NIWIYEGEREZE IMANA
Yehova ‘ntagira nkunzi’
Vyoba birashika ngo abandi bagukumire? Vyoba birashika bakagusuzugura canke bakanka kukuronsa canke kugukorera ikintu kanaka baguhora ibara ryawe ry’urukoba, ubwoko bwawe canke ikibanza ufise mu kibano? Nimba bimaze kugushikira, humura n’abandi biramaze kubashikira. Ariko rero, raba aka gakuru keza: Naho usanga kw’isi abantu benshi bafatwa nabi gutyo, mw’ijuru ivyo ntibibaho. Intumwa Petero yavuganye ukujijuka gukomeye yuko “Imana itagira nkunzi.”—Soma Ivyakozwe 10:34, 35.
Petero yavuze ayo majambo ari mu nzu y’umugabo atari Umuyuda yitwa Koruneliyo, ivyo bikaba bitari bisanzwe. Petero yavutse ari Umuyuda kandi yabayeho mu gihe Abayuda babona ko abatari Abayuda bahumanye, ko rero ata Muyuda yari akwiye kugirana na bo imigenderanire. Kubera iki none Petero yagiye mu nzu kwa Koruneliyo? Muri make, ni kubera ko Yehova ari we yari yabitunganije. Imana yari yareretse ibintu Petero hanyuma imubwira iti: “Wewe reka gufata ivyo Imana yahumanuye ngo uvyite ibihumanye.” Umusi umwe imbere y’aho, hari ibintu Koruneliyo na we nyene yeretswe n’umumarayika, maze uno aca amutegeka gutumako Petero, ariko ivyo vyose Petero akaba atari abizi. (Ivyakozwe 10:1-15) Igihe Petero yamenya ko Yehova ari we yariko atuma ivyo bintu biba, vyaranse ko yigumya aruhuka agize ico avuze.
Petero yaciye avuga ati: “Ni ukuri ndatahuye yuko Imana itagira nkunzi.” (Ivyakozwe 10:34) Insobanuro y’inkomoko y’ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘kugira nkunzi’ ni ‘gutora mu maso.’ (The Kingdom Interlinear Translation of the Greek Scriptures) Ku bijanye n’iyo mvugo, umuhinga umwe mu bijanye na Bibiliya asigura ati: “Ikoreshwa ku mucamanza araba mu maso h’umuntu agaca amucira urubanza kubera gusa yamushimye canke atamushimye, aho gucisha aho ukuri kuri.” Imana ntifata mu maso h’umwe ngo iharutishe mu maso h’uwundi ifatiye ku bwoko bwiwe, igihugu akomokamwo, ikibanza afise mu kibano canke ibindi bintu biboneka inyuma.
Ahubwo riho, Yehova araba ikiri mu mutima wacu. (1 Samweli 16:7; Imigani 21:2) Mu nyuma, Petero yavuze ati: “Mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” (Ivyakozwe 10:35) Gutinya Imana bisigura kuyubaha, kuyitera iteka no kuyizigira, tukirinda gukora ibiyibabaza. Gukora ivy’ubugororotsi bisigura gukora n’umutima ukunze ibibereye mu nyonga z’Imana. Yehova arahimbarirwa umuntu afise umutima umwubaha bimwe bigera kure, bigatuma akora ikibereye.—Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13.
Iyo Yehova aravye kw’isi ari mw’ijuru, abona ubwoko bumwe gusa: ubwoko-muntu
Niba bimaze gushika abandi bakakwikeka canke bakagukumira, urashobora guhumurizwa n’ayo majambo Petero yavuze ku bijanye n’Imana. Yehova ariko aratuma abantu bo mu mahanga yose baza mu gusenga kw’ukuri. (Yohani 6:44; Ivyakozwe 17:26, 27) Arumviriza kandi akishura amasengesho y’abasavyi biwe atarinze kuraba ubwoko bwabo, igihugu bavamwo canke ikibanza bafise mu kibano. (1 Abami 8:41-43) Ico twomenya tudakeka ni uko iyo Yehova aravye kw’isi ari mw’ijuru, abona ubwoko bumwe gusa: ubwoko-muntu. Ivyo vyoba bikuvyuriye umutima wo kumenya n’ibindi ku bijanye n’iyo Mana itagira nkunzi?
Aho tukuremesheje gusoma muri Ruheshi