ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 97 rup. 226-rup. 227 ing. 2
  • Koruneliyo aronka impwemu nyeranda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Koruneliyo aronka impwemu nyeranda
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Petero Aja kwa Koroneliyo
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • “Imana ntigira nkunzi”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Imana ntigira nkunzi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Yehova ‘ntagira nkunzi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 97 rup. 226-rup. 227 ing. 2
Koruneliyo ariko aha ikaze Petero

ICIGWA CA 97

Koruneliyo aronka impwemu nyeranda

I Sezariya hari intwazangabo y’Umuroma yitwa Koruneliyo. Naho atari Umuyuda, Abayuda baramwubaha. Yarakunda gufasha abakene. Koruneliyo yarizera Yehova kandi yama amusenga. Umusi umwe, umumarayika yaramubonekeye amubwira ati: ‘Imana yumvise amasengesho yawe. Nurungike abantu i Yopa aho Petero ari, bamubwire aze kukuraba.’ Ubwo nyene Koruneliyo yaciye arungika abantu batatu i Yopa, nko ku bilometero 50 mu bumanuko bwa Sezariya.

Muri uwo mwanya, hari ibintu Petero yeretswe. Yabonye ibikoko Abayuda batari bemerewe kurya, aca yumva ijwi rimubwira ngo abirye. Petero yaranse, avuga ati: ‘Kuva mbaho sindarya igikoko gihumanye.’ Nya jwi ryaciye rimubwira riti: ‘Reka kuvuga ko ibi bikoko bihumanye. Imana yabihumanuye.’ Ryamubwiye kandi riti: ‘Hari abantu batatu bari ku muryango. Nujane na bo.’ Petero yaciye aja kuraba abo bantu ababaza ikibagenza. Bamwishuye bati: ‘Twarungitswe na Koruneliyo, umusoda w’Umuroma. Yavuze ngo uze tujane iwe i Sezariya.’ Petero yaciye asaba abo bagabo ngo barare. Bukeye, yarajanye na bo i Sezariya, agenda ajanye n’abandi bavukanyi b’i Yopa.

Koruneliyo abonye Petero, yaciye apfukama. Ariko Petero yamubwiye ati: ‘Haguruka! Ndi umuntu nkawe. Imana ni yo yambwiye ngo nze iwawe, naho twebwe Abayuda tutinjira mu nzu z’Abanyamahanga. Mbwira rero ico wampamagariye.’

Koruneliyo yabwiye Petero ati: ‘Haraciye imisi ine. Nariko ndasenga, umumarayika aca ambwira ngo ndagutumeko. Twigishe rero ivyerekeye Yehova.’ Petero yaciye avuga ati: ‘Ndabonye ko Imana itagira nkunzi. Iremera umuntu wese ashaka kuyisenga.’ Petero yarabigishije ibintu vyinshi vyerekeye Yezu. Impwemu nyeranda yaciye iza kuri Koruneliyo n’abari kumwe na we, bose baca barabatizwa.

«[Imana] yemera umuntu wese ayitinya agakora ibigororotse, naho yoba ava mw’ihanga irihe.»​—Ivyakozwe 10:35

Ibibazo: Kubera iki Petero yanse kurya ibikoko bihumanye? Kubera iki Yehova yabwiye Petero ngo aje mu nzu y’Umunyamahanga?

Ivyakozwe 10:1-48

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika