Ku bw’urwaruka
Imana ntigira nkunzi
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.
Abantu nyamukuru bavugwamwo: Koruneliyo, Petero
Incamake: Petero arigana ukutagira nkunzi kw’Imana mu kubwira inkuru nziza Koruneliyo, uno akaba atari Umuyuda.
1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA IVYAKOZWE 10:1-35, 44-48.
Dondora ukuntu wibaza ko Koruneliyo yaboneka umuravye.
․․․․․
Wibaza ko Koruneliyo yiyumva gute igihe yayaga n’umumarayika, nk’uko tubisoma ku murongo wa 3 gushika ku wa 6?
․․․․․
Wibaza ko Koruneliyo yayaze ibiki n’abakozi biwe, nk’uko vyerekanwa ku murongo wa 7 n’uwa 8?
․․․․․
2 NURUSHIRIZE KWIMBA.
Kubera iki ikigereranyo Petero yeretswe ku murongo wa 10 gushika ku wa 16 cari ngirakamaro? (Icogufasha kubimenya: Rimbura ivyo Petero yaciyemwo kubera ko yari Umuyuda, nk’uko vyerekanwa ku murongo wa 14.)
․․․․․
Ni kamere iyihe ubona Koruneliyo afise iboneka ku murongo wa 25? Ni kubera iki iyo kamere ishobora kuba ari imbonekarimwe ku muntu ahambaye nka we? (Icogufasha kubimenya: Raba umurongo wa 1.)
․․․․․
Ukoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi woronka, vuga ukuntu abagize umugwi w’ingabo z’Ubutaliyano Koruneliyo yatwara bangana.
․․․․․
Ni kubera iki kuba Koruneliyo yaracitse umukirisu cabaye ikintu gihambaye cane?
․․․․․
3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Ugukoresha ibigereranyo mu buryo ngirakamaro.
․․․․․
Ukuba Imana itagira nkunzi. _______
․․․․․
Ukuntu nawe ushobora kuba umuntu atagira nkunzi.
․․․․․
4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
․․․․․
NIMBA UDAFISE BIBILIYA, NUYISABE IVYABONA VYA YEHOVA CANKE UYISOME KU MUHORA WA INTERNET, KURI www.watchtower.org