka 10:1) Mu nyuma, intumwa Paulo yaravuze ibijanye n’ ‘abakozi bagenziwe’ bari ‘barafatanije na we kurwanira inkuru nziza.’ (Flp. 4:3) Mu buryo buhuye n’ako karorero ko mu Vyanditswe, mu 1953, abamamaji b’Ubwami baratanguye porogarama yo kumenyereza abandi mu busuku.
18 Igihe ujanye n’uwundi mukirisu mu busuku, mushobora gute gusenyera ku mugozi umwe? (Soma 1 Abakorinto 3:6-9.) Nuze urarondera muri Bibiliya ivyanditswe uwo muri kumwe ariko arakoresha. Nugume uteze yompi uwo muri kumwe be n’umunyamuhana igihe umwe wese muri bo ariko arashikiriza iciyumviro. Nukurikiranire hafi ikiyago kugira ngo bibaye ngombwa ufashe uwo muri kumwe gutsinda amajambo yohagarika ikiyago. (Umus. 4:12) Ariko rero, uriyubara kuri iki kintu: Niwirinde agatima ko guciramwo uwo muri kumwe igihe ariko arakoresha uburyo bwiza bwo kuzirikana kugira ngo afashe umunyamuhana. Ugize igishika kirenze urugero woshobora guca intege uwo muri kumwe ukongera ugatuma uwo munyamuhana abura ico afata n’ico areka. Rimwe na rimwe, vyoshobora kuba bibereye ko ugira uruhara muri ico kiyago. Mugabo uhisemwo kugira ico uvuze, nushikirize gusa iciyumviro kigufi kimwe canke bibiri. Nuce usubiza ijambo uwo muri kumwe ahagarikiye ico kiyago.
19. Vyoba vyiza twibutse iki, kandi kubera iki?
19 Wewe n’uwo muri kumwe mushobora gute gufashanya imbere y’uko mushikira uwundi muhana? Ubona gute ukoresheje uwo mwanya mu kuyaga ku kuntu mworyohora uburyo mukoresha bwo gushikiriza inkuru nziza? Uraba maso kugira ngo ivyo uvuga ku bijanye n’ababa mu cibare cawe ntibibe ibica intege. Muri ubwo buryo nyene, niwirinde umutego wo kuguma uvugavuga utugeso tw’abamamaji b’injili bagenzawe. (Imig. 18:24) Vyoba vyiza twibutse ko turi ivyombo vy’ivu. Yehova yaratugiriye ubuntu budasanzwe mu kutuzeza itunga ry’ubusuku bwerekeye inkuru nziza. (Soma 2 Abakorinto 4:1, 7.) Nimuze rero twese twerekane ko dukenguruka iryo tunga mu gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo dushitse uruhara rwacu rwo kuba abamamaji b’injili.