“Ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza”
“Wirinde muri vyose, . . . ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza”.—2 Timoteyo 4:5.
1. Ni igikorwa ikihe Yezu yashinze abayoboke biwe?
IZINA rya Yehova be n’imigambi yiwe biriko biramamazwa hirya no hino kw’isi. Ivyo biranguka kubera yuko abasavyi b’Imana biyeguye bashize ku mutima igikorwa Yezu Kirisitu yashinze abayoboke biwe igihe yavuga ati: “Ni mugende, muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose”.—Matayo 28:19, 20.
2. Wa mucungezi Timoteyo yahawe ayahe mabwirizwa, kandi ni uburyo bumwe ubuhe abacungezi bakirisu bashobora kurangura ubusuku bwabo?
2 Abigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere bafatana uburemere ico gikorwa bashinzwe. Nk’akarorero, intumwa Paulo yahimirije Timoteyo, umucungezi nka we w’umukirisu ati: “Ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe [“ubusuku bwawe”, NW]” (2 Timoteyo 4:5). Muri iki gihe, uburyo bumwe umucungezi arangura ubusuku bwiwe ni mu kuba umwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete, akagira uruhara adahorereza mu busuku bwo mu ndimiro. Nk’akarorero, umucungezi w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero afise agateka ntangere ko kuja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza no kubamenyereza. Paulo yararanguye iryo banga ubwiwe ajejwe ryo gutangaza inkuru nziza yongera arafasha abandi mu kubamenyereza mu busuku.—Ivyakozwe 20:20; 1 Ab’i Korinto 9:16, 17.
Abamamaji b’abanyamwete bo muri kahise
3, 4. Ni ibintu ibihe vyashikiye Filipo mu gikorwa co kwamamaza?
3 Abakirisu ba kare bari bazwi ko ari abamamaji b’abanyamwete. Dufate nk’akarorero umwamamaji Filipo. Yari umwe muri ba “bantu ndwi bashimwa, buzuye [imp]wemu [y]era n’ubgenge”, bagenywe kugira ngo barangure igikorwa kitagiramwo nkunzi co kugabanganya ku musi ku musi ibifungurwa mu bapfakazi bakirisu b’i Yeruzalemu bavuga ikigiriki be n’abavuga igiheburayo (Ivyakozwe 6:1-6). Ico gikorwa kidasanzwe kimaze kurangira, uruhamo na rwo rugatuma bose basabagira kiretse intumwa gusa, Filipo yagiye i Samariya. Ari aho i Samariya, yaratangaje inkuru nziza kandi arahabwa ububasha bwo kwirukana amadayimoni no gukiza abantu bacumbagira n’abamugaye mu bundi buryo. Abasamariya benshi barakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami maze barabatizwa. Intumwa zari i Yeruzalemu zivyumvise, zaciye zirungika intumwa Petero na Yohani i Samariya, kugira ngo abaherutse kubatizwa bagacika abizera baronke impwemu yera.—Ivyakozwe 8:4-17.
4 Mu nyuma, impwemu y’Imana yarayoboye Filipo ku nzira ija i Gaza aho yohuye n’inkone y’Umunyetiyopiya. Filipo amaze gusigura mu buryo butomoye ubuhanuzi bwa Yesaya, uwo “[mugabo w’]ububasha bginshi yakorera Kanidake, umugabekazi w’Abanyetiyopiya” yarizeye Yezu Kirisitu maze arabatizwa (Ivyakozwe 8:26-38). Mu nyuma, Filipo yaragiye i Ashidodi maze aja i Kayisariya, agenda “a[ra]vuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose” yacamwo (Ivyakozwe 8:39, 40). Nta nkeka ko yatanze akarorero keza mu vyo gukora igikorwa c’umwamamaji w’inkuru nziza.
5. Abakobwa bane ba Filipo bamenyekaniye canecane ku biki?
5 Hashize nk’imyaka 20, Filipo yari agikora ubusuku bwiwe i Kayisariya. Igihe Paulo na Luka bacumbika iwe, yari amaze “[kugira] abakobga bane b’inkumi, bāvugishwa n’Imana” (Ivyakozwe 21:8-10). Nta nkeka ko bari baramenyerejwe neza mu vy’impwemu, bakagira umwete mu busuku kandi bakaba mbere bari baratewe agateka ko kuvuga ubuhanuzi. Muri iki gihe, umwete abavyeyi barangurana ubusuku urashobora kugira ingaruka nziza ku bahungu no ku bakobwa babo, abo bana bikabavyurira umutima wo kurangura igikorwa co kwamamaza bashirutse umwete mu buzima bwabo bwose.
Abamamaji b’abanyamwete bo muri iki gihe
6. Abamamaji bo mu kinjana ca mbere berewe ku rugero rungana iki?
6 Mu buhanuzi buhambaye bwerekeye igihe cacu kikaba ari n’igihe c’iherezo, Yezu Kirisitu yavuze ati: “Ubutumwa bgiza bukwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose” (Mariko 13:10). Iherezo ryoje ubutumwa bwiza bumaze kuvugwa “mw isi yose” (Matayo 24:14). Igihe Paulo be n’abandi bamamaji bo mu kinjana ca mbere batangaza ubutumwa bwiza, benshi baracitse abizera, maze amashengero aza arashingwa hirya no hino mu Nganji nganzabami y’Uburoma. Abakurambere bagenwa ngo bakorere muri ayo mashengero barafadikanya n’abandi bavukanyi be n’abavukanyikazi babo mu gikorwa co kwamamaza, gutyo bagatuma ico gikorwa gishika kure cane. Muri iyo misi ijambo rya Yehova ryabandanya gukura no gutsinda, nk’uko nyene bimeze muri iki gihe kubera ko Ivyabona vya Yehova amamiliyoni bariko bakora igikorwa co kwamamaza (Ivyakozwe 19:20). Woba warafashe impagararo yo kuba umwe mu bashemeza Yehova bahimbawe?
7. Abamamaji b’Ubwami bariko bakora iki muri iki gihe?
7 Abamamaji b’Ubwami benshi bo mu gihe ca none bariko barungukira ku turyo two kwagura uruhara bagira mu gikorwa co kwamamaza. Ibihumbi n’ibihumbi barinjiye mu rwego rw’ubumisiyonari, ibihumbi amajana na bo baragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza c’igihe cose ari abatsimvyi basanzwe canke bafasha. Vyongeye ese ukuntu abagabo, abagore be n’abana bariko barakora igikorwa ciza mu kuba abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete! Kukaba nkako, abasavyi ba Yehova bose bariko bararonka imihezagiro myinshi uko basenyera ku mugozi umwe ari abamamaji bakirisu.—Zefaniya 3:9.
8. Ni igikorwa ntangere ikihe kiriko kirarangurwa muri iki gihe, kandi kirangurwa na bande?
8 Imana yashinze abayoboke ba Yezu basizwe ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose. Muri ico gikorwa co kwamamaza, basahirizwa n’“izindi ntama” za Kirisitu ziguma ziyongera (Yohana 10:16). Mu buryo menyeshakazoza, ico gikorwa kirokora ubuzima gisanishwa no gushira ikimenyetso ku ruhanga rw’abariko bararizwa bakanihishwa n’ibintu bishisha biriko birakorwa muri iki gihe. Vuba, ababisha bagiye gusangangurwa. Mu kurindira, ese ingene ari agateka gushira ukuri kurokora ubuzima ababa kw’isi!—Ezekiyeli 9:4-6, 11.
9. Abashasha bashobora gufashwa gute mu busuku?
9 Nimba tumaze igihe kinaka dukora ico gikorwa co kwamamaza, nta nkeka ko dushobora kugira ico dukoze kugira ngo dufashe abashasha bo mw’ishengero. Rimwe na rimwe, twoshobora kuza turabasaba kwifatanya natwe mu busuku. Abasukura ari abakurambere vyoba vyiza bakoze uko bashoboye kwose kugira ngo bakomeze mu vy’impwemu abo basangiye ukwizera. Utwigoro dushimishije tw’abacungezi bicisha bugufi turashobora kuvamwo ikintu kinini, bigafasha abandi kuba abamamaji b’abanyamwete kandi bimbuka.—2 Petero 1:5-8.
Gushinga intahe inzu ku nzu
10. Kirisitu n’abayoboke biwe ba kare batanze akahe karorero mu bijanye n’ubusuku?
10 Yezu Kirisitu yarahaye abayoboke biwe akarorero ntangere mu bijanye no kuba umwamamaji. Ku biraba ubusuku Kirisitu n’intumwa ziwe baranguye, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Agendagenda mu bisagara no mu mihana, ababgira ijambo ry’Imana, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bgayo; bamwe cumi na babiri bajana na we” (Luka 8:1). Tuvuge iki ku biraba intumwa ubwazo? Inyuma y’aho impwemu yera isukiwe kuri Pentekote yo mu 33 G.C., “imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo”.—Ivyakozwe 5:42.
11. Twisunze ibivugwa mu Vyakozwe 20:20, 21, intumwa Paulo yakora iki mu busuku bwiwe?
11 Kubera ko intumwa Paulo yari umunyamwete mu gikorwa co kwamamaza, yarashoboye kubwira abakirisu b’abakurambere bo muri Efeso ati: “[N]ta jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi”. Igihe Paulo ‘yigishiriza mu nzu no mu yindi’, yoba yabigira mu kuja kugendera imihana y’abo bifatanije gusenga Yehova, akagendera cungere abizera? Si ukwo vyagenze, kubera ko abandanya asigura ati: “Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo” (Ivyakozwe 20:20, 21). Muri rusangi, abari basanzwe bariyeguriye Yehova ntibari bakeneye kwigishwa ivyerekeye “ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu”. Paulo yaramenyereje abakurambere bakirisu b’i Efeso gukora ubusuku bw’inzu ku nzu mu gihe yaba ariko arigisha abatizera ivyerekeye ukwigaya be n’ukwizera. Mu kugira ivyo, Paulo yaba ariko arigana bwa buryo Yezu yari yaratanguje.
12, 13. Mu buryo buhuje n’Ab’i Filipi 1:7, Ivyabona vya Yehova bakoze iki ku bijanye n’uburenganzira bafise bwo kwamamaza?
12 Igikorwa c’inzu ku nzu kirashobora kuba urugamba. Nk’akarorero, hari abashavura igihe tuje ku mihana yabo tubazaniye ubutumwa bwa Bibiliya. Icipfuzo cacu si ico gushavuza abantu. Yamara rero, ubusuku bw’inzu ku nzu burashigikiwe n’Ivyanditswe, kandi urwo dukunda Imana n’abantu nkatwe ruradusunikira ku gushinga intahe muri ubwo buryo (Mariko 12:28-31). Kugira ‘turwanire twongere dutsimbataze hishimikijwe amategeko’ uburenganzira dufise bwo kwamamaza inzu ku nzu, twaritwaye mu masentare, harimwo na ya Sentare ntahinyuzwa yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika (Ab’i Filipi 1:7). Mu bihe nka vyose twaratsinze. Ingingo zafatwa zari zimeze nk’iyi:
13 “Gushikiriza abantu amaboko mu yandi udupapuro tuvuga ivy’idini ni uburyo abamisiyonari bakoresheje kuva kera na rindi, kuva ubuhinga bwo gucapura bugitangura. Ni uburyo bukomeye bumaze imyaka n’iyindi bukoreshwa n’amadini atandukanye. Ubwo buryo bwo kwamamaza muri iki gihe burakoreshwa, ahanini bugakoreshwa n’utudumbi tw’amadini usanga abatwamamaza baja kwigisha Injili ku mihana ibihumbi n’ibihumbi, bakagendera abantu barondera abifatanya na bo mu vyo bemera. . . . Mwene ico gikorwa kijanye n’idini, Ibwirizwa shingiro rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika rigiha uburenganzira bungana n’ubwo riha ugusengera mu masengero be n’ukuyigishirizamwo”.—Murdock aburanya Leta ya Pennsylvanie mu 1943.
Ni kubera iki twobandanya kwamamaza?
14. Buhorobuhoro, ubusuku turangura bushobora kuvamwo iki?
14 Hari imvo nyinshi zituma dushinga intahe inzu ku nzu. Igihe cose tugendeye umuntu, turagerageza gutera imbuto y’ukuri kwo mu Vyanditswe. Igihe cose dusubiye kumugendera, tuba turiko turondera kuyivomera. Kandi, ico bishobora kuvamwo ni uko buhorobuhoro umuntu arushiriza gukomera. Nakare Paulo yanditse ati: “Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije” (1 Ab’i Korinto 3:6). Ku bw’ivyo rero, nimuze tubandanye ‘gutera no kuvomera’, twizigiye ko Yehova ‘azozikuza’.
15, 16. Ni kubera iki tuguma tugendera abantu ku mihana yabo?
15 Dukora igikorwa co kwamamaza kubera yuko ubuzima bugeramiwe. Twamamaje, turashobora kwirokora ubwacu no kurokora abatwumviriza (1 Timoteyo 4:16). Mu gihe twoba tuzi ko ubuzima bw’umuntu kanaka buri mu kaga, twoba twomufasha rimwe gusa, kandi tukabikora indenzirenzi? Nta na gato! Kubera ko ivyo bijanye no kurokoka, tuguma dusubira kugendera abantu ku mihana yabo. Ibintu biguma bihindagurika. Umuntu afise vyinshi acurumbamwo ku buryo adashobora kudutega ugutwi igihe kinaka, yoshobora kwipfuza kwumviriza ubutumwa bwo muri Bibiliya ikindi gihe. Dushobora kwakirwa n’uwo mu muryango atari uwo twari twahasanze, maze ugasanga ivyo biradushikanye ku kiyago gishingiye ku Vyanditswe.
16 Uretse ko ivyo abo dusanga ku mihana bishobora guhinduka, n’agatima bagaragaza karashobora guhinduka. Nk’akarorero, umubabaro umuntu agira yabuze uwiwe urashobora kumuvyurira umutima wo kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami. Icipfuzo cacu ni ico kumwirura, tukamufasha kubona ko akeneye ivy’impwemu, kandi tukamwereka ukuntu yobironka.—Matayo 5:3, 4.
17. Imvo iruta izindi ituma dukora igikorwa co kwamamaza ni iyihe?
17 Imvo nyamukuru ituma dushinga intahe inzu ku nzu canke tugira uruhara mu yindi mice y’ubusuku bwa gikirisu, ni uko twipfuza kugira uruhara mu vyo kumenyekanisha izina rya Yehova (Kuvayo 9:16; Yesaya 12:2). Ese ukuntu bivamwo impera igihe igikorwa dukora co kwamamaza gifashije abakunda ukuri n’ubugororotsi gucika abashemeza Yehova! Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Namwe misore n’inkumi; namwe batāma n’abana: ni [mu]shime izina [“rya Yehova”, NW], kukw izina ryiwe ryonyene ari ryo rishizwe hejuru: ubukuru bgiwe buri hejuru y’isi n’ijuru”.—Zaburi 148:12, 13.
Kwamamaza biratwungura ubwacu
18. Twungukira gute ku gukora igikorwa co kwamamaza?
18 Gukora igikorwa co kuba umwamamaji biratwungura ubwacu mu buryo butandukanye. Kugenda inzu ku nzu dutwaye inkuru nziza biradufasha gutsimbataza ukwicisha bugufi, canecane igihe abo tugendeye batatwakiranye ubuntu. Kugira ngo tube abamamaji bererwa, turakeneye kuba nka Paulo, we ‘kuri bose yabaye vyose kugira ngo akize bamwebamwe’ (1 Ab’i Korinto 9:19-23). Ibintu bidushikira mu busuku biradufasha kuba abanyabugenge. Mu kwiheka kuri Yehova no mu guhitamwo neza amajambo dukoresha, turashobora gushira mu ngiro impanuro Paulo yatanze igira iti: “Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese”.—Ab’i Kolosayi 4:6.
19. Abamamaji bafashwa gute n’impwemu yera?
19 Ikindi, igikorwa co kwamamaza kiradusunikira ku kwiheka ku mpwemu yera y’Imana (Zekariya 4:6). Maze ivyamwa vyayo ari vyo “urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda” bica vyigaragaza mu busuku turangura (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Iragira ico ikoze ku vyo dukorana n’abantu, kubera ko kureka iyo mpwemu ikatuyobora bidufasha mu gutuma igihe twamamaza inkuru nziza dutsimbataza urukundo, tuba abanyamunezero n’abanyamahoro, tuba abihangana n’abanyabuntu, tugaragaza ukumera neza n’ukwizera kandi tukaba ingenzebuhoro n’abigumya.
20, 21. Kuguma ducurumba mu gikorwa co kwamamaza, bizana iyihe mihezagiro kandi bifise akahe kamaro?
20 Uwundi muhezagiro turonka kubera turi abamamaji b’inkuru nziza, ni uko duca turushiriza kuba abanyempuhwe. Igihe abantu biganye ingorane barimwo, uri indwara, ubushomeri n’ingorane zo mu ngo, ntiduca dukora nk’abahanuzwajambo, ahubwo turasangira na bo ivyanditswe biremesha kandi bihumuriza. Turarajwe ishinga n’abantu bagizwe impumyi mu vy’impwemu mugabo bakaba basa n’abakunda ubugororotsi (2 Ab’i Korinto 4:4). Kandi, ese ingene ari umuhezagiro gufasha mu buryo bw’impwemu ‘abari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera’!—Ivyakozwe 13:48, NW.
21 Kugira uruhara tudahorereza mu gikorwa co kwamamaza biradufasha kuguma ahanini twitwararika ibintu vy’impwemu (Luka 11:34). Ivyo ni ngirakamaro koko, kubera yuko bitagenze ukwo, twoca tugwa mu nyosha mbi z’ubutunzi zeze muri iki gihe. Intumwa Yohani yahimirije abakirisu ati: “Ntimugakunde isi, cank’ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we. Kukw ikiri mw isi cose ar’ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi. Kand’isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira” (1 Yohana 2:15-17). Tugumye ducurumba mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, tukagira vyinshi dukora mu gikorwa c’Umukama, biradufasha kudakunda isi.—1 Ab’i Korinto 15:58.
Twirundanirize ubutunzi mw’ijuru
22, 23. (a) Ni ubutunzi nyabaki abamamaji bakirisu bariko barirundaniriza? (b) Ikiganiro gikurikira kiza kudufasha gute?
22 Igikorwa co kwamamaza Ubwami tubigiranye umwete kivamwo ivyiza biramba. Ivyo Yezu yaravyerekanye igihe yavuga ati: “Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba. Ariko mwirundanirize ubutunzi mw ijuru, ah’inyenzi n’ingese bitabumara, hatariyo n’ibisuma vyimba ngo vyibe. Kukw ah’ubutunzi bgawe buri, ari ho umutima wawe uzoba”.—Matayo 6:19-21.
23 Nimuze tubandanye kwirundaniriza ubutunzi mw’ijuru, tuzi yuko tutazosubira kuronka akandi gateka gahambaye gusumba ako guserukira Umukama Segaba Yehova turi Ivyabona vyiwe (Yesaya 43:10-12). Uko turangura igikorwa twashinzwe co kuba abasuku b’Imana, nimuze tugire inyiyumvo nk’iz’umukirisukazi ageze mu myaka 90, we yavuze ibikurikira ku vyerekeye igihe kirekire amaze mu murimo w’Imana. Yavuze ati: “Muri vyose, ndashimira Yehova kubona yaranyihanganiye iyi myaka yose kandi nama nsenga bivuye ku mutima nsaba ko yombera Data munyarukundo ibihe bidahera”. Nimba natwe duha agaciro kanini ubucuti dufitaniye n’Imana, nta nkeka ko tuzoshima gukora igikorwa co kuba abamamaji b’inkuru nziza mu buryo bushitse. Ikiganiro gikurikira kiraza kudufasha kubona ingene dushobora kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki dukwiye gukora igikorwa co kwamamaza?
• Wovuga iki ku vyerekeye igikorwa c’abamamaji bo mu gihe ca kera be n’igikorwa c’abo mu gihe ca none?
• Ni kubera iki dushinga intahe inzu ku nzu?
• Wewe ubwawe wungukira gute ku gukora igikorwa co kwamamaza?
[Amafoto ku rup. 10]
Abamamaji nka Filipo n’abakobwa biwe, mu gihe ca none barafise abameze nka bo barangwa umunezero
[Ifoto ku rup. 14]
Wewe ubwawe wungukira gute ku gusangira n’abandi inkuru nziza?